22-0327 Guhagarara Mu Canzo

Ubutumwa: 63-0623M Guhagarara Mu Canzo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizigirwa,

Aya mayinga aheze habaye igihe c’ubwiza gusumba ibindi mu buzima bwacu bwose. Vyabaye ibihe bihambaye kuruta ibindi vyo kuba mu bumwe n’Umugeni waYo kw’isi yose, twumviriza Imana Ihishura Udushashara Ndwi.

Mbega twariko turumviriza iki twese turi umwe dukoraniye hamwe ?

Imbere y’irya piramide, hariho Ibuye Ryera Ritari Ryanditseko. » Niyo mpamvu nategerezwa kuja mu burengero, kuja kubonana n’Abamalayika bari bafise Ubutumwa, kugaruka ng’aha kuBuhishurira ishengero.

Yategerezwa kuja mu burengero kugira ngo abonane n’abo Bamarayika Ndwi, kugaruka kuduhishurira ibitari binanditse ; ariko ubu, mu Guhishura, vyaraduhishuriwe kandi biduha Ukwizera kw’Izamurwa.

Twarumvise ubu Butumwa ubuzima bwacu bwose, ariko ubu burahishuwe nk’uko butigeze buba mbere ; ubu ni umunsi, ubu ni igihe. Turabona kandi turumva ico Yatubwiye ko kigiye kuba, hompi, mw’isi no muri ubu Butumwa, kandi ubu biriko biragaragarira amaso yacu nyene.

Mbega intumwa mumarayika wacu w’indwi yari umuhanuzi gusa nk’abahanuzi ba kera ? Oya, yahamagariwe igikorwa kiri hejuru cane gusumba abahanuzi bose b’imbere yiwe. Kuko yari Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu nk’uko Yabikoze haraheze imyaka ibihumbi bibiri. Umuhanuzi wacu yahamagariwe KURONGORA UMUGENI gushika i Muhira iwaca hashasha hanyuma akatwereka Umwami.

Yatubwiye ko ibango ry’igikorwa ciwe cagereranywa n’ubuzima bwa Mose mu buryo butunganye. Mu gihe Mose yari mu rugendo rwiwe akurikira Inkingi y’Umuriro, abantu barahagurutse maze baramurwanya. Abo bantu bari barahamagariwe gusohoka kandi bari ku nzira yabo baja mu gihugu c’isezerano. Barwanije Mose mu kuvuga ko yishize hejuru ; si we wenyene yari uwera yahamagawe, nabo bari abera kandi bari bakeneye kwigisha ikintu kinaka nabo.

Yavuze ko bari abera, kandi vy’ukuri bari bafise ikintu kinaka co gukora, ariko Imana Yari YaraMUhamagaye, MOSE, UMUNTU UMWE, kurongora ihanga.

Bari bafise ikibanza cabo. Bari basizwe. Bariko barakora ico bari barahamagariwe kandi bagenewe gukora mu kubwira ihanga bati, « mwumvirize Mose », ariko bashaka kuvuga IKINDI KINTU KINAKA, CANKE GUSIGURA ICO MOSE YAVUGA. Ntibari bahagijwe no kwereka gusa abantu kwumviriza Mose. Bashaka kurongora ihanga. Bashaka gukora ikindi kintu kinaka, canke gitandukanye, gusumba ico bari barahawe gukora.

Namba uhora ukekeranya mu vyiyumviro vyawe umuhanuzi wacu uwo ari we, canke ico yari yarahamariwe gukora, ndagutumiye kuja mu burengero kuraba urufatane rw’umusozi Imana ubwaYo Yakoze nk’ikimenyetso c’ibihe bidashira kw’isi, mu gushira izina ry’umuhanuzi wacu, B-R-A-N-H-A-M, kuri urya musozi.

Uri Umugeni wa Yesu Kristo. Yaraguhisemwo kandi Yaragutoranije. Ijambo RyiWe Riba kandi Rigerera muri wewe. Uri Ijambo Rizima Ryihaye umubiri. Yaguhaye Uguhishurirwa kw’Ijambo ryiWe. Satani nta bubasha afise kuri wewe . Kurya Kwizera kw’Izamurwa kwibera kandi kugerera muri wewe.

Mpwemu Yera Arongora Umugeni WiWe n’inzira yiWE yonyene Yatanze y’iki gihe, Ijambo RyiWe Ryavuzwe n’umuhanuzi Mumarayika wiWe w’indwi. Urya muhanuzi ni umwungere wacu.

Umwungere wacu yadusezeraniye ko ibande nshasha iyo ari yo yose yozanana ubwa mbere mu Kigega, gushika aho Umwami Abihinduye. Kuko ni hariya amabande yabitswe yokorerwa.

Vyongeye Yategetse umwungere mwunganizi mweneData Neville, hanyuma ubu kubw’Ubuntu bwiWe, ni jewe ubwanje, ico twotegerezwa gukora kw’ishengero.

Ndasaba ko Uzofasha umwungere wacu mukundwa, mweneData Neville. Umugire, Mwami, uwuzuye ubuntu kandi yuzure ubushobozi, kandi hamwe n’ugutahura, kugira ngo ashobore gufata ibi Bifungurwa vyabitswe maze agaburire imyagazi y’Imana.

Aya ma bande ni ay’abo umuhanuzi yahamagariwe kubera umwungere. Namba ushaka kwumviriza UKO NIKO UHORAHO AGIZE, ni uze wumvirize hamwe natwe kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’i Burundi): Guhagarara mu Canzo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi mu gitondo, mu gihe twumviriza Imfungurwa Zabitswe Zaronkejwe Umugeni.

Tuzotangurira Ubutumwa ku karongo ka 27.
MweneData Joseph Branham.
Icanditwe co gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Guharura 16 : 3-4