22-0213 Agashashara ka Gatatu

Ubutumwa: 63-0320 Agashashara ka Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Nkumi,
Narasenze kandi nasavye Umwami ico Yashaka ko nandika kandi mvuga coshobora mu buryo bunaka kuba umuhezagiro n’indemeshanyo kuri mwebwe, Umugeni wiWe. Simfise amajambo, kandi sinzi ico novuga. Numva ntabereye na gatoya no kwandika aya majambo makeya nandika, ariko ni icubahiro gihambaye c’ubuzima bwanje co kuMukorera ico ari co cose.

Nizeye ko igihe co kwumviriza utu Dushashara Indwi gitunganye rwose. Dushobora kubona integuro ihambaye y’Imana ihishuwe kandi igaragariye imbere yacu. Ubutumwa ku Butumwa bucika Uguhishura ku Guhishura guhambaye. TuMubona Atwihishurira ubwiWe kandi Aturongora. Turazi ko dukora neza na neza ico Yatubwiye gukora “kugumana n’Ijambo.” Nta buryo buhambaye bwo gukora gusumba Gufyonda Tukavuza.

Numva umuhamagaro Yashize ku mutima wanje ari ukugumya ubu Butumwa. Ijwi ryiWe, aya mabande imbere yanyu iminsi yose; kubasigurira akamaro ko kwumviriza amabande. Ndazi ko ntashobora kubitanga uko bikwiye, ariko NDAZI ko ndi mu kuri mu kubabwira nti “Fyonda Muvuze,” mu gihe atari ivyiyumviro vyanje, ivyo nibaza canke amajambo yanje, ariko Amajambo y’Imana ubwaYo Ivugira mu ntumwa mumarayika w’indwi, atubwira ati :

Rimwe na rimwe iyo dusoma gusa, kandi, ubu, mwiyubare. Kandi igihe dusoma, turonse amabande, muyumvirize neza. Nuko, muzobironka ku ma bande, kuko barasubiriye kwumviriza ayo ma bande, kandi mu vy’ukuri ni meza kandi aroroshe. Kubw’ivyo, muzobitahura neza kurushiriza.

Nk’uko navuze kenshi cane mbere, sindwanya igikorwa c’Imana canke ico ari co cose Imana Yashize mw’ishengero ryaYo. Ico coba kigiye kurwanya Ijambo ry’Imana. Nizeye ko basizwe kandi bahamagawe n’Imana. Ariko nizeye ko kwumviriza no gushira Ijwi y’Imana nyene imbere y’abantu gitegerezwa kuba ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi umuntu wese yahamagawe n’Imana yoshobora gukora.

Ntibihagiye kuvuga ngo, « Mbwira ikoraniro ryanje kuvuza amabande. » Namba wizeye :

• Nta gusigwa guhambaye gusumba kwumviriza Ijwi ry’Imana kw’ibande.
• Uguhishura kwose gutegerezwa kuva muri rirya Jwi.
• Izamurwa mu kwizera dukeneye, rizova muvyo rirya Jwi Rivuga.

Umukozi w’Imana uwo ari we wese yoshobora gute kudashaka kwumviriza rirya Jwi, hamwe n’ishengero ryabo, hanyuma akavuga AMEN KW’IJAMBO RYOSE?

Umwe wese ategerezwa kugira ikintu kinaka yumva kandi yizeye ko ari ikintu C’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI ashobora gukora kugira ngo abe Umugeni wa Kristo. Ikintu kinaka gitegerezwa kuba NGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI VYOSE c’Imana n’ubugombe bwaYo butunganye. Mbega n’ibango ry’umwungere wawe ? Kwumviriza abandi bakozi b’Imana ? Simvuga ko atari vyo, mu buryo na bumwe, kandi ivyo ni vyiza cane bijanye n’Ijambo, ariko urizera ikintu c’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI ko ari ukwumviriza Ijwi ry’Imana kw’ibande Ryemewe ?

Namba ivyo ari vyo wizeye ko ari ikintu c’INGIRAKAMARO gusumba ibindi woshobora gukora, rero ni kuki umukozi w’Imana adashaka kuvuza no kwumviriza UBWO BUTUMWA BUTUNGANYE BW’INGIRAKAMARO GUSUMBA UBUNDI hamwe n’amakoraniro yabo ?

Mwibaze ubwanyu iki kibazo, canke mubaze umwungere wanyu : Mbega mwizeye ko iri jambo ari iry’ukuri, canke ari ikosa n’ukudatahura gusa kwa mweneData Branham, canke kugerageza kwiyerekana ?

Murabona, neza na neza ivyoshika ubu ! Kandi, kw’ishengero, ni igiki ? Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri hagati mw’ihanga ryiWe ubugira kandi ! Murabona ? ariko gusa ntibavyizera.

Namba mwizeye ko iri jambo ari iry’ukuri, kandi kuri mwebwe ari IJAMBO RY’IMANA, Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri, rero ni gute uwo ari we wese yoshobora kutabona ko ata KINTU NA KIMWE C’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI nko kwumviriza rirya Jwi.

Ni wikangure nkumi isinziriye, canke ufise uku Guhishura canke uri nk’uko yavuze : « gusa ntuRyizeye na gatoya. »

Nk’uko umuhanuzi yatubwiye, turi Igitabu gishasha c’Ivyakozwe n’Intumwa, rirya Shami Rishasha, Abatoranijwe. Rero, benshi bumva ko Mpwemu Yera ubu Aturongora nk’abantu ku giti cabo, canke Aturongoza igikorwa c’Imana atari mu muhanuzi wiWe.

