Vyarahishuriwe ibwina mu mitima yacu y’uko Ijwi twumviriza kuri bande ari Umwana w’Umuntu yihishura Ubwiwe. Iryo Jwi Ryaratubwiye riti : Guma ng’aha, itegereze ibi bifungurwa bishinguwe Nashize ku mabande ku bwanyu. Namba mufise ibibazo , nimwisunge aya mabande . Bishobora kuba ari ibibazazaniye gato, ariko nimuvuze ibande maze mwumvirize mu bwitonzi . Namba uri Umugeni , Mpwmeu Yera Azobiguhishurira. Mwibuke , aya mabande ntakeneye insobanuro, vuga gusa ibiri ku mabande . Ndi umwungere wanyu, kandi muri ubusho buto bwanje , gumana n’inyigisho zo kuri bande.
Ndazi benshi ntibatahura ivyo turiko turakora mu kwumviriza Ubutumwa twese mu mwanya umwe, ariko ivyo ni vyiza, baracari BeneData na Bashiki bacu kandi turabakunda, ntitwonigera tubarwanya. Umwe wese ategerezwa gukora nk’uko arongowe n’Umwami gukora . Imana Irakora kandi Irongora abantu ku giti cabo.
Umuhanuzi yatubwiye y’uko dutegerezwa gusuzumisha Ijambo ikintu cose, kandi kikagaragazwa n’Ijambo, ariko nk’uko yabikoze. Ijambo ry’uno munsi ryamye , ari Bibiliya . Bibiliya itubwira y’uko mu minsi ya nyuma,ko Yohishuye ivyahishijwe n’amabanga yose ari muri Bibiliya Yiwe kubwo Umuhanuzi Azorungika. We ubwiwe azovuga biciye muri uyu muhanuzi kandi yigaragaze ubwiwe mu mubiri nka kurya yabikoze kuri Aburahamu. Ijambo ryiwe ntirizoba amajambo y’umuntu , ariko Rizoba amajambo y’Imana ubwayo. Rizoba ari NIKO UHORAHO AGIZE, hanyuma Bibiliya n’iryo Jwi bizoba ari kimwe, kandi co kimwe.
Hariho ubwina buhamagara ubundi bwina mu mitima yacu mu kwumviriza iryo Jwi ryagaragajwe. Dushaka kwumviriza Ijwi ry’Imana neza na neza Rivuye ku muhanuzi wayo yahisemwo.Hariho urukundo mu mitima yacu mu kwumviriza iryo Jwi no kunezerwa hanyuma dutegerezwa kumenya y’uko tutabwirizwa kwibaza ku kintu cose twumviriza, ariko dutegerezwa kwizera IJAMBO RYOSE.
Muze kwifatanya natwe mu gihe Imana Izoba Iriko Iravugana natwe umunwa ku gutwi kuri uyu w’iyinga kw’isaha zine zo mugatondo, kw’isaha ya Jeffersonville(ari zo saha cumi n’imwe mu Burundi), kandi tuzokwumviriza : Imana Yihisha mu biciye bugufi , hanyuma Ikihishura ubwayo muri ivyo nyene 63-0317M.
Kwumviriza Ubutumwa tuzotangurira ku gace ka 94, inyuma y’igikorwa co gushikanira Imana urushengero MweneData Joseph Branham
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Rusengero rw’Imana,
Ubu Butumwa nta kagero bugira mu bushobozi. Buratunganye ubwaBwo. Niryo Jambo rya nyuma ku bintu vyose. Ku Mugeni nta kindi kintu uretse iryo Jwi ryafashwe kuri bande. Ni Ubutumwa bw’igihe bw’Imana Bwemejwe. Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu.
Turi mu rugendo tuja mu Gihugu c’Isezerano, turongowe na Mpwemu Yera, Inkingi y’Umuriro. Imfungurwa zacu za Mpwemu zaregeranijwe kugira ngo zidufashe mu rugendo rwacu. Ivyo dukeneye vyose vyaratanzwe.
