Category Archives: Uncategorized

22-0424 Aritwararika. Mbega Weho?

Ubutumwa: 63-0721 Aritwararika. Mbega Weho?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wo Kuvayo,

Nk’uko abana b’Abaheburayo bakorana kare mu gitondo gurtyo ngo baronke manu yaba yabaronkejwe mw’ijoro, kugira ngo ibashigikire ku munsi ugiye kuza, natwe dukoranye kubwa Manu ya mpwemu yaduhawe kugira ngo idushigikire mu rugendo rwacu.

Umugeni Yegeranirijwe hamwe muri ukwo guhuza n’Imana, gushika n’aho ukugaragara kw’Umukwe kugaragarira mu Mugeni. Tumata kw’Ijambo Ryose Ryavuzwe kandi twacitse, Umwe hamwe na WE.

Ukugabitanya kw’ibihugu kwaruzuye. Biranduye. Ubu ni igihe c’ukuvayo kwacu tuja mu Gihugu c’Isezerano, Imuhira Iwacu. Umuteni Yariteguye ubwiWe.

Nk’uko Yakoze mu kuvayo kwaYo kwa mbere, mu kuvayo kwaYo kwa kabiri, n’ubu mu kuvayo kwaYo kwa gatatu, Imana Yatoye kandi Yaturungikiye umuhanuzi hamwe n’ikimenyetso c’Isingabwenge c’Inkingi y’Umuriro, ku buryo abantu batokwihenda, kandi bomenya ko ari we Yatoye wo kurongora Umugeni waYo.

Ivyo umuhanuzi waYo yavuze vyari, Uko Niko Uhoraho Agize. Yari Imana, Yamanutse mu Nkingi y’Umuriro, Igaragaza kandi Ihishura Ijambo ryaYo. Irya Nkingi y’Umuriro Yasize umuhanuzi waYo kandi Yagahaze nk’Icabona co mw’Ijuru co kwemeza ko yari uwatorewe kurongorera Umugeni waYo mu Gihugu c’Isezerano.

Twizera ko amashengero yose yotegerejwe gufataniriza hamwe munsi y’iri Jwi, kandi atari ukwicamwo ibice. Ni igiki cadutandukanije ? Si amabara y’urukoba rwacu. Si ubwoko bw’imfungurwa dufungura. Ni umuntu yavuye mu kayira k’inyigisho y’Ubutumwa Bwiza, umuntu wese.

Hari UBURYO BUMWE bwonyene bwo kwerekana bidasubirwamwo ko hari iciza n’ikibi. Uburyo bumwe bwonyene bwo kubikora, ni mu kudashira insiguro iyo ari yo yose kw’Ijambo, uretse vyonyene kuRisoma gusa, no kuRyumviriza, no kwizera Ijambo Ryose.

Ariko yavuze ko batabikora kubera ishari, kubera ubuhumyi bwa mpwemu. Ntibashaka kubona. NtibazoRyumviriza.

Imana Yo mw’Ijuru Izohaguruka, kandi ijwi ryanje rizoba kw’ibande y’igihe gihambaye c’Imana hariya, kandi rizocirako iteka uru runganwe mu gihe ca nyuma. Kubera, ri—riri kw’ibande, hanyuma rizoba kw’ibande y’Ibihe Bidashira ico gihe.

Ni Imana ubwaYo, Yagaragaye mu mubiri w’umuntu, biciye mu Maraso ya Yesu Kristo, kugira ngo Yeze ubuzima Yoshobora kwiyerekanamwo ubwaYo, kandi iki gihe babamba iryo Jambo nyene Ryagaragajwe.

Kandi rero ese abo bariko barumviriza biciye mu buryo bwa bande, ese bokwumviriza neza. Kandi ese boshobora gutahura ico Mpwemu Yera Agerageza kuduhishurira.

TWARATAHUYE ico Mpwemu Yera Agerageza kuduhishurira, kandi twese tugiye mu Gihugu c’Isezerano. Umwe wese muri twebwe ! Naho woba umugore akora ibikorwa vyo muhira, canke naho woba umukobwa mutoya akora akazi ko mu rugo, canke naho woba uri umutamakazi, canke umusore, canke umutama, canke ico woba uri cose, turagiye, ivyo ari vyo vyose. Nta n’umwe muri twebwe agiye gusigara. Umwe wese muri twebwe aragiye !!!

Ntibishoboka na gatoya ku Mana kutagumya Ijambo ryaYo kuri twebwe, namba twaragumije ijambo ryacu ku Mana. Namba vy’ukuri uRyizeye, nta na kimwe gishobora kugutuma ubikekeranya. Igihe, ikibanza, nta na kimwe kindi gishobora kudutuma turikekeranya.

