23-0514 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ubutumwa: 60-1207 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi bana b’Umuhanuzi,

Turi Ijambo ryagaragajwe, twahawe inkomezi na Mpwemu, twumviriza Ijwi ry’Imana, nk’uko abitubwira, TURI UMUGENI WIWE.

Data yahaye Ishengero ryiWe ingabire ICENDA za Mpwemu, hamwe n’ibikorwa bitanu vy’ivugabutumwa, ariko Yesu Yavuze Ati: Muri BURI gihe cose nzokorana n’umuntu UMWE GUSA. Intumwa IMWE gusa muri buri gihe cose niyo izokwakira ivyo ntegerezwa kubwira ico gihe. Yuko iyo NTUMWA ari yo ntumwa kw’ishengero ry’ukuri.

Ivugana n’Imana kubwo uguhishurirwa. Ubutumwa buca bukwiragira kuri bose , ariko bwakirwa n’umugwi munaka wiharije mu buryo bunaka. Buri muntu ku giti ciwe muri uwo mugwi niwe afise ubushobozi bwo kwumviriza ivyo Mpwemu aba ariko aravuga biciye muri iyo Ntumwa. Abo bumva si kubwo uguhishurirwa kwabo bwite, si n’umugwi uronka uguhishurwa kwawo muri rusangi, ARIKO BURI MUNTU ARIKO ARUMVIRIZA HANYUMA ACA ARONKA IVYO IYO NTUMWA YARONSE BIVUYE KU MANA.

Ese ukuntu dutegerezwa kumera magabo mu kwumviriza Ijwi, kuko Mpwemu niryo Jwi gusa afise ariryo Jwi ry’Imana.

Hariho IJWI RY’IMANA RIMWE kandi ntiRitegerezwa kugezwa nka zimwe ICENDA, canke gusuzumwa kwa bamwe BATANU ; NI IJWI JAMBO RITUNGANYE GUSA !!

Twoshobora kwumviriza abandi bavugabutumwa ? Ego, ariko ikintu nyamukuru gusa ni ukuvuga ivyavuzwe n’umuhanuzi. Abandi boshobora kandi bohanura, bakigisha hanyuma bakavuga ubutumwa ; ariko Imana yaraduciriye inzira uyu munsi gusumba IKINDI GIHE. Turashobora kwumva ivyo Imana Ibwira Ishengero neza na neza ata guca ku ruhande.

Yatubwiye ko dutegerezwa kumera magabo. YATUBWIYE, SI JEWE, yuko abongerako hano , canke abongerako hariya, kandi vuba Ubutumwa ntibuzoba bugitunganye. Igihe ukwumviriza Ama Bande , ari Ijambo kw’Ijambo, Niko Uhoraho Agize.

Ikimenyamenya c’ukubaho kwa Mpwemu kwari ugushima hamwe no GUKURIKIRA Ivyo Umuhanuzi w’Imana yahaye igihe ciWe mu gihe yashira ishengero ku rutonde.

Nico gituma dukurikira, hanyuma tukavuga , yuko umwungere wacu ari we ntumwa mumalayika w’indwi kandi tugashaka gusa kwumviriza ivyo yategerezwa kuvuga. Kuri twebwe , ni Manu ihishijwe.

Uguhishurirwa kwasutswe ku ntumwa mumalayika wacu. Uguhishurirwa kw’Ijambo kwaratanzwe kandi yaraguhawe kubwo igihe cacu. Arafise uguhishuriwa guhamabye kw’ico Kristo Ari ; umuhamagaro uhambaye gusumba iyindi yose. Asangwa tudashoboye kubaho ubuzima gusumba umwungere wacu, rero dukeneye William Marrion Branham nk’umwungere wacu.

Turazi y’uko abandi batazobona nk’ivyo tubona, hanyuma ngo bizere nk’ivyo twizeye, ariko baracari beneData n’abashikibacu, kandi tuzobana nabo mu bihe bidashira. Ariko dutegerezwa kuguma turi abizigirwa kuvyo twizeye yuko ari inzira Imana yatweretse kugira tuMusenge hanyuma tuMukurikire.

Ku bandi biroroshe kuvuga yuko dushira imbere Intumwa, ariko mu vy’ukuri, tuba turiko turavuga ivyo yavuze . Mutegerezwa gushira ivyo hejuru hamwe n’Umwami. Kuko aba Ari IJwi ry’Imana riba ririko rivuga ibi bintu.