Dawidi yarateguye cane, imbere y’urupfu rwiwe, ibintu vyose vyari bikenewe vyo kwubaka inzu y’Umwami. Yategetse ko yategerezwa kuba iteye igomwe vy,akaburarugero, ari rurangiranwa kandi y’ubwiza, mu bihugu vyose.
Hanyuma avugana na Salomo, maze amuha ivyo vyose yari yateguye vyo kwubaka Ingoro y’Umwami. Yamuhaye umuderi w’urubaraza, n’uwamazu. Uw’ubushinguro, ivyumba, ivyumba vy’imbere hamwe n’ikibanza c’umutemere wo guhongerako.
Inyigisho z’abaherezi n’Abalewi, hamwe n’ivyerekeye igikorwa cose co mu nzu y’Umwami. Yaranamuhaye ibikoresho vyose vy’igikorwa co mu nzu y’Umwami. Izahabu n’ifeza kubw’ibikoresho vya buri gikorwa. Uburemere bw’izahabu n’ifeza kuri buri giterekwa ko amatara. Izahabu n’ifeza ya buri meza y’umutsima w’ibiterekerwa, ivyuma, uturende, amakarabo n’imibehe.
N’urugero rw’izahabu iramuye yo kuzokoramw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu; amuha n’icitegererezo c’umukogote w’izahabu, ari wo bishushanyo vy’abakerubi bashanje amababa bagatera igitutu isandugu y’isezerano ry’Uhoraho.
Ariko mu gihe cacu, Imana Iriko Irubaka iyindi Nyubako, Umugeni waYo. Iyi Nyubako ntizosamburwa, ariko izobana naYo Ibihe Bidashira. Yarateguye kandi Yaregeranije vyinshi ku bintu vyose bikenewe mu kwubaka Iyi Nyubakwa yaYo nshasha.
Ubumana, Uruvyaro rw’Inzoka, Amayinga Mirongo Indwi za Daniyeli, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Udushashara Ndwi, Kumenya Umunsi Wawe, Kurongora no Kwahukana, Ugukurwako Umwitwikiro kw’Imana, Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Abasizwe, Imfungurwa za Mpwemu, Kristo ni Ikinyegezwa, n’izindi amajana n’amajana, zitegerezwa gukurikizwa neza na neza.
Yaregeranije ibintu vyose dukeneye, ariko dutegerezwa gukurikiza umuderi neza na neza, ata guhindura akadome kamwe canke umutwe w’igisomwa umwe.
Rero, ibi nivyo mvuga muri kino gitondo, ni ukwegeranya Imfungurwa.. Kwegeranya Imfungurwa, kugira ngo muzobe mufise ivyo mufungura, kugira ngo muzobe mufise ivyo mugirira ko umunsi mukuru. Birondere ku ma bande yanyu. Mwicare mu cumba ahapfutse. Nkumbure, ninamara igihe naragiye, muzoguma mwibuka ko ibi bintu ari ukuri. Icara mu cumba canyu mwumvirize, Murabona ? Kandi izi ni Imfungurwa, turiko turegeranya, mu kigega.
Yavuze yuko muri urwo rusengero yiyumva ari i muhira kuruta ahandi hantu hose. Niho hari ahantu Imfungurwa zategerezwa kwegeranirizwa.
Hanze mu bikorane aho nja, ntimwigera mwumva nigisha ubu Butumwa. Oya, narabemereye, kuza muri iyi nyubako. Aha nyene niho nigishiriza Ubutumwa bwanje. Ndafise ubundi butatu canke bune ng’aha, Umwami Yampaye, ndafise Ivyanditswe vyerekeye ivyo, ku buryo ntokwubahuka kuvyigishiriza ahandi atari hano. Aha niho Ijambo Ry’Imana Ryatanguriye kugenda. Rero, kugeza Imana Ibihinduye, nzoguma aha nyene kandi ndabisohorere aha nyene. Ni vyo.
Namye mu masengesho kandi numva Umwami Ariko Aturongora gukurikiza Ubutumwa We n’umuhanuzi wiWe begeranije mu Kigega ciWe kugirango hubakwe Umugeni wiWe.