Iratwitwararika cane rwose ku buryo Yaturungikiye umuhanuzi wo kuyobora ihanga ryaYo Yatoranije, mu kuduha uburyo bwo guhunga. Ntatwitwararika vyonyene mu kudusohora, Yaduhaye ikintu cose dukeneye mu gihe c’urugendo rwacu. Yatuneshereje umwansi wese. Adukiza indwara iyo turwaye. Yatubikiye Manu Inyegejwe yo kutugaburira buri munsi ; Yanatsinze urupfu, ico mutegerezwa gukora conyene ni ukuba imvugakuri no kuRyizera.

Twatoranirijwe Ubugingo Budashira. TuraRyumviriza kandi turaRinezerererwa. Ni Ukwirurwa kwacu. Ni co Kintu twipfuje ubuzima bwacu bwose. Ni irya Maragarita twahebeye ikintu cose. TuraYishaka kuko tuzi ko umwitwarariko w’urukundo rw’Imana kuri twebwe.

Mbega urakeneye ICO ARI CO COSE, mu buryo bwa mpwemu, bw’umubiri, canke gusa urugendo rwa hafi, canke rwuzuye canke rwongeye kwuzura Mpwemu Yera ubugira kandi ? Ni uze wiyunge natwe hirya no hino y’Ijambo ry’Imana n’uburyo bwatanzwe bw’iki gihe kandi uronke ico ukeneye, NAMBA WITWARARIKA. Yasezeranye kuRirungika, kandi Yarabikoze ! YaBisezeranye mw’Ijambo RyaYo, kandi ng’Iri ! Aritwararika, none ubu weho ?

Hazoba ikintu kinaka mu mutima wawe kikubwira kiti, « ingorane zanje zaheze. Ngiye kumera neza. Ngiye kwuzura. Ngiye kuba hafi yaYo. Ndi Umugeni WaYo. »

Ni muze dufatanye kuw’iyinga isasita, isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : « Aritwararika. Mbega weho ? Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 mukakaro umwaka wa 1963.

Hagiye kuba umunsi mukuru uhambaye muniniya w’urukundo mu gihe muzoMwumva Ababwira ko Abitwararika, ku zuba canke mu gitutu, Arabitwaririka.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo gutangura igikorane :

Yohana 5 :24
Yohana 15 :26
1 Petero 5 :1-7
Abaheburayo 4:1-4

22-0414 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630m Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa m4a

Kuvoma Ubutumwa ogg

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi MUGENI WUNZE UBUMWE Avuga IJAMBO,

Ni igihe gihambaye kuruta ibindi vy’ubuzima bwanje, bagenzi banje ! Tubona Ijambo Rishitswa neza imbere y’amaso yacu nk’uko bitigeze biba mbere. Ese ukuntu bikabura kumenya Uwo Ari We, n’ intumwa Yarungitse iyo ari yo, hamwe rero no KUMENYA ABO TURI BO ! Urakoze Data. Ntitwigeze twiyumvira ko ibi bintu vyoshika uku, ariko ng’ibi birashitse neza imbere y’amaso yacu, neza na neza uko umuhanuzi waWe yabivuze kw’ibande.

Mfise igishika cinshi co kubona Mpwemu Yera waYo Adukwegera irihande yaYo birushirije gusumba uko vyigeze kuba mbere kuri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Ndipfuza gutumira umwe wese muri mwebwe gufatanya natwe muri ubu Butumwa, hamwe n’Umugeni waYo kw’isi yose.

Rero, igihe ikintu gitoya gishitse, ni kuki wigenza nk’uruyoya ? Wotegerejwe kuba umugabo. Bwira iryo hanga uti, « amen, « hanyuma ubandanye ! » Amen. Ni ivyo. “Ntutake, Vuga!” Amen. Yooo, ivyo ndabikunda. “Ni kuki untakira? Bwira iryo hanga maze ubandanye ku ntumbero yawe. Ico ari co cose, namba ari indwara, canke ico ari co cose, kuzura abapfuye, canke ico ari co cose, vuga! Naravyemeje. Bwira iryo hanga.”

Ese akaryo dufise ko gukabura ukwizera kwacu, ku buryo natwe dushobora kuvuga IJAMBO. Ni muze mukorane n’Umugeni muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika, mu gihe twitegurira Ukuvayo kwa nyuma. Ubuzima bwacu butegerezwa kuba bubereye Ubutumwa Bwiza, kuko uru runganwe ruri mu Kirego. ARIKO nta mpamvu UBU ku Mugeni yo gutaka, ATARI KUVUGA! Bandanya ku ntumbero yawe. Izina ry’Umwami Rishimwe.