Reka twugurure imitima yacu hanyuma twiyumvire maze dusome ivyo Mpwemu atubwira biciye mu Mumalayika wiWe :

Araje mw’isi vuba, Umumalayika ahambaye w’Umuco azoza kuri twebwe, aturongorere gusohoka, Mpwemu Yera ahambaye, azoza mu bushobozi, hanyuma azoturongorera ku Mwami Yesu Kristo. Nkumbure ntavyo azomenya, ariko azoba ari hano imwe muri iyi minsi. Azotuma… Imana izomumenyekanisha. Ntazotegerezwa kwimenyekanisha , Imana Izomumenyekanisha. Imana Izokwemeza Abayo. Ivyo nivyo Yesu Yavuze igihe yari hano kandi ntibaMumenye, murabona. Yavuze ati « Nintakora Ibikorwa vya Data, Rero ntimuNyizere ; ariko asangwa nkoze ibikorwa vya Data, hanyuma ntimuNyizere, rero izere ibikorwa. » Ukwo ni ukuri ?

Ntariko ariyita ubwiwe Umumalayika ahambaye w’Umuco kubwo iki gihe ? Turazi yuko ari Mpwemu Yera muri We, Ariko yavuze ati : Nkumbure ntavyo azi, ariko azoba ari hano imwe muri iyi minsi. Mpwemu Yera ntazomenya uwa ari we ? Ntazotegerezwa kwimenyekanisha ; ubwiwe Imana izomumenyekanisha.

Rero ariko iriko Iravuga yuko , Umuhanuzi w’igihe cacu ari umumalayika ahamabaye w’Umuco azoturongorera gusohoka hamwe no kuri Yesu Kristo kubwa Mpwemu Yera biciye muri We. Hariho uguhishurirwa kw’igihe cacu.

Ninde azomenyekanisha Umugeni ku Mwami ? UMWUNGERE WACU.

Ariko uwu muhanuzi azoza, kandi nk’integuza kubwo ukuza kwa mbere yarasemereye ati, “ Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana ukura icaha c’abari mw’isi,” kandi nuwo ata nkeka azosemerera ati, “ Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana , aje mu bwiza.” Azokora ibi, kuko na Yohana yari Intumwa y’ukuri kubatoranijwe, niko iri n’iyi ntumwa yanyuma ku mugeni yatoranijwe akavyarwa n’ Ijambo.

Tumaze kumenya uku kuri, kandi tumaze kuronka Uguhishurirwa kwose kwiwe muri iki gihe, twacitse Umugeni yavyawe na Mpwemu kandi yuzuye Mpwemu.

NEZERWA MUGENI, UKWO NI KWO TURI!

Igihe umuntu yavyawe na Mpwemu kandi yuzuye Mpwemu mu kwizera, afashe Ijambo mu mutima wiwe maze akaryatura n’umunwa wiwe, yemwe aho ni nk’Imana Iba Iriko Iravuga. Umusozi wose utegerezwa gushinguka. Satani ntashobora guhagarara imbere y’uwo muntu.

Ubu uguhuza nyakwo kuri hagati y’Umukwe na twebwe, Umugeni wiWe. Yaratweretse Ijambo ryiWe ry’ubugingo, kandi twaraRyakiriye. Ntituzokwigera tuRikekeranya. Kubw’ivyo, nta kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi, habe n’urupfu.

NEZERWA MUGENI, UKWO NI KWO TURI !

Ijambo riri mu Mugeni (nk’uko ryari riri muri Mariya). Umugeni afise ivyiyumviro nk’ivya Kristo kuko arazi ico ashaka gukoresha Ijambo. Ashitsa ic’ Ijambo ritegeka mw’Izina ryiWe kuko afise, “ Niko Uhoraho Agize.” Hanyuma Ijambo Rigirwa Rizima na Mpwemu kandi Rigashitswa. Nk’uko urubuto rwatewe maze rukavomerwa, rugashika ku gihe c’iyimbura , rugakora intumbero yarwo.

Twarashitse kw’iyimbura ryose kandi ubu turiko dukora intumbero yiWe. Dushobora gukora gusa ubugombe bwiWe Nta n’umwe yodutuma dukora ibindi. Dufise “ Niko Uhoraho Agize,” kandi tuguma dutekereje. Turazi yuko ari Imana Iri muri twebwe, Ikora ibikorwa, ishitsa Ijambo ryaYo bwite.

Turahimbawe, kuko Umuhanuzi yaratubonye hirya ya ca Gihuzu c’igihe mu gihe twese tuduza amajwi yacu maze tugakomera akaruru hamwe tuti, “turuhukiye kuri ivyo”.

Nimuze mwifatanye natwe ku w’iyinga kw’isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri z’ umugoroba mu Burundi) , mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rituzanira Ibanga ry’ : Igihe c’Ishengero ry’I Perugamo 60-1207

MweneData Joseph Branham

Uguharura 23:8-9
Ivyahishuriwe Yohana 2:12-17, 17:1-5, 17:15