23-0528 Laj Legliz Sad La

Mesagj: 60-1209 Laj Legliz Sad La

Son odio-chaje ak distans

Ankenn responsablite pou Tradiksyon ki fèt nan Branham Tabernacle

Bakunzi mubereye, Bagororotsi,

Nkukuma, mwoba mwiteguriye gukoranira hamwe uwu w’iyinga kugira mwumvirize Ijwi ryiza rya Yesu Rivugana namwe maze Rikavuga riti, « Murabereye. » « Muri abanJe. » « Muri Abagororotsi. » « Muzogendana nanje mwambaye imyambaro Yera. » « Amazina yanyu yanditswe mw’Ijuru. »

Aya si amajambo yanje, ariko ni amajambo ya Data ari mw’Ijuru Avugana NAMWE, Umugeni wiWe yatoranijwe. Mpwemu Yera yaragarutse kandi Yihaye umubiri, kugira ngo ashobore kuvugana umunwa ku gutwi n’Umupfasoni wiWe yatoranirijwe aya majambo y’Igitangaza.

Ni Igitangaza kubumviriza, navuga ivyanJe canke uwo ari we wese yovuga ati, “ Yesu Yaravuze”, Ariko kuMwumviriza avuga biciye mw’Ijwi ryiWe ryatoranijwe, uwigeze kubabwira, Kubwanje… Nta kintu gihambaye gihari.

Hariho Amajwi menshi Imana ikoresha kugira Izane Ijambo ryayo kw’isi. Yarabahisemwo hanyuma Ibashiraho kugira babe umuhezagiro kw’isi n’Umugeni wiWe.

Igihe Yesu yari hano kw’isi mu mubiri w’umuntu, yari yarahisemwo abagabo, Intumwa ziwe, kugira ziMukurikire hanyuma zivuge kubiMwerekeye, ivyo zabonye bitangaje n’ivyo zumvise. Aba abagabo nibo yarungitse gukwiragiza Ubutumwa Bwiza, inkuru nziza yuko Mesiya yari yaje, yari hariya, kw’isi hamwe nabo, yarungitse babiri babiri gutangaza iyi nkuru nziza ihambaye hamwe no kuzana abantu bose kuri We.

Mu gihe yari yabakoranirije hamwe ijoro rimwe, Yarababajije ati, “ Muvuga ko ndi Nde?” Bishuye bati, “ Bamwe bavuga ko uri Eliya, abandi bavuga ko uri Yohana Umubatizi.” Ariko yavuze ati, “ Mweho MUVUGA ko ndi Nde?” Hanyuma Petero yavuze ayo majambo ahambaye ati, “ Uri Kristo, Umwana w’Imana Nzima.” Yesu yaramwishuye maze avuga ati, “ Si umubiri n’amaraso vyaguhishuriye ibi, Petero, ariko Data wo mw’Ijuru niWe yabiguhishuriye , kandi kuri uru rutare (Uguhishurirwa) nzorwubakako Ishengero ryanje.”

Isi yaratsitaye kuri iri banga rihambaye. Bamwe bizera yuko yashatse kuvuga Petero. Bamwe bizera yuko rwari urutare rwari rurambaraye hariya. Abandi bizera yuko yari Yesu. Ariko kubwo Uguhishurirwa, twahawe kubwa Mpwemu Yera, turazi ko kwari UGUHISHURIRWA KW’UWO YARI.

Inyuma y’urupfu rwa Yesu, uguhambwa n’ukuzuka, ku munsi wa Pentekoti, baratumwe kubwira Isi iyi nkuru ihambaye. Petero yaracaguwe ubugira kandi kugira ngo abe umuvugizi hanyuma agendere Imbere y’abantu maze atangaze ukuntu boronka Mpwemu Yera. Yavuze ko bategerezwa kwihana maze bakabatizwa mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.

Mbega ikibanza Mpwemu Yera yashizemwo Petero . Twoshobora kwiyumvira ukuntu abantu bamwitegereza. Yagendanye na Yesu igihe Yari hano kw’isi yambaye umubiri. Yari umugenzi wiWe. Yama iruhande yiWe buri munsi. Uwo yari yarahisemwo kuzoha Uguhishurirwa. Ariko Imana Yari yaratoranije UWUNDI MUNTU umuhanuzi wayo : Paulo.

Igihe Petero yaza I Antiyokiya kubonana na Paulo, yariko aranywa yongera afungurira hamwe n’abanyamahanga. Ariko igihe umugwi w’abantu waza hariya uvuye kwa Yakobo, yariyonjoroye hanyuma aratinya. Paulo yamugishije impari ku mugaragaro imbere y’abandi hanyuma yavuze ko atagendeye mu kuri kandi yategerezwa kwidogerwa. MweneData Branham avuga ko Petero yatwawe n’ubuhumvyi bw’abayuda.

Mbega ibi bitubwira iki uyu munsi ? Ntaco bitwaye uwo woba uri wese. Ukwo boba bafise Mpwemu Yera Kwose. Ububasha boba bafise canke umuhamagaro boba bafise. MUTEGEREZWA KUGUMANA N’UMUHANUZI W’IMANA YATORANIJWE KUBWO ICEMEZO CANYU NTANYIGANYIZWA. KUKO WE, KANDI WE GUSA NI UMUSOBANUZI AVA KU MANA W’IJAMBO RY’IMANA.

Ibi ntibirwanya Petero canke abigishwa abari bo bose batoranijwe b’Imana, ico gihe canke ubu. Batoranirijwe gukwiragiza Ubutumwa bwiza, ariko Imana yari yaratoranije UMUNTU UMWE kw’ishengero ryayo. We wenyene yari Umuhanuzi w’Imana yatoranijwe afise Niko Uhoraho Agize, Nti bari bo. Bari bafise ikibanza cabo, ariko Yarafise UMUHANUZI UMWE ashobora gushira Ishengero ryiwe ku rutonde, afise Ijambo rya nyuma ku Mugeni wiWe.

Ibi bitwereka ukuntu dutegerezwa kumera magabo mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe kubwo igihe cacu. UWO yatoranirije kuba Umusobanuzi w’Ijambo ryaYo ava ku Mana . Nta kintu GIHAMBAYE nko kwumviriza Ijwi ryiWe Rivuga riciye mu Mumalayika wiwe; Ijwi ry’uwo yatoranije, Atari Ijwi ryacu.

Turabona biciye mu bihe vyose ukuntu Imana yaba ifise umugwi watoranijwe w’abantu bashobora KUGUMANA N’IJAMBO RYAYO hamwe n’intumwa yiWe yatoranijwe. Iryo Jwi Ririko Riratubwira buri munsi abo turi, UMWE MURI BO.

Yari gushobora kurungika abahindura ibintu kw’Ishengero ryiWe, ariko UYU MUNSI, Yarungitse uwushumbusha wiwe , “ Nzoshumbusha Niko Uhoraho Agize, kandi nzogarukana imitima y’Abana , kuko mfise vyinshi vyo kubabwira muri iyi minsi y’Ijwi ryanJe.”

Muratumiwe kuza kwumvirizanya hamwe natwe Rirya Jwi, Uw’iyinga Isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe Izoba Iriko Ivugana natwe kandi itwereka Ishengero ry’ikinyoma n’iry’ukuri mu kiringo c’ “ Igihe c’Ishengero ry’Isarudi 60-1209.

MweneData Joseph Branham