23-0521 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Ubutumwa: 60-1208 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Nyenyeri zo mu gitsibo ciWe

Himbarwa Mugeni. Turiko turaba Umwe naWe. Buri munsi, Iriko Iraduha Uguhishurirwa kwiwe ubwiWe hamwe natwe. Turiko turagirwa bazima n’inkomezi zitanga ubuzima ziri kandi zigerereye muri twebwe.

Ntidushobora no gutangura gusigura uko twiyumva. Twamizwe na Mpwemu wiWe. Ni ico ciyumviro cacu cose. Nta kindi kintu ngirakamaro kuri twebwe. Tubona Ijambo ryiWe rihinduka Ijambo muri twebwe. Rigaburira Ubugingo bwacu. Tubaho buri munsi kugira tuYisenge, tuYitazire, kandi tuYishime kuko dushobora kwumva Ijwi ryaYo Rivugana natwe.

Mu gihe dusoma Igitabu cacu c’Igihe c’Ishengero, vyogorana kugira tugishire hasi, imitima yacu iriko iraturika. Buri munsi Ituzanira ukundi guhishurirwa. Dushaka gusimbasimba maze dukome akaruru, twiruke hirya no hino mu cumba hanyuma dusemerere tuti, “ Imana Ishimwe, Haleluya, Umwami ashimwe.” Mwoba mwarasomye ibi?” Ndabifise vyerekanywe neza, ariko sinigeze, SINIGEZE, ndabisoma nk’uko mbere. “ Iriko Iraduhishurira Bibiliya yose uhereye mw’Itanguriro gushitsa mu vyahishuriwe Yohana, kandi ndabona TWEBWE UBWACU MW’IJAMBO RYIWE.

Turabona Urya Mugeni w’Ukuri yagumanye n’Ijambo mu bihe vyose kandi ntiyahenzwe n’uruhendo ruhambaye rwa Satani. Yashatse gusengwa nk’Imana. Ariko igihe cose habayeho Uwo MUGENI W’UKURI, aguma ari umwizigirwa kw’Ijambo ryiWe. Urya mugwi mutoyi watoranijwe wagumanye n’Intumwa yiWe. Ntibari gushobora, ntibogiriraniye imyumvikano , nka twebwe. Bari bazi yuko hariho UBURYO BUMWE GUSA bwo: Kugumana n’inzira yiwe yateguwe, Ijambo ryiwe, Umumalayika wiWe.

Ukuntu Satani yamye ari umunyaruhendo igihe cose. Yakoze mu buryo bwiwe biciye mu bihe vy’Ishengero bitandukanye gushika ashikije imigambi yiwe. Ubu yegereye UWUTUNGANYE kuburyo yohenda n’uwatoranijwe iyaba vyoshoboka… Ariko Imana Ishimwe, NTIVYOSHOBOKA, NTITWAHENZWE. Kuki? TWAGUMANYE N’IJWI RY’IMANA, IJAMBO RYIWE RYIHAYE UMUBIRI.

Nta bundi buryo bwo kuRizunguruka. Ijwi ry’Imana ni inzira yiwe yateguwe kubwo iki gihe. Twagumye dukora ibikorwa vyiwe mu bwizigirwa gushika kw’iherezo. Twarahawe ubushobozi ku mahanga, kandi turi abarongozi bakomeye, bashoboye, batanyiganyiga bashobora guhangana bikomeye n’igihe ico ari co cose . N’umwansi wacu wo ku rwego rwo hejuru yarajanjaguwe. Twemeza ububasha bwacu , kubwo ubushobozi bwiWe , kurya kw’ Umwana ubwiWe.

YOOO, Ese ukuntu twipfuza kwerekana mu majambo ukungene twiyumva. Umusi umwe tuzobishobora bagenzi, tuzobana n’Umwami wacu mu bihe Bidashira, umumalayika wiWe, turi kumwe.

Nka wa mupfasoni w’umwirabure I Memphis, twaramenye ko yari we igihe twamwumva. Kuki? Yooo, turi UMWE MURI BO.

Wokwipfuza ko Mpwemu yera avugana nawe maze akakubwira uwo uri? Ingo ugiriranire imigenderanire n’ukubaho k’Umwami hamwe natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha 12 zo ku mugoroba mu Burundi), Mu gihe tUzokwumviriza: Igihe c’ishengero ry’I Tuwatira 60-1208. Bizohindura ubuzima bwawe.

MweneData Joseph Branham