23-1001 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630m Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wasohotse,

Ibi bintu turiko turabona bishika uyu munsi ntivyigeze bishika imyaka mirongo ibiri iheze, canke imyaka mirongo ine iheze; Ni uno munsi gusa biriko birashika. Iki nico gihe! Iki nico kiringo! Rero iki nico gihe cuko bishitswa. Imana yarabisezeranye, KANDI NG’IBI.

Dufise ugutahura kwa Mpwemu; Ibigabitanyo vy’iki gihugu vyaruzuye. Igihe carashitse. Ni igihe co kuja mu gihugu c’Isezerano. Si mukuja mu kindi gihugu, ariko ni muhira hacu ho muri kazoza twari turindiriye.

Vyiyumvireko gusa, ikiriko kiturongora gisumba Umuhanuzi. Ni Imana yigaragaje ubwayo mu Mubiri hagati muri twebwe, hamwe n’Ijambo ryiwe ryo kubigaragaza. Umuhanuzi yamaze ikiringo kirekire gusumba uwundi muhanuzi. Ni inkingi y’Umuriro iriko iturongorera mu gihugu c’Isezerano, Inganji y’imyaka igihumbi.

Yahisemwo umuhanuzi wacu kandi Imuha ikimenyetso c’insigabwenge c’inkingi y’umuriro, kugira ntashobore kwihenda. Ivyo Umuhanuzi yavuze ni Amajambo y’ukuri y’Imana. Yatwaye umuhanuzi wacu, aramumenyereza, hanyuma amugarukana kuri twebwe afise inkingi y’umuriro, amwemeza ubwiwe kuri twebwe, maze aduha ihishurirwa ryose ry’Ijambo ryiwe.

Asangwa dushaka kuja muri ico gihugu c’Isezerano, Tubwirizwa kutibagira, Imana ntishobora, kandi ntizoshobora, guhindura umugambi wayo. Ni Imana , kandi ntishobora. Yaratubwiye ko Itazokwigera ikorana n’umugwi. Ntiyigeze ibikora.Ikorana natwe nk’abantu kugiti cabo. Yadusezeraniye mw’Ijambo ryayo ko izoturungikira Malaki 4 kugira aturongorere muri iki Gihugu kandi yarabikoze.

Ariko, Murabona, Ahabu yarafise uburyo bw’ugukora yiyumvirako bwari ubw’Uhoraho. Yavuze ati, Ndafise amajana ane muri bo, bize kandi bamenyerejwe.” Kandi bavuga ko ari abahanuzi bo mu Baheburayo, nkuko imigwi y’ivugabutumwa ikora uyu munsi.

Benshi ntibashaka kuvyemera, ariko nka Eliya wa kera, intumwa mumalayika w’indwi w’Imana, umwungere wacu, ni umwungere w’isi kugira arongore Umugeni waYo.

Ni Malaki 4:5 hamwe n’Ivyahishuriwe Yohana 10:7. Ni ugushitswa kwose kw’ivyanditswe Bibiliya yavuze mbere kuri we. Ni Ubu Butumwa, Iri Jwi, Ni Ijwi ry’Imana rihamagara Umugeni wayo. Ni ikimenyetso c’Imana kubw’ iki gihe.

Niya nkingi y’umuriro, bwa buryo bw’ugusirwa nyene. Ya Mana ikora vya bintu nyene.

Ubu Ijambo ryihaye umubiri kandi ribana natwe mu mibiri yacu, Ijambo Mugeni wiwe.

Reka tumuborogere hanyuma tumushime, tumutazire, tumusenge, kuvyo yadukoreye vyose:, yaraducunguye, Yaradutoranije, aradutsindanishiriza.

Ivyo Ariko aradukorera ubu; aduha uguhishurirwa kugeretse ku kundi, Atubwira abo turi, nivyo agiye kuzodukorera … araje Atujane twebwe Umugeni wayo, hanyuma atujane I muhira hacu ho muri kazoza yaduteguriye, maze tubane na We mu bihe bidashira.

Ivyo dukeneye vyose, ni muMutakambire. Ivyo nivyo Ashaka ko abana biwe bakora. MuMutakambire gushika aho mwumva muhagijwe hanyuma muronke ivyo mukeneye.

Ingo hanyuma mufatanirize hamwe n’igice c’Umugeni wayo ,kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville, [hakazoba ari isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi.] Hanyuma mwumvirize umwungere w’Imana kw’isi, William Marrion Branham, atubwira ivyerekeye : Ukuvayo kwa Gatatu 63-0630M.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma Imbere y’ukwumviriza Ubutumwa :

Kuvayo 3:1-12
Itanguriro 37
Itanguriro 43