Nk’uko dusanzwe dukora mu mpera y’iyinga ya Pasika, twishire kure y’isi uko dushobora kwose mu kuzimya amatelefone yacu kiretse mu gufata amafoto, kwumviriza Igisomwa c’Umunsi, no kuvuza amabande ku rubuga Lifeline canke ku rubuga tuvomamwo Ubutumwa. Ni muze twegurire rwose Umwami iyi mpera y’iyinga ihezagiye, maze ntitugire iyi Pasika umwanya w’ibirori, ariko ukwiyegurira Ijambo, mu mazu yacu. Nipfuza ko twese twunga ubumwe ku kirangaminsi gikurikira, mu gihe co mu Buseruko, kiretse habonetse ayandi mabwirizwa.

KUWA KANE

Hari kuwa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yagira Isangira Ryera rya nyuma hamwe n’abigishwa biWe mu kwibuka Pasika imbere yo kuvayo kw’abana b’Abisirayeli. Ese akaryo ko gusangira n’Umwami mu mazu yacu, imbere y’impera y’iyinga ihezagiye, no kuMusaba kuduhezagira n’imiryango yacu, no kuduha twese ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.

Data Wo mw’Ijuru, turakenguruka kuri ibi, uwundi mwanya wo gukoranira hamwe, muri uru ruhande rw’Ibihe Bidashira. Kandi turindiriye iki gitondo kubw’ukwiyubura kw’inkomezi ziva kuri Wewe, zo kudutera intege kubw’urugendo ruturindiriye. Dukoranye nk’uko abana b’Abaheburayo bakoze, kare mu gitondo, kugira ngo baronke manu yaba yabonetse kubwabo mw’ijoro, yo kubashigikira ku munsi ukurikira. Dukoranye kubwa Manu ya mpwemu, iki gitondo, yo kuduha inkomezi z’urugendo.

Ni muze mwese dutangure isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’aho duherereye, maze tuMwumvirize Atutwira ko turi mu Kuvayo kwa nyuma, mu gihe dukoranye dukikuje Intebe yiWe twumviriza Ubutumwa : Ukuvayo kwa Gatatu, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi mu gitondo, umwaka wa 1963.

Inyuma y’ubwo Butumwa, tuzokoranira hamwe n’imiryango yacu mu mazu yacu maze dufate Ingaburo y’Umwami.

Tuzoronka vuba umuhora wo kuvoma ibande n’igikorane c’Ingaburo Yera, canke bizoboneka ku gihe c’igikorane categekanijwe kuri The Voice Radio, ku muhora wa Lifeline.

KUWA GATANU

Ni muze tuje mu masengesho hamwe n’imiryango yacu isatatu zo mu gitondo (isacenda kw’isaha yo mu Burundi) , hanyuma rero ubugira kandi isasita zo ku murango (isakumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi) , dutumire Umwami kuba hamwe natwe n’Umugeni wo kw’isi yose kuri iyi mpera y’iyinga idasanzwe ; no kwuzuza amazu yacu Mpwemu Yera WiWe mu gihe twishikanye ubwacu kuMusenga.

Ivyiyumviro vyacu bihindukirire urya munsi kuri Kaluvariyo, haraheze imyaka irenga 2000, kugira ngo tubone Umukiza Wacu Amanitswe ku musaraba, kandi rero twiyemeze nyene gukora iminsi yose ibihimbara Data.

Ubu ni mwitegereze. Igihe Yaza mw’isi, mu gihe hari ukutizera kwinshi, nk’ukwamye kuri mw’isi ubu nyene, ntivyaMutumye Akora bigurintege. Yabandanije yigisha vya bindi nyene; AKiza indwara kwakundi nyene. Ntivyigeze biMuhungabanya. Hariho abanegura. Uwo Mugabo Yaneguwe kuva igihe Yari Akiri Uruyoya gushika Apfiriye ku musaraba. Mbega vyaraMuhagaritse? Oya, mugenzi. Intumbero yiWe yari iyihe ? Gukora iminsi yose ico Data Yanditse. Gukora iminsi yose ikiMuhimbara.

Hanyuma isasita n’igice, (isakumi na zibiri n’inusu mu Burundi), twiyumvire dushimitse ku kibazo c’inkoramutima mu buzima bwacu, mu gihe dukoranye dukikuje Intebe yiWe kugira ngo twumvirize Ubutumwa : Mbega Ubuzima bwacu Bubereye Ubutumwa Bwiza? Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi ku mugoroba umwaka wa 1963.

Hanyuma dusubire duhurire hamwe mu masengesho isacenda ku muhingamo (isatatu z’ijoro mu Burundi) mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KUWA GATANDATU

Twunge ubumwe twese mu masengesho isatatu zo mu gitondo, (isacenda mu Burundi) na sasita ku murango (isakumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kandi dutegure imitima yacu ku bintu bihambaye Azodukorera hagati yacu.

