22-1023 Ibibazo n Inyishu #4

Ubutumwa: 64-0830E Ibibazo n Inyishu #4

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi mweneData Joseph,

1.            Narumvise uvuga ko wizera ko IJAMBO RYOSE ry’ubu Butumwa ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Kuva i bwina mu mutima wanje hamwe n’ibimbamwo vyose NDAVYIZEYE. Ni Ijwi ry’Imana nyene Rivugana n’Umugeni WaYo umunwa ku gutwi.

Imana Yavugiye mu muhanuzi waYo Ivuga Iti :

Nivyo mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo! Ntimwongereko ikintu na kimwe. Ntimukureko, ntimushire ivyiyumviro vyanyu bwite muri Ryo. Muvuge gusa ikivuzwe muri izo bande. Mukore gusa neza na neza ico Umwami Imana Yategetse gukora. NtimwongereKo.

Namba uvuga ko wizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, utegerezwa no kwizera BURI JAMBO RYOSE kugira ngo ube Umugeni waYo. Satani agerageza kuRyoza biciye mu gikorwa c’Imana kandi avuga ati, “Igihe mweneData Branham yavuga inkuru z’uguhiga canke avuga ati ‘mufise umutetsi wa mbere mu gihugu’, canke ati, ‘simfise Icanditswe c’ivyo, ariko ndababwira ico niyumvira,’ ntimutegerezwa kwizera ico gice. Mpwemu Yera Ari ng’aha kugira ngo Aturongorere gutahura Ijambo iryo ari Ryo, niritari ryo.” IYO NI YA DAYIMONI NYENE YAVUGANYE NA EVA KANDI YAVUZE, ATA NKEKA… NTIYASHAKA KUVUGA IJAMBO RYOSE. Hari ico bibibutsa?

Bakora neza na neza ico YABATEGETSE kudakora. Yavuze KUVUGA ICAVUZWE ku ma bande, atari gushira ivyiyumviro vyanyu canke ugutahura kwanyu kuri Ryo. Ntiyavuze “ikintu cose KIRETSE iki gice na kirya gice, kandi umwungere wanyu azobabwira igihe Mpwemu Yera Yariko Aravuga n’igihe yari jewe nariko ndavuga.” Ndi akabuye gatoya gusa ku nkombe muri aya mabuye maniniya.

2.            Wiyumvira ko mweneData Branham hamwe n’amabande yiwe / canke amabande yiwe ari icishimikizo ntanyiganyizwa?

MweneData Branham si Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje ariko Ubutumwa yavuze kw’ibande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje c’ukuri.

Abantu benshi bavuga ko ivyo atari vyo, ko Bibiliya ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa. Mugenzi wanje, Bibiliya n’ubu Butumwa bwo kw’ibande ni ikintu kimwe.

Nico nyene kigize ubu Butumwa. Ubu Butumwa bwo kw’ibande ni insiguro ya Bibiliya. Ni bimwe kandi ni ikintu kimwe.

Ikintu gisanzwe nuko,  1 : Bibiliya Ni Ijambo. 2 : Ijambo Riza ku muhanuzi. 3 : Umuhanuzi ni we WENYENE musiguzi w’Ijambo ava ku Mana. 4 : Umuhanuzi wacu, William Marrion Branham, ni Ijambo Ryagaragajwe ry’igihe cacu kandi yarungitswe gusigura Ijambo. 5 : Ijambo ry’Imana NtiRikeneye insiguro. Ico Ivugiye mu muhanuzi waYo kw’ibande NI INSIGURO Y’IJAMBO RYAYO.

Bibiliya Itubwira ko Yaje ubugira kandi, kandi Akaba mu mubiri nka kurya nyene Yakoze hamwe na Aburahamu na Yesu Kristo. Yavuze ko Yari Agifise ibintu vyinshi vyo kutubwira. Yavuze ko Yohishuye aya mabanga yose ahambaye anyegejwe mw’Ijambo RyiWe. Yavuze ko bitari bikeneye insiguro. NtiYigeze Avuga ko Yorungika umugwi wo kurongora no guhuza ihanga ryiWe, WE UBWIWE YORONGOYE IHANGA BICIYE MU MUHANUZI WIWE NK’UKO YAMYE ABIKORA. IJAMBO RYIWE NTIRISHOBORA GUHINDUKA.

