Aha ni icicaro co muhira ; ni icicaro gikuru canje ; ng’aha ni ho tugerereye. Rero, bigumize mu bwenge bwawe icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzotahura ikintu kinaka. Icoshika cose, iki ni icicaro gikuru cacu, ng’aha nyene. Kandi mubigumize mu bwenge hama uzogaruke kuri iyi bande umunsi umwe, iyo wanyumvise ndabivugishwa. Ni vyiza, muvyibuke.
Umuhanuzi yariko arakora iki ? Kubika imfungurwa. Kubika imfungurwa ku buryo tuzoronka Ikintu Kinaka co gufungura, Ikintu Kinaka tuzokorerako umunsi mukuru. TuKironka kuma bande yacu mu gafuto k’icumba cacu.
Yavuze ko hazoba ikigega kimwe gitoya conyene mu gihugu cose, ikigega kimwe gitoya. Yashizeyo ibikenewe vyinshi : Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Udushashara, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Muhira ho muri kazoza, Kwemeza Ijambo RyaYo, ivyo vyose ni ivyacu twese, ku buryo twoguma ng’aha gusa maze tukumviriza yaramaze kugenda.
Bisa n’aho yagiye kuva kera, ariko turacibuka, ko ibi bintu ari ivy’ukuri. Ubu ni ubuzima dutegerezwa kugenderamwo twenyene.
Ibigega BIRUZUYE. Nta bindi Bifungurwa vyemejwe n’Imana ubwaYo ko ari IJAMBO RITAGIRA AGATOSI ata kwandura Rifise.
Namba wipfuza gukora umunsi mukuru hamwe natwe, turaguhaye ikaze kwifatanya natwe, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzoja ku Meza maze tugafungura nk’umushitsi wiWe.
Ibibazo n’inyishu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro mu gitondo, umwaka wa 1964.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Munyu w’Isi,
Neza mu gihe hasa naho bitoshobora kugenda neza kurushiriza, Aduha uwundi Muzigo w’Amabande y’Uguhishurirwa. Dufise ubuserukizi buvuye k’ugutoranywa. Niyo mpamvu tuza tuvuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, kugira ngo twumvirize Ijambo Rizima Ryagaragajwe.
Igihe Imana Yarema isi, twari mu vyiyumviro vyaYo. Igihe umurezi aguma udutunga urutoki kandi akabwira Data ati : « bakoze ibi, bakoze ibi, bakoze ibi », Amaraso y’Umwami Wacu Yesu Aradutwikira. Iyo turiko turasenga, Imana Ntitubona, Yumva gusa ijwi ryacu biciye mu Maraso ya Yesu.
Satani ntashobora kuvurugana ; canke, ashobora kugerageza, ariko ntashobora gucakira umuKristo yavutse ubwa kabiri. Kuko, Imana, kuva kw’itanguriro ry’isi, Yamubonye imbere y’igihe, maze Irungika Yesu kugira ngo Amucungure, kandi Amaraso Aramuvugira. Ashobora gukora icaha gute, mu gihe bidashobora kubonwa n’Imana ubwaYo ? Nta n’ubwo akora… Ikintu conyene Yumva, ni ijwi ryawe. Ibona ubuserukizi bwawe. Amen ! Uko ni ukuri. Murabona ?
Yatwemeje Ijambo ryaYo kenshi cane. Mbega ntiyatwemeje ko ari : Umwana w’umuntu Yihaye umubiri hagati muri twebwe ? NtiYatwemeje ko : Umuhanuzi wacu ashitsa Ivyanditswe Vyose Vyavuzwe kuri we ? NtiYatwemeje ko : turi Umugeni WiWe ? NtiYatwemeje ko : Dufise ikimenyamenya c’ukuri ca Mpwemu Yera ?
None duhagarika umutima kubera iki ? Yaratwemeje ko ni twaguma mu ruhande rwiWe, Azodushigikira. Ijambo RyiWe Ntirishobora kunanirwa na rimwe.
Ubu turi mu Munsi Mukuru w’Ubukwe hamwe n’Umukwe kandi vuba tuzogenda mu Mazimano y’Ubukwe no mu Nkinga yacu.
Ijambo n’Ishengero bicika ikintu kimwe. Ico Umwana w’umuntu Akora cose, Yari Ijambo, Ishengero Rikora co kimwe.