“Amaze kuzana ikirego ku bagenzi banje—banje b’abakuru b’amadini hariya, kandi nategerezwa kuvuga ibi bintu bigumye, ariko, Mwami, nabikoze mu guhumekerwa kwaWe. Numva Warambwiye kubikora. Ubu bimvuye ku bitugu, Mwami, nda—ndanezerewe ko bimvuyeko. Babikoreshe ico bashaka, Data, ndasaba ko bazovyakira. Ndasaba ko Uzokiza umwe wese, Mwami. Haze umuvyuro w’abagororotsi, n’Ubushobozi buhambaye buze hagati mw’Ishengero neza imbere yuko Rigenda. jewe… Si ibigoye gusaba ivyo, kuko Warabisezeranye. Kandi turindiriye, Mwami, kurya gukwegwa kwa gatatu, tuzi ko Uzoshitsa ibintu bihambaye hagati yacu.”

Hanyuma, isasita n’igice (isakumi na zibiri n’igice i Burundi), tuzoja hamwe twese kwumviriza IJAMBO : Ikirego, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 7 mukakaro mu gitondo, umwaka wa 1963. Mbega UMUNSI UHAMBAYE ugiye kuba ku Mugeni kw’isi yose.

Hanyuma dusubire duhurire hamwe mu masengesho isacenda ku muhingamo (isatatu z’ijoro mu Burundi) mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KUW’IYINGA

Mbega umunsi uhambaye wo kutagisubira gutaka, kiretse KUVUGA! Mbega igitondo c’izuka ! Ni muze tuvyuke kare nk’uko mweneData Branham yakoze kirya gitondo, igihe umugenzi wiwe mutoya, irya nyoni bita rouge gorge, yamukanguye isakumi n’imwe zo mu gitondo. Dushimire gusa Umwami ko Yazuye Yesu mu bapfuye.

“Isakumi n’imwe muri iki gitondo, umugenzi wanje mutoya w’igikiriza gitukura yagurukiye kw’idirisha maze arankangura. Nkaho umutima wayo mutoya woturika, ivuga iti, “Yazutse.”

Isatatu zo mu gitondo (isacenda ku muhingamo mu Burundi) ni muze twifatanye ubugira kandi bivuye ku mutima mu murongo wacu w’amasengesho, dusengeranira kandi twitegurira kwumva Ijwi ry’Imana.

Isasita n’igice ku muhingamo (isakumi na zibiri n’igice zo ku mugoroba mu Burundi) tuzoja hamwe kwumviriza Ubutumwa bwacu bwa Pasika : Ni kuki Utaka ? Vuga! Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 mukakaro mu gitondo umwaka wa 1963.

Inyuma y’iki gikorane, ni muze twunge ubumwe ubugira kandi mu masengesho, tuMushimira ku MPERA Y’IYINGA Y’IGITANGAZA YADUHAHE HAMWE NA WE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.

Kuri beneData na bashikanje bo hakurya y’amazi, ndipfuza kubatumira kwunga ubumwe natwe kuri ibi birori kw’isaha ya Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho vyo kuri iki kirangaminsi no kw’ibande izovuzwa kuw’iyinga mu gitondo. Ndatahura, uko biri kwose, ko kuvuza Amabande ku wa kane, ku wa gatanu no kuwa gatandatu ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, ku bw’ivyo ndabasavye muzokwumve umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe ico ari co cose c’umunsi kibabereye ciza. Nipfuza, uko biri kwose, kuri twese ko dukoranira hamwe kuw’iyinga isasita n’igice ku murango kw’isaha ya Jeffersonville, (isakumi na zibiri n’igice ku mugoroba mu Burundi) kwumviririza hamwe Ubutumwa bwacu bwo kuw’iyinga.

Nipfuza kandi gubatumira mwebwe n’abana banyu kuba mu bikorwa vya Creations na tutorials n’ama quiz y’abakiri batoya ivyo umuryango wanyu wose unezerererwa hamwe. Twibaza ko mubikunda mu gihe vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba twumviriza iyi mpera y’iyinga.

Kubw’ikirangaminsi c’impera y’iyinga, amakuru ku gutegura igikorane c’Ingaburo Yera, ibikoresho bizokenerwa ku nteguro za Creations, ama quiz ya Pasika, n’ayandi makuru, rabe imihora iri munsi.

Ni iteka kuri jewe kubatumira mwebwe n’umuryango wanyu kuza hamwe n’Umugeni kw’isi yose w’impera y’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUHIMBAZA N’UGUKIRA INDWARA. Nizeye ko vy’ukuri izoba impera y’iyinga izohindura ubuzima bwanyu ibihe vyose.

MweneData Joseph Branham.

22-0403 UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Ubutumwa: 63-0623E UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Abinjiye Twese,
Imana Ishimwe, es’igihe tubayemwo. Twumviriza Ubutumwa Bwemejwe, n’igikorw cose, kuba Yesu Kristo ari wa Wundi ejo, uno munsi, no mu bihe bidashira. Bwakoze ibintu bimwe nyene Yakoze igihe Yari ng’aha kw’isi; Yakijije abarwaye, Yari Azi ivyiyumviro vyo mu bwenge, Yerekanye ibintu bigiye kuba, Yazuye abapfuye, kandi igihe cose, Vyari bitunganye.

