Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka tuje hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri k umugoroba mu Burundi), kugira twumvirize 65-0801E Ibintu Bishika Bisigurwa n’Ubuvugishwa.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Busho Buto, bw’Umugeni Jambo Nkumi ya Kristo :
Mbega ukuntu imitima yacu yanezerewe igihe twumva umumarayika wiWe w’inkomezi atangaza ko turi Uruvyaro rw’Imana Rwatoranijwe Rudashobora gukora ikintu na kimwe kindi atari ugukurikira Ijwi RyiWe. Bifise agaciro karenze ubuzima kuri twebwe. Urashobora kutwaka ubuzima bwacu, ariko ntushobora kudutwara Ijwi RyiWe. Turi Umwe n’Ijambo RyiWe. Turi Umwe n’Ijwi RyiWe. Turi Umwe na We.
Bisa n’ibitangaje cane kuri twebwe ko dutahurwa nabi cane kandi tugatwengwa kuko tuvuga ko twizera kuvuza bande; ko ari Ijwi ry’Imana Rivugana n’Umugeni WaYo. Satani yarahenze abantu cane ku buryo biyumvira ko kuba dutangaza ko turi ishengero ry’amabande, ari ikintu kiri hanze y’Ijambo, ikintu kibi, kandi turiko turarongorwa nabi, mu gihe igihe cose ari inzira y’Imana itunganye Yatanze ku Mugeni WaYo.
None bishobora gute kuba ukundi? Iyo usiguye nabi Ijambo Rimwe Ryavuzwe, uba wazimiye. Bashobora kuba bafise impamvu n’intumbero nziza, ariko bakaba bihenda. Umuntu ashobora gusigwa na Mpwemu Yera kandi akaguma yihenda.
Iyo Imana Idatanga inzira ku buryo Umugeni WaYo Yoshobora kwiyumvira Ijambo Ryose, rero hobayeho ubundi buryo. Ariko Yatanze uburyo kugira ngo umuntu wese wo kw’isi aronke akaryo ko kwumviriza Ijambo Ribabwira Ridaciye ku ruhande hatanakenewe insiguro, ugusiguriwa, canke ugutomora neza. Vyose ni Uko Niko Uhoraho Agize…NTA KINDI !
Nizera ko ivyo dukeneye vyose vyanditswe Ng’aha nyene, bikeneye gusa gusigurwa na Mpwemu Yera. Sinemera ko hari umuntu n’umwe kw’isi afise uburenganzira bwo gushiramwo insiguro yiwe bwite kw’Ijambo. Imana nta n’umwe Ikeneye ngo asigure Ijambo RyaYo. Ni Yo Musiguzi waYo ubwaYo. Yavuze ko Yobikoze, kandi Irabikora.
Mu buryo butomoye, Umwami Yavuze kandi Yahishuriye Umugeni WaYo ko ata bundi buryo bwo kuba Umugeni WaYo Yatoye atari ukugumana n’Ijambo RyaYo. Imana ubwaYo Irasigura Ijambo RyaYo bwite, kandi nta n’umwe afise uburenganzira bwo kwongerako insiguro yiwe kuri Ryo.
Ijambo Rivuga kandi ko UMUVUGISHWA waYo ariwe musiguzi w’ijambo RyaYo. Ni Ijwi ry’Imana ku bantu. Ivyo avuga ni Ijambo ry’igihe cacu.
Mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande, tuba turi ubuvugishwa buriko burashitswa. Nta kintu gikomeye kuruta, ceranda kuruta, nta kintu kinyurwisha birushirije, nta kintu gitunganye kuruta kuba uriko urumviriza Ijwi ry’Imana Ryemejwe Rivugana nawe.
Imana Yaduhamagariye kuva muri iki gihe kibi kubw’Izina RyaYo. Turaca mu bibazo n’ibigeragezo vyinshi cane nk’uko tutari bwigere tubibona mbere. Satani yiteguriye intambara mu gihe azi ko igihe ciwe kiri kw’iherezo. Woshobora kwibaza uti, noba ndiko ndaca muri ivyo vyose gute, kandi ndi Umugeni WaYo ?
