23-0827 Agashashara ka Gatandatu

Ubutumwa: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Muhanuzi w’ihanga ry’Imana ,

Ni mwumvirize, ndafise ikintu kinaka co kubabwira. Ni vyiza cane, vy’ukuri biriko birarurumbira mu mutima wanje. Ndizera ko mutavyibagiye, murabona. Reka mvugire ibi, mu nyonga hiWe. Kubw’ubuntu bwiWe, Yanyemereye ngo nitegereze ihanga ryiWe,riri mu makanzu yera, nta gihe kirekire kihaciye.

Kuva mu buseruka ugana mu burengero, mu gihugu cose, dukoraniye hamwe. Turatandukanye ku masaha menshi, ariko turi hamwe nk’ihanga ry’umuhanuzi w’Imana. Turi UMWE.

Igihe umuhanuzi w’Imana yari hano kw’isi, ahantu honyene hahambaye Umugeni yipfuje kuba, kwari ugufataniriza hamwe ku buhinga bwa Telephone, arindiriye kwumviriza ijwi rivuga riti, « Mwaramutse Bagenzi. »

Mbega ukuntu bokunze kw’icara muri barya bantu mu mfuruka y’ibarabara Penn n’iry’umunani. Boshobora kuba baramaze ijoro ryose ahantu kugira baronke icicaro, canke kugira bashobore guhagara maze begamire impome amasaha manaka. Botegerejwe kuba baragurishije ivyo bari bafise vyose, bagatakaza ubuzi bwabo, asangwa vyari gushobora kubashikira kugira ngo babe muri co gikorane.

Ubuzima bwabo bwose bwisunga ijambo ryose umuhanuzi yavuze. Ntiboshatse guhomba ikintu na kimwe. Naho bari bazi yuko umunsi umwe bazoshobora kuronka Bande, bashaka gufatanya n’umugeni mu gihe Imana Yaba iriko iravugira mu munwa w’umuntu.

Ibi vyari ubuzima bwabo. Ibi nivyo barindira indwi yose. Nta kintu na kimwe cari gifise insiguro kuri bo kiretse kwumviriza Ubutumwa bukurikira. Mbega ukuntu bari banezerewe mu gihe babimenye, Rero, bari bafise amahigwe yo kumviriza ubwabo, bose mu mwanya umwe, ijambo kw’ijambo, ivyo umumarayika muhanuzi w’indwi w’Imana.

Imana yarateguye inzira. Yashatse ko Umugeni waYo yokoranira kw’Ijwi ryaYo. Yashatse umugeni waYo ko yo kwumviriza Ijwi ryaYo mu mwanya umwe. Yari Izi ko Ijwi ryaYo ryavuzwe biciye mu ntumwa mumarayika waYo ryari iryo jwi ryonyene ryoshobora kugoraniriza hamwe Umugeni waYo

Umugambi waYo uhambaye wariko urashika

Abungere bo muri Leta zunze ubumwe za Amerika bagerageje uko bashoboye ku mashengero yabo kugira akoranire hamwe kubwo ubuhinga bwa Telephone.

Bari baracakiye imbono y’uko ata kindi kintu cari ngira kamaro gusumba kwumviriza iryo Jwi.

Ivyo nivyo bari bigishije amashengero yabo. “ Imana Yarungitse Umuhanuzi afise Niko Uhoraho Agize. Yagaragajwe n’inkingi y’umuriro. Iri ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Ni Malaki 4, hamwe n’Ivyahishuriwe Yohana 10:7. Ni we muntu Imana Yahamagaye kugira ngo arongore Umugeni waYo. Uwu niwo muhanuzi Nababwiye. Rero twese dutegerezwa kumwumviriza. Nka Yohana wo mu bihe vya kera, ntegerezwa kugirwa muto nawe abe mukuru.

Umugambi w’Imana Urabandanya gushitswa. Umugeni abandanya gukoranira hirya no hino y’Ijwi ryaYo. Ariko rero DUKORANIRA KW’ISI YOSE. Buri w’iyinga, igice c’umugeni waYo kirindiranye igishika co kwumviriza Ijambo ryose, mu mwanya umwe.

Nkumbure twarumvirije Ubutumwa incuro nyinshi mbere, ariko iki gihe twumva nkuko umenga NI UBWA MBERE. Turazi yuko tugiye kuronka uguhishurirwa GUHAMBAYE gusumba mbere.

Nta kindi kibanza dukeneye kubamwo. Nta kindi ngirakamaro. Kuri twebwe, ibi ni biriya. Uwu ni umugambi w’Imana kuri TWEBWE. Iri Jwi ririko rirahamagara, rikoranya Ryongera kandi ritunganya Umugeni waYo … TURI UWO MUGENI.

Ndabatumiye kwifatanya natwe uwu w’iyinga, isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, akaba ari isaha cumin a zibiri z’umuhingamo mu Burundi mu gihe tuzoba dukoranye maze TWUMVIRIZA Ijwi ry’Imana igihe azoduhishurira : Agashashara ka Gatandatu 63-0323.

mweneData Joseph Branham

ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Kuvayo 10:21-23
Yesaya 13:6-11
Daniyeli 12:1-3
Matayo 24:1-30
Matayo 27:45
Yohana 10:27
Ivyahishuriwe Yohana 6
Ivyahishuriwe Yohana 11:3-6