23-0917 Guhagarara Mu Canzo

Ubutumwa: 63-0623M Guhagarara Mu Canzo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mwatoranijwe,

Umwami wacu Yesu aradukunda cane, kuburyo vyamuhimbaye kuturungikira Umuhanuzi mu gihe cacu. Uwo yarafitiye icizere ijana kw ‘ijana. Uwo yashobora kuza maze akamubamwo, Rero yashobora kwihishurira muri uwo muntu kugira ahamagarire Umugeni gusohoka.
Umuhanuzi wiwe aradukunda cane kuburyo yatanze isezerano kuri twebwe , no ku Mana, ko Buri Butumwa bushasha bwoje buvuye kw’ishengero ryiwe ritoya. Yobifashe amajwi, akabibika, kugira Umugeni w’Imana azoronke Imfungurwa za Mpwemu zo gufungura, mbere no mu gihe atazoba agihari.

Imana yarakunze Umumalayika Muhanuzi wayo cane kuburyo yafashije Umuhanuzi waYo kubika Ijambo ryiWe kubwacu.

Imana Imaze kuvugana n’Umumalayika wayo w’inkomezi maze ikamuhishurira kandi ikaduhishurira Bibiliya yose, Rero yuguruye Agasongero k’ Urutare rufise ishusho ya Piiramide, Rutari runanditseko, kandi yabihishuriye Umumalalika wiWe, kugira ashobore kuduhereza Amabanga yose , twebwe Umugeni wayo.

Imana kandi yarahaye iyerekwa MweneData Roberson, igihe yabona inkingi y’umuriro iteruye umuhanuzi wayo maze imujana mu Burengero, hanyuma iramugarukana maze imushira hejuru y’ y’Imeza aho yahinduriwe.

Mpwemu Yera yaravuze hanyuma aramubwira ati, « Uyu ni umusavyi wanje. Kandi namuhamagariye kuba umuhanuzi w’iki gihe, kurongora abantu nk’uko Mose yabikoze. Yamuhaye ububasha bwo kuvuga ibintu bikabaho. »

Umuhamagaro wa Mose wari uwuhe ? Yategerezwa gukora iki ? Imana Yategetse Mose kurongora ihanga rigana mu gihugu c’isezerano. Ariko habonetse abantu bafashe ingingo bivanga mu gikorwa Imana Yari yahaye Mose, bati, Vyose uravyishirako ukarenza urugero. Ugerageza kuvuga ko muri uwu mugwi wose ari wewe wenyene ufise ivyo kuvuga. »

Ico kintu carababaje Imana cane gushika aho Ibwira Mose ati, « Itandukanye nabo. Ngiye kwica uwo mugwi, maze ntanguze urunganwe rushasha hamwe nawe. » Maze Mose yikubise imbere y’Imana hanyuma avuga ko Yohera kuri we.

Asangwa Imana Yohoneje abantu mu gihe cacu, Ni nde yohagararira abantu nka Mose ? Ni hehe mworonka umuntu yokwemeye guhagara canke yoshobora guhagarara, uwo Imana yokwemera nk’uko yabikoze kuri Mose ? Hariho umuntu umwe hano kw’isi asigura vyinshi ku Mana kugira Igumye uburake bwayo, ni Umumalayika w’indwi wayo w’inkomezi.

Imana Yamye ifise umugambi igihe cose. Umugeni waYo azotahura uwo mugambi kandi azogumana nawo Ijambo kw’Ijambo. Barazi ko bategerezwa kugumana niryo Jwi Imana yahisemwo kugira ribarongore bashike mu gihugu c’isezerano.

Imana Yavuze biciye mu muhanuzi wayo hanyuma yatanze uburyo buhagije bwo guhitamwo ,nka kurya Nowa yabikoze mu bwato bwiwe ku numa hamwe n’igikona. Ariko nkuko inuma yama igaruka mu Bwato, Umugeni azokwama agaruka ku Butumwa, Iryo Jwi, AMA BANDE.

Ni nde yari umuhanuzi w’igihe cacu ? Hamye abahanuzi b’inkomezi imbere yuko Imana ihamagara hanyuma ikarungika kurongora Ihanga ryayo mu bihe bitandukanye : Aburahamu, Mose, Eliya, Elisa, ariko nta numwe muri bo yarameze nk’uyu muhanuzi w’inkomezi wo mu gihe cacu. Yahamagariwe igikorwa gihambaye gusumba abandi bose. Niwe Imana yahisemwo kugira ahishure amabanga yose, niwe yahisemwo kugira avuge ikintu kitariho kugira gice kibaho. Niwe Imana yahisemwo kugira ahishure ugukwerwa kwa gatatu. Niwe Imana yahisemwo kugira ayobore Umugeni wayo.

Es’ukuntu turi abantu bahezagiwe, Umugeni w’Imana yatoranijwe. Ni gute twoba abantu bikengera ? Ni gute twoba abantu buzuye umubabaro ? Satani agerageza kuduca intege, ariko turafise intsinzi, Twashizweko ikimenyetso, turi muri ubwo Bwato ata co twinona. Imiryango irugaye. Nta kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi. Turi Adamu wiwe yashumbushijwe.

Ariko aza kutujana twebwe, Umugeni wiwe yatoranijwe. Hazobaho bamwe muri twebwe batazohonja urupfu, ariko tuzohindurwa mu kanya gato, akanya nka ko gukubita urugohe. IMANA ISHIMWE !!

Nk’uko bimeze kuri mwebwe, ndanezerewe cane, Ijambo ryiwe, Ihishurirwa yampaye , ricika irihambaye ku munsi ku munsi. Niteze ibintu bihambaye. Ataje uyu munsi, nkumbure Azoza ejo, ariko ndazi yuko Agiye kuza vuba kandi AZOZA KUJANA JEWE NA WEWE.

Ingo mwifatanye natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza imfungurwa zabitswe mu kibanza gitoya cacu mu gihe tuzohanga amaso hejuru hanyuma twumvirize : Guhagarara mu Canzo 63-0623M. Tuzotangurira Ubutumwa ku Murongo canke paragrafe ya 27.
MweneData Joseph Branham

Guharura 16 :3-4