Tuzobandanya gukurikira umuhanuzi wiWe mu gihe twumviriza : Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo ? 62-1230E. Ndipfuza kubatumira kwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zine zo mu gitondo,mu masaha ya Jeffersonville⁽ari zo saha cumi n,imwe zo ku mugoroba mu Burundi₎ kugira ngo mwumvirize izi Mfungurwa zateguwe kandi zikegeranywa mu buryo budasanzwe, zizobubaka zikabagira Inyubako y’Umwami.
Kandi ubu nizeye ko Yiteguriye gushikira karya gasongero ka nyuma hariya, kuzana Ukwizera kuzozamura Ishengero mu Bwiza. Kandi Aryamye muri ubwo Butumwa.
Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa ubu kumase ibwina mu mitima yacu. Ibikorwa vyacu biri kumwe neza na neza n’Ijambo. Turazi ko inyigisho yacu itunganye hamwe n’Ijambo, tutongeyeKo na kimwe canke tudakuyeKo na kimwe. Kuri twebwe, nta kindi na kimwe kiretse Ijambo kw’ibande.
Yaraduteguriye agasongero ka nyuma mu kuduha Ukwizera dukeneye kw’Izamurwa. Ukwo Kwizera kuri muri twebwe UBU. Ubuzima bwa Kristo bugaragarira hafi mu buryo bw’umubiri muri twebwe, nk’uko bwari muri Kristo.
Dushobora kubona ubuzima bwiWe. « Ibikorwa Nkora namwe muzobikora, uwizeye. » Si uwigira uwizeye, uwiyumvira ko yizeye, ariko « Uwizeye. » Unyizeye, ibikorwa Nkora nawe azobikora. « Kuki ? Ashinze inanga ku Gitandara kimwe. Igitandara cari iki ? Ijambo iminsi yose. Ushinze inanga hariya. Ni Inyenyeri yo mu buraruko igihe uzimiriye mu kiyaga.
Tumase cane kuri rurya Rutare. Turabizi tudakekeranya. Turavyemeza. Ntidufata Ijambo ry’uwundi muntu munaka, tugumana na Uko Niko Uhoraho Agize. Dutegerezwa kugera ku Cishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu.
Turahagijwe bikwiye kandi turanezerewe. Nta kundi kwibaza nk’uko vyari bimeze mu bihe vy’Abacamanza, na benshi muri iki gihe, aho umuntu wese yakora icari ciza mu maso yiwe, aho umuntu wese yari afise icishimikizo ntanyiganyizwa ciwe bwite kandi yakora gusa ico yashaka cose. Imana Ntihindura uburyo bwo gukora kwaYo, Ntiyobikora hama ngo Ibe Imana. Namba Imana Yarigeze kuvuga ico ari co cose canke kuvuga ico ari co cose, Itegerezwa gukora co kimwe igihe cose.
Imana Yama Irunguka umuhanuzi wo kurongora ihanga ryaYo. Yaturungikiye Umuhanuzi-mumarayika w’indwi; Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu, guhamagarira gusohoka no kurongora Umugani waYo. Amabande ni Ijwi ry’Imana ku Mugeni waYo. ICO NI ICISHIMIKIZO NTANYIGANYIZWA CACU.
Ni iki Imana Yabwira Umugeni waYo Ubutumwa ku Butumwa? AMABANDE, AMABANDE, AMABANDE. Ni vyiza kuvuga Ubutumwa no kwigisha Ubutumwa, ariko mutegerezwa KUVUZA UBUTUMWA.
Ni gute umuntu uwo ari we wese avuga ko bari mu rukundo n’Ubutumwa kandi ntashake kuvuza Ubutumwa imbere y’abantu ? Ntibafise imigenderanire imwe y’urukundo mfitanye n’Ubutumwa, mu gihe nshaka ko bose baja hamwe maze bakumviriza ivyo bigaragajwe n’Ijwi ry’Inkingi y’Umuriro.
