23-0430 Igihe C Ishengero Ryo Muri Efes

Ubutumwa: 60-1205 Igihe C Ishengero Ryo Muri Efes

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Nzahabu Utunganye Wakubiswe,

Ese ukuntu nshima no kwifatanya namwe, tukaja muri Mpwemu hanyuma tukumviriza Imana Ivugana natwe , umunwa ku gutwi. Nta herezo ivyo Iriko iraduhishurira bifise. Imitima yacu yuzuye umunezero. Ubugingo bwacu buriko burabiragira. Mbega ni gute umuntu yotahura ivyo turiko turumviriza ?

Umviriza gusa ivyo Umwami ariko aratubwira gusa, « Muri ishengero ryanje ry’ukuri, Umugeni wanje. Kubwanje, Musa nk’inzahabu y’Ukuri. Ukugororoka kwanyu ni Ukugororoka kwanje. Ibibagize ni ibinginze bwite vy’ubwiza. Akaranga kanyu kava muri Jewe. Ico NDI, Nico mwerekana. Ico MFISE, Nico mugaragaza.

Kubwanje, Nta kosa riri muri mwebwe, Muri ab’ubwiza vy’ukuri imbere hamwe n’inyumaku . Muri igikorwa canje… Kandi ibikorwa vyanje vyose biratunganye.

Ntimuzokwigera muja mu rubanza, Kuko icaha ntigishobora guharurwa kuri mwebwe. Uherereye n’imbere y’ugushirwaho kw’isi, Intumbero yanje yari iyo gusangira NAMWE Ubugingo Budashira.

Ni gute umuntu yoshobora gutahura aya majambo ? Ni gute ubwenge bwacu bwoshobora gutahura ibiriko birashika ? Ibiriko birahishurwa ? Nimuvyiyumvireko, Ntidutegerezwa kuvuza akaruru mu mitima yacu hanyuma tukavuga tuti, « Yoo, ivyo bitegerzwa kuba vyari ivya hariya inyuma mu gihe ca mbere igihe intumwa zarungikwa ubwa mbere. » Nta kamaro kuri twebwe kwitegereza inyuma , Kubwiwe, Uwutigera Ahinduka uko Ameze canke inzira Ziwe, Ari hagati muri twebwe UBU, Avugana natwe hanyuma Akatubwira yuko Ari Wa wundi ejo , uyu munsi n’ibihe bidashira. Iki ni igihe GIHAMBAYE muri kahise k’isi tubayemwo.

Twarakubiswe kandi twarogejwe, twuzuye imibabaro Kristo yasigaje. Turi nk’intama zo kubagwa. Twirirwa twicwa. Turababara cane, ariko muri vyose , ntitwihora, ntitunatuma abandi bababara. Kubwiwe, turi Inzahabu y’ukuri yakubiswe, itavunywe, itajanjaguwe, itononywe, ariko ikozwe nk’ikintu c’ubwiza hamwe n’umunezero kubwo ibigeragezo n’ibipimo vy’ubu buzima.

Ubu Iriko Iragabisha abandi bose Iti, « Subira ku rukundo rwanyu rwa mbere. » Ukuntu bameze magabo mu gihe mudashobora guhindura IJAMBO RIMWE, Nta na kaburungu canke agakwego. Ayo yari amayeri ya Satani mw’itongo rya Edeni. Ijambo rimwe gusa ryongeweko, Ijambo rimwe gusa ryakuweko, rero bica birwanya Ijambo.

Muri iki gihe ca nyuma atugabisha yuko hazobaho abahanuzi b’ibinyoma, babwira abantu yuko batabizeye hamwe n’ivyo bavuga, bazoba bazimiye.

Hariho gusa INZIRA IMWE YONYENE kugira mumenye ata gukekeranya ko ata KINTU congeweko, ata kintu cakuweko, nta n’ikintu cahinduwe… mu kwumviriza IJWI RY’IMANA ritunganye … GUFYONDA MUKAVUZA.

