23-0416 Uguhishura Kwa Yesu Kristo

Ubutumwa: 60-1204m Uguhishura Kwa Yesu Kristo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Giti-Mugeni,

Mbega Yubile Igiti-Mugeni ariko aragira. Umutima wacu n’ubugingo bwacu biriko burarurumbira imbere muri twebwe gusumba uko vyari biri mbere. Iriko Iragendagenda kandi Ivugana natwe, Ihishura Ijambo ryayo. Ibintu biriko birashika vyihuta kuburyo tudashobora kuBigenzura.

Twumviriza Ijambo ritunganye ry’Imana ryagaragajwe n’Igiti-Muhanuzi atunganye, yigisha Ijambo ry’umuhanuzi ritunganye, azana icamwa-Muhanuzi gitunganye, kubwo Ijambo ry’Imana Ritunganye.

Ikintu cose cononywe maze kikaribwa n’intumwa zine z’urupfu zishe ca Giti, ubu caramaze gushumbushwa ubugira kandi n’intumwa zine z’Ubugingo. Si intumwa ZITANU, si intumwa zitanu z’igikorwa c’ivugabutumwa, si umugwi ; intumwa ZINE zarashumbushije ca Giti-Mugeni.

Uhereye ubwa mbere na mbere, Imana yari yararindiriye iki gihe n’uyu mwanya ko vyoshika kugira Ishobore kubona Icamwa cayo, mu gihe Cayo, kubwo igihe c’umuhanuzi. Turi ico camwa. Iki nico gihe. Igihe c’iyimbura cageze.

Iyi pasika y’impera y’indwi uko yagenze nta yindi Pasika umuntu yari bwagire imeze nkayo. Ntituzoguma uko twari tumeze. Ukubaho kw’Umwami nk’uko. Narindindiriye Izamurwa ko ryoshika umwanya n’Umwanya.

Muri Bibiliya, Dawidi yavuze aya majambo : Bantoboye ibiganza vyanje n’ibirenge. Nshobora guharura amagufa yanje yose : Bandaba bankanuriye amaso.

Abantu barasomye kandi barumvise ico gice imyaka amajana, ariko igihe Yesu yari amanitse hariya imbere y’amaso yabo ku musaraba, Umugeni yotegerejwe kuba yaramwitegereje maze aca aratahura, Iki Gihe, Iki canditswe kirashitse imbere y’amaso yanyu.

Ivyo bategerezwa kwiyumvamwo igihe batahura babibonye n’amaso yabo, yuko Ico Canditswe cari gishikijwe , hanyuma bahindutse igice c’Ijambo ryanditswe.

Ni twebwe UBU. Tubaye mu minsi aho ivyanditswe vyose vyanyuma biriko birashitswa imbere y’amaso yacu ; kandi turi igice c’Ivyo Vyanditswe.

Iriko Iragendagenda hagati muri twebwe. Ni iherezo ry’umusi ugira gatatu. Yaragaragaye maze Atwereka ikimenyetso c’ukuzuka kwiwe. Uko yari ari ejo , n’uyu munsi niko ari kandi niko azokwama ibihe bidashira. Turi ivyamwa bizima vy’ukubaho kwiwe. Yaragaragaye kandi Iratwiyereka twebwe twese, Ishengero ryiWe.

MBEGA ABIKORA GUTE ?

Umuhanuzi yakuwe muri Iy’isi, ariko Mpwemu Yera ari kuri bande, kandi ariko agendagenda mu mahanga yose no kw’isi hose. NI IVUGABUTUMWA RIZIMA RY’UMWAMI YESU KRISTO. Ariko arakoraniriza hamwe Umugeni wiWe kubwo ikintu kimwe gishoboka, kandi kizoba : Ijambo ryiWe. IjwiryiWe. GUFYONDA UKUVUZA !

Uyu munsi, iki Canditswe , kirashitse.

Ni Giti-Mukwe kivuye mw’itongo rya Edeni. Ariko Igiti-Mukwe ntigishobora kubaho hatabayeho ikigore, ntigishobora kwama icamwa ; Irafise Igiti-Mugeni. Ni MWEBWE. Mwavyawe n’ikintu kimwe. Ijambo ryihaye umubiri muri MWEBWE. Bwa Bugingo nyene bwari mu Mukwe ubu buri muri MWEBWE.

Umugeni arasemerera : Haleluya, Amen, Imana Ishimwe !!

Ni ibiki Idufitiye mu bubiko ubukurikira?

Impamvu y’iki gihe ciharije nuko twotegerejwe… Ku mutima wanje Mpwemu Yera yashizemwo iki ciyumviro c’ukugabishwa, yuko , “ Ishengero muri iki gihe canyuma ryoronse Ubu Butumwa.” Kuko, ndizera yuko ubwo ari Ubutumwa buhambaye bwa Bibiliya, kuko buhishura Kristo mw’Ishengero ryiWe muri iki gihe.

Rero, Umugeni azoba akoraniye hamwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville,(Hakazoba ari isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu burundi ) mu gihe tuzokwumviriza : Uguhishura kwa Yesu Kristo 60-1204M.

Nipfuje kubatera intege gusoma no kwumviriza, buri ndwi mu Gitabu c’Ibihe ndwi vy’Ishengero, igice tuzoba twumvise buri w’iyinga. Tuzoshira audio y’icongereza ku rubuga rwa Lifeline no kuri Voice Radio buri munsi ku mwanya utandukanye, Ariko mwiyumve amahoro gusoma, kwumviriza no kuvyiga indwi yose buri gihe ico ari co cose.

Reka duhimbarwe kandi tunezerwe. Ntimwiteho iyi Si n’icaha hamwe n’ukwihebura bidukikuje. Reka twigine ivyo Yama Idukorera vyose buri munsi.

Mu gihe ca Mose, ndazi neza yuko abantu baguma babaza Mose bati, “ Tuzova muri kino kibanza ryari? Tuzova hano ryari?”

Ndashobora kwumva gusa Mose ahumuriza abantu maze avuga ati,

“ Igihe Imana yiteguye. Ariko ubu, nimunezerererwe ivyo Iriko Irabakorera.”

Mwoba mufise ibikere mu nzu yanyu? Oya.
Mwoba mufise inzige zirya ibiterwa vyanyu? Oya
Mwoba mufise amazi avanze n’amaraso yokunywa? Oya. Munywa ku mazi y’umusarara y’iriba rya arutwaze. Nimwicare gusa hanyuma munezerererwe ivyo Iriko irabakorera vyose n’ivyo Iriko Irabahishurira.

Kuri bo ni urupfu, uguhona n’urubanza. Ariko kuri mwebwe, ibi ni ibihe bahambaye kw’isi. Nimugire uguhimbarwa , amahoro n’umunezero. Nimushime gusa Umwami kuvyo ariko arakora vyose, hanyuma murindirane igishika kuvyo Agiye kuzokora ubukurikira.

MweneData Joseph Branham