23-0716 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ubutumwa: 63-0317e Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mashurwe matoyi bo mu Kidengeri,

Twarisunikiye twebwe ubwacu mu mazi y’ivyondo hanyuma dusanza amababa yacu. Amapedali yacu matoyi yaragiye kandi ubu turiko twerekana ishurwe ryo mu mwonga. Twarashikaniye vy’ukuri ubuzima bwacu Imana n’Ijambo ryaYo.

Turi mu gihe c’iherezo kandi tuvuye mu Buseruko no mu Burengero, Uburaruko n’Ubumanuko, twiteguriye Izamurwa. Duhagaze twemye kubwo akanya gatoya gushika buri gace kuzuye Mpwemu Yera. Twiteguriye kuduga.

Igihe cageze. Ariko Arahamagarira hamwe Ihanga ryayo Ubwayo mu Bumwe bw’ukuri hamwe naWe. Ni Yesu Kristo abana na Mpwemu wiwe mu mibiri yacu, Mu gukora vya bintu nyene yakora nk’ikimenyamenya kw’isi.

Ikintu gihamabye mu vyanditswe kiriko kirashika mu gihe cacu. Igikorwa, Atari n’umumalayika, nta kintu, coshobora kugikora, uretse Umwagazi w’intama. Yaraje maze akura Ico Gitabu mu kuboko kw’iburyo k’uwicaye ku ntebe y’Ubwami, Aracugurura, amenagura udushashara, maze akirungika kw’Isi, ku Mumalayika wiWe w’indwi, kugira aBiduhishurire, Umugeni wiWe.

Ibintu biriko birashika; Ijambo Ariko araduhishurira buri munsi, Rirarengeye. Twaradugije amajwi yacu maze turasemerera hanyuma tuvuga za Haleluya! Ugusirwa, ubushobozi, ubwiza, ukugaragara, Ihishurwa ry’Ijambo ryiwe Rirahambaye kuva kw’itanguriro ry’igihe.

Hamwe n’icaremwe cose kiri mw’Ijuru, hamwe no kw’isi, no musi y’isi, no musi h’ikiyaga, hamwe n’ibirimwo vyose twakomye akaruru : Imihezagiro, icubahiro, ubwiza, ubushobozi, bibe kuri We uwicaye ku ntebe y’Ubwami, hamwe no ku mwagazi w’intama ibihe n’ibihe, amen! Amen kandi amen!

Ikiremwa cose , Umuntu wese uhereye ku ntango y’igihe bari barindiriye iki gihe ko gishika. N’Imana yararindiriye gushika Umumalayika wayo yatoranijwe ashitse kw’isi imbere yuko aza gutora ca Gitabu, aracugurura maze ahishura amabanga yose ku Mugeni wiwe yatoranije.

Ubu turazi ivyo umuntu atigeze amenya uhereye kw’itanguriro ry’igihe. Ibintu vyose vyari vyaratakaye muri kwa kurwa. Ibintu vyose vyari vyaranyegejwe mw’Ijambo ryiwe. Ibintu Umugeni akeneye vyarafashwe mu majwi kandi vyashizwe mu bubiko butoya bw’Imana.

Yarabitweretse hirya ya ca Gihuzu c’igihe kandi twibona ubwacu turi kumwe naWe ku rundi ruhande. Umugeni ariteguye ubwiwe mu kwumviriza Ijambo.

Twari mu myimenyerezo. Twambaye ibirwanisho vyose vy’Imana nta kintu coshobora kudutirimutsa. Nta kintu coshobora kudutera ubwoba. Nta kintu coshobora kutubabaza nta kintu ntacodutuma tugiriranira imyumvikano n’Ijambo na Rimwe. TURI IJAMBO.

TuraMurindiriye dufise umurwi w’amashurwe mu minwe yacu. Igihe kirageze. Ya saha yakera iriko iradidagira. Turiko turumva umuhindo w’amafarasi, umusenyi utembagarira mu makurudumu. Wa mukogote wa kera uri muguhagarara.

Igihe Azoshikira tuzosimba tuve mw’isi tugana mu maboko yiWe. Azodufata maze Avuge ati, “ Nari nagiye kubategurira ikibanza ariko ubu birarangiye, mukunzi”.

Ukuza kwiWe kuri hafi. Dufise ivyo twiteze gusumba mbere, turanezerewe mu gihe ashaka ko twumviriza Udushashara Ndwi ubugira kandi. Turazi y’uko twari tugiye kuronka ihishurirwa rirushirije, kuko Buri Butumwa twumviriza busa nk’uko tutigeze tubwumviriza mbere.

Kubaho uyu munsi no kwumviriza Ubu Butumwa birahambaye cane kusumvya igihe bwashirwa mu majwi. Ariko arabiduhishurira birushirije ubu. None ni ibiki vyoshobora gushika ?

Ni muze mwifatanye natwe isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), maze munezerererwe no kwumviriza : Icanzo hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanishije Udushashara Ndwi 63-0317E . Ni Imfungurwa zibitswe Umwami yateguriye Umugeni zo gufungura.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:
Abalewi 25:47-55
Yeremiya 32 :1-15
Zekariya 3:8-9/4:10
Abaroma 8:22-23
Abanyefeso 1:13-14/4:30
Ivyahishuriwe Yohana 1:12-18/ Igice ca 5/ 10:1-7/11:18