Dufise UKWIZERA kutanyiganyiga mw’Ijambo ryiWe. Ntituri Eva. Ntituri abakekeranya canke abagiriranira imyumvikano na Satani. Dushimikiye kw’Ijambo ry’Imana ryose ryo muri Bibiliya, n’Ijambo ryose kw’Ibande. Kuko amabande ari ivyiyumviro nyene vy’Imana, vyavuzwe kandi vyahishuriwe Umugeni waYo, kandi ntibikeneye insiguro. Ni ho hantu honyene tuzi ko dushobora kuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose.
Ubu Butumwa ni umutsima mushasha umanuka uvuye mw’Ijuru, w’urugendo rwacu. Ni Umutsima w’Ubugingo, kandi buri munsi turonka agafuto kavuye kuri Kristo, kavuye mw’Ijuru, Mpwemu Yera, Aza maze Akuzuza ubugingo bwacu.
Twicaye hamwe dufise intumbero imwe, Ijambo ry’Imana, kandi tugaburirwa kuri Iryo Jambo. Turi muri Betelehemu ya mpwemu y’Imana, turya Umutsima wa mpwemu w’Imana, kandi ubugingo bwacu bwemeza Ijambo Ryose Yavuze, hamwe na « Amen ! ». Turyoherwa n’Ibifungurwa vyo mw’Ijuru vy’umumarayika wiWe twabikiwe kugira ngo tubigirireko umunsi mukuru.
Muze tuje hamwe ku Meza yiWe maze tugire umunsi mukuru ku Bifungurwa vyo mw’Ijuru vy’umumarayika wiWe hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isayine mu gitondo, kw’isaha ya Jeffersonville.
Namba abantu b’amabande muri ng’aha, mwumviriza amabande, ndipfuza ko mwumviriza iriya : « Ni Kuki Yesu Yategerejwe kuza i Betelehemu. Ni Kuki Yategerejwe kubikora ?
Data Yavuganye natwe biciye ku muhanuzi waYo irindi rimwe kandi Yatumiye mwebwe mwese bantu b’amabande kuza kwumviriza Ubutumwa, Kuki Betelehemu Mutoya, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 kigarama umwaka wa 1963.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’ Ikimenyetso. Ntihari bwigere na rimwe haba igihe nk’iki mbere muri kahise k’isi. Isi nzima yategerezwa kubishingira intahe, mu gihe imibumbe itanu yo mu kirere yitondetse ubwayo hamwe. Ikintu kinaka cariko kirashika kw’igenekerezo rya 12 kigarama, 2021 mu majuru, mu gihe ikintu kinaka cariko kirashika kw’isi. Umugeni Yari Yishize hamwe kw’isi yose mu Gihe Imana Yavuga Iciye mu muhanuzi waYo, kandi Umugeni waYo Yagira Ingaburo Yera n’Ukwozanya ibirenge hamwe mu mazu yabo.
Mbega ibihe vyiza n’ukuba ng’aho k’Umwami vyari bihari mu mazu yacu. Abahungu bamwe bavuza amabande bari binyobeje mu mazu yacu kandi inzu yacu twayigize ishengero ry’Umwami. Twashize Ikimenyetso ku mazu yacu no ku miryango yacu. Mpwemu Yera Yuzuye inzu yacu, umutima wacu, n’ubugingo bwacu n’ukuba ng’aho kwiWe. Vyari bimeze nk’aho twari abana b’abisirayeli biteguriye urugendo rwo kuvayo.
Ijambo Ryavugana natwe biciye mu marayika wiWe kandi Ryashirwa mu mazu yacu. Urupfu rwari rwadukikuje, ariko twari tuzi ko twari mu mutekano kandi rworengana amazu yacu. Twari twiteguye kugenda mu Gihugu CACU c’Isezerano.