Dushobora kubeshwaho gusa n’Ijambo Ryose Riva mu Kanwa k’Imana ! Imana Yaremeje ko umuhanuzi wacu ari Umuvugizi w’Imana w’iki gihe. Tuzi gute ko ari Ijambo ry’Imana ? Niko Yavuze, hanyuma Yaravyemeje n’Ijambo RyaYo.
Turi Ishengero-Mugeni Ryiteguye mu minsi ya nyuma. Abahamagariwe gusohoka bava mu bandi bose; irya nyoni yamijukiwe imijukiwe n’Amaraso yiWe.
Data, imitima yacu irasimbagurika, n’umutima wanje urahuzagizwa, iyo ndavyiyumviriye kandi nzi yuko Amajambo YaWe ari ay’ukuri, nta na Rimwe muri Yo Rishobora kunanirwa, nta na rimwe.
Iyi niyo nzira yonyene Imana Yateguye kubw’iki gihe. Ni inzira YONYENE yo kudahindura Ijambo na Rimwe. Mwibuke, Mpwemu Yera Ashobora kuza maze Agasiga umuntu, ariko kandi biri hanze y’Ubugombe bw’Imana. DUTEGEREZWA KUGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO RYAGARAGAJWE.
Namba wokwipfuza kugumana n’Iryo Jambo no kwumviriza Ijwi ry’Imana hamwe natwe, ndagutumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Ukwemeza Ijambo RyaYo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro, umwaka wa 1964.
Ntutegerezwa kwifatanya natwe canke no kwumviririza ibande imwe mu gihe kimwe hamwe na twebwe, ariko ndakwinginze, umviriza umuhanuzi w’Imana.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Ncuti z’Umuhanuzi, Umutima wanje ubiragizwa n’umunezero iyo niyumviriye kuri twebwe dukoranirijwe hamwe kuri uyu w’iyinga no kwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe. Nta munezero uhambaye mu buzima bwanje uruta uwo kuba mu nyonga za Mpwemu Yera no kuMwumviriza Avugana n’Umugeni wiWe, umunwa ku gutwi.
Nta kindi kintu na kimwe muri iyi si kinzanira umunezero n’amahoro atari Ijambo ryiWe. Iyo numvise gusa, « Mwaramutse Bagenzi, » ndicara, ngatuza maze nkanywa kuri iryo riba rya arutwaze mu gihe avuga Ambwira Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kwiyumvira, ko Imana Yamurungitse kuri JEWE NAWE, kandi ko turi ABAGENZI b’umuhanuzi w’Imana akaba n’intumwa .
Aradukunda cane ku buryo Yaturungikiye umuhanuzi wiWe kugira ngo atubwira vyose vyerekeye Aho tuzoba muri kazoza. Yari anezerejwe cane no kutubwira vyose biherekeye, no mu buryo bw’ido n’ido gusumba ivyabwiwe Yohana. Yaduhishuriye ko atari umurwa wa kwadarato, ariko ni umurwa wa piramide, aho Umwagazi w’Intama Azoba ku gasongero kandi Azoba Umuco w’isi.
Yatumenyesheje ko amabarabara azoba akozwe mw’ izahabu n’amazu tuzobamwo azoba akozwe mw’ izahabu ibonerana. Ashira neza na neza akantu kose bihuye n’ivyo dukunda, hamwe n’ivyo twipfuza gusa. Nta na kimwe Yasize kidakozwe. Umugezi wo mw’Ijuru Yayikoreye TWEBWE gusa, Abakunzi baYo.
Ibiti vy’Ubugingo bizoba biri hariya, kandi bizoba bizokwama ubwoko icumi na bubiri bw’ivyamwa. Amarembo y’uwo murwa ntazoba yugaye mw’ijoro, kuko nta joro ribayo hariya, Azoba Umuco Wacu.
Ni nde agiye kuzoba hariya ?
Ni nde yarokotse mw’isi nshasha hamwe na Nowa umuhanuzi ? Abinjiranye nawe mu bwato. Nivyo ? Abo ni bo bazoyigendagenderako. Murabona ? Abinjiranye na Nowa, kubw’ubutumwa bwiwe, ni bo bagendagendeye kw’isi nshasha inyuma y’umubatizo wayo wo mu mazi.