3.            Wizera ko abungere botegerejwe kuvuza amabande mu mashengero yabo?

Umwungere wese ategerezwa gukora nk’uko yumva arongowe n’Umwami gukora, mu gihe ishengero ryose ryigenga. Ndizera, kandi narabivugiye kenshi kuri alutari, ko abungere botegerejwe kugarukana mweneData Branham kuri alutari yabo mu kuvuza amabande. Sinigeze mvuga ko bategerezwa guheba kuvuga ubutumwa, ko bategerezwa kuvuza amabande gusa. Ariko bakoresha icitwazo cose kibaho kugira ngo ntibavuze  Ijwi ry’Imana mu mashengero yabo.

Nzoreka umuhanuzi avuge uko niyumva igihe abungere batazovuza iryo Jwi mu mashengero yabo.

Rero, mweneData Junior Jackson yari afise uburenganzira bwo kutemeranya n’ivyo. Ashaka ko ishengero ryiwe… Abantu bose bashaka uvuga mu ndimi n’ibindi mw’ikoraniro. Izo ni zo ngorane za mweneData Junior, ivyo ni—ivyo biramuraba. Ariko Junior Jackson yizera ubu Butumwa co kimwe na… n’uwo ari we wese muri twebwe. Ni umwe muri twebwe.

4.            Wizera ko abakozi b’Imana botegerejwe guhagarika kuvuga ubutumwa ?

Oya, sinigeze mvuga ivyo nta n’ubwo ndavyizera. Ijambo Ritubwira, kandi  mweneData Branham yaratomoye neza muri ubu Butumwa bw’Ibibazo n’Inyishu, kugira ngo abakozi b’Imana babandanye.

Numva ndongowe gusa, kw’ishengero ryanje, gukora intangamarara yihuta; canke nkoresheje ikete ubu, hanyuma rero gufyonda tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana RYONYENE Ryagaragajwe Ryo muri iki gihe. Navuze kenshi ko mfise igikorwa c’Imana gihambaye kurusha ibindi mw’isi, nshobora gushikiriza Ijwi ry’Imana ishengero ryanje buri munsi w’iyinga.

5.            Abantu bavuga ko wumva ko udakurikiye ibikorane vya Branham Tabernacle utaba uri Umugeni?

Nta NA RIMWE navuze ivyo canke ngo ndanavyiyumvire, beneData na bashikanje. Uwo ari we wese yovuga ikintu nk’ico yoba yihenze. Nk’umwungere wa Branham Tabernacle, numva ndongowe kuvuza amabande ya mweneData Branham. Nizera yuko rirya Jwi ari co kintu conyene kizohuriza hamwe Umugeni.

Nk’uko navuze kare, nizera ko ikintu cose kiri ku ma bande ari Niko Uhoraho Agize kandi ntigikeneye insiguro. Nshobora kuvuga amen kuri buri Jambo Ryose numva. Nizera ko William Marrion Branham yarungitswe guhamagarira Umugeni gusohoka. Ikibanza canje mu bikorwa vy’Imana bitanu ni ukurongorera abantu kuri irya ntumwa hanyuma rero gufyonda ukavuza. Nta kintu na kimwe kiruta kwumviriza rirya Jwi. Ugusigwa guhambaye kwa mbere kuri, kuri ayo mabande, none ni kuki noshaka guha ishengero ryanje ikindi kintu na kimwe?

Buri munsi w’iyinga ntumirira isi kwumviriza Ubutumwa Imana yashize ku mutima wanje bwo kuvugiriza ishengero ryanje. Umwe wese ahawe ikaze kugira ngo yumvirize mu mwanya umwe.

Nkoreshe ivyo mweneData Branham yavuze ku ma bande nk’umurongozi wanje.

