23-0507 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Ubutumwa: 60-1206 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizera b’Ukuri,

Tumeze nk’abana b’Isirayeli bavuye muri Egiputa hanyuma bagahagararira mu gihugu c’Isezerano. Twese twagiriye urugendo hamwe. Twese twaboneye hamwe Ibitangaza vy’Imana ; Bose bariye kuri ya Manu n’amazi avuye mu gitandara cakubiswe. Twese twavuga yuko twakurikira ya Nkingi y’Umuriro. Ariko babiri gusa nibo bashitse mu
gihugu c’isezerano ico gihe. Kuki ? BABIRI GUSA NIBO BARI ABANYAKURI CANKE ABIZERA B’UKURI. Ni ubuhe budasa ico gihe hamwe n’ubu ? Abizera b’Ukuri bagumanye n’Ijambo.

Hariho umugwi umwe wiharije w’abantu ushobora kwumviriza ivyo Mpwemu Avuze. Umugwi umwe gusa waronse uguhishurirwa. Uwo mugwi ni uw’Imana. Bumviriza ivyo Mpwemu ariko aravuga kandi baravyakiriye.

Turi urya mugwi wiharije ufise Mpwemu w’Imana. Turi abavyawe n’Imana. Turi ababatijwe mu Mubiri w’Umwami Yesu Kristo kubwa Mpwemu wiWe.

Ikimenyamenya c’ukuri NI UKWUMVIRIZA ivyo Mpwemu avuga. Mpwemu aravuga. Mpwemu arigisha. Ivyo nivyo Yesu yavuze neza na neza ko yokoze igihe yaza. Yohana 14 :26, « Azobigisha ibintu vyose, maze abibutse ibintu vyose nababwiye . »

Yesu Yadusezeraniye yuko Azobana natwe. Azoturongora, atuyobore maze aducire inzira nk’abantu ku giti cabo. Haraheze imyaka mirongo indwi n’ibiri gushika uyu munsi, Imana Yavuye mu Mumalayika waYo w’inkomezi hanyuma Abwira Isi ati, « Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe .» Yabwiye ikiremwa muntu cose ati, « Jewe, Mpwemu Yera, ndafise Ijwi nzokoresha kugira mvugane namwe hanyuma ndabahishurire amabanga yose yanje. » Ntiyari bwigere Aronka ako karyo kugira Ijwi ryiwe Rifatwe kuri bande hanyuma dushobore kwumviriza Ijwi ryiWe Rivugana natwe umunwa ku gutwi.

Mu kwumviriza Ijwi ryiwe kuri Bande ntimuzosubira kwibaza, kwizigira canke ngo mugusengera ivyo muriko murumviriza yuko ari Ukuri. Ico umuntu akwiye gukora co nyene ni gufyonda akavuza, maze bakumviriza Ijwi ry’Imana Ribabwira Riti, « NIKO UHORAHO AGIZE. »

Murakeneye ugukira Indwara : Fyonda muvuze. Murakeneye kwubaka urwanyu : Fyonda muvuze. Murakenewe guhambwa : Fyonda muvuze. Mwoba mufise ikibazo mu mutima : Fyonda muvuze. Mwoba mufise ikintu mugenderamwo hanyuma mukaba mukeneye imfashanyo: Fyonda muvuze. Mwoba mufise ingingo ngirakamaro mushaka gufata : Fyonda muvuze. Mwoba mutazi ico mwokora mu buzima bwanyu : Fyonda muvuze hanyuma mwumvirize Ijwi Ry’Imana, Mpwemu Yera, Avugana namwe umunwa ku gutwi.

Mpwemu ni Umuhanuzi w’iki gihe. Yabwiye isi yuko , ibi ari Ijwi natoranije kugira ribe Ijwi ryanje kuri mwebwe. Nzokwuzuza abandi Mpwemu Yera wanje, kandi nabarungitse kugira ngo babafashe, ariko mfise Ijwi rimwe gusa mvuga yuko ari IJWI RYANJE.
Narafashwe n’ifoto kugira ndabigaragarize isi, Nimwumwirize.