Amazi yarogeje ubutaka bwose bwo ku gasongero k’umusozi. Nta na kimwe casigaye kiretse Igitandara. Hariho Ivyandiko vy’insigabwenge kuri ico Gitandara, ku buryo Imana Yaturungikiye umuhanuzi waYo w’inkomezi gusobanurira Umugeni waYo ivyo Vyandiko. Ubu Bibiliya Yarasiguwe neza.

Yatwaye umumarayika waYo w’inkomezi ku musozi kandi Yashize INKOTA Y’UMWAMI MU KIGANZA CIWE. Umumarayika waYo yaciye atema agasongero k’uwo musozi aze arawuduza. Imbere yawo hari igitandara cera, ikintu kinaka c’ubwoko bw’ibuye bita granite ritari rinanditseko.

Yatubwiye kuraba kuri Ivyo mu gihe yaja mu Burengero. Yaciye aduzwa hagati y’Abamarayika Ndwi maze aragaruka hanyuma aduhishurira IVYO VYOSE BITARI BINANDITSE MURI ICO GITANDARA.

“Uyu ni umusavyi waNje. Kandi Namuhamagariye kuba umuhanuzi w’igihe, kurongora ihanga neza nk’uko Mose yakoze. Kandi yahawe ububasha, yashobora kuvuga bikaba.” Canke ikintu kinaka nk’ico, nk’uko Mose yakoze, nko kuvugira mu masazi. Kandi turazi ivyerekeye inkezi, n’ibindi, n’ibintu vyamaze kuba. Hattie Wright mutoya hariya inyuma, nibaza ko muzi ivyabaye mu nzu yiwe.

W-I-L-L-I-A-M M-A-R-R-I-O-N B-R-A-N-H-A-M ni umuntu w’Imana Yatoreye kurongora Umugeni waYo w’iki gihe. Ni umubiri Yatoye kutubwiriramwo nk’uko Yakoze igihe Yaza mu mubiri haraheze imyaka 2000. Icanditswe cose Kiravyemeza. Mpwemu Yera Yarabihishuye. Ubu hariho ivyo vyizigiro, dufise UGUHISHURIRWA KW’UKURI kw’uwo We Yari , uwo We Ari n’abo TURI : Umugeni WaYo Mukundwa Yatoye.

Turazi ko turi mu Bugombe BwaYo Butunganye mu kugumana n’Ijambo RyaYo. Bizana uwo munezero n’uguhimbarwa. Ntibishoboka kuvuga mu majambo asanzwe ico bisigura kuri twebwe?

Twamye tuzi ibwina mu mutima wacu no mu bugingo bwacu ko hariho ikintu gitandukanye hariya. Twamenye, n’igihe twari mu vyaha, ko hariho ikintu kinaka hariya tutashobora gusigura, ariko cari hariya gusa. Ubu TURAZI. Ntitwigeze twiyumva nk’uku mbere, nta gukekeranya kukihari, nta kwibaza kukihari, nta kubaza kukihari. Bimase kandi vyanditse mu bugingo bwacu. IMANA ISHIMWE!!

Turi urunganwe rutazokurwaho gushika ibi bintu vyose bishitse. Turi urunganwe rubona kwa kureka Imana gushika imbere y’amaso yacu. Igihe kirageze. Ikimuri gitukura kiravya, nk’ikimenyetso c’Ukuza kwiWe, kiri ng’aha. Ukugabisha kwa nyuma kwaYo kurashitse.

Urupfu n’ugusambura vyose biradukikuje. Tuba muri Sodomu na Gomora? Umwanda, icaha, umutima w’abantu urandurwa n’ubwoba, ibisasu kirimbuzi, agahinda mu bihugu, kandi igihe cose twunze ubumwe kandi twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru nk’uko Imana ubwaYo Itubwira, NTIMUGIRE UBWOBA, MURI UMUKUNZI WANJE. Nta na kimwe gishobora kubashikira. Mureke gusa imitima yanyu igurugumbire muri mwebwe mu gihe mvugana namwe mu nzira kandi ndababwira ko, MURI UMUGENI WANJE.