Avuga TWEBWE bagenzi banje ! Turi mu bwato bwacu bw’iki gihe ; Ijambo ryaYo, Ubu Butumwa, hamwe n’umuhanuzi wacu Nowa. Kandi muri kirya Gihugu, urya Murwa aho Umwagazi w’Intama ari Umuco, azoTUmenya. Turi abantu biwe, utubuyenge twiwe mu gitsibo. Twavuye mu Buseruko no mu Burengero, tuja mu Murwa Wubatswe n’imfuruka zine. Ca Gisagara Aburahamu yarondera.
Turashobora no gutangura kwibaza… Umuhanuzi w’Imana yavuze, ko YAMENYE, ata gukekeranya na gatoya, ko TURI utubuyenge tw’igitsibo ciwe, kandi tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi ico gihe. Haleluya… Imana Ishimwe… Izina ry’Umwami Rishimwe.
Bagenzi, namba twibaza ko ari igitangaza ubu twicaranye hamwe kw’isi yose, twumviriza kandi turya kw’Ijambo ryiWe kuri izi bande, bizocura iki igihe tuzobana na We muri uwo Murwa !
Umuhanuzi w’Imana azoba umubanyi wacu wo hafi. Tuzosangira nawe kuri ivyo biti, kandi tuzotemberana muri ayo mabarabara. Tuzogendagenda muri ayo mabarabara y’izahabu tugana kuri iyo soko, tunywa kuri iyo soko, dutembera mu ma paradiso y’Imana, hamwe n’Abamarayika bakwiragira kw’isi, baririmba indirimbo.
Tubeshejweho n’iryo riba ridudubiza buri munsi, ntidutegerezwa gukwega, kwimba, gupompa, canke ico arico cose; kurikira gusa inzira yiwe yateguye ku buntu. Urashobora gukurikira integuro zose zashwizeho n’abantu ukwo ushaka, amariba yose ya kera yawe y’amazi adatemba; ku bwacu, twarashitse kw’iriba ryiwe ritunganye. Ni umunezero wacu. Ni umuco wacu n’inkomezi.
Ni Amazi yanje. Ni Ubugingo bwanje. Ni Uwukiza indwara wanje. Ni Umukiza wanje. Ni Umwami wanje. Ikintu cose nkeneye ndakironka muri We. None ni kuki ngerageza kuja ku kindi kintu ?
Kuri twebwe, nta handi hantu twogenda atari kw’isoko y’Imana Yateguwe. Ntitwigera tugira ikibazo c’ivyo tunywa. Ntidutegerezwa gushiraho akayungiro gashobora gusohora imicafu ariko kagasiga umutobe wanduye. Turafise gusa amazi ya Arutwaze atanduye, arimwo ivyunyunyu n’ingaburo tuba dukeneye.
Mu kanya nje kukurondera, mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Ndiko ndagutegurira Inzu nshasha. Muzonezereregwa ukuntu Nayiryohoye. Ndazi ko ari ibigoye kuri wewe ubu kandi ufise ibipimo n’ibigeragezo vyinshi hamwe n’imitwaro yawe iremereye. Ariko ntiwibagire, nta kintu utegerezwa gutinya, Naraguhaye Ijambo ryaNje. Uri Ijambo ryaNje. Naramaze kugukorera ibintu vyose. Vuga ijambo kandi ntukekeranye. Urafise Ukwizera kwaWe, vyongeye umuhanuzi waNje yaguhaye ukwizera kwiWe.
Nokwipfuje ko mwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize ubutumwa IVYOBO VYATOBOTSEMWO IMISHWENA 64-0726E hama tunywe kuri iyo soko ya arutwaze mugihe idudubiza Ijambo ritagira agasembwa, ridakeneye akayungiro ako ari ko kose. MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :
Turi abantu bavuye mu gihugu cose : kuva New York, kuva Massachusetts gushika Boston, Maine, Tennessee, Georgia, Alabama, no kw’isi yose. Kuva Afrika gushika Mexico, kuva i Buraya gushika Australia, dukoranira hamwe, munsi y’Ubutumwa Bumwe, Ijwi Rimwe kandi Ririko Ryegeranya Umugani kubw’Izamurwa.