Nta na rimwe twigeze twumva ukwegerana nk’uko twagize rirya joro. Twaramenye ko ikintu kinaka cariko kirashika. Twaramenye ko Yariko Aradutegurira Ukuza kwiWe, ariko categerezwa kuba iki gihe, uyu munsi, uku kwezi, uyu mwaka. Ikintu cose cari gitunganye kandi kiri mu mwanya waco. Vyari bifise insiguro. Vyariko birashika kubw’ikimenyetso kw’isi.
Ikintu cose gishika ca mpwemu ni ikimenyetso kivuye ku Mana. Mube maso. Mubirabe, murabona. Mwitegereze ikintu cose gishika ca mpwemu, ikintu cose gishika, ni ikimenyetso. Ntituri ng’aha giturumbuka. Ibi bintu ntibishika gusa giturumbuka. Ni Ikimenyetso. Ni ikimenyetso, co kuja—co kuja mu mutekano, vuba. Nowa yari ikimenyetso ku runganwe rwiwe, Eliya yari ikimenyetso ku rwiwe ; Yohana yari ikimenyetso ku rwiwe. Murabona ? Ikintu cose, Ubutumwa bw’igihe, ni ikimenyetso. MuBwitegerezen murabe ico Buriko Burakora. Murabona ? Ni ikimenyetso. Ikintu cose gifise insiguro.
Igihe Mose yatangura ikikorwa caYo muri Isirayei, Isirayeli yose muri Egiputa yakoraniye i Gosheni. Bariko baragaruka imuhira kuko bamenye ko ikintu kinaka cari kigiye gushika.
Baza bava mu buseruko no mu burengero, baza bava mu bihugu vya kure, gukora umunsi mukuru hamwe n’Umwami, gufungura nk’umutumire wiWe bakikuje Ibifungurwa vyiWe Vyabitswe ku MEZA YIWE.
Benshi bavuga ko utegerezwa kugira igikorwa c’Imana kugira ngo ube Umugeni. Ndavyemera, ni vyo, William Marrion Branham, kuko ni we mukozi w’Imana ahambaye kuruta abandi afise igikorwa c’Imana gihambaye kuruta ibindi kw’isi. Kuko si ijambo ryiwe, ubutumwa bwiwe, ivyiyumviro vyiwe, nta n’ubwo ari insiguro yiwe. Ni Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe Ryonyene ry’igihe cacu. Kandi ego, ni IGIKORWA C’IMANA KIRIKO KIRABA gihambaye gusumba ibindi kibaho.
Ikibazo canje ni iki : Murashobora kwumviriza Amabande no kuba Umugeni wa Kristo, canke ntegerezwa kugira ikintu kinaka gisumba Ijwi ry’Imana kw’ibande?
Nka jewe n’inzu yanje, turi INZU Y’IBANDE, kandi twizeye ko turi Umugeni waYo kandi ico DUKENEYE CONYENE ni Ijwi ry’Imana kw’ibande.
Namba wokwipfuza gufatanya natwe mu nzu yawe, ishengero, imodoka canke aho ari ho hose Umwami Yaguhaye, kugira ngo wumvirize Uko Niko Uhoraho Agize, wifatanye natwe kuw’iyinga isatatu mu gitondo, isaha ya Jeffersonville,(isaha icumi z’umugoroba mu Burundi) kwumviriza Ijambo ry’Imana Ritunganya Umugeni waYo kandi Rituzanira Ubutumwa : Ikimenyetso, bwo kw’igenekerezo rya 1 nyakanga mu gitondo umwaka wa 1963. MweneData Joseph Branham. Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa : Itanguriro 4:10 *Kuvayo igice ca 12 cose Yosuwa igice ca 12 cose Ivyakozwe n’Intumwa 16:31 Ivyakozwe n’Intumwa 19:1-7 Abaroma 8:1 Icete ca mbere c’Ab’I Korinto 12:13 Abanyefeso 2:12 Abanyefeso 4:30 Abaheburayo 6:4 Abaheburayo 9:11-14 Abaheburayo 10:26-29 Abaheburayo 11:37 Abaheburayo 12:24 Abaheburayo 13:8 Abaheburayo 13 :10-20 Uwera Yohana 14:12
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Wa Jesu Kristo Umwami Yadusigiye amabwirizwa 3 yonyene yo mu buryo bw’umubiri yo gukora nk’abaKristo : Umubatizo, Kwozanya Ibirenge, n’Ingaburo Yera. Ingaburo Yera ni uguhangana ku wizera kandi ryotegerejwe gufatwa gusa n’ababatijwe mw’Izina Rya Yesu Kristo, kandi babayeho ubuzima bujanye n’umuKristo.