Ni muze mufatanye natwe kuri uyu w’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe hari urwamo ruriko ruravuga. Ukuboko kuramanutse. Ikimuri gitukura catanguye kuravya. Namba witeguriye kujana natwe, vyoba vyiza ujugunye hasi rirya saho ry’ibiyoba, uhagarike kuvuga, uterure amavalisi yawe, kandi witegure, atari uko uzosigwa inyuma, kuko ahagarara ng’aha gusa umwanya mutoya gusa. Aje kuvuga : Ukuravya kw’Ikimuri Gitukura nk’Ikimenyetso c’Ukuza kwiWe, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi ku mugoroba, umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa :

Matayo 5:28
Matayo 22:20
Matayo 24
2 Timoteyo : 4
Yuda 1:7
Itanguriro 6

22-0327 Guhagarara Mu Canzo

Ubutumwa: 63-0623M Guhagarara Mu Canzo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizigirwa,

Aya mayinga aheze habaye igihe c’ubwiza gusumba ibindi mu buzima bwacu bwose. Vyabaye ibihe bihambaye kuruta ibindi vyo kuba mu bumwe n’Umugeni waYo kw’isi yose, twumviriza Imana Ihishura Udushashara Ndwi.

Mbega twariko turumviriza iki twese turi umwe dukoraniye hamwe ?

Imbere y’irya piramide, hariho Ibuye Ryera Ritari Ryanditseko. » Niyo mpamvu nategerezwa kuja mu burengero, kuja kubonana n’Abamalayika bari bafise Ubutumwa, kugaruka ng’aha kuBuhishurira ishengero.

Yategerezwa kuja mu burengero kugira ngo abonane n’abo Bamarayika Ndwi, kugaruka kuduhishurira ibitari binanditse ; ariko ubu, mu Guhishura, vyaraduhishuriwe kandi biduha Ukwizera kw’Izamurwa.

Twarumvise ubu Butumwa ubuzima bwacu bwose, ariko ubu burahishuwe nk’uko butigeze buba mbere ; ubu ni umunsi, ubu ni igihe. Turabona kandi turumva ico Yatubwiye ko kigiye kuba, hompi, mw’isi no muri ubu Butumwa, kandi ubu biriko biragaragarira amaso yacu nyene.

Mbega intumwa mumarayika wacu w’indwi yari umuhanuzi gusa nk’abahanuzi ba kera ? Oya, yahamagariwe igikorwa kiri hejuru cane gusumba abahanuzi bose b’imbere yiwe. Kuko yari Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu nk’uko Yabikoze haraheze imyaka ibihumbi bibiri. Umuhanuzi wacu yahamagariwe KURONGORA UMUGENI gushika i Muhira iwaca hashasha hanyuma akatwereka Umwami.

Yatubwiye ko ibango ry’igikorwa ciwe cagereranywa n’ubuzima bwa Mose mu buryo butunganye. Mu gihe Mose yari mu rugendo rwiwe akurikira Inkingi y’Umuriro, abantu barahagurutse maze baramurwanya. Abo bantu bari barahamagariwe gusohoka kandi bari ku nzira yabo baja mu gihugu c’isezerano. Barwanije Mose mu kuvuga ko yishize hejuru ; si we wenyene yari uwera yahamagawe, nabo bari abera kandi bari bakeneye kwigisha ikintu kinaka nabo.

Yavuze ko bari abera, kandi vy’ukuri bari bafise ikintu kinaka co gukora, ariko Imana Yari YaraMUhamagaye, MOSE, UMUNTU UMWE, kurongora ihanga.

Bari bafise ikibanza cabo. Bari basizwe. Bariko barakora ico bari barahamagariwe kandi bagenewe gukora mu kubwira ihanga bati, « mwumvirize Mose », ariko bashaka kuvuga IKINDI KINTU KINAKA, CANKE GUSIGURA ICO MOSE YAVUGA. Ntibari bahagijwe no kwereka gusa abantu kwumviriza Mose. Bashaka kurongora ihanga. Bashaka gukora ikindi kintu kinaka, canke gitandukanye, gusumba ico bari barahawe gukora.

Namba uhora ukekeranya mu vyiyumviro vyawe umuhanuzi wacu uwo ari we, canke ico yari yarahamariwe gukora, ndagutumiye kuja mu burengero kuraba urufatane rw’umusozi Imana ubwaYo Yakoze nk’ikimenyetso c’ibihe bidashira kw’isi, mu gushira izina ry’umuhanuzi wacu, B-R-A-N-H-A-M, kuri urya musozi.

Uri Umugeni wa Yesu Kristo. Yaraguhisemwo kandi Yaragutoranije. Ijambo RyiWe Riba kandi Rigerera muri wewe. Uri Ijambo Rizima Ryihaye umubiri. Yaguhaye Uguhishurirwa kw’Ijambo ryiWe. Satani nta bubasha afise kuri wewe . Kurya Kwizera kw’Izamurwa kwibera kandi kugerera muri wewe.

Mpwemu Yera Arongora Umugeni WiWe n’inzira yiWE yonyene Yatanze y’iki gihe, Ijambo RyiWe Ryavuzwe n’umuhanuzi Mumarayika wiWe w’indwi. Urya muhanuzi ni umwungere wacu.

Umwungere wacu yadusezeraniye ko ibande nshasha iyo ari yo yose yozanana ubwa mbere mu Kigega, gushika aho Umwami Abihinduye. Kuko ni hariya amabande yabitswe yokorerwa.