Ntimuntahure nabi. Ego, hariho abantu b’Imana basizwe buzuye Mpwemu Yera Yahamagaye kugira ngo bafashe Abana baYo. ndasenga ngo mbe umwe muri bo. Nabo bashobora kuguhanura, kukuremesha no kukuyobora mu rugendo rw’ubuzima. Imana yabashize aho kubwo intumbero. Ariko Impanuro NYAMUKURU , Indemeshanyo n’uburongozi ushobora kwakira ni Ijwi ry’Imana rivugana namwe biciye mu gufyonda mukavuza. Ikintu cose ndababwira, canke uwundi muntu, gitegerzwa kuba kivuye Mw’Ijwi ry’Imana Riri kuri Bande.

Nta kindi kintu ngirakamaro mu buzima bwanyu , gisumba kwumviriza Ijwi ry’Imana rivugana namwe. Nimwibaze mwebwe ubwanyu, hoba hariho ikintu muri iyi si GIHAMBAYE noshobora gukora, canke ari ngirakamaro mu buzima bwanje, gisumba kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe ? Kwumviriza MweneData Joseph, OYA. Kwumviriza Uwundi muntu, OYA. Nta kintu GIHAMBAYE GUSUMVYA RIRYA JWI.

Asangwa umuntu wese afise uguhishurirwa hamwe na Mpwemu Yera mu buzima bwiwe ategerezwa
kuvuga AMEN . Nta kintu gihambaye muri iyi si gisumba gufyonda ukavuza.

Ese Ukuntu dutegerezwa kumera magabo muri iki gihe c’iherezo kugira ngo tugumane n’Ijambo . Amajambo avuye kwa papa, avuga ko ari icariho c’Imana, bihindura akaburungu n’agakwego k’ivyavuzwe. Mu maso y’Imana, VYOSE ni IBIGWANYA IJAMBO, NI ANTIKRISTO.

Ntidukeneye kuba nka ba bantu bo mu gihe ca Samweli.

Igihe begera Samweli hanyuma bakamusaba umwami. Samweli yarababaye cane gushika naho umutima wiwe unanirwa kwihangana. Imana yamye irongora ihanga ryayo biciye mu Muhanuzi yashikaniwe Imana, Umuhanuzi yagaragajwe n’ivyanditswe hanyuma yariyumvise nk’aho yanswe….

Twarakunze ivyo bitangaza, Ubwenge, ivyabitswe n’ukurindwa kw’Imana. Turamwizeye. Turamukunda. Kandi ikigeretseko ntidushaka kubaho tutamufise. Dukeneye gusa umwami azodufasha kurwana…

“… *DUKENEYE UMWAMI UMWE MURI TWEBWE WO KUTURONGORA.”

Kandi Imana yabwiye Samweli Iti,”Murabona, Ntibakwanse, ariko banse JEWE kugira ngo sindabarongore*.”

Yamara twiyumva nka Elisa igihe yariko avugana na Eliya. Eliya YAMUBWIYE KU MUGARAGARO, (Uyu munsi biza kuba nk’ivyo yavuze kuri Bande,) Guma hano mu gihe ngiye. Elisa ntiyobishoboye kandi ntiyari gushobora kubikora, Yari afise UGUHISHURIRWA kw’Ijambo kubwo igihe ciwe.

Rero, twarababonye mu gihe bariko barabandanya urugendo, baja kwishule, Hanyuma yavuze ati,” Guma hano ubu. Guma hano, hanyuma wicare maze ube umwigisha wa TEWOLOJIYA, N’ibindi. Hanyuma nkumbure umusi umwe , azoba umukuru w’iri shule hano. Ariko ntegerezwa kumanuka ubugira kandi.”

57 Mwoshobora kwiyumvira umukozi w’Imana ahazwa no kuba umukuru w’ishule, mu gihe inkomezi z’Imana zaba zikikuje aho yaba ahagaze? Oya , Mugenzi. Yavuze ati,” ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Ndakunda Ivyo. Gumana naryo, ntaco bitwaye aboguca intege uko boba bangana, naho yoba ari mama wawe, papa wawe, canke umwungere wawe. Gumana naWe.

Nk’uko Umwami ariho, nzogumana n’Ijwi ry’Imana mu gufyonda nkavuza, Kuko ari niko Uhoraho Agize kuri jewe.

Muze mwifatanye n’ubusho bwacu, kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville(Akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe mu kwumviriza Ijwi ryiWe rivugana natwe hanyuma Rituzanire Uguhishurirwa kw’: Igihe c’Ishengero ry’I Simuruna 1960-1206

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza ubutumwa:

Ivyahishuriwe Yohana 2:8-11
Ivyakozwe n’Intumwa 20:27-30