Umuhanuzi wacu, intumwa y’Imana, Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri, Asemerera Ati, “Satani, mvira mu nzira, mfise Ubutumwa bw’Umwami. Ndi intumwa y’Umwami. Mfise Ijambo ryagaragajwe kubw’iki gihe.Natoranirijwe kurongora no gusohora Umugeni waYo.”
“Ndiko nsohora ihanga, ndariconga rivuye muri ibi bintu.” Kurisohora; kuryereka, Ivyanditswe, y’uko Imana Iri ng’aha; hamwe n’ukugaragara kw’Inkingi y’Umuriro.”
Imana Yamenye ko hariho abantu kw’isi Yatoranirije Ubugingo. Yamenye ko igihe cari kigeze co kurungika intumwa yaYo gusohora Umugeni waYo, rero Yarabikoze. Turi ababimenye. Turi Abo Yamenye ko bokwizeye Ijambo Ryose.
Aburahamu yamenye ko Imana Yavugana nawe Iri mubiri w’umuntu. Yamenye ikimenyetso caYo kandi yaYise U-M-W-A-M-I, Elohim, kandi yarahezagiwe n’Umwami. Twaramenye ko, nk’uko vyari biri muri ico gihe, niko bizomera igihe Umwana w’umuntu Azogaragara, Elohim, Avugira mu mubiri w’umuntu.
Turi igice caYo, n’Umwana waYo, kandi tuzogumana naYo ibihe vyose. Si kubw’umuhamagaro wacu canke uguhitamwo kwacu, ariko ni uguhitamwo kwaYo. Ntaco twakoze kuri ivyo. Ni Yo Yadutoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho.
Uko ari ko kwose wovuga Ubutumwa , ico wokora cose, ntibishobora kwera, ntibishobora kugaragara, ntibishobora kwemezwa, Uwavuze Wenyene Ati, “Ndi Umuco w’isi,” Ijambo. Rero hatagerezwa kuza I—I—Inkomezi, Mpwemu Yera ubwiWe, kweza, canke kugaragaza, canke kwemeza, canke kugaragaza ko ico Yavuze kitaraba coshitse muri iki gihe. Umuco wo ku kagoroba Uzana ivyo. Mbega igihe!
Yaratubonye mw’iyerekwa igihe twaca imbere yiwe. Twari mu gihagararo kimwe nk’uko Umugeni Yari Ameze kw’itanguriro, Alufa na Omega. Yabonye bamwe bava mu murongo, kandi yagerageza kuMusubizayo, ariko twari abo basemerera bati, “Turuhukiye kuri Vyo.”
Mwitegereze, “Nk’uko Yane na Yambure nabo bagwanije Mose,” bamwe muri bo bazozanana aho nyene. Si, ubu, ntavuga kuba Metodisiti, aba Batisiti, ng’aha ntibarimwo. Murabona ? Ariko nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose na Aroni, niko nabo, umuntu w’umugarariji kuvyerekeye Ukuri, bononekariye mu vyizerwa n’inyigisho z’ishengero, mu gishingo ca Bibiliya.
Ukuntu dutegerezwa kwitonda cane mu kugumana n’ukuri, Ijambo Ryagaragajwe ry’iki gihe cacu. Dutegerezwa kwama twibuka maze tukamenya uwo Ijambo Rizako. Ni nde umusiguzi wenyene w’Ijambo ava ku Mana ? Ni nde Ijambo ry’igihe cacu?
Mpwemu w’Imana, ari ryo Jambo ry’Imana. “Ijambo Ryanje ni Mpwemu n’Ubugingo,” Rizoshira Umugeni mu kibanza ciWe. Kubera, Azomenya igihagararo ciWe mw’Ijambo, rero Ari muri Kristo, Rizomushira mu kibanza ciWe.