Vyongeye Yategetse umwungere mwunganizi mweneData Neville, hanyuma ubu kubw’Ubuntu bwiWe, ni jewe ubwanje, ico twotegerezwa gukora kw’ishengero.

Ndasaba ko Uzofasha umwungere wacu mukundwa, mweneData Neville. Umugire, Mwami, uwuzuye ubuntu kandi yuzure ubushobozi, kandi hamwe n’ugutahura, kugira ngo ashobore gufata ibi Bifungurwa vyabitswe maze agaburire imyagazi y’Imana.

Aya ma bande ni ay’abo umuhanuzi yahamagariwe kubera umwungere. Namba ushaka kwumviriza UKO NIKO UHORAHO AGIZE, ni uze wumvirize hamwe natwe kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’i Burundi): Guhagarara mu Canzo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi mu gitondo, mu gihe twumviriza Imfungurwa Zabitswe Zaronkejwe Umugeni.

Tuzotangurira Ubutumwa ku karongo ka 27.
MweneData Joseph Branham.
Icanditwe co gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Guharura 16 : 3-4

22-0320 Agashashara k Indwi

Ubutumwa: 63-0324E Agashashara k Indwi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Umwizigirwa,

Kandi amenye ikigira indwi kimatanije ico gitabu, haba agacerere mw’ijuru nk’igihimba c’isaha.

  • Ng’iyi Imituragaro Indwi Ikurikirana, neza mu murongo : rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi, kirya giharuro gitunganye. Imituragaro Indwi mu murongo, yaturagaye, atari… agira gusa—gusa rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi, yarakurikirana. Rero, Amajuru ntiyashobora kwandika Ivyo. Amajuru ntiyari azi ivyerekeye ivyo, nta na kimwe kindi, kuko nta na kimwe cariho co kubandanya. Cari igihe co kuruhuka. Vyari bihambaye cane, gushika, aho vyagumijwe ari ibanga ku Bamarayika.
  • Kandi imituragaro indwi imaze kuvuga nari ngiye kwandika… Hariho ikintu kinaka cavuzwe. Ntirwari urwamo gusa. Ikintu kinaka caravuzwe. Yari agiye kwandika.. kandi numvise ijwi rivuye mw’ijuru rimbarira,…Murabe aho amajwi yari ari, Imituragaro. Si mw’Ijuru ; kw’isi ! Imituragaro ntiyigeze ituragarira mw’ijuru. Yaturagariye kw’isi.
  • Indwi. Igiharuro gitunganye c’Imana. Indwi neza munsi y’umurongo. Imituragaro Indwi yaturagariye neza rimwe, nk’aho yariko iradondagura ikintu kinaka.

Icipfuzo co mu mutima wacu ni ico kuba umuhungu canke umukobwa w’Imana w’ukuri ; kwitegurira Izamurwa ryiWe rigiye kuza vuba. Rero dutegerezwa kubaza Umwami tuti, « Ni igiki kizoha Umugeni Ukwizera kw’Izamurwa Akeneye » ?

  • Ndizera ko, biciye muri iyo Mituragaro Ndwi, izohishurwa mu minsi ya nyuma mu buryo bwo gushira Umugeni hamwe kubw’ukwizera kw’izamurwa.
  • Kandi Imituragaro Indwi, neza mu guhishura ng’aha kwa Yesu Kristo, Ni ibanga rinaka. Mbega Bibiliya Ntivuga ko Uku ari « Uguhishura kwa Yesu Kristo » ? Yemwe, hariho ibanga rinaka rihishijwe, ryaKwo. Kuko, Yohana yari agiye kwandika, maze Ijwi Ryamanutse Rivuye mw’Ijuru, Ryavuze Riti, « Ntuvyandike. Ariko matanishe ishashara. Bimatanishe ishashara. Bishire inyuma y’Igitabu. » Bitegerezwa guhishurwa. Ni amabanga.

Mbega Mpwemu Yera, biciye mu gikorwa c’Imana, Agiye guhishurira Umugeni Uguhishurirwa kw’Imituragaro Ndwi kuzobaha ukwizera kw’Izamurwa ?

  • Ubu iyi ntumwa yo muri Malaki 4 n’Ivyahishuriwe Yohana 10 :7 igiye gukora ibintu bibiri. Icambere : Bijanye na Malaki 4 izohindukiriza imitima y’abana ku ya base. Ica kabiri : Izohishura amabanga y’imituragaro ndwi yo mu Vyahishuriwe Yohana 10 ariyo mabanga ari mu dushashara ndwi.
  • Utu Dushashara turi inyuma y’Igitabu. « Kandi ico gihe umumarayika w’indwi azoba ariko aravuga, amabanga yose yanditswe yo mu Gitabu, azoba aherahejwe. » Kandi buno nyene Igitabu, cari cuguruye kandi canditswemwo, kirugawe. « Amabanga y’Imana Araherahejwe. » kandi aya ni amabanga y’Imana : ukugenda kw’Ishengero, n’ibi bindi bintu vyose. « Amabanga ararangiye. » Igihe urya mumarayika w’indwi avuga ibanga ryose, riraheze. Uwo yoba ari wese, ico yoba ari cose. Ijambo ry’Imana Ntirishobora gutsindwa.

