23-0924 UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Ubutumwa: 63-0623E UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni adafise ubwoba,

UKUGABISHA! UKUGABISHA! Ikimuri gitukura kiriko kirarabagiza. Ukumanurwa kw’igihuzu kwarashitse. Dutegerezwa gushira ikintu cose ku ruhande, IKINTU COSE kandi mwitegure. Turi kw’iherezo. Igihe twari turindiriye uhereye kun tango carashitse. Ubuvugishwa buriko burashitswa.

Imana yatwaye intumwa yayo nkukuma y’inkomezi mu kirere ahantu ho mw’Ijuru kugira yitegereze mu myaka 60 uhereye 1963 gushika uyu musi , Ukw’icenda 2023, kugira abone ibintu vyose biriko birashika mu gihe cacu… Ukuntu isi izoba imeze, abagore b’ingeso mbi, ukw’Ishengero rizoba rimeze, Ubusazi bw’abantu, ububi, ukugenda amenya, Malaya w’agahebuza mu mashami yose y’ubutegetsi, Ubunyonyezi muri politique, kandi yaratugabishije ku vyari bigiye gushika.

Ubu rero turabibona bigaragajwe imbere y’amaso yacu nk’uko yatubwiye ko vyoshitse. Ni twebwe twabonye ibi bintu vyose bishika. Ikintu cose kiri mu kibanza. Vyahindutse ikirundo gihambaye c’umwanda.

Isi yose iri mu ruhagarara. Barazi yuko atavyizigiro bigisigaye. Bitera vyunyuka buri musi. Isi itekewe n’ubwoba. Ubutunzi burabangamiwe , Ubwicanyi bw’inzirakarengane, Abagore bashaka kuba abagabo n’abagabo bashaka kwibera abagore. Ikintu ico ari co cose kiremewe. Mbega hashobora gushika iki umwanya uwo ari wo wose ? Barazi ko ari ikintu kimeze nk’ ikirunga; gishobora guturika umwanya uwo ari wo wose. Murashobora kubibabonamwo, mu bikorwa vyabo, NTA VYIZIGIRO BIHARI, BAFISE UBWOBA.

N’ayiyita amashengero rukristo ariko yemera abungere bahinduye ibitsina bakigira abagore canke abagabo, abarongozi muvya Mpwemu barongora abantu. Vyarushirije kuba bibi kuruta Sodomu na Gomora. Satani n’ubwami bwiwe bariko bishira hamwe kandi bahindutse umwe. Yarashikije ihangiro ryiwe.

ARIKO IMANA ISHIMWE, Muri uku kwononekara n’ubwoba, Data YaraTUzigamye, Umugwi w’abantu biWe batoranijwe , Umukunzi Mugeni wiwe, ari mu mutekano mubiganza vyiwe kandi turiko tugiriranira ubumwe bwo muri Mpwemu hamwe nawe nkuko bitigeze kuba mbere. Iki ni igihe gihamabye mu buzima bwacu. Ni ivy’igitangaza. Ni ivy’ubwiza. Bisize ubwenge. Birengeye uko twobivuga.

Umubiri wacu uriko urahinduka Ijambo, kandi Ijambo ririko rirahinduka umubiri; waragaragajwe, waremejwe. Ivyo Bibiliya yavuze vyoshitse muri iki gihe, biriko birashika, umusi ku musi.
Ibintu biriko birashika kandi birashika vyihuta kuburyo tutobigenzura. Turi hafi y’ukuza k’Umwami Yesu; Kugira tube umwe naWe, aho Ijambo rihinduka Ijambo.

Hamwe n’ibi bintu vyose biriko birashika hirya no hino yacu, NTITWARI BWIGERE TUNEZERWA
, duhimbarwa cane canke duhazwa cane. Imitima yacu n’ubugingo bwacu biriko biradudubizamwo umunezero utovurwa kandi vyuzuye ubwiza. Ni ikintu c’insigabwenge.

Turiko turonka indemeshanyo kuruta uko vyari mbere, tuzi neza ko kuva mu ntango, twatoranirijwe kuba umuhungu n’umukobwa w’Imana.

TURI Umugeni wa Kristo w’ingeso nziza, yogejwe mu Maraso ya Kristo. W’ubwiza, w’ingeso nziza, Umwana w’Imana atagira icaha w’intungane, Umugeni-Jambo atanduye yogejwe n’Amaraso yiwe bwite. Twatoranirijwe mu gikiriza ca Data imbere y’itanguriro ry’igihe; co kimwe n’uko yari… Imana Ishimwe!! HALELUYA!

Ntituri ivyo gusa, ariko vuba twimirije kwinjira mu Bukwe mu kirere, twambaye imyambaro y’ubukwe bw’abatoranijwe. YaraTUzi…Vyiyumvireko gusa, Yatumenye imbere yuko isi ishirwaho, yatwambitse umwambaro w’ubukwe hariya hanyuma ashira Izina ryacu mu GITABU C’UBUGINGO C’UMWAGAZI W’INTAMA, ntitwahariwe gusa, ariko TWARANATSINDANISHIRIJWE.

Hariho inzira imwe gusa yokuronka ibi, mutegerezwa kuza muciye mu nzira imwe gusa yateguwe n’Imana. Ijambo ry’inkomoko, Fyonda uvuze.

Turakengurutse kuko dufise uku guhishurirwa. Birasobanuwe neza kuri twebwe. Inyama n’Amaraso ntivyabiduhishuriye, ariko ni Data ari Mw’Ijuru nta majambo dufise twokoresha mu kuvuga ukuntu tumukunda kubw’ivyo…. UBUNTU BUTANGAJE.

Nta kindi kintu ngirakamaro nko kwumviriza Ijwi ry’Imana rivugana namwe Umunwa ku gutwi. Umunezero wuzuye ubugingo bwacu. Nta kwibaza, nta gukabakaba, oya, nta no kwiyumvira, TURAZI KO , ARI NIKO UHORAHO AGIZE. Ntimushobora kuronka ivyo ijana kw’ijana ahandi hantu kiretse kuri Bande.

Nipfuje kubatumira kuza kwifatanya natwe mu gihe tuzoba turiko turumviriza Ijwi ry’Imana ritubwira ivyerekeye igihe tubayewmo, Mu gihe azoba ariko aravuga biciye mu muhanuzi nkukuma wiwe w’inkomezi hanyuma atuzanire Ubutumwa : Ukuravya kw’Ikimuri Gitukura nk’ikimenyetso c’Ukuza kwiWe 63-0623E

Tuzoba dukoranye kw’isi yose isaha zitandatu, isaha ya Jeffersonville (Isaha 12 z’umugoroba mu Burundi). Asangwa udashoboye kwifatanya natwe, aho ari ho hose uri, ivyo ari vyo vyose uriko urakora, Fyonda uvuze hanyuma wumvirize Amajambo y’Ubugingo Budashira.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Matayo 5:28 / 22:20/ Igice ca 24
2Timoteyo 4
Yuda 1 :7
Itanguriro 6