23-1008 Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza?

Ubutumwa: 63-0630E Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Busho bw’Umuhanuzi w’Imana,

Reka dusenge.

Data wa twese uri mw’Ijuru, mbega ukuntu dushima kubwo ikindi gihe dukoraniye hamwe kw’isi yose uru ruhande rw’ibihe Bidashira. Duhuje ivyiyumviro n’umutima n’inama; mukwumviriza Ijwi ryawe rivugana natwe. Twiteze bushasha inkomezi zivuye iwawe, kugira ziduhe umwete n’inguvu kubwo urugendo ruri imbere yacu.

Dukoraniye hamwe kugira turonke Manu twateguriwe. Irya Manu ya Mpwemu yabitswe kugira iduhe inkomezi kubwo urugendo. Nico kintu CONYENE kizoshobora kudufasha mu misi igiye kuza.

Watubwiye, imbere yuko ushira ishengero ryawe ku rutonde, ko wotegerejwe kudukoraniriza hamwe , ahantu hamwe, kandi duhuje umutima n’inama. Hanyuma worungika Mpwemu Yera wawe kuri twebwe kubwo uburongozi; Atari inama y’ihuriro ry’Amadini, si n’umugwi w’abantu, ariko ni Mpwemu Yera avugana natwe umunwa ku gutwi.

Wavuze biciye mu mu malayika wawe hanyuma aratubwira ati,

“Ndakeneye ko mugumana n’umwungere wanyu kandi gumana n’inyigisho zigishirizwa ng’aho. Gumana n’iri Jambo, NtimuRisige! Gumana neza n’Ijambo hatitaweho ivyoza canke ivyogendab, Gumana n’Iryo Jambo!”

Data, Turubashe Ijambo ryaWe kandi kandi tugumana n’umwungere wacu. Ni Ijwi ry’Imana uyu musi gusa Rivuga Ijambo Ritunganye Ryagaragajwe kandi Ryemejwe kubwo igihe cacu.

Watubwiye ko uko vyari mu minsi ya Sodomu, niko bizomera igihe c’ukuza kw’Umwana w’Umuntu; tuzoba dufise ibintu bibiri vyo kuturongora, kandi n’abandi bazoba bafise ibintu bibiri. Ivyo bintu bibiri vyabo bari abigisha babiri.

Ariko kubw’ ishengero ryanyu rya Mpwemu, Umupfasoni Mugeni yatoranijwe, yahiswemwo, Ibintu bibiri vyacu bizoba ari wewe, ugaragajwe mu mubiri w’umuntu, Uturongora kubwo Inkingi y’umuriro.

Reka umuyaga uhuhute. Reka igihuhusi gihuhute. Turi mu mutekano, ibihe vyose. Turuhukiye kw’Ijambo ryaWe. Igihe kiri hano. Ukuvayo kwa Mpwemu kwashitse. Turiko tugendana nawe kandi tuvugana buri munsi, mu kwumviririza Ijwi ryawe. Twama twibereye mu gufatanya hamwe nawe buri gihe.

Dushaka kuba ibiganza vyawe, amaso yawe, ururimi rwawe. Uri umuzabibu, turi amashami yawe. Duhe inkomezi, Data, kugira twame ivyamwa vyaWe. Icipfuzo cacu gusa nukugira ubuzima buberanye n’Ubutumwa Bwiza bwawe.

Iyerekanire muri twebwe, Data, kugira tubandanye igikorwa cawe hamwe no gushitsa Ijambo ryaWe Ryasezeranywe. Icipfuzo cacu ni ukuba intumwa zawe kubwo iki gihe, Kugira dushitse Ukugororoka kwose.

Dushaka kwukwumviriza uvugana natwe:

Isengesho ryanje ni iri , kuri abo bari kuri radiyo canke mu… Kuri Bande , hamwe n’abari hano. Reka Imana nyene Ubuntu bwose, Yo mw’Ijuru, Isuke Mpwemu Yera waYo kuri twebwe twese, kuburyo twebwe, kuva iri joro, no kubandanya , twoshobora kubaho ubuzima Imana Ishobora kuvuga iti, “ Ndahimbawe cane. Nimwinjire mu munezero w’ibihe bidashira wabateguriwe kuva isi ishirwaho.” Ese Imana yo mw’Ijuru Yorungika imihezagiro kuri mwebwe bantu mwese .

IMANA ISHIMWE… Ni twebwe Data, Umugeni wawe mu gihugu c i Bande. Vy’ukuri, rungika imihezagiro yawe kuri twebwe hanyuma Uduhishurire Ijambo ryaWe, utubwira ko buri Butumwa twumviriza Uhimbarwa cane, TURI UMUGENI WAWE.

Asangwa mwipfuza kwumviriza Umwungere wacu, Umwungere w’Imana kw’isi uwo yarungitse guhamagarira gusohoka no kurongora Umugeni wayo, Ingo mwifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo isaha ya Jeffersonville( akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), kuMwumviriza Avuga amajambo y’Ubugingo Budashira, mu gihe Atuzanira Ubutumwa buvuye ku Mana : Mbega Ubuzima bwawe Burabereye Ubutumwa bwiza 63-0630E

MweneData Joseph Branham

Ibimenyeshejwe vyiharije: Asangwa Umwami Abishatse , tuzogira Ukwozanya Ibirenge kuw’Iyinga uza mw’Ijoro, igenekerezo rya 15 , Gitugutu