22-0130 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mwamikazi w’Ijuru,
Jewe, Umwami WaWe, Ngiye Guturagarira kuri WEWE kuw’iyinga kandi NDAKUBWIRE, ko URI Umugeni WaNje. NaraGutoranije. NaraGucunguye. NaraGutsindanishirije kandi nashize amazina yawe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama imbere y’intanguriro ry’isi. URI Umwamikazi waNje Mukundwa.

Nararindiriye kandi naraKurindiriye ku buryo noshobora gushumbusha ivyo Adamu waNje wa mbere yatakaje. Iragi rwiwe ryose yatakaje. Ugufatanya kwiwe kwose n’uburenganzira ku Bugingo. Naramuhaye ubugenduzi bwuzuye, burengeye vyose kw’isi. Yari imana y’isi nk’uko Ndi Imana y’ibiriho vyose.

Yari afise isi munsi y’ubugenduzi bwiwe bwite. Yashobora kuvuga, yashobora kwita izina, yashobora guhagarika ibidukikije, yashobora gukora ico ari co cose yashaka. Ariko yabitakaje vyose.

Ubu, nk’uko naGusezeranije mw’Ijambo RyaNje, narashumbushije ivyo yatakaje vyose kandi narabiKugarukaniye. Vyaracunguwe. Itunga ryose ryemewe n’amategeko ry’ivyari vyaratakajwe na Adamu ubu ni RWAWE. Itunga ryemewe n’amategeko kuri ico cemezo kitabonwa n’amaso c’inyegu y’Ubugingo Budashira, bisigura ko ubu Utunze ikintu cose Adamu yatakaje.

Nacitse umuvyeyi wawe Mucunguzi. Nishuje ivyari ivyaNje. Nakuye igitabu c’incungu mu Kiganza ca Data, namenaguye udushashara mu gitabu kandi nakirungikiye intumwa mumarayika w’indwi wanje kukiGuhishurira. Azogarukana kuri WEWE Ukwizera kwa Bibiliya y’inkomoko kandi azoGuhishurira amabanga yaNje.

Naremeje kandi naragaragaje ibi bintu kuri wewe muri Adamu waNje wa mbere yashumubushijwe rwose ; Umumarayika w’indwi waNje intumwa muhanuzi. Yashobora kuvuga maze akarema inkezi, agasubiza ubuzima ifi, akagenzura ibirere kandi agasubiza ibihuhusi aho vyavuye. Yashobora kuvuga maze akazura abapfuye. Mfise n’ifoto nafatiwe hamwe nawe yo kwereka isi, ko uyu ari Adamu waNje yashumbushijwe, ni mumwumvirize. Ubu WEWE, Mmwamikazi waNje, wegukiye ivyo Adamu yatakaje vyose.

Mwibuke, umumarayika ntumwa w’indwi waNje azoba ari kwisi mu gihe c’Ukuza kwaNje. AzoKunyereka. Irya nzamba ya nyuma izosamirana hanyuma abapfiriye muri Kristo bazozuka. Abazoba bakiriho kandi basigaye bazozamuranwa hamwe nabo, kuNsanganira mu kirere mu mwanya umwe, urya mumarayika w’indwi ariko aratanga Ubutumwa bwiwe. Agashashara ka nyuma karuguruwe. Irya nzamba ya nyuma izovuga ; Nzoza Nishuze ivyanje, WEWE, kandi rero NzoGutwara mu mazimano y’Ubukwe BWACU.

Mwamikazi Wanje Mukunzi, ngw’ino Unyumvirize Mvugane naWe kandi NdaGuhishurire ikintu cose ukeneye. NaraKubikiye izi Mfungurwa ku buryo Woshobora gucika Umwamikazi Wanje. Nzoba Mvugana naWe isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isamoya kw’isaha y’i Bujumbura) aho Nzoturagarira kuri WEWE Agashashara Ka Mbere, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya Ntwarante umwaka wa 1963.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :
Matayo 10 :1
Matayo 11 :1-14
Matayo 24 :6
Matayo 28 :19
Yohana 12:23-28
2Ab’I tesalonike 2:3-12
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 6:1-2
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9
Ivyahishuriwe Yohana 13:16
Ivyahishuriwe Yohana 19:11-16
Malaki 3
Malaki 4
Daniyeli 8: 23-25
Daniyeli 11:21
Daniyeli 9:25-27