23-0723 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi… Ngiye kukwita Umugeni,

Imana, Umuremyi Ahambaye, Alufa na Omega, Ishurwe rya habasaleti ry’i Sharoni, Ikirungu co mu biyaya, Inyenyeri Ikayangana yo mu gaturuturu, Data, Mwana na Mpwemu Yera, Inkingi y’Umuriro, Imana UbwaYo, Yaje kw’isi kandi Yavuganye natwe iciye mu munwa w’umuntu. ISHIMWE, YaBishize ku ma bande, ku buryo woshobora kuYumva Iguhamagaye… «* WEWE » UMUGENI WAYO*.

Vyiyumvire bagenzi banje. Umwami Wacu Yesu Kristo, Akuraba mu maso kandi Akubwira Ati, « Uri Umugeni Wanje. Ndagukunda. Narakurindiriye igiye kirekire. Kuri Jewe, uratunganye. Uri akara ko mu mara yaNje, igufa ryo mu magufa yaNje. Nagutoye imbere yuko Ndema Isi canke inyenyeri. Ndagukunda cane. Tuzobana mu Bihe Bidashira turi kumwe. Ubu, Ndaje kubwawe. »

Ivyo vyonyene vyoha umwe wese muri twebwe Ukwizera kw’Izamurwa. Ni igiki umurwanizi ashobora kugutako, kukubwira, kugushirako gishobora kukubabaza ? NTA NA KIMWE, URI UMUGENI WA KRISTO ! Uri Ijambo RyiWe Ryihaye umubiri, uri Umupfasoni wa Yesu Kristo.

Ni gute uwo ari we wese, mu rurimi urwo ari rwo rwose, ashobora kwandika canke kuvuga ico bivuga kuri twebwe ? Vyonyene ntibishoboka.

Nta hantu na hamwe mw’isi ushobora kuronka ico cubahiro n’iryo bakwe vyo kwumva aya Majambo kiretse ufise Uguhishurirwa kw’ukuri no GUFYONDA UKAVUZA.

Ibintu bihambaye isi yarindiriye kuva ku ntango y’igihe, biriko biraba ubu nyene, kandi turi igice cavyo. Yari yarindiriye iki gihe, iyi saha, iri hanga, MWEBWE, kugira ngo Ashitse kandi Atunganye Umugambi WiWe Uhambaye.

Uguhishura kw’ibanga ry’Udushashara Indwi, Imituragaro Biriko Birahishurwa, ugutungana kwacu, Adamu WiWe yaragarukanywe neza, Ukuza kwiWe, ibi bintu vyose biriko biragaragara kandi bishika UBU, muri WEWE, UMUGENI WIWE !

Si mu gihe ca Mose. Si mu gihe ca Nowa. Si mu gihe ca Yesu, nta n’ubwo ari mu gihe ca Yohana canke Paulo, biriko birashika ubu, UBU NYENE, HAMWE NAWE.

Ntidushaka kubihusha. Dushaka kwitegurira Ukuza kwiWe. Kugira ngo dukore ivyo, twategetswe kuja kw’IJAMBO kugira ngo turonke inyishu zacu. Atari iciyumviro canje, canke iciyumviro c’umuntu munaka canke ico avyibazako, ariko ico Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe Rivuga.

Turazi ko Umugeni Ategerzwa kuvuga « amen » kw’Ijambo Ryose kandi bahurize hamwe nk’umuntu Umwe. Kubw’ivyo dutegerezwa kuraba mw’Ijambo ry’Imana kugira ngo turabe ikigiye guhuriza hamwe Umugeni.

Kandi rero hagiye kuza Imituragaro Indwi y’ibanga itananditswe na gatoya. Ni vyo. Kandi nizeye ko, biciye muri iyo Mituragaro Ndwi, Izohishurwa mu minsi ya nyuma mu buryo