22-0403 UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Ubutumwa: 63-0623E UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Abinjiye Twese,
Imana Ishimwe, es’igihe tubayemwo. Twumviriza Ubutumwa Bwemejwe, n’igikorw cose, kuba Yesu Kristo ari wa Wundi ejo, uno munsi, no mu bihe bidashira. Bwakoze ibintu bimwe nyene Yakoze igihe Yari ng’aha kw’isi; Yakijije abarwaye, Yari Azi ivyiyumviro vyo mu bwenge, Yerekanye ibintu bigiye kuba, Yazuye abapfuye, kandi igihe cose, Vyari bitunganye.

Amazi yarogeje ubutaka bwose bwo ku gasongero k’umusozi. Nta na kimwe casigaye kiretse Igitandara. Hariho Ivyandiko vy’insigabwenge kuri ico Gitandara, ku buryo Imana Yaturungikiye umuhanuzi waYo w’inkomezi gusobanurira Umugeni waYo ivyo Vyandiko. Ubu Bibiliya Yarasiguwe neza.

Yatwaye umumarayika waYo w’inkomezi ku musozi kandi Yashize INKOTA Y’UMWAMI MU KIGANZA CIWE. Umumarayika waYo yaciye atema agasongero k’uwo musozi aze arawuduza. Imbere yawo hari igitandara cera, ikintu kinaka c’ubwoko bw’ibuye bita granite ritari rinanditseko.

Yatubwiye kuraba kuri Ivyo mu gihe yaja mu Burengero. Yaciye aduzwa hagati y’Abamarayika Ndwi maze aragaruka hanyuma aduhishurira IVYO VYOSE BITARI BINANDITSE MURI ICO GITANDARA.

“Uyu ni umusavyi waNje. Kandi Namuhamagariye kuba umuhanuzi w’igihe, kurongora ihanga neza nk’uko Mose yakoze. Kandi yahawe ububasha, yashobora kuvuga bikaba.” Canke ikintu kinaka nk’ico, nk’uko Mose yakoze, nko kuvugira mu masazi. Kandi turazi ivyerekeye inkezi, n’ibindi, n’ibintu vyamaze kuba. Hattie Wright mutoya hariya inyuma, nibaza ko muzi ivyabaye mu nzu yiwe.

W-I-L-L-I-A-M M-A-R-R-I-O-N B-R-A-N-H-A-M ni umuntu w’Imana Yatoreye kurongora Umugeni waYo w’iki gihe. Ni umubiri Yatoye kutubwiriramwo nk’uko Yakoze igihe Yaza mu mubiri haraheze imyaka 2000. Icanditswe cose Kiravyemeza. Mpwemu Yera Yarabihishuye. Ubu hariho ivyo vyizigiro, dufise UGUHISHURIRWA KW’UKURI kw’uwo We Yari , uwo We Ari n’abo TURI : Umugeni WaYo Mukundwa Yatoye.

Turazi ko turi mu Bugombe BwaYo Butunganye mu kugumana n’Ijambo RyaYo. Bizana uwo munezero n’uguhimbarwa. Ntibishoboka kuvuga mu majambo asanzwe ico bisigura kuri twebwe?

Twamye tuzi ibwina mu mutima wacu no mu bugingo bwacu ko hariho ikintu gitandukanye hariya. Twamenye, n’igihe twari mu vyaha, ko hariho ikintu kinaka hariya tutashobora gusigura, ariko cari hariya gusa. Ubu TURAZI. Ntitwigeze twiyumva nk’uku mbere, nta gukekeranya kukihari, nta kwibaza kukihari, nta kubaza kukihari. Bimase kandi vyanditse mu bugingo bwacu. IMANA ISHIMWE!!

Turi urunganwe rutazokurwaho gushika ibi bintu vyose bishitse. Turi urunganwe rubona kwa kureka Imana gushika imbere y’amaso yacu. Igihe kirageze. Ikimuri gitukura kiravya, nk’ikimenyetso c’Ukuza kwiWe, kiri ng’aha. Ukugabisha kwa nyuma kwaYo kurashitse.

Urupfu n’ugusambura vyose biradukikuje. Tuba muri Sodomu na Gomora? Umwanda, icaha, umutima w’abantu urandurwa n’ubwoba, ibisasu kirimbuzi, agahinda mu bihugu, kandi igihe cose twunze ubumwe kandi twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru nk’uko Imana ubwaYo Itubwira, NTIMUGIRE UBWOBA, MURI UMUKUNZI WANJE. Nta na kimwe gishobora kubashikira. Mureke gusa imitima yanyu igurugumbire muri mwebwe mu gihe mvugana namwe mu nzira kandi ndababwira ko, MURI UMUGENI WANJE.

Ni muze mufatanye natwe kuri uyu w’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe hari urwamo ruriko ruravuga. Ukuboko kuramanutse. Ikimuri gitukura catanguye kuravya. Namba witeguriye kujana natwe, vyoba vyiza ujugunye hasi rirya saho ry’ibiyoba, uhagarike kuvuga, uterure amavalisi yawe, kandi witegure, atari uko uzosigwa inyuma, kuko ahagarara ng’aha gusa umwanya mutoya gusa. Aje kuvuga : Ukuravya kw’Ikimuri Gitukura nk’Ikimenyetso c’Ukuza kwiWe, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi ku mugoroba, umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa :

Matayo 5:28
Matayo 22:20
Matayo 24
2 Timoteyo : 4
Yuda 1:7
Itanguriro 6