Muratumiwe kuza kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryonyene Ryagaragajwe ry’igihe cacu, no kumenya igihagararo canyu mw’Ijambo no gushirwa mu mwanya wanyu mu gihe twumviriza Elohim Avugira mu muhanuzi wiWe kandi Atuzanira Ubutumwa : Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco 64-0726M, isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi). MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa : Hoseya : Igice ca 6 Ezekiyeli : Igice ca 37 Malaki : 3:1 Malaki : 4:5-6 2 Timoteyo : 3 :1-9 Ivyahishuriwe Yohana : Igice ca 11
Mana, Remera muri jewe umuvyuro. Reka mbe uwo muvyuro. Umwe wese muri twebwe abe uwo muvyuro, umuvyuro muri jewe. Umpe, Mwami, kugira inzara, umpe kugira inyota. Uremere muri jewe, Mwami, igikenewe muri jewe. Umpe, kuva iyi saha, kuba uwaWe; umukozi yishikanye kurushiriza, umukozi mwiza kurushiriza, ahezagiwe naWe kurushiriza; ashoboye kurushirizaho, yicishije bugufi kurushiriza, umugwaneza kurushiriza, ashaka gukora kurushirizaho; araba cane ku bintu vyiza, kandi yibagira ibintu vya kera, n’ibintu bibi. Undeke nsiganirwe ikimenyetso c’umuhamagaro wo hejuru wa Kristo. Amen.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Nkukuma, Ni muze dukoranire hamwe maze twumvirize Ubutumwa 64-0719E Kugenda inyuma y’insago kuri uyu w’Imana isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville(isaha cumi na zibiri mu Burundi) MweneData Joseph Branham
Birashoboka ko hoba hari abantu mu bihugu bitandukanye, kw’isi yose, bazoronka iyi bande mu ngo zabo canke mu mashengero yabo. Twosaba, Mwami, ko mu gihe c’igikorane, ku—ku… canke igihe iyi bande iriko iravuzwa, canke aho tuzoba turi hose canke—canke ukwo tuzoba tumeze kwose, Imana Ihambaye yo mw’Ijuru Yubahirize iki kiri mu mitima yacu iki gitondo, maze Ikize ababikeneye, Ibahe ivyo bakeneye.
Namba mwumviriza Amabande hanyuma mukizera yuko Ari Ijwi ry’Imana ku gihe cacu, rero ico mwoba mukeneye ico ari co cose, Imana Izoba Iriko Iravugira mu ntumwa yaYo kandi Ivuge Iti, “Bahe ico ari coc ose bakeneye.”
Ivyo bishobora gushika gusa biciye mu GUFYONDA UKAVUZA mugenzi.
Namba wipfuza kwumva Imana Ivuga kandi Isobanura Ijambo ryaYo bwite Yihishurira mu mubiri w’umuntu, no kuronka ico mukeneye ico ari co cose, ni muze mufatanye natwe ku w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, (Isaha cumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) mu gihe twumva Imana Ivugana natwe mu gihe twumviriza : Umunsi Mukuru W’Inzamba 64-0719M. MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Ariko kumenya ko aho nshobora kuja hose… Simfise u—umugwi kw’isi, uko ndabizi, uguma iruhande yanje nk’uyu mugwi. Imana Iduhe kuba abadatandukana, kugira ngo, mu Bwami bugiye kuza, dushobore kuba hamwe, ni ryo sengesho ryanje.
Nta mugwi kw’isi ugumana n’umuhanuzi w’Imana, n’Ubutumwa Imana Yavuze ku mabande nka twebwe. Kandi kuko tubikora, tuzoba abadatandukana muri burya Bwami Bushasha hamwe nawe n’Umwami Wacu Yesu Kristo. Nta ciza na kimwe coza gisumba ivyo.
Iyi ni iminsi ihambaye kuruta iyindi mu buzima bwacu. Turahagijwe cane no kuba abasazi ba Kristo n’Ubutumwa bwiWe bw’igihe c’iherezo. Kwitwa uwataye umutwe kubera twizeye Ijambo Ryose Riri kuri ayo mabande no kuvuga, FYONDA UVUZE.
« Vyantwaye imyaka ibihumbi bine kugira ngo nkore Igikorwa c’Akaroruhore Canje ; ariko ubu maze imyaka hafi ibihumbi bibiri nkora ikindi Gikorwa c’Akaroruhore, Wewe, Umugeni Wanje. Nagikoze mu buryo bwaNje butigera buhinduka, nka kurya nyene nakoze Igikorwa c’Akaroruhore Canje Ca mbere, Ijambo Ryanje. Uko niko Nkora Ibikorwa Vy’Akaroruhore Vyanje, kuko ushobora kuba gusa Igikorwa c’Akaroruhore Gitunganye mu gihe gihe ari Ijambo Ritunganye. »
MweneData, ntiwiyumvire nabi kuri ibi, ariko fata umunota umwe wiyumvire. Namba Yakuye kuri We icaremwe c’inkomoko, kugira ngo AMukorere Umugeni, NtiYigeze Akora ikindi caremwe. Yafashe igice c’iremwa ry’inkomoko. Rero, namba Yari Ijambo, Umugeni Ashobora kuba iki ? Ritegerezwa kuba Ijambo ry’inkomoko, Imana Nzima mw’Ijambo.
