23-0910 Agashashara k Indwi

Ubutumwa: 63-0324E Agashashara k Indwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Bande,
Mbega igihe tubayemwo! Mbega igihe gihambaye! Ivyanyegejwe, amabanga, vyose tubihishurirwa buri munsi. Ntitubona gusa ivyo twarenganye, turazi igihe tubayemwo hamwe n’ibiri imbere neza na neza.

Twarabwiwe umurongo ku wundi ibigiye gushika. Ariko aratubwira kumugaragaro abo turi, abazoba hariya, hamwe mbere nivyo tuzokora. Abayuda ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, ishengero ryejejwe kubwo imibabaro, abakozi mu mirima y’inzabibu bazozana icubahiro n’ubwiza muri uwo Mugwa.

Ariko rero atubwira ko uyo atazoba wewe… yoo oya, muri Umugeni Wanje, muri kumwe nanje muri uwo Mugwa. Ntimuzoba muri hariya mucumukura mu mirima y’inzabibu, uri Umukunzi Wanje uri Umwamikazi Wanje, Umwami Wawe. Uri umwe muri barya ijana ya barya umwe kuri batanu nahisemwo imbere yuko isi ishirwaho. Nateguye iki KIBANZA KUBWANYU… KANDI KURYA NYENE MUGIKUNDA.

Kandi mwiyumvire ko, dukoraniye impande n’impande y’imeza yiwe mu gihe avugana natwe indwi ku ndwi, umunsi ku munsi, isaha kw’isaha, aduhishurura Ijambo ryose ryiWe ry’igitangaza. Aguma atubwira abo turi; ukuntu adukunda; uko vyari, uko biri, hamwe nuko bigiye kuzoshika.

Nta majambo dufise yo kubisigura ingene ari ivyo akamaro kuri twebwe, canke ukuntu twiyumva mu gihe tuMwumviriza atubwira ibi bintu. Igihe dufyonze tukavuza maze tukumviriza iryo Jwi, tuva muri iyi si hanyuma ubwo nyene tukicarana nawe ahantu ho mw’ijuru. Imishaha yacu iraremeshejwe. Twumva Mpwemu Yera Atwuzura hamwe n’Impwemu yiWe. Ni umunezero udashobora gusigurwa. Imana iriko Iravugana NATWE. Ijambo ryose ryavuzwe ku ma Bande yarivuze kubwacu. Arazi neza na neza ivyo twokenera kwumviriza hamwe n’igihe twokenera kuryumviriza… kandi kenshi dukenera kwama turyumviriza… kandi buri gihe ryuzura UMUSHAHA WACU.

Ntitwigera turuha kumWumviriza Atubwira ivyerekeye iyerekwa, inzozi, Niko Uhoraho Agize, Hirya ya ca gihuzu, atwitegereza mu mvune zera, ugukwerwa kwa gatatu, arema inkezi, inkota y’Imana Ibereye ikiganza ciWe gitunganye, imfungurwa zibitse, ziteguwe ku meza imbere, imituragaro, abamarayika b’inkomezi baza maze Bakamutwara, urya mu marayika w’iindwi yiharije yasigura vyinshi kuri we, ikimenyetso gihoraho c’umusozi w’indwi w’agasongero wavuga BRANHAM, avuga gusa ibiri kuri bande, mfise amajambo atananirwa, yahamagawe k’umuhamagaro wo hejuru, nzobabwira IHISHURA RYANJE, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe, gumana n’inyigisho za Bande, ngiye kuzobahamagara UMUGENI, Atari si ibi, birya… turabikunda VYOSE

Iri ni iyerekwa ryanje. Ijwi ry’Imana kuri Bande ni ubugombe bw’Imana butunganye, IHEREZO RY’AMAJAMBO. Kuvuza ama bande ni ubugombe bw’Imana Butunganye, IHEREZO RY ‘AMAJAMBO. Murashobora kumviriza abavugabutumwa, abigisha, intumwa, abahanuzi, abungere, ariko ama bande ni, kandi ategerezwa kuba, Ijwi ngirakamaro cane mushobora kumviriza, IHEREZO RY’AMAJAMBO. Ijwi ku ma bande ni ryo Jwi ryonyene Imana Yivugiye Iti, NI MU MWUMVE, IHEREZO RY’AMAJAMBO.

BeneData na Bashiki banje, singwanya umuntu n’umwe, nshigikiye iryo Jwi gusa. Dutegerezwa, kandi nda, ndakunda abo bose bavuga ko bakunda kandi bizera ubu Butumwa. Naho mwumva ko mbwira abantu ibitari vyo mu Gufyonda Bakavuza, ndabakunda kandi ndizera yuko munkunda, twese dukeneye kuba mu bugombe bwayo butunganye. Ndabasavye mugume mukora ivyo Imana Yabahamagariye gukora, vuga ubutumwa, igisha, ba umwungere, bwira gusa ubusho bwawe ijwi ngira kamaro iryo ari ryo boshobora kwumviriza.

Iryo Jwi ryonyene kuri Bande rivuga ikintu kimwe BURI GIHE. Ntiryigera rihindura. Umugeni ashobora KUVUGA GUSA AMEN kuri buri jambo riri kuma Bande, ariko Umugeni ntashobora kuvuga amen kuri buri jambo rivuzwe n’uwundi muntu, IHEREZO RY’AMAJAMBO.

Namba utizera ivyo, nturi Umugeni. Namba wizera ivyo, rero ntuzogira ikibazo co kubwira ubusho bwawe ko kwumviriza ama Bande ari Ijwi ngirakamaro boshobora kwumviriza.

Mu gufata ibi vyashikirijwe numvise ku bavugabutumwa batandukanye bavuga yuko mbwira abantu kutumviriza abungere babo hamwe no kuvavanura n’amashengero yabo, IBI SI UKURI. sinokwigera mvuga ivyo kandi sinizera ivyo.

Ni ukuri ko benshi bariko baravuga ibintu ntigeze mvuga, kandi nta nizera. Sinzobibazwa, kiretse ivyo navuze kandi nizera. Naravuze vy’ukuri kumugaragaro hanyuma ndabivuga urudome ku rundi neza na neza ivyo nizera. Bobo / muriko murahengamika ivyo navuze / ivyo nashaka kuvuga.

Umugeni azovuga ico kintu nyene nta bantu babiri bavuga ikintu kimwe. Ijwi rimwe. Umuhanuzi umwe. Umugeni umwe.

Sinizera yuko mutegerzwa kwumviriza ubutumwa mu mwanya umwe, nk’uko abizera benshi kw’isi yose babikora, kugira babe Umugeni waYo, ariko nizera yuko mwotegerejwe kwumvuriza Ijwi ry’intumwa mu marayika w’Indwi kuw’iyinga mu gitondo… shiraho iryo Jwi UBWA MBERE.

Muratumiwe kuza kwumvirizanya hamwe natwe: Agashashara k’Indwi 63-0324E, kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, mu gihe igice c’umugeni kw’isi yose azoba ariko y’umviriza iryo Jwi kuri uyo mwanya umwe nyene.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 29:16-19
1Abami 12: 25-30
Ezekiyeli 48:1-7, 23-29
Matayo 24:31-32
Ivyahishuriwe Yohana 7
Ivyahishuriwe Yohana 8:1
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 14