Turiko turagaragazwa, tugeragezwa, kandi twemeza Satani, ko TURI UMUGENI WAYO. Turi Ijambo mu mubiri. Turashobora kuvuga Ijambo kandi Rizoshika. Ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE.
Turafise Ijwi ry’Imana Rivugana na Satani Ridaciye ku ruhande kandi Rimubwira ngo:
Satani, waratsinzwe. Uri umubeshi. Kandi, nk’umusavyi w’Imana, kandi nk’abasavyi, turategetse mw’Izina rya Yesu Kristo, ko wumvira Ijambo ry’Imana, kandi uve mu bantu, kuko handitswe ngo, “Mw’Izina RyaNje bazokwirukana amadayimoni.”
Ivyo vyose…IVYO dukeneye VYOSE, dukeneye gusa gusaba, kwizera no kuguma aho nyene. Bishobora kugaragara ubwo nyene; bishobora kuba mw’iyinga rimwe, mu kwezi kumwe, mu mwaka umwe. Ntaco bitwaye ivyo tubona canke twumviriza, BIBA VYASHITSE UWO MWANYA NYENE.
Igikorane cose dukoraniye hamwe kirushiriza kuba kinini ku Nkona z’Imana. Dukoranye mu mutima umwe n’inama imwe, twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, twumviriza Ijwi Ritubwira kandi Ridutunganya mw’Ijambo RyiWe.
Twokunda ko mwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri mw’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Risubira kuvugana natwe kandi Rituzanira insiguro y’Ijambo RyaYo Bwite.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Imana Y’Iki Gihe Kibi 65-0801M
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa: Matayo Mweranda igice ca 24 / 27:15-23 Luka Mweranda 17:30 Yohana Mweranda 1: 1 / 14: 12 Ivyakozwe n’Intumwa 10:47-48 1 Ab’i Korinto 4:1-5 / igice ca 14 2 Ab’i Korinto 4:1-6 Ab’i Galatiya 1:1-4 Abanyefeso 2:1-2 / 4:30 2 Ab’i Tesalonike 2:2-4 / 2:11 Abaheburayo igice ca 7 1 Yohana igice ca 1 / 3:10 / 4:4-5 Ivyahishuriwe Yohana 3:14 / 13:4 / ibice vya 6 gushika kuri 8 na 11 hamwe na12 / 18:1-5 Imigani 3:5 Yesaya 14:12-14
Mu gihe bicaye munsi yuko gusigwa guhambaye kw’Ijwi RyiWe Ry’inkomezi, arabamenyesha ngo bitegure; kuko muri iri joro Agiye gusengera umwe wese muri bo. Aratubwira iyo Atanguye gusenga, kuja kurambika ibiganza ku barwaye, kuko ukubaho kw’Imana hose icarimwe kuri kumwe na bo hose, aho boba bari hose: Texas, hariya muri California, haruguru muri Arizona, muri Amerika y’Epfo, mbere no ku tuzu tw’ivyatsi mu mashamba yo ku rundi ruhande rw’isi. Aho bari hose kugira baze kwumviriza, barambikaneko ibiganza igihe dutangura gusenga kandi Imana Izokiza umwe wese muri bo, namba bizeye, kuko Ni Uko Niko Uhoraho Agize.
Ubu baratahura ko mu bihe vyose kandi biciye ku muvugishwa wese yabayeho canke azobaho, hazoba abantu bamwe bamwe batoranirijwe kwumviriza ubwo Butumwa, kandi bazoBukurikira. Bazokwirengagiza amasinzi y’abantu. Birengagiza ukunegura kw’uwutizera avuga ko ari bibi canke ko atari inzira Imana Yatanze. Nta mpari bagiriranira na bo. Bafise ikintu kimwe BATEGEREZWA GUKORA, ni ukwizera no kugira ngo bashobore kuronka igice cose c’Ivyo, ico bashobora cose, kuvyishiramwo nka Mariya yicara ku birenge vya Yesu. Nta nsoni bafise, barishimira cane kuvuga ko ari abahungu b’ama bande canke abakobwa b’ama bande bafyonda bakavuza.