Muvuga ivya yubire yo gufungura. Turi igice c’icaremwe c’inkomoko. Turi igice c’Ijambo ry’inkomoko. Imana Iba muri twebwe. Turi Igikorwa c’Akaroruhore caYo. Turi umugwi ugumana n’umuhanuzi waYo. Ntawodutandukanya n’umuhanuzi waYo n’Umwami Yesu Kristo. Turi UMWE hamwe naYo.
Namba namwe mwoshaka ko umutima wanyu ugurugumbira muri mwebwe nk’uko bimera muri twebwe, ni muze dufatanye kuri uyu w’iyinga isasita ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba i Burundi) nk’igice c’Umugeni muze twese hamwe tuMutumire mu mazu yacu, no mu mashengero yacu, mu gihe twumviriza Imana Ivuga kandi Iduhishurira Amajambo y’Ubugingo Budashira, mu gihe Ituzanira Ubutumwa : Igikorwa c’Akaroruhore, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 5 mukakaro, umwaka wa 1964. MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’Ubwiza bwa Shekina, Ese ukuntu imitima n’ubugingo vyacu vyaduze ku dusongero dushasha mu gihe twari dukoraniye hamwe kw’isi yose, twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugira mu ntumwa yaYo kandi Ritwemeza ubugira kandi, abo turi .
Yitwikira ubwiWe uno munsi, mu nzavya z’ibumba, na Shekina. Uruhande rw’inyuma rusa n’umugwi w’abera bikumbagaza hasi, insato zishaje z’ibikoko vyitwa tahashi, ariko imbere hanyegeje Ubwiza bwa Shekina.
Imana Ishimwe ! Imbere muri twebwe hanyegeje Ubwiza bwa Shekina. Twagiye inyuma y’igihuzu kandi dushobora kubona Kristo ku mugaragaro.
Uno munsi, Imana Ntikorera mu muntu, Ikora Iciye mu muntu. Yakorera mu Muntu ico gihe, Yesu. Ubu, Ikora Iciye mu muntu Yatoranirije iyi ntumbero. Imana, mw’ishusho y’umuntu; Yihinduye ubwaYo, Iva mw’ishusho y’Imana, Ija mw’ishusho y’umuntu.
Imana ubwaYo Yagaragaye mw’ishusho y’ikiremwa muntu, ku rubuto rusanzwe rwa Aburahamu, imbere y’ukurimbuka, kandi Yesu Yavuze ko vyobaye co kimwe kuri uru Rubuto cami imbere y’ukugaruka kwasezeranywe kw’Umwana.
Imana ubugira kandi Yaragaragaye mw’ishusho y’ikiremwa muntu, nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze. Ni Imana Yinyegeje inyuma y’umwitwikiro w’umubiri witwa William Marrion Branham. Kiretse ugiye inyuma y’uwo mwitwikiro maze ukabona Imana, kandi atari umuntu, ahandi ho woba uhushije umugambi wose w’Imana.
Abantu bamwe bavuga bati, “Mwebwe abantu mugira mweneData Branham imana.” Yemwe, twibaza ko ibintu nk’ivyo bikora neza cane. Turazi ko bagerageza kutunegura gusa. Turazi ko tutakoze ivyo. Ariko vyongeye turazi ko batabitahuye, kuko bari ku rundi ruhande rw’urusato, ntibaje inyuma y’igihuzu.
Dushobora kuvuga dutomoye tuti, “Yemwe, ivyo nti biri kure cane y’Ijambo ry’Imana, si vyo?” Dushaka kubamenyesha gusa ko tutazimiye. Turazi aho duhagaze. Turazi ubwoko bw’igihuzu c’ubwato twateguye n’ubwoko bw’umuyaga buduhuha. Turazi inyuzi zacu izo ari zo n’iburo yacu iyo ari yo. Kandi turazi uko duhagaze.
