22-0306 Agashashara ka Gatandatu

Ubutumwa: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Ntama z’Imana,

Mbega ni ikihe kintu gihambaye coshobora kuba, twoshobora kuba turi abantu bagiriwe ibakwe ukungana gute, nko kuba imbere y’Umwami w’Abami, Uganza Abaganza ?

Muvyiyumvire gusa. Ukuba ng’aha k’Umwami w’Abami, Uganza Abaganza kuri hamwe natwe. Yaduhishuriye ko TWASHITSE. Turi ng’aha ! Ugihishurirwa Yaduhaye kuva ku Mana. Ni Ukuri. Turi Umugeni Ntama ziWe Yatoranije.

Twumviriza amakete yiWe y’urukundo buri yinga atubwira ati : « Bakunzi Myagazi yaNje, natanze umuhamagaro waNje ku ntama. Impene ntiziwuzi, ariko mwarawumenye. Mwagumye muri abizigirwa kuko intama zaNje ziraNzi kandi uwo zitazi ntizizomukurikira. Ritegerezwa kuba Ijwi ry’ikimenyetso canJE rya mpwemu ryagaragajwe RYONYENE. »

Ntimwayubiye iruhande canke nta nubwo mwaravye uwundi ; mwagumye muri ab’ukuri kw’Ijwi ryaNje. Muri Bamwe nari ndindiriye. Ndazi ko babatwenga kandi mudatahurwa, ariko nababwiye ko Nogarutse kubwanyu namba MUGUMANYE N’IJAMBO RYANJE, kandi mwarabikoze. UBU NDAJE KUBWANYU nk’uko nabasezeraniye ko nobikoze. Ijambo mwavomereye Riraje kubajana Muhira Iwacu Hashasha.

Abandi bashobora kuba badafise uguhishurirwa dufise kandi bavuga ko dutoranya abantu ku butoni; canke dusenga umuntu kandi atari Umwami Wacu. Mbega ukuntu bo ari impumyi. Namba ari uko biri vy’ukuri, rero Umugeni wa Kristo hirya y’igihuzu c’igihe nabo ntabwo ari ab’ukuri.

Igihe umuhanuzi yabona Umugeni aza yiruka kuri we kandi avuga ati, « mweneData w’igiciro », baramuguye
munda kandi bamushize mu Kibanza co Hejuru. Iki… UMUGENI wa Kristo yariko aratoranya abantu ku butoni bw’ Umuhanuzi, mu kumushira mu Kibanza co Hejuru ? Mbega uriko uravuga ko boshobora kuba batakoze ivyo ?

Rero inyuma y’ivyo, Umugeni wese yari hariya mu myambaro yabo yera kandi batanguye gusemerera bati, « Iyo utaba waraje ufise Ubutumwa Bwiza, ntitwobaye hano. » Iyo ataba yaraje ntibobaye hariya ?

Rero Ijwi Rivuye hejuru Ryavuze ko tuzocirwa urubanza bijanye n’IJAMBO yatwigishije kandi rero azoMutwereka.

Ijwi ntiryavuze ko tuzocirwa urubanza n’ico umuntu munaka wundi yavuze canke insiguro y’ico umuntu munaka yavuze, ariko ico yavuze. Rero azoMutwereka.

Ndashobora kwidegemvya no kuvugira igice c’Umugeni Afise Uguhishurirwa kumwe nuko mfise, no kuvuga ukuntu twiyumva. Namba tugiye GUCIRWA URUBANZA, kandi AMEREKERO YACU Y’IBIHE BIDASHIRA anshingiye kw’Ijambo Imana Yavuze biciye mu muhanuzi waYo, rero dutegerezwa kwumviriza GUSA rirya Jambo Riva kw’Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu. Ntidushobora, kandi ntituzoruhurira Amerekero yacu y’ibihe bidashira ku co umuntu munaka wundi asigura, canke avuga, ariko ico YAVUZE. DUSHOBORA KWUMVA GUSA IJWI RY’IMANA, kandi William Marrion Branham ni we JWI RY’IMANA RYONYENE… IMANA NIKO YAVUZE.

Narabatsitaje mu kuvuga ivyo, mumparire, ariko numvise ko bitegerezwa kuba vyafashwe nabi, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Rero turanezerewe kandi turakengurukira Umwami ko turiko turakora neza nk’uko Umugeni yariko arakora ahandi hantu. Ubwiza, Icubahiro n’Amashimwe vyose bije kuri UMWE KANDI UMWAMI YESU KRISTO WENYENE. Nk’uko umuhanuzi wo mu Vyahishuriwe Yohana 22 :9 yatubwiye, senga Imana… TURABIKORA kandi turaMukunda cane rwose.

Igihe kiriko kirarenga. Ivyanditswe biriko birashika vyihuta gusumba uko dushobora gusoma ibiriko birashika vyose. Araje kubw’Umugeni wiWe vyihuta. Isi iriko irunga ubumwe. Umugeni ariko arunga ubumwe. Ikibanza kiriko kirategurwa kubw’Izamurwa.

Turashima Umwami kubw’abantu bahamagawe n’Imana bigisha Ijambo, ariko bavugabutumwa, mushireko rirya Jwi mwebwe n’abantu banyu rigiye kubacira urubanza ubwambere. Mukoranire mu mashengero yanyu kandi mwumvirize Ijwi ry’Imana Rivuga,ryonyene Ryagaragajwe . Mufyonde muvuze.

Turatumiye bose boza mu Bwato kandi bagacunguranwa hamwe natwe mu gihe tuba umwe kandi twumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga Amajambo Azoducira urubanza, isasita kw’isaha y’i Jeffersonville,[isaha imwe y’ijoro mu Burundi] kandi twumvirize Agashashara ka Gatandatu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 1963.

Ni Ivyokurya vy’Intama z’Imana. Nta na kimwe congeweko, nta na kimwe gikuweko kandi nta na kimwe gisiguwe, ni IVYOKURYA VY’INTAMA binoboye neza kandi bitavanze.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Kuvayo 10 :21-23
Yesaya 13 : 6-11
Daniyeli 12 :1-3
Matayo 24 :1-30
Matayo 27 :45
Yohana 10:27
Ivyahishuriwe Yohana 6
Ivyagushuriwe Yohana 11:3-6