22-1218 Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Ubutumwa: 65-0418E Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi ba Mesiya batoya,

Turi abasizwe n’Imana ; basizwe na Mpwemu WaYo umwe, n’ibikorwa bimwe, n’Ubushobozi bumwe, n’ibimenyetso bimwe. Vyava ku nkukuma bija ku nkukuma, biva kw’Ijambo bija kw’Ijambo, gushika aho ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragazwa mu mibiri yacu yose, mu vy’umubiri, mu vya mpwemu, canke ico dukeneye cose. Burya Bushobozi buzana ubuzima bwibera kandi bugerera muri twebwe. Turi ba Mesiya batoya b’Imana.

Buri yinga Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa ; abo turi, aho tuva, n’aho turiko turaja, kugenda kurushiriza kuba uguhambaye. Turibaza n’igishika cinshi, ukuntu kwoshobora kuba ukw’ubwiza kurushiriza ? Ukuntu kwoba ukugaragara birushirije ? Ariko hamwe n’ibande yose nshasha twumviriza, Imana Ivugana natwe umunwa ku gutwi kandi Ihishura vyinshi vy’Ijambo RyaYo kuri twebwe, kandi Iraturemesha, ABO TURI.

Icipfuzo gihambaye gusumba ibindi c’umutima w’uwizera wese ni ukuba mu BUGOMBE BUTUNGANYE bw’Imana. Nta na rimwe dushaka kuba mu ruhusha rutari ubugombe bwaYo. Imitima yacu iramanyagurika kandi turajanjagurwa iyo twumva ko twakoze ico ari co cose kitoYihimbara. Turazi ko Imana Ifise Ubugombe Butunganye, kandi dushaka gusa kuba mu MUGAMBI W’UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Mu buzima bwanje, nafashe ingingo ikomeye mu kuvuga ko nizeye ko ikintu c’ingira kamaro kuruta ibindi uwugize Umugeni wese ashobora gukora, bose hamwe abaKristo basanzwe n’abakozi b’Imana, ni UGUFYONDA UKUVUZA. Nizeye ko ari Ijwi ry’Imana Rwagaragajwe RYONYENE ry’iki gihe cacu dutegerezwa kwumviriza no kugamburukira Ijambo Ryose.

Navuze ko nizeye ko umukozi w’Imana akeneye kugarukana mweneData Branham kuri alutari zabo no kuvuza amabande mu mashengero yabo, mu gihe ari ryo Jwi rimwe ry’ingirakamaro gusumba ayandi abantu bategerezwa kwumviriza.

Nararonse abanegura benshi mu buzima bwanje kubera kuba narerekanye aho mpagaze ku vyo nizera ko ari Umugambi waYo n’Ubugombe bwaYo butunganye. Ntivyatahuritse kandi bavuze ko ntizeye amabango atanu yo mu Banyefeso 4.

Naravuze kenshi, kenshi ko atari vyo. Sinigeze mvuga, canke nizere ivyo. Hariho benshi bahinduye amajambo yanje maze babwira abantu ibintu ntigeze mvuga canke nizera, ariko vyategerezwa kuba gurtyo.

Hategerezwa kuba ukuri kw’Ijambo rya Bibiliya. Namba uvuga ko wizeye ubu Butumwa, rero dutegerezwa gufata ivyo umuhanuzi yavuze, mu gihe ari insiguro nyene y’Ijambo ry’Imana. Kuko we ni umusiguzi WENYENE w’iryo Jambo.

Iyo mba nategerezwa kubaza umwe wese muri mwebwe nti, “Ni nde ashaka kuba mu bugombe bw’Imana butunganye?” Umwe wese muri mwebwe yovuga ati, “EGO, ico ni icipfuzo c’umutima wanje.” Rero dutegerezwa kuraba ku co umuhanuzi yavuze ko ari Ubugombe bw’Imana Butunganye.

ICITONDERWA : Namba ubu Butumwa buri kw’ibande atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, kandi utizeye Ijambo Ryose, HAGARIKA GUSOMA IRI KETE. Kubwanje, nturi uwizera, rero si ivyawe. Nshobora kugumana n’ivyo Imana Yavuze kw’ibande gusa.

Dushaka ivyo Yavuze ; atari ivyo ishengero ryavuze, ivyo Umuhinga Jones yavuze, ivyo uwundi muntu munaka yavuze. Dushaka ivyo UKO NIKO UHORAHO AGIZE yavuze, ivyo Ijambo Ryavuze.

Dutegerezwa ubwacu kwubaha Ubugombe bwaYo n’Ijambo RyaYo. Ntidutegerezwa kuRyibazako. Dutegerezwa kuRyizera gusa. Ntugererageza kurondera uburyo bwo kuRica iruhande. Rifate gusa uko Rimeze.

Benshi cane bashaka guca iruhande no kuja mu yindi nzira kanaka. Ni wabikora, Imana Izoguhezagira, ariko uriko ukorera mu ruhusha rutari Ubugombe bwaYo, kandi atari mu Bugombe bw’Imana Butunganye. Imana Izokwemerera gukora ikintu kinaka, kandi Inaguhezagire mu kubikora, ariko ntibuba buraba Ubugombe bwaYo butunganye.