BIROROSHE CANE.

Ibanga, kubw’ iyo Mituragaro Ndwi Rizoha Umugeni Izamurwa kubw’Ukwizera. Imana YONYENE, biciye mu mumarayika ntumwa waYo, Izohishurira Umugeni IMITURAGARO INDWI.

Namba ushaka ko Imituragaro Indwi iguhishurirwa, kugira ngo iguhe Ukwizera kw’Izamurwa, nta bundi buryo bwo kuronka ukwo Guhishurirwa atari ukukwakira kuvuye mw’Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe ryonyene ry’iki gihe cacu ; atari kuri jewe, atari ku mwungere wawe w’aho uherereye, umuvugabutumwa, canke umwigisha, ariko rivuye ku mwungere w’Imana kw’isi, mu GUFYONDA UKAVUZA.

Ni muze mwumvirize amabanga yose ahishurwa : ni mwakire Ukwizera kw’Izamurwa kandi mwuzuze Amavuta itara ryanyu, kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isakumi na zibiri mu Burundi) mu gihe tuzokwumva Imana Ivuga kandi Yihishura ubwayo mu biciye bugufi kandi Ituzanira : Agashashara k’Indwi, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante ku mugoroba, umwaka wa 1963.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Gusubira mu Vyagezwe 29 :16-19
Igitabu ca mbere c’Abami 12 :25-30
Ezekiyeli 48 : 1-7, 23-29
Matayo 24 :31-32
Ivyahishuriwe Yohana 7
Ivyahishuriwe Yohana 8 :1
Ivyahishuriwe Yohana 10 :1-7
Ivyahishuriwe Yohana 14

22-0313 Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ubutumwa: 63-0324m Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Uruhutse,
Iki gihe, isi isoma amakuru y’inkoramutima yo mu binyamakuru kugira ngo yumve ivyabaye mw’isi ejo : Ubwoba, Uruhagarara, Amamisile, Amababombe ruhonyanganda, Ugusambuka, Ibinyoma, Uruhendo, Politike, Urupfu.

Ariko Umugeni Arafyonda Akavuza, kandi yumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana nabo kandi Rivuga riti : Imvune Zera, Ugutsindanishirizwa, Ugutoranywa, Ugukaburwa, Uguhishurirwa, Ukuri, Izamurwa, Ubugingo Budashira.

Ntutinye mukundwa, Ndi kumwe nawe, buri segonda ya buri munsi. Ibi ni ivyo Nababwiye vyose vy’Integuro Yanje Ihambaye. Ubu, ni mwitegereze vyose bishikira imbere y’amaso yanyu nyene.

Kuri bo : Uwu ni umunsi mubi kuruta iyindi yose yo mu buzima bwacu ; ikintu cose coshobora kurangira ejo.
Kuri Twebwe : Uyu ni umunsi mwiza uruta iyindi yose yo mu buzima bwacu ; ikintu cose coshobora kurangira ejo.

Imana Ifise inzira Yateguye, IJAMBO RYAYO. Yarungitse umuhanuzi mumarayika waYo hamwe n’Ijambo ryaYo guhamagarira Umugeni waYo gusohoka no kubayoborera Imuhira iwabo Hashasha Yabateguriye.

Namba wokwipfuza uku kugubwa neza , amahoro, n’umutekano dufise; namba wokwipfuza kuza kuba muri irya Nzu Yateguriye Umugeni waYo; Ni muze mufatanye natwe kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isamoya y’ijoro kw’isaha y’i Burundi), maze mwumvirize Inzira Yonyene Imana Yatanze y’iki gihe, kandi wumvirize umuturagaro w’Ijwi ryiWe Ryagaragajwe kuri twebwe : Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante mu gitondo, umwaka wa 1963.

Icegeranyo gitoya c’imitwe y’amajambo makuru makuru muzokwumviriza kuw’iyinga.
Mbega ni iki kizohuza Umugeni : Ijambo.
Mbega Ijambo Riza kuri nde : Umuhanuzi
Mbega umusiguzi ava ku Mana w’Iryo Jambo ni nde : Umuhanuzi
Mbega Ijwi ry’Imana kuri mwebwe ni nde : Umuhanuzi
Mbega tuzocirwa urubanza n’Amajambo ya nde : Ijambo ry’Imana Ryavuzwe na : UMUHANUZI.

MweneData Joseph Branham