Iryo Jwi Ryaramaze kubaburira ko mu gihe c’iherezo hazoba abasizwe, bazoronka ugusigwa gukomeye, Mpwemu Yera. Bazosubiramwo umuvugishwa n’Ubutumwa bw’igihe; bavuga ko ari abizera, ariko ni abasizwe b’ikinyoma.
Bazoba bari hafi cane y’ugusigwa nyakuri ku buryo vyohenda abatoranijwe nyene iyoba vyoshoboka, ariko barazi ko badashobora guhendwa, kuko BARI IJAMBO. Ni bo Mugeni w’ukuri Yagumanye n’Ijwi ry’Imana.
Iryo Jwi Ribamenyesha ko muri iki gihe Ritazoba indimu, canke umucungwe. Ivyo vyoba vyoroshe gutandukanya. Ariko izoba ari tangelo, igice c’indimu, igice c’umucungwe, ubwoko buvanze. Bizosa n’umucungwe gusa, ariko ntibizoba bisa, kuko iryo shami rishasha rizoba ari iry’inkomoko 100%. BazoGUMANA n’iryo Jwi-Jambo ry’inkomoko. Bazoba magabo. Bazogumana n’uwo Imana, Yo ubwaYo Yatangaje ko ari IJWI RYAYO, IJAMBO RYAYO, Yemeje biciye mu Nkingi y’Umuriro.
Ni igiki kiriko kiraba?
Uruvyaro rw’Imana Rwatoranijwe nta kindi Rushobora gukora atari ugukurikira no kwumviriza Iryo Jwi, kuko Risobanura ibirengeye ubuzima kuri bo. Mushobora kubaka ubuzima bwabo, ariko ntimushobora kubaka rino Jwi.
None ni ukuhe gukwegwa?
Imana, nk’uko bisanzwe, Ishitsa Ijambo RyaYo.
Nimuze mwifatanye natwe mube igice c’ubuvugishwa bw’umuvugishwa buriko burashitswa kuri iri yinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumva Ivyanditswe biriko biragaragazwa.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: 65-0725E “Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi ?”
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Nkona Zikoranira Hamwe,
Umutwe w’Ubutumwa bw’iri yinga wonyene urahishura mwene ukwo kumenya Mpwemu Yera ku Mugeni. Kwiyumvira ko hazoba abasizwe b’ukuri bazohaguruka muri iki gihe, bafise ugusigwa kw’inkomoko kwa Mpwemu Yera nyene kwari ku muvugishwa wacu, ariko bikaba ari ibinyoma.
Impamvu tutazo… kandi tudashobora kuzimira, ni uko turi Ijambo hamwe n’uku Guhishurirwa. Ntidushobora kuba ikindi na kimwe. Ntidushobora kwumviriz ikindi na kimwe. Ntituzi ikindi na kimwe.
“NDIHO!” Si “Nari, canke Nzoba.” “NDIHO,” igihe c’ubu, Ijambo ubu. Si Ijambo Ryariho, Ijambo Rizoza; Ijambo ry’ubu. Murabona? Murabitahura ? “NDIHO!” “NDIHO” ni Ijambo. “Ubwa mbere Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana.” Mbega ni ko biri? “NDIHO.” “Imana Yantumye nk’umuvugishwa waYo, kwemeza ibi ko ari ukuri. Ndi inyishu kuri iri Jambo, Yambwiye kumanuka ng’aha no gukora ibi.”
Kandi igihe yabikora, Farawo yavuze ati: “Yemwe, turafise abahungu benshi mu mugwi wacu bashobora gukora ivyo, na bo nyene,” abigana.
Yesu Yavuze Ati, “Ubu, ivyo bizosubira kandi mu minsi ya nyuma,” murabona, bivugira ico kintu nyene.
