23-0709 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Ubutumwa: 63-0317m Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bantu biharije, Hanga Cami ry’akazeze, Ritangaje, Buherezi bwa Mpwemu,

Mbega igihe c’ubwiza yahaye Umugeni waYo, Iriko Irahishura Ijambo ryaYo nk’uko bitari biri mbere. Ubutumwa bwose twumviriza bisa nk’uko tutigeze twuBwumviriza mbere. Imitima yacu n’imishaha yacu vyuzuye umunezero mu gihe dufungura Manu nshasha ivuye mw’Ijuru. Bisa nk’icijiji c’amazimano y’ubukwe agiye kuza mu gihe tugaburirwa Ihishurwa ku rindi.

Turiko turatanga ibimazi vya Mpwemu ku Mana , kubwo ivyamwa vy’iminwa yacu, mu gutazira Izina ryiWe. Twarafashe ikibanza cacu nk’inyenyeri zo mw’Ijuru.

Yaradukoranirije hamwe ahantu ho mw’Ijuru, Asuka Mpwemu Yera wiWe kuri twebwe, kugira ngo adutegure kubwo ukuza kwiwe. Ni ivyo gusa dushobora kwiyumvirako. Ni ivyo vyonyene dufise mu vyiyumviro vyacu. Ico dushaka gukora gusa ni UKWUMVIRIZA IJAMBO. Ibandanya Itubwira ko turi Umugeni waYo. Ubu ni ubugombe bwaYo Butunganye bwo kugumana n’inzira yayo Yateguye.

Turi abasoda b’umuce w’igikorwa ciWe ca bande , kandi turabinezererewe. Ni Ikimenyetso c’icubahiro. Dushaka gusemerera maze tubwire Isi, EGO, TURI UMWE MURI BO.

Yaraduteguriye Imfungurwa zibitswe tugaburirwa. Manu y’Imana ubwayo Ivugana n’Umugeni waYo,Itumenyesha yuko turi Ingabo zaYo.

Dukoraniye munsi y’ugufatanywa guhambaye kwo mw’Ijuru mu mahoro, kugeza aho Mpwemu Yera yashizeho urugingo rwose rw’umubiri gushika habaye ugukira kw’umubiri n’ubugingo vyompi.

Dufata Ijambo ry’Imana hanyuma tukanesha umurwanizi n’ubushobozi bwiwe. Turamutabaguramwo ibice hamwe n’Iryo Jambo. Umugaba mukuru w’ingabo wacu yatubwiye ati, « Muri Ijambo. Ntimutinye. Mugende mugana umurwanizi hanyuma muvuge muti, « HANDITSWE NGO. »

Yaraduhisemwo kugira ngo tube Abasoda baYo. Twamye mu myimenyerezo, duhabwa inkomezi n’Ijambo. Ubu twambariye urugumba kandi turiteguye kurwana. Umugenerali wacu w’inyenyeri zitanu yadutegetse ivyo dukora : Gumana n’Inyigisho za Bande.

Kandi vy’ukuri, vuga ivyo Bande ivuga gusa. Ntihagire ikindi uvuga. Murabona? Kuko, simvuze ivyo jewe ubwanje. Ni We Abivuze, murabona. Kandi kenshi, uruzazane, abantu barahaguruka maze bakavuga bati, “Yemwe, Naka nan aka yavuze bisigura uku na kuriya.” Gusa-gusa bigumize uko bimeze.

Si ivyo William Branham ariko aratubwira kuri Bande, Ni ivyo IMANA Iriko Irabwira Umugeni waYo kuri Bande. Aya niyo MATEGEKO yaYo. Hariho inzira imwe gusa yo kwubaha aya mategeko avuye ku Mugaba amukuru w’ingabo wanyu w’inyenyeri zitanu kandi yagumize uko ameze, FYONDA MUVUZE.

Turi mu ngabo z’Imana, rero dutegerezwa kwubaha amategeko yacu Ijambo kw’Ijambo. Turiko turabandanya tuja imbere. Turi abantu b’igiciro, abantu b’ukwizera, abantu b’ubushobozi, abantu batahura, abantu b’uguhishurirwa.

Turiko dusubira mu gufatanya gutunganye hamwe na Data ubugira kandi, duhagaze ku rundi ruhande rw’imanga, ata kwibuka icaha kiturwanya. Adamu wiWe yashumbushijwe.

Ni Imana mu bintu vyicishije bugufi ubugira kandi. Si ivyo umuntu uwo ari we wese, ni Umugeni wiwe gusa, Kandi turabibona neza mu buryo buramvuye.

Ndindiranye igishika co gusubira kwumviriza Udushasha indwi ubugira kandi. Izoba Iriko Iraduhishurira Ijambo ryaYo nk’uko bitegeze mbere. Tuzoba turiko turakira Uguhishurirwa kwiWe guhambaye kw’Ijambo ryiWe.

Yari yararindiriye gushika iki gihe kugira Iduhishurire birushirije. Ivyo dukeneye vyose vyarafashwe amajwi kandi bihari kubwacu kugira tuvyumvirize mu gufyondesha urutoke rwacu gusa.

Ubu Butumwa ni Irya Mituragaro Ndwi izotunganya Umugeni ; KUKO AMABANGA YOSE Y’IMANA AZOHISHURIRWA INTUMWA MUMALAYIKA W’INDWI KU MUGENI

Iki nico gihe gihambaye muri kahise k’isi. Turi kw’iherezo ry’ukuza kwiWe kubwo Umugeni wiWe. Isi yiteze ibi bintu vyose vyavuzwe mu Vyanditswe; nk’izuba rirenga hagati y’umusi hamwe n’ibintu vyose ko vyoshika. Ariko hararenganye, kandi ntibabimenye.

Nimwibuke, bimatanishije amabanga y’imituragaro ndwi. Murabona?

Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi), mu gihe dutangura uru rukurikirane ruhambaye hamwe n’Ubu Butumwa : Imana Yihisha mu biciye bugufi, hanyuma Ikihishura muri ivyo nyene 63-0317M.

Mu gihe MweneData Branham azosubira gushikanira Imana urushengero Branham Tabernacle hamwe n’abantu , Reka twishikanire Imana ubwacu, inzu zacu, amashengero yacu, canke aho ari ho hose dukoraniye, kubwiwe.

MweneData Joseph Branham
1 Ingoma 17:1-8
Yesaya 35:8/40:1-5/53:1
Malaki Igice ca 3
Matayo 11:10, 11:25-26
Yohana 14:1-6
1 Ab’I Korinto Igice ca 13
Ivyahishuriwe Yohana Igice ca 21