Igihe Imana Yagaragara mw’isi, Yari Inyegeje inyuma y’igihuzu, inyuma y’urusato rw’Umuntu Yitwa Yesu. Yari Itwikiriye kandi Inyegeje inyuma y’urusato rw’umuntu yitwa Mose, kandi bari imana, atari Imana; ariko bari Imana, Iyo Mana Imwe, Ihindura gusa umwitwikiro waYo, Ikora co kimwe igihe cose, Izana iri Jambo.
Twebwe ntiturwanya vya bikorwa bitanu vy’Imana, Imana Iturinde, Imana Yabahamagariye gukora igikorwa. Bakurikira kandi bakora uko Mpwemu Yera Abarongora. Dukora gusa uko Mpwemu Yera Aturongora gukora kandi Aturongorera anatuyoborera kugumana n’amabande yonyene.
Rero, ubu, umviriza Ijambo Ryose. Ricakire. Kandi—kandi namba uRicakiriye ku mabande, canke ico ari co cose, rero gumana neza n’iyo Nyigisho y’ibande. Ntuvuge ikintu na kimwe kiretse ico ibande ivuga. Vuga gusa neza na neza ico ibande ivuga.
Kuri twebwe, UBURYO BWONYENE BWO KWUMVIRIZA : « IJAMBO RYOSE, » « NTA KINDI KIRETSE ICO AMABANDE AVUGA, » NEZA NA NEZA ICO AMABANDE AVUGA, » NI UGUFYONDA TUKAVUZA NO KWUMVIRIZA AMABANDE.
Kubw’ivyo turabatumiye kuza kwumviriza neza ico amabande avuga kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) no gucika Akazeze hamwe natwe mu gihe twumviriza Ubutumwa : Akazeze, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 ruheshi ku mugoroba umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Ni ibiki ? Ubumana Butwikiye mu mubiri w’umuntu. Imana, mw’ishusho y’umuntu, Yihisha mu maso yabo. Bashobora kubona gusa umuntu, bakavuga ko umuhanuzi w’Imana akora amakosa, kandi nawe ubwiwe niko yavuze, bagerageza kwigisha abantu ko hariho amakosa ku mabande. Ariko kuri twebwe, Umugeni WaYo Yatoranijwe, turumviriza Imana hanyuma ntitubonemwo amakosa.
Umwe yabonye umuntu, uwundi yabonye Imana. Murabona ? Kandi yari Imana Itwikiriye mu kiremwa muntu, vyose ibikora neza, ariko ni ukwizera kwanyu kw’ivyo mutabona.
Kuri twebwe, tuzokwizera kandi dukurikire amakosa y’umuhanuzi w’Imana yagaragajwe, namba ahari, imbere yuko twizera Niko Uhoraho Agize yaYo.
Mose ntiyategerezwa gukubita igitandara kabiri. Iyo mpwemu nyene yari kuba yavuze muri ico gihe iti, « Murabona, Mose akora amakosa. » Ariko amazi yaraje ukwo biri kwose, kandi namba utanyoye kuri iryo bita ikosa rya Mose, warapfuye. Niko bimeze iki gihe. Ng’ivyo ibirego.
Mose yari afise Ijambo. Rero mwibuke, Ijambo Rimaze kugaragazwa, Mose yasubira kuba Mose ubugira kandi. Murabona ? Ariko mu gihe rirya Jambo Ryari muri we kugira ngo Ritangwe, yaba ari Imana ; yemwe ntiyaba akiri Mose.
MweneData Branham yari afise Ijambo. Ijambo Rimaze kugaragazwa, mweneData Branham yasubira kuba mweneData Branham ubugira kandi, ariko mu gihe Iryo Jambo Ryari muri we kugira ngo Ritangwe ku bantu, ku ma bande, yaba ari Imana ; ntiyaba ari mweneData Branham. Rero twiga, ko ibiri kuma bande ari Amajambo y’Imana, kandi nta makosa ari mu Majambo y’Imana.