Nshimira Umwami kubw abavugabutumwa nyakuri bigishijwe b’abizigirwa, batabwira gusa intama zabo akamaro ko kwumviriza Ubutumwa buri munsi mu mazu yabo, ariko mu kuba abarongozo nyakuri, berekana Ubu Butumwa, Iri Jwi, aya Mabande, UBWA MBERE NA MBERE imbere y’abantu mu mashengero yabo.

Mu kuvuga ibi bintu, ntahurwa nabi hamwe no kwagirizwa gusambura amashengero hamwe no kubwira abantu kutaja kw’ishengero. Ivyo si ukuri. IJAMBO ririko rirakura abantu muri ayo mashengero adaha ikibanza ca MBERE ama bande mu mashengero yabo . Bafise inzara yo kwumviriza IJAMBO ry’Umuhanuzi w’Imana. Bumva yuko ari Ubutumwa n’Ijwi bifise ikimazi kurushiriza bakeneye kwumviriza. Bumva ko ari Ubugombe bw’Imana butunganye kuvuza Ama bande mw’ishengero ryabo.

Namba mbwira abantu nti, « GENDA KW’ISHENGERO » Igihe babajije bati, « Wumwa ko abavugabutumwa bobandanya kwigisha ? « Ego. » Sindigera mvuga canke niyumvira yuko batokwigisha. Mbwira gusa abavugabutumwa, abigisha, abungere nti, « Ni mukore ico Imana yabahamagariye gukora, ARIKO NDABASAVYE, mushire Ijwi ry’Imana riri kuri bande IMBERE, SI IVUGABUTUMWA RYANYU .»

Ukwo ni UGUHISHURIRWA kwanje. Bategerezwa gukora nk’uko BIYUMVISEMWO GUKORA. Ndafise uburenganzira bwo kuvuga ubutumwa no kwigisha ivyo niyumvamwo. Asangwa bashaka kuvuga yuko MweneData Branham atigeze avuga kuvuza Bande mw’Ishengero, Ijwi ry’Imana bavuga ko bizeye, ivyo birabasha .

Mpwemu Yera ni, Kandi Yama, Arongora Umugeni Wiwe. Twizigiye yuko Ariko Aratubwira ati, « FYONDA MUVUZE, GUMANA N’UMUHANUZI WANJE, IJWI RYANJE, MPWEMU YERA WANJE. »

Rero, tuzohangana navyo, muri ico gihe , nk’uko vyahanganye na Eliya umuhanuzi mbere . Kandi asangwa uri Umwana w’Imana, uzogumana n’Umuhanuzi w’iyi Bibiliya. Ni Ijambo. Itegereze Isaha, igihe.

Ni uwuhe muhanuzi wa Bibiliya, Ijambo, Mpwemu Yera !

Mpwemu Yera w’iki gihe ; Agaragaza Ijambo ryiwe, akaryemeza. Mpwemu yari Umuhanuzi w’igihe ca MOSE. Mpwemu Yera yari Umuhanuzi w’igihe ca Mikaya. Mpwemu Yera Uwanditse Ijambo araza maze akemeza Ijambo.

Mpwemu Yera w’iki gihe ariko araturongora kubwo umuhanuzi wiwe, nkuko yabikoze muri buri gihe. Imana ntiyigera ihindura gahunda yayo.

Kubw’ivyo , muratumiwe kuza kwifatanya natwe kuvyo twumva yuko ari Gahunda y’Imana mu kwumviriza Mpwemu Yera avuga biciye mu muhanuzi wayo, hanyuma aturongore mu gihe atuzanira Ubutumwa : Ishengero ryo muri Efeso 60-1205, isaha zitandatu z’umuhingamo kw’Isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi).

MweneData Joseph Branham

Ivyakozwe n’Intumwa 20 :27-30
Ivyahishuriwe Yohana 2 :1-7