Umwami Ashimwe. Muvuge ivyerekeye ivyizigiro ku Mugeni. Igihe ufise uku Guhishurirwa, niho umenya ko uri Umugeni WiWe Yatowe, Yatoranijwe, umukunzi wiWe.
Mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande, tuba turiko turumviriza Umwana w’Umuntu, ari We Kristo. Ni We Atugaburira. Ntitugaburirwa n’umuntu; umuntu, amajambo yiwe azonanirwa. Ariko tugaburirwa Ijambo ry’Umubiri Ritananirwa ry’Umwana w’Umuntu.
Namba ushaka kumenya neza 100% ko wumviriza Uko niko Uhoraho Agize, n’uze wifatanye n’igice c’Umugeni kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Riduhishurira ibintu vyose vyerekeye abasizwe mu gihe c’iherezo.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mugeni Mukundwa,
Rero, nibaza ko ata cubahiro gikwiye twoshobora guha umumama.
Umumama wacu ni we wa mbere tuba turi kumwe, kandi yahawe inshingano ikomeye y’ico tuzoba n’inzira dutegerezwa gucamwo. Yarahawe inshingano ivuye ku Mana yo kudushira mu nzira igororotse. Ni co gituma abamama bafise ukwitaho gutoyi kudasanzwe, bahawe n’Imana.
Mbega umuhezagiro udasanzwe tubikiwe kuri uyu w’iyinga, mu gihe dutera iteka Abamama bose, iyo twumvise umumarayika w’indwi w’Imana aserura urukundo n’icubahiro abamama bacu bafise mu mitima yacu.
Turazi ko buri munsi ari umunsi mukuru w’abamama, ariko kuri uyu w’iyinga tuzotera iteka abamama bose mu gihe twumva umuvugishwa wacu abaha icubahiro nk’uko yabivuze ubu hakaba haciye imyaka 67 kuri uwo munsi nyene, igenekerezo rya 10 Rusama 1959.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa : Umusi Mukuru W’Umumama 59-0510M
Igihe : 12 :00 ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).
Iyo ni yo mpamvu nyene yatumye Ijwi RyaNje Rifatwa amajwi, ku buryo mwogira ahantu hatunganye hatanzwe ho kuja, aho ata makosa, ata nsobanuro ikenewe, Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi gusa. Ahantu ushobora kuja ku buryo ushobora kwumviriza neza na neza ivyo Navuze : Uko Niko Uhoraho Agize.
Ngiye kuzovugana namwe neza mu buryo butomoye ku munsi w’iyinga. Ndashaka ko utazokwigera wibagirwa ivyo ngiye kukubwira. Aya ma bande ni Imfungurwa zawe za Mpwemu muri iki Kihe. Zirakungahaye birenze kuri bamwe muri bo; ntibashobora nyene kuZifata. Ntivyabahishuriwe, ariko NaraBAtoye, Nabahaye Uguhishurirwa kw’inzira yaNje itunganye yatanzwe.
Kuri wewe, Ni Imfungurwa Zihishijwe, aho ubayeho ku neza n’imbabazi z’Ijambo Rizima.
Igihe nari mbayeho mu mubiri mu Mwana WaNje, ntibashobora gusa kwakira Uwo Nari We: Imana hamwe n’umuntu. Rero Nasezeranye ko Nzosubira kugaruka mu minsi y’iherezo no kubaho mu mubiri w’umuntu ubugira kandi nk’uko Nabigize imbere ya Aburahamu, kandi Nomanuka maze Nkihindura umubiri w’umuntu nk’uko Nabikoze ico gihe.
Ng’ibi ivyo bahushije, ico gihe n’ubu, ariko Sinigera Nshaka ko mwibagira. Imfungurwa Zabitswe Ndiko Ndabagaburira, hamwe n’intumwa yanje, ni zimwe. Ntimushobora kubitandukanya. Ubutumwa n’intumwa ni kimwe. Nababwiye mw’Ijambo Ryanje ivyo Nzokora muri iki gihe. Niyo mpamvu ari ubugombe bwaNje gushira Ijwi Ryanje mu mashengero yanyu, mu ngo zanyu, aho muja hose; kuko Ni Ijwi Rihambaye kuruta ayandi yose mutegerezwa kwumviriza. Ni Ryo Jwi RYONYENE Ryemejwe Rivuga Uko ni ko Uhoraho Agize.
Imbabazi zaranswe. Ubu muriko mubeshwaho n’Ijambo Ryanje. Narabahaye Uguhishurirwa kw’Uwo Ndi We n’uwo URI WE. Nta gukekeranya na gutoya gukwiye kuba mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu. Muri Umugeni Wanje Yatowe, Yahiswemwo, Yatoranijwe. Muri Ijambo RyaNje Ryavuzwe Ryari muri Jewe mu ntango.
Mufise uburenganzira bwo kuronka Imfungurwa, Imfungurwa za Mpwemu, isi ataco iziziko na kimwe. Mufise uburenganzira bwo gukira ku mibiri yacu igihe abaganga bananiwe; Ni kimwe mu Mfungurwa Nasezeranye kandi Nabahaye mu gihe ca nyuma.
Nasezeranye guhishura amabanga yo mu mitima yanyu no gukora ibi bintu. Ndi muri mwebwe. Muri igice caNje, nanje Ndi igice canyu. Ibi bimenyetso bizokurikira abizera.
Kuri uyu w’iyinga nzoba ndiko ndahuza Umugeni Wanje wo kw’isi yose n’Ijwi RyaNje. Nzobabwira ngo murambikaneko ibiganza. Ntiwisengere, sengera uwo washizeko ibiganza, kuko bariko baragusengera. Tuzosengera hamwe, kandi ntihazobaho umuntu w’intege nke aho ari ho hose kw’isi yose namba mwizera. Ni wizera, kandi udakekeranya mu mutima wawe, nzotangaza nti,
Satani, waratsinzwe! Yesu Kristo Yaragutsinze! Yarazutse mu bapfuye, Ari hagati muri twebwe muri iri joro, Yemeza ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo. Muve muri aba bantu! Mubareke, mw’Izina rya Yesu Kristo ! “Mw’Izina RyaNje bazokwirukana amadayimoni,” kandi urirukanywe. Mw’Izina rya Yesu Kristo, va muri iri koraniro !
Ndatumiye isi kuza kwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) maze wumvirize Ubutumwa n’intumwa yiWe batuzanire : Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye, Imfungurwa Zihishijwe z’Umugeni.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye 65-0718E
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Ukundwakajwe,
Igihe kigeze kure. Igihe kiri hafi. Ingingo itegerezwa gufatwa. Imana Iriko Iragabisha abana baYo. Umwami Imana Yacu Yaradutangarije kandi Yaratwemeje ico ari co Ukuri kwiWe mw’Ijambo RyiWe, no muri Mpwemu WiWe. Si kubw’ubushobozi, si kubw’inkomezi, ariko ni muri Mpwemu WaNje, kandi Ijambo Ryawe Ni Ukuri.
Yaremeje neza Umugeni uno munsi ko Yesu Kristo uko Yar’ar’ejo, n’uyu munsi ni kw’Akiri, ni kw’Azokwama ibihe bidashira. Yaratweretse kandi Yaraduhishuriye ko Ubutumwa n’intumwa y’igihe ari ikintu kimwe. Yaraduhishuriye amabanga yiWe yose yari anyegeje mw’Ijambo. Yarabitwemeje na Mpwemu Yera WiWe.
Nta kibazo kiri mu vyiyumviro vyacu, mu mitima yacu canke mu bugingo bwacu. Ijwi RyiWe ku ma bande ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE KU MUGENI WIWE.
Imana Yamye Yemera inzira nyinshi zo kuza kuri Yo. Ihindura ubugombe bwaYo bwo kwemera mu bugombe bwaYo butunganye. Kandi Yama Itanga UBUGOMBE BUTUNGANYE N’UBURYO BUTUNGANYE KU BANA BAYO. Benshi bagerageza kuza mu buryo butandukanye mu gukorera Imana igikorwa atari ubugombe bwayo butunganye. Ivyo bishobora gusa nk’ubugombe bwaYo butunganye ariko kandi bitajanye n’Ijambo RyaYo.
Ariko Iratubwira mu buryo butomoye ko twese dushobora gusigwa, n’ugusigwa kw’ukuri, kwuzura Mpwemu Yera WaYo, n’uguhishurirwa gushasha, kandi turi inyuma y’ubugombe bwaYo. Mu gihe cacu, Yaratanze UBURYO BUTUNGANYE bwo kumenya neza ko twumviriza Ijwi ry’Imana, Rivuye ku Mana ubwaYo. Ni bwo buryo BWONYENE butunganye.
Umukozi w’Imana ntategerezwa gusubiramwo no kwigisha ubu Butumwa gusa, dutegerezwa kuvugiriza abantu Ijwi ry’Imana ku ma bande. Nta GUSIGWA KURUTA kwumviriza Ijwi ry’Imana. Nta bundi buryo bwo kumenya tudakekeranya na gatoya ko ivyo turiko turumviriza ari vyo Imana Yavuze NEZA NA NEZA.
Muri iki gihe, gusumba ikindi gihe muri kahise k’isi, Imana Yatanze uburyo butuma bidashoboka kubihusha, namba uri Umugeni WaYo Yatoranijwe. Vyaremejwe kandi vyarahishuwe n’Inkingi y’Umuriro ubwaYo ko ari Ijwi Ry’Imana UbwaRyo Rivugana n’Ishengero RyaYo Ritaziguye.
Mu myaka igihumbi yose, abana b’Imana baripfuje kandi bagize inzara yo kwumviriza Ijwi Ry’Imana ubwabo. Ese ukuntu bipfuje ko boba bari ng’aho uwo munsi igihe Yesu Yabwira Ubutumwa abantu ibihumbi n’ibihumbi ku musozi. Kwumviriza ingene Yavuga Ijambo RyiWe n’urukundo n’ikigongwe. Kwumviriza ingene Yashimika kw’Ijambo Ryose. Ingene vyavuga kandi vyaremesha imitima yabo.
Turi bazima ubu kandi turi imbere y’Imana twumviriza Ijwi Ry’Imana.
Umunsi umwe vuba cane ntituzosubira muri ubu buzima nk’ubwo kandi. Tuzogaruka nk’ikiremwa kidapfa. Icaha kizoba cakuweho. Satani azobohwa imyaka igihumbi kandi tuzoba kuri iyi si Umwami Imana Yaduhaye.
Turuzuye 100%. Ntitwigeze tunezerwa nk’uko canke ngo tube abatagira ibibazo mu buzima bwacu. Turi Umwe na Yo hamwe n’Ijambo RyaYo. Turi Ijambo RyaYo. TURI MU BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE MU KUGUMANA N’IJWI RYAYO, IJAMBO RYAYO. Izogaruka umunsi uwo ari wo wose ubu kugira Itujane na Yo.
Urakoze Mwami Yesu!
Umwami Imana yanyu Yarabatangarije Ukuri ico ari co. Umwami Imana Yawe Yaremeje Ukuri uko ari kwo, mw’Ijambo RyiWe no muri Mpwemu WiWe. “Si kubw’ubushobozi, si kubw’inkomezi, ariko ni kubwa Mpwemu wanje.” Kandi, Mpwemu, “Imana Irondera abaYisenga muri Mpwemu no mu Kuri.” “Ijambo RyaWe ni Ukuri.” Kandi Yaremeje neza ko Yesu Kristo uko Yar’ar’ejo, n’uyu munsi ni kw’Akiri, ni kw’Azokwama ibihe bidashira. Yaberetse Imbuto z’umugoroba. Yarabibahishuriye, mw’Ijambo. Yarabibemeje, biciye kuri Mpwemu WaYo.
N’umutima wanje wose ndatumiye umwe wese muri mwebwe kuza kwifatanya n’igice c’Umugeni WaYo mu gihe dufatanya kw’isi yose isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira ngo twumvirize Ijwi RyaYo Rivuga biciye ku ntumwa mumarayika waYo w’indwi kandi Rituzanira Ubutumwa: Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana 65-0718M.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
YoYikunda, kandi Yo Yonyene. Ntiyategerezwa kuMuha ubutunzi bwinshi, Yari Afise Akabuyenge k’igiciro kininiya, Uguhishurirwa kwaYo kw’ukuri. Yomenye, ko bari UMWE kandi co kimwe. Mpwemu WaYo Yogerereye muri We. Ivyo Yari Akeneye vyose, YobiMuhaye ; ivyo Yategerezwa gukora vyonyene kwari ugusaba no kwizera, kandi Yobikoze.
Yari Azi ko Izomara igihe kininiya yagiye kuMwubakira inzu ifise vyose nyene bijanye n’ivyo Akunda. Yariko Irayubaka nk’uko nyene We Yobikunda. Yari Izi ko umunsi umwe Yogaruka kubera We, nk’uko Yamusezeraniye, ko ico gihe bogira Amazimano y’Ubukwe ahambaye y’imyaka igihumbi. Hanyuma, Bojana muri iyo Nzu nziza yari YaMwubakiye kugira ngo Babaneyo Ibihe Bidashira.
Nta kindi kintu gifise akamaro kuri We. Nta kindi kintu Yoshaka. Yari kunyurwa cane no kunezerwa no kugira Uguhishurirwa kwo kumenya ico Iri n’ico Ari. Yari kumenya ko Izoshitsa Ijambo RyaYo. YARI KUNYURWA, KUKO YABA AZI KO ARI WE YATOWE KUBA UMUGENI WAYO.
Bene Data na bashiki bacu, Imana y’ububasha yo mw’Ijuru n’isi Yaravye mu Bihe Bidashira vyose kandi YAGUHISEMWO… WEWE NGO UBE UMUGENI WAYO MUKUNDWA YAHISEMWO.
Ndabatumiye kuza kwifatanya nanje n’igice c’Umugeni WaYo kuri uyu w’inyinga, mu gihe Ivuga biciye mu mumarayika waYo w’inkomezi kandi Itubwira ko turi Umugeni WaYo Yahisemwo.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: 65-0429E / Uguhitamwo Umugeni Igihe: 12:00 ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi).
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi bagizwe bazima,
Ese ukuntu imitima yacu yagurutse nk’Inkona muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Uko bukeye uko bwije, ugusigwa kwiWe kwarushiriza kwiyongera. Ingaburo Yera, Uguhamba, Ugutungana, hanyuma n’ugusozera guhambaye Yari Yaduteguriye: Ni Uguseruka Kw’Izuba…IMANA ISHIMWE, YARAZUTSE kandi Ni Muzima muri umwe wese muri twebwe. Yariko Arahishurira Ijambo RyiWe umwe wese muri twebwe nk’uko tutari bwigere twumva mbere. Ugusigwa kwuzuye mu mitima yacu, ikirere cose yari Yaciharije; vyasa n’aho Izamurwa ryagira ribe.
Yatubwiye ivyabaye mu myaka 2000 iheze, hanyuma rero n’ivyariko biraba ubu muri 2026. Yesu Yari Urubuto rwa mbere rw’Ingano rw’Imana Rwari Rwazutse mu bapfuye. Yari Yazuwe n’Ubushobozi bw’Imana Butanga Ubugingo Budashira. Imana Yagarukanye ubugingo bwiWe, IMuzura mu bapfuye, kandi Yari umushuzo w’abari basinziriye. Yari uwambere Yashitse mu gukura, Umushuzo w’Imana wazungagizwa nk’icibutso co gutanga amashimwe ku Mana, twizera ko twebwe abasigaye tuzoza. Cari ikimenyetso.
HANYUMA YADUHISHURIYE IBIRIKO BIRABA UNO MUNSI. Nk’uko Yazungujwe ku munsi wa Pentekote igihe haza igihinda kivuye mw’Ijuru nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi cazunguruka hejuru y’abantu. Cariko kirazunguruka ubugira kandi imbere y’abantu nk’uko Yasezeranye muri Luka 17:30 na Malaki 4, igihe U-m-w-a-n-a w’umuntu Azohishurwa kandi Akazungagizwa hejuru y’abantu.
None, Umwana w’umuntu ni nde? “Mu ntango Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana, kandi Uwo Jambo Yari Imana, kandi Jambo Yihaye umubiri, Abana natwe.” Kandi nimba inyigisho zose dufise, n’ukwemezwa kw’Ijambo ry’Imana; mw’Ijambo ry’Imana, mu bimenyetso, mu bitangaza, tubona uno munsi, ko mu Gitabu ca—ca Luka hano, ko nk’uko duhejeje gusubiramwo, canke i—Luka igice ca 17 no ku murongo wa 30; na Malaki 4, n’Ivyanditswe bitandukanye tumenyereye, ko iryo Jambo Ryongeye guzunguzwa hejuru y’abantu, ko imigenzo y’abapfuye yapfuye, kandi Umwana w’Imana Yongeye kuba Muzima mu mubatizo wa Mpwemu Yera nyene hagati yacu, kandi Ariko Araduha Ubugingo.
Aba bantu, dusangiye Ubwami, bafise Ubushobozi butanga ubugingo, Bubahe Mwami, ubu nyene. Kandi Mpwemu Ashobore kugenda Ava ku nkona Aja ku yindi, Ava kw’Ijambo Aja kw’Ijambo, gushika ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragaye mu mibiri yose, ku bijanye n’ivyo bakeneye mu mubiri, mu vy’impwemu, canke mu vyo bakeneye vyose, mu gihe turambikanako ibiganza. Mw’Izina rya Yesu Kristo.
Iryo Jambo. Iryo Jwi. IVYO dukeneye VYOSE biri ku ma bande, Mugeni. Imana Ntihindura ivyiyumviro vyayo ku bijanye n’Ijambo RyaYo. Nta n’akadome na kamwe canke akarongo kamwe gashobora guhindurwa, kubw’ivyo Yateguye inzira Umugeni WaYo Yoshobora kwumva n’amatwi yabo NEZA NA NEZA ivyo Yashaka kubabwira.
Imana Yavuganye n’Umugeni WaYo kandi Irahishura VYOSE. Vyarafashwe amajwi. Umugeni Ategerezwa kuza ku Mukwe; iyo ni yo Nzira yaYo Itunganye Yatanzwe Yakozwe ku bw’uyu munsi. Ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE.
Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro vyaYo kw’Ijambo RyaYo? OYA. Ifise UBUGOMBE BUTUNGANYE N’UBUGOMBE BWO KWEMERA. Umugeni Ategerezwa kuba mu BUGOMBE BwaYo BUTUNGANYE. Nta Bugombe butunganye, canke ahantu hatunganye, kuruta kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivuye ku Mana ubwaYo.
Ubutumire bwanje kuri umwe wese muri mwebwe ni uko mwokwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi. Nta kwibaza ibibazo bisabwa, wicare gusa uvuge AMEN KW’IJAMBO RYOSE….nta handi hantu ivyo bishobora gukorekera, atari mu GUFYONDA NO KUVUZA gusa.
MweneData Joseph Branham.
Ubutumwa: 65-0418E — Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro vyaYo kw’Ijambo RyaYo? Tuzotangurira ku murongo wa 61.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Kuvayo igice ca 19 Guharūra 22:31 Matayo Mweranda 28:19 Luka 17:30 Ivyahishuriwe Yohana igice ca 17