Hari ukuri kwinshi muri ibi, ARIKO umuhanuzi nawe yakosoye ibi, kandi yaduhishuriye ukuri.

Umuntu umwe yavuganye nanje ng’aha nta gihe kininiya gishize. Yavuze ati, « Ariko mmweneData Branham… » [MweneData Branham arongoroye ijwi ryiwe—Umwanditsi] Murantunga. Yavuze ati, «Si inyuma y’ukuza kwa Mpwemu Yera, nta Bamarayika barongora ishengero, canke barongora abantu ku giti cabo. Oya, mugenzi.” Yavuze ati, “Ni Mpwemu Yera Aturongora.”

Uko ni ukudatahura neza hagati y’Umumarayika na Mpwemu Yera. IRYO NI IKOSA, Abamarayika barongora Ishengero ubu nyene, kandi baracarongora Ishengero. Neza.

Umumarayika wiWe arongora kandi ayobora Ishengero ryiWe. Twese dufise ikibanza cacu n’umuhamagaro wacu, ariko umumarayika wenyene niwe ategerezwa kurongora Umugeni.

Mwumvirize ico umuhanuzi w’Imana yavuze ku vyerekeye ayandi mabango yose ugereranije n’ico Imana YAMUHAMAGARIYE GUKORA.

Ni nk’umuntu w’u—w’umufundi w’amatelefone, si umufundi w’umuyagankuba neza. Yoshobora kuhakora akazi gatoya. Kandi nk’uko, namba umuntu ajejwe intsinga z’amatara yemwe ata nkeka a… Umuntu ni umwimvyi w’ibinogo vy’inkingi, kandi atigeze akora igikorwa na kimwe c’amatara, vyoba vyiza agumye kure y’amatara; ariko yoshobora gukora igikorwa gitoya co gusanasana canke ikintu kinaka.

Ariko igihe Ikintu nyaco gitegerezwa guhishurwa mu gihe c’iherezo, canke igice ca nyuma c’Ishengero, ni ho Imana Yavuze ko Yoturungikira, bijanye n’Ivyanditswe. Kandi twarabirondeye kandi dusesangura, ko Yavuze mbere y’igihe ko Mpwemu wa Eliya yogaruka mu muntu munaka.

Igihe umuntu munaka agerageza gukara no kutubwira ati, “hakenewe ibindi gusumba kwumviriza gusa amabande. MweneData Branham ntiyigeze avuga kuvuza amabande mw’ishengero. Hazokenerwa umukozi w’Imana wo gutunganya Umugeni,” canke ico ari co cose umuntu uwo ari we wese yoshobora kubabwira, kugerageza no kubatuma mukekeranya kurya kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryemewe Riri ku ma bande mw’ishengero si vyiza…

Neza nk’umuntu atangura, agerageza kubakarira ; namba muzi aho guhagarara, mumenye ico yizeye.

Namba bavuga ko bizeye, “Ubu Butumwa ni Ijambo. William Marrion Branham ni intumwa mumarayika w’Indwi y’Imana. Ubu Bubumwa ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cabo. Ubu Butumwa ni Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze…”

Neza nko gufata urukwavu maze ukarurekurira mu ruzitiro, kandi wazibiye imyenge yose. Guma ku muryango gusa; rutegerezwa kugaruka. Ni ivyo vyonyene. Warwugaraniyemwo. Murabona? Ruzotegerezwa kugaruka ku muryango ubugira kandi, kuko ni bwo buryo bwonyene rushobora gusohoka. Ruzocumita umutwe warwo ng’aha, kandi ruzohakwa kuvuna izosi ryarwo; no kuja hariya, hariya. Hagarara gusa maze urwitegereze, kandi ruzogaruka ubwo nyene. Murabona. Ni ivyo gusa.

Ni mugumane n’Inyigisho zo kw’Ibande. Muvuge gusa ico amabande avuga. Ntimuhindure Ijambo Rimwe. Ntimwongereko, canke mukureko Ijambo. Ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Ni Ijambo Ryihinduye umubiri. Ni Amajambo yo kutihenda. Ni umwungere wanyu. Umumarayika wiWe ariko arabarongora. Ni Niko Uhoraho Agize.

Mu gihe cose turi muri rirya Jambo, turi mu mutekano.

Ni muze dutegure amatara yacu kandi tuyuzuze Amavuta kuri uyu w’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isamoya y’ijoro kw’isaha y’i Burundi), mu gihe umumarayika Yatoranijwe n’Imana azoturagara kandi akamena Agashashara ka Gatatu, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 20 ntwarante umwaka wa 1963, maze akagahishurira Umugeni waYo.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira ubutumwa « Agashashara ka Gatatu. »
Ivyanditswe :
Matayo 25 :3-4
Yohana 1 :1
Yohana 1:14
Yohana 14:12
Yohana 17:17
Ivyakozwe n’Intumwa igice ca 2
1Timoteyo 3:16
Abaheburayo 4:12
Abaheburayo 13:8
1Yohana 5:7
Abalewi 8:12
Yeremiya igice ca 32
Yoweri 2:28
Zekariya 4:12