23-0903 Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ubutumwa: 63-0324m Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi MweneData Branham

Ndizera n’Umutima wanje wose y’uko uri intumwa-mumalayika w’Indwi w’Imana yarungitswe guhamagarira Umugeni gusohoka. Uri Ijwi ry’Imana kw’isi Rifise Niko Uhoraho Agize. Ndizera y’uko uri uwo Yahisemwo kugira ahishure amabanga yose ya Bibiliya. Ndizera Buri Jambo wavuze ku mabande.

Ndafise ikibazo ku mutima wanje nipfuza kukubaza. Hariho abantu benshi, Amajwi menshi, avuga ibintu bitandukanye y’ivyo dutegerezwa gukora kugira tube Umugeni wa Yesu Kristo. Ndipfuza kuba mu bugombe bwiWe butunganye. Ndipfuza kugira ukwizera gutunganye. Nta muntu n’umwe ndwanya, ariko nkeneye kwumviriza ivyo uvuga.

Mbega n’igiki kizoshira Umugeni hamwe maze kikaduha Ukwizera kw’Izamurwa dukeneye ?

Nizera ko biciye muri iyo mituragaro ndwi, tuzohishurirwa mu minsi ya nyuma kugira Umugeni akoranirizwe hamwe kubwo Ukwizera kw’Izamurwa.

MweneData Branham afise imituragaro ndwi ingana n’amabanga ndwi yamaze guhishurwa ? Yoba yahishuwe mu dushashara ndwi, ariko akaba ataramenyekana kuri twebwe nk’imituragaro ?

Oya, yahishuwe mu Dushashara ndwi ; ico nico imituragaro ndwi yari yerekeye. Yategekanya guhishura… Imituragaro ndwi yasemereye n’amajwi yayo kandi nta n’umwe yashoboye gutahura ico yari yerekeye… Yohana yaramenye ico yari, ariko yarabujijwe kuvyandika. Yavuze ati, « Ariko umumalayika w’indwi, aho azoba agira avuze inzamba/asemerere, niho amabanga ndwi y’imituragaro ndwi azohishurirwa. » Kandi umumalayika w’indwi niwe Ntumwa w’igihe c’indwi c’Ishengero.

Imana Ishimwe. Ng’iyo inyishu yanje. Ibanga ry’imituragaro ndwi ryarahishuwe. Ni Ijwi ry’Imana kuri Bande kandi ubu Ririko Rirakoraniriza hamwe Umugeni hanyuma Riguhe UKWIZERA KW’IZAMURWA, dukeneye.

Urakoze , MweneData Branham, kwishura ikibazo canje. Narinzi yuko inyishu y’ikibazo canje narimfise ku mutima wanje yobaye kuri Bande.
Nivyo vyonyene nkeneye kumenya. Nzobandanya gufyonda mvuza buri munsi hanyuma mbere nshishikare kuronka UKWIZERA KW’IZAMURWA.

Nimuze muronke Ukwizera kw’Izamurwa hamwe natwe kuri uwu w’Iyinga Isaha zitandatu, isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara 63-0324M.

MweneData Joseph Branham