22-0227 Agashashara ka Gatanu

Ubutumwa: 63-0322 Agashashara ka Gatanu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mubiri Umwe Uhambaye Wa Kristo,

Ni ibiki biriko birashika uyu munsi ? Ijambo ry’Imana Ririko rirashitswa. Iminsi Umugeni yari arindiriye kuva kera iriko iragaragarira imbere y’amaso yacu neza ubu. Iminsi umuhanuzi w’Imana yatuburiye yuko ije, ija iri ng’aha ubu.

Agashashara karuguruwe. Ivyo ni ibiki? Ibanga rishizwe ahabona. Murabona? Kandi igihe ibanga rishizwe ahabona, rero inzamba iba ivuze. Igatangaza intambara. Icago kirashitse, kandi igihe c’ishengero kiratanguye.

  • Uburusiya
  • Intambara
  • Ubukomunisita
  • Amavuta
  • Ivyago

Igihe Uburusiya bumanutse hariya gutora arya mavuta, mube maso.

Uburusiya, ubukomunisita, nta na kimwe biriko vyigarurira. Ijambo ry’Imana ntirishobora gutsindwa. Roma igiye kwigarurira isi.

Marayika muranduzi afashe ikiganza c’Uburusiya, hamwe n’ibisasu ruhonyanganda; gushitsa Ishengero ryishize hamwe, hama kandi Umubiri umwe uhambaye wa Kristo. « Ntaco nshobora gukora utaraza ng’aha. » Yooo, namba ivyo atari ivyizigiro bihezagiye !

Ishengero, Umugeni WiWe, ariko arahurira hamwe kw’isi yose nk’Umubiri Umwe Uhambaye wa Kristo, wumviriza Imana Ivuga kandi Ihishura Ijambo ryaYo. Tubona Ijambo Rishitswa mw’isi hirya no hino yacu, ariko vyongeye tubona Ijambo ry’Imana Rishitswa kandi Rigaragarira muri twebwe.

Turiko turaronka ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa nk’uko bitigeze bibaho mbere , mu gihe ubu buvugishwa buriko burashitswa.

Isi iri mu ruhagarara n’ubwoba. Bararindiriye, baraba bongera bibaza, ni ibiki bigiye gukurikira ? Mbega ejo habitse iki ?
Ibi vyose bisigura iki ? Mbega Uburusiya bugiye gufata ubutegetsi ? Ni bite ku bijanye n’ubutunzi ?

Muri ico gihe, Umugeni ari mu MAHORO. TURARUHUTSE, twuzuye Mpwemu Yera, tuMwumviriza Avugira mu mumarayika wiwe ahambaye mu gihe Atubwira Ati : Ntimutinye ikintu na kimwe mwa busho botoya bwanje mwe, muri umukunzi waNje natoye. Muri :

Abatoranijwe imbere y’uko isi ibaho. Amen ! Kandi ni abizigirwa kw’Ijambo. Amen ! Whew ! Ndakunda ivyo. « Bahamagawe, batoranijwe, imbere y’uko isi ibaho. » Kandi rero, abizigirwa kw’Ijambo, kubw’uguhitamwo kwabo, bose bakabuwe na vino nsha n’Amavuta, babandanya neza gusa, bamanutse kumusanganira. Barazi y’uko Imituragaro Izotuzanira ivyo bintu, vuba cane. Murabona ?

Aremera yuko turi Abizigirwa kw’Ijambo ryiWe. Twabikoze kubwo uguhitamwo kwacu ubwacu. Ubu turiko turabandanya neza, tuzi yuko Imituragaro izotuzanira ivyo bintu vuba cane, kandi Azoza Atujane i Muhira iwacu hashasha.

Hariho mbere n’ibindi ashaka ko tumenya. Ikintu kinaka kirurumba neza nyene mu mutima wiwe ashaka kutubarira. Ntashobora kurindira kuko arazi y’uko kizoduha Ugukaburwa. Kubw’ubuntu bw’Imana, Yararetse umuhanuzi wiwe aratubona, ihanga ryiwe, hakurya hamwe na we. Yavuze ati, « Igihe nababona, mwese mwari mwambaye IMPUZU ZERA. »

Twari twakoranirijwe hamwe na we. Twaramutwaye tumushira ku kintu kininiya co hejuru. Twamubwiye tuti, « kw’isi, wari umurongozi wacu. »

Twari amamiriyoni twiruka tumusanga twongera tumugumbira tumwita « mweneData ». Ubwo nyene Ijwi Rivuye hejuru Rivuga riti, « Aba bantu ni abizera bawe warongoye. Uzocirwa urubanza n’ivyo wababariye ».

Umuhanuzi yaravuze agira ati, « Umurwi wa Paulo niwinjira, n’uwanje uzinjira, kuko nigishije neza na neza Ijambo nka rirya nyene. » Maze twese dusemerera UBWO NYENE, N’IJWI RIMWE tuti :

« Turuhukiye kuri Ivyo ! »

Izina ry’Umwami Rishimwe, turuhukiye kuri buri Jambo ryose Yavugiye mu muhanuzi wiWe. Tuzocirwa urubanza n’iryo Jambo. Twari ihanga ry’umuhanuzi. Yari umurongozi wacu aturongorera kuri Kristo. Twese twari twambaye Impuzu Zera. Ntitwari turuhukiye kuvyo umuntu munaka yavuze ko yavuze, canke ivyo umuntu munaka yavuze ko vyasigura, twari turuhukiye kuri buri Jambo ryose yavuze.

Mugeni, mbega umunsi n’igihe vyo kubamwo. Nimwumviriza amakuru uyu munsi, muraja kumenya ivyabaye ejo. Fyonda muvuze, maze muraja kwumva ibigiye kuzoba ejo, n’umunsi ukurikira, n’umunsi ukurikira, n’umunsi ukurikira.

Ni muze dukoranire hamwe n’Umubiri Umwe Uhambaye Wa Kristo isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville [Isaha imwe yuzuye mw’ijoro i Burundi], mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara ka Gatanu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 22 ntwarante umwaka wa 1963. Nta kwibaza, si ukwizigira, ariko MURAZI yuko mwumviriza NIKO UHORAHO AGIZE itavanze iva mw’Ijwi ry’Imana ryo mu gihe cacu.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Daniyeli 9:20-27
Ivyakozwe n’intumwa 15:13-14
Abaroma 11:25-26
Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11
Ivyahishuriwe Yohana11:7-8
Ivyahishuriwe Yohana22:8-9