Niko mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo. Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushiremwo ivyiyumviro vyanyu, muvuge gusa ivyavuzwe kuri izo bande, mukore gusa neza na neza ivyo Umwami Imana Yategetse gukora, ntimwongere kuri Vyo.
Mufyonde muvuze kandi mwizere IJAMBO RYOSE nk’uko Imana Yadutegetse gukora. Ni akanwa k’Imana kavugira mu gutwi kw’Umugeni WaYo.
Imana Yatwikiriye kandi Yagaragaje Mose, mu mwitwikiro, mu kwitwikira ubwaYo n’Umuriro Umwe, Inkingi y’Umuriro Imwe Yamanutse. Kuva—kuva ico gihe… Kuri bo, Rero bashobora kwumva gusa Ijambo ry’Imana. Murabitahura? Ijambo gusa, bumvise Ijwi ryaYo. Kuko, Mose yari, kuri bo, Ijambo Rizima.
Imana Ntihindura, kandi Ntishobora guhindura umugambi waYo. Ni Yesu Kristo Wawundi nyene ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Rero, kuri twebwe, umuhanuzi waYo yagaragajwe, William Marrion Branham ni Ijwi ry’Imana Ryacu, kandi ni Ijambo Rizima ry’igihe cacu.
Rero si Ijambo Ryanditswe gusa kuri twebwe, ni ibintu vy’ukuri. Turi muri We. Ubu turaryoherwa. Ubu turaMwihweza. Ubu turaMubona, Ijambo, Yigaragaza ubwiWe. Biranyegejwe, hanze hariya, kuko (kuki?) Biranyegejwe mu mubiri w’umuntu. Murabona?
Naho vyogenda gute, ntibaBibona. Kuki? Ntivyarungitswe kuri bo.
Kubera ko uBibona, uriteguriye kuMwumva Akubwira ubugira kandi UWO URI WE ? Iyo Arabira hejuru mu bihome vy’Ubwiza maze Akakubona, Abona nde?
• Mbona Ijambo Ryagaragajwe. Ico Yavuze ko Yokoze muri iyi minsi ya nyuma, ndakibona gikura. Ndabona abana barya Urya Mutsima wa Shekina Uje Uvuye mu kwera kw’Ijambo, baRyizera. Amen!
• Rero ducika igice ciWe, mu gihe uri umwitwikiro uMutwikira. Uri igice ciWe, mu gihe Kristo ari muri wewe, mu gihe Kristo Yari Ijambo ry’Imana. Kuko Imana Yari muri We, YaMugize Imana. Kandi mu gihe Kristo Ari muri wewe, ivyizigiro vy’Ubwiza, ucika igice ca Kristo.
• “Wewe,” Havugwa hati, “muri ivyete vyanditswe,” canke, muri Ijambo Ryanditswe, Ryagaragajwe,” nta na kimwe gishobora kwongerwa kuri Ryo. Ntushobora kuvuga uti, “Ndi icete canditswe,” kandi ubayeho ubundi bwoko bunaka bw’ikintu kinaka atari ico Ibi Vyamaze kwandikwa, kuko nta na kimwe gishobora kwongerwako canke ngo gikurweko.
Izina ry’Umwami Yesu Kristo Rishimwe. ARATUBONA. TURAMUBONA. Turi Ijambo RyiWe Ryagaragajwe uno munsi.
Ni muze dufatanirize hamwe kuw’iyinga isaha zitandatu z’umutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi) mu gihe Imana Iri imbere yacu; Inkingi y’Umuriro Itwikiriwe mu mubiri w’umuntu, kandi Itubwira Ijambo dutegerezwa kubamwo muri iki gihe. Ni Ubwiza bwa Shekina butweza. Imitsima y’ibiterekerwa k’uwizera.
Ugukurwako Umwitwikiro kw’Imana, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 ruheshi mu gitondo, umwaka wa 1964. MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa : Matayo 24:24 Luka 17:28-29 Yohana 14:14 1Ab’I korinto 12:13 2Ab’I korinto 3:6 2Ab I korinto 4:3 Ab’i Filipi 2:1-8 1Timoteyo 3:16 Abaheburayo 13:8 Ivyahishuriwe Yohana 10:7 Ivyahishuriwe Yohana 19:13 Kuvayo igice ca 19 Kuvayo igice ca 20 Yoweri 2:28 Malaki 4:5