Imana Yarungitse intumwa mumarayika w’indwi waYo kw’isi gusohora Umugeni waYo. Twizeye ko yari Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu. Ni Ijwi nyene ry’Imana Ryafashwe kw’ibande kandi Ryabikiwe Umugeni WaYo.

Imana ubwaYo yabwiye umuhanuzi waYo, ngo “ni wazana abantu kukwizera WEWE, nta na kimwe kizohagarara mu nzira yawe.” Yari uwatorewe n’Imana kurongora Umugeni WaYo. Nta n’umwe ashobora gufata ikibanza ciwe. Uko ba Kora bahaguruka bangana , canke ba Datani uko bangana, yari William Marrion Branham Imana Yahamagariye kurongora Umugeni waYo.Uyu ni Umugambi w’Imana n’UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Namba abantu badashaka kugendera mu Bugombe bwaYo Butunganye, Ifise uruhusha rutari ubugombe bwaYo Ikureka ukagenderamwo.

Rero, Imana Ni Nziza…Irungika Ijambo RyaYo. Namba utizeye Ijambo RyaYo, rero Ishira mw’Ishengero ibikorwa bitanu bitandukanye. Ubwa mbere, intumwa, abahanuzi, abigisha, abungere, abavugabutumwa. Bariho kubw’ugutungana kw’Ishengero.

Rero, igikorwa c’Imana cahagurukijwe gusa kuko abantu mu bihe vyarenganye batokwemeye UMUGAMBI W’UBUGOMBE BUTUNGANYE W’Imana; Ijambo ryaYo ryavuzwe n’ umuhanuzi wayo. Dutegerezwa gusa kwizera Ijambo umuhanuzi w’Imana yavuze. Ntidukeneye uwundi muntu canke ikindi kintu.

Rero igikorwa c’ivugabutumwa ni ukugarukana abantu mu Mugambi w’Ubugombe bwiWe butunganye, ari co: KUGUMANA N’AMABANDE, KUKO NIWO MUGAMBI UTUNGANYE W’IMANA. Rero ugumiza urya MUGAMBI W’UBUGOMBE BUTUNGANYE imbere yabo igihe cose mu : GUFYONDA UKUVUZA.

Utegerezwa kugaruka maze ugahera aho watanguriye, canke aho wahagarariye, no gufata Ijambo Ryose Ry’Imana.

None n’iki utegerezwa gukora kugira ngo ube mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE : Gufyonda Ukavuza.

Abungere bategerezwa gukora iki kugira ngo babe mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE : Gufyonda Bakavuza.

Ni igiki umuhanuzi w’Imana yakoze igihe yaja mu bikorane ? Gusengera abarwaye gusa, n’ibintu nk’ivyo ? Yavuga ibintu mu buryo buziguye ku buryo intama zovyumva, kuko tuzi Ico Yavuga. Ahandi ho, cari icambu kw’igera. Yaberetse ibimenyetso nko gusoma ivyiyumviro, kandi yari azi amabanga yari mu mitima yabo, kugira ngo akabure abantu gusa. Ariko rero yavuze ikintu c’ingirakamaro gusumba ibindi :

Ikintu ca mbere mwomenya, ibande yakorokeye mu nzu yabo. Biratahuritse, rero. Namba ari intama, izoza neza hamwe nayo. Namba ari impene, izoterera ibande hanze.

Mbega uri intama canke uri impene ? Umugwi mutoya w’Imana utumbereye kuri iryo Jambo. Turi mu Bugombe bwaYo Butunganye mu Gufyonda Tukavuza nk’uko vyamye, kandi biri, umugambi waYo w’inkomoko.

Gumana neza n’Ijambo RyaYo, kuko ivyo ni vyo bigiye kuzosohoka kw’iherezo, Ijambo, Ijambo kw’Ijambo. “Uwo ari we wese azokurako Ijambo Rimwe kuri Ryo, canke yongereze ijambo rimwe kuri Ryo!” Ritegerezwa kuguma ari, rirya Jambo.

Ndakengurukira Umwami cane kumenya, mu Guhishurirwa kwa mpwemu, ko ndi mu Bugombe bwaYo Butunganye bijanye n’Ijambo RyaYo. Sinongerako insiguro yanje kuri Ryo, canke ugutahura kwanje kuri Ryo, ariko numva n’amatwi yanje bwite ico ari co UKO NIKO UHORAHO AGIZE hamwe n’Ubugombe bwaYo Butunganye .

Ndabatumiye kuza no gusesengura hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Mbega Imana Irigera Ihindura Iciyumviro caYo kw’Ijambo Ryayo ? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ndamukiza ku mugoroba, umwaka wa 1965. Harimwo utuvunguka twinshi tw’izahabu muri ubu Butumwa, mugiye kuba ABATUNZI muri Mpwemu Yera WaYo ni twabikora.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Kuvayo igice ca 19
Guharura 22:31
Matayo 28:19
Luka 17:30
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 17