Mu kiringo c’amezi menshi ubu, nagize umutwaro muniniya ku mutima wanje kubwacu wo kugira igikorane c’Ingaburo Yera. Ubu umwaka urarenga duhuriye ku Meza y’Umwami kandi tugize Ukwozanya Ibirenge. Mu gihe mvugana n’abizera benshi, bose bavuga co kimwe bati, « Nipfuza ko twofata Ingaburo Yera.”
Mu gihe nari ndi mu masengesho, Umwami Yanshize ku mutima uburyo twese twoshobora kuba hamwe kandi tugira igikorane c’Ingaburo Yera mu mazu yacu. Mu kwezi kwa mukakaro kw’umwaka wa 1964, mweneData yitwa Gagnon yandikiye mweneData Branham, amubaza namba vyomubera vyiza kutanga Ingaburo Yera mu nzu yiwe, mu gihe atari umukozi w’Imana. MweneData Brahnam yamwishuye kandi yamubwiye ati, « ego, uyifate, ntutegerezwa kuba umukozi w’Imana kugira ngo ukore ivyo. »
Ndakengurukira cane Umwami ko Yataze uburyo ku Mugeni Wa Kristo bwo kugira vyompi Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge mu mazu yacu hamwe n’imiryango yacu. Vyongeye n’umuhezagiro udasanzwe cane ko hazoba haheze imyaka 56 ku munsi mweneData Braham yagira iki gikorane c’Ingaburo Yera.
Ijwi ryafashwe tuzoba dukoresha ku Butumwa Bwacu Bwo kuw’iyinga rizoba ryabonetse kuri Voice Radio, ku rubuga rwa Branham Tabernacle, kandi bwo kuvomwa. Ubu bubiko burimwo Ubutumwa Bwose, Ingaburo Yera, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 12 kigarama umwaka wa 1965, HONGEYEKO agace ko kwuzuza igikorane cacu c’Ingaburo Yera yo Muhira.
Tuzoba dukurikiza uburyo bumwe nk’igihe dufata Ingaburo Yera muri Branham Tabernacle. MweneData Branham azotubwira Ubutumwa, Ingaburo Yera. Igikorane giheze, azosengera umukate n’umuvinyu, hanyuma tuzogira iminota 10 yo kurindira havuga umuziki w’i piyano ku buryo tuzoronka igihe gihagije co gutanga Ingaburo Yera mu nzu zacu. Igikurikira umuziki wa piyano, mweneData Branham azosoma Ivyanditswe vy’igikorwa co Kwozanya Ibirenge, kandi rero tuzogira iyindi minota 10 yo kurindira y’umuziki wo Kwozanya Ibirenge.
Nobagira inama yo kugira umuvinyu n’umukate w’Ingaburo yera, biri ng’aho kw’isahani imbere y’igikorane, mu gihe hatazobaho uguhagarika kuva ibande itanguye, gushika ibikorane vy’Ingaburo Yera no Kwozanya Ibirenge biheze. Tuzotanga umuvinyo n’udukombe dutoya twa plasitike kw’ikoraniro ryacu ryo ng’aha ryonyene. Amakuru y’ahantu mushobora kugura umuvinyu Kosher, n’ukuntu bakora Umukate w’Ingaburo Yera n’iyindi nkuru y’ingira kamaro murabironka mu makuru akurikira.
Nk’umwe wese muri mwebwe, ndi n’igishika cinshi co kwumviririza hamwe uru rukurikirane rugiye kuza rw’Ubutumwa, n’igikorane giheraheza vyose, kugira Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge birongowe n’umuhanuzi w’Imana.