22-0320 Agashashara k Indwi

Ubutumwa: 63-0324E Agashashara k Indwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Umwizigirwa,

Kandi amenye ikigira indwi kimatanije ico gitabu, haba agacerere mw’ijuru nk’igihimba c’isaha.

  • Ng’iyi Imituragaro Indwi Ikurikirana, neza mu murongo : rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi, kirya giharuro gitunganye. Imituragaro Indwi mu murongo, yaturagaye, atari… agira gusa—gusa rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi, yarakurikirana. Rero, Amajuru ntiyashobora kwandika Ivyo. Amajuru ntiyari azi ivyerekeye ivyo, nta na kimwe kindi, kuko nta na kimwe cariho co kubandanya. Cari igihe co kuruhuka. Vyari bihambaye cane, gushika, aho vyagumijwe ari ibanga ku Bamarayika.
  • Kandi imituragaro indwi imaze kuvuga nari ngiye kwandika… Hariho ikintu kinaka cavuzwe. Ntirwari urwamo gusa. Ikintu kinaka caravuzwe. Yari agiye kwandika.. kandi numvise ijwi rivuye mw’ijuru rimbarira,…Murabe aho amajwi yari ari, Imituragaro. Si mw’Ijuru ; kw’isi ! Imituragaro ntiyigeze ituragarira mw’ijuru. Yaturagariye kw’isi.
  • Indwi. Igiharuro gitunganye c’Imana. Indwi neza munsi y’umurongo. Imituragaro Indwi yaturagariye neza rimwe, nk’aho yariko iradondagura ikintu kinaka.

Icipfuzo co mu mutima wacu ni ico kuba umuhungu canke umukobwa w’Imana w’ukuri ; kwitegurira Izamurwa ryiWe rigiye kuza vuba. Rero dutegerezwa kubaza Umwami tuti, « Ni igiki kizoha Umugeni Ukwizera kw’Izamurwa Akeneye » ?

  • Ndizera ko, biciye muri iyo Mituragaro Ndwi, izohishurwa mu minsi ya nyuma mu buryo bwo gushira Umugeni hamwe kubw’ukwizera kw’izamurwa.
  • Kandi Imituragaro Indwi, neza mu guhishura ng’aha kwa Yesu Kristo, Ni ibanga rinaka. Mbega Bibiliya Ntivuga ko Uku ari « Uguhishura kwa Yesu Kristo » ? Yemwe, hariho ibanga rinaka rihishijwe, ryaKwo. Kuko, Yohana yari agiye kwandika, maze Ijwi Ryamanutse Rivuye mw’Ijuru, Ryavuze Riti, « Ntuvyandike. Ariko matanishe ishashara. Bimatanishe ishashara. Bishire inyuma y’Igitabu. » Bitegerezwa guhishurwa. Ni amabanga.

Mbega Mpwemu Yera, biciye mu gikorwa c’Imana, Agiye guhishurira Umugeni Uguhishurirwa kw’Imituragaro Ndwi kuzobaha ukwizera kw’Izamurwa ?

  • Ubu iyi ntumwa yo muri Malaki 4 n’Ivyahishuriwe Yohana 10 :7 igiye gukora ibintu bibiri. Icambere : Bijanye na Malaki 4 izohindukiriza imitima y’abana ku ya base. Ica kabiri : Izohishura amabanga y’imituragaro ndwi yo mu Vyahishuriwe Yohana 10 ariyo mabanga ari mu dushashara ndwi.
  • Utu Dushashara turi inyuma y’Igitabu. « Kandi ico gihe umumarayika w’indwi azoba ariko aravuga, amabanga yose yanditswe yo mu Gitabu, azoba aherahejwe. » Kandi buno nyene Igitabu, cari cuguruye kandi canditswemwo, kirugawe. « Amabanga y’Imana Araherahejwe. » kandi aya ni amabanga y’Imana : ukugenda kw’Ishengero, n’ibi bindi bintu vyose. « Amabanga ararangiye. » Igihe urya mumarayika w’indwi avuga ibanga ryose, riraheze. Uwo yoba ari wese, ico yoba ari cose. Ijambo ry’Imana Ntirishobora gutsindwa.

BIROROSHE CANE.

Ibanga, kubw’ iyo Mituragaro Ndwi Rizoha Umugeni Izamurwa kubw’Ukwizera. Imana YONYENE, biciye mu mumarayika ntumwa waYo, Izohishurira Umugeni IMITURAGARO INDWI.

Namba ushaka ko Imituragaro Indwi iguhishurirwa, kugira ngo iguhe Ukwizera kw’Izamurwa, nta bundi buryo bwo kuronka ukwo Guhishurirwa atari ukukwakira kuvuye mw’Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe ryonyene ry’iki gihe cacu ; atari kuri jewe, atari ku mwungere wawe w’aho uherereye, umuvugabutumwa, canke umwigisha, ariko rivuye ku mwungere w’Imana kw’isi, mu GUFYONDA UKAVUZA.

Ni muze mwumvirize amabanga yose ahishurwa : ni mwakire Ukwizera kw’Izamurwa kandi mwuzuze Amavuta itara ryanyu, kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isakumi na zibiri mu Burundi) mu gihe tuzokwumva Imana Ivuga kandi Yihishura ubwayo mu biciye bugufi kandi Ituzanira : Agashashara k’Indwi, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante ku mugoroba, umwaka wa 1963.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Gusubira mu Vyagezwe 29 :16-19
Igitabu ca mbere c’Abami 12 :25-30
Ezekiyeli 48 : 1-7, 23-29
Matayo 24 :31-32
Ivyahishuriwe Yohana 7
Ivyahishuriwe Yohana 8 :1
Ivyahishuriwe Yohana 10 :1-7
Ivyahishuriwe Yohana 14