Kandi twaronse ubu buryo bwo gukorera kw’iterefone ubu, akaba ari vyiza cane, cane. Abantu bashobora kwicara neza mu mazu yabo canke… gukoranira mu bibanza vyabo, amashengero yabo, n’ibindi, maze bakwumviriza igikorane. Ndabinezererwa.

Rero, mwungere, ndashaka ko umenya ko, ko, ibi bintu ari ikoraniro ryanje ryonyene ndabibwira. Kandi mfise uburenganizira bwo kubikora, kuko nashiriweho na Mpwemu Yera kwitwararika izi ntama.

Ubu Butumwa, n’ubundi Butumwa bwose mvuga, bugenewe ikoraniro ryanje. Si ubw’ikoraniro ryawe kiretse bashaka kuBwakira. Ariko Bugenewe aba bantu ng’aha.

Kandi ni iyo si idukikuje. Kandi abantu bavyuka mu gicugu mw’ijoro, mu bihugu vya kera, bagumya uyu murongo w’amasengesho mu mwanya umwe. Mu mvugo isanzwe, ibihumbi n’ibihumbagiza basengera mu mwanya umwe. Imana Itegerezwa kwumva ; neza mu—neza mu—neza kubw’amasengesho yanyu muriko muregereza Ijuru, murabona, rero Itegerezwa kwumva.

6.            Mbega ni bibi kuja kw’ishengero ?

Sinigeze mvuga ivyo canke nizera ivyo. Iyo mba nizera ivyo ni kuki nogira ishengero? Kuri Branham Tabernacle twari dufise ibikorane 3 kw’iyinga gushika aho bicika ibigoye cane kuri jewe kugira ivyo bikorane vyinshi buri yinga no gukora igikorwa  kuri VGR. Twaciye tugira rero ibikorane bibiri buri yinga kuri Tabernacle gushika aho vyabaye ibidashoboka kuhakwiza abantu. Rero twimukiye mu nyubako yacu twakoresha ku bakiri bato, nayo yari inzu y’imyimenyerezo yo kunonora imitsi.

Umwami Yanshize ku mutima gukora itangazo umunsi umwe wo kuw’iyinga mu gitondo. Navuze ko naho bokwugara iyi miryango y’ishengero umunsi umwe, ntitwosimba umutima mu gihe umwungere wacu yoshobora kuvugana natwe aho twoba turi hose. Inyuma y’ukwezi kumwe, haje COVID yugaye amashengero kw’isi yose.

Numvise ndongowe muri ico gihe, ko koba akaryo keza ko gusubiramwo iyo nyubako yo kunonoreramwo imitsi, mu gihe twari dukeneye aho dusengera. Rero, twaranezerewe mu mazu yacu, twunze ubumwe kandi twumviriza umuhanuzi w’Imana kw’ibande hamwe n’igice c’Umugeni kw’isi yose, mu gihe ishengero ririko rirasubirwamwo.

Ubu turiko turaheza inyubako, ariko neza nk’igihe mweneData Branham yari ng’aha kuri Branham Tabernacle, twaramaze kurengera igituro twubatse. Tuzotegerezwa gusenga no kuraba ukuntu Umwami Arongora.

Ndazi ko hariho ibindi bibazo umurengera, vyinshi rwose ku mitima y’abantu. Hariho ibintu vyinshi navuze vyatahuwe nabi. Namba mweneData Branham yatahurwa nabi, bizocura iki kuri jewe ?

Nshobora kwihenda mu vyo navuze. Nshobora kuba nabivuze neza kuruta canke narabitomoye neza kuruta uburyo navyerekanye. Ariko hariho ikintu kimwe NZI yuko ari co, UBU BUTUMWA BURATUNGANYE. Ntimutegerezwa kwumviriza jewe canke ico mvuga, ariko MUTEGEREZWA GUFYONDA MUKAVUZA NO KWIZERA BURI JAMBO RYOSE.

Ubugira kandi, ndabatumiriye kwifatanya na Branham Tabernacle kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ibibazo n’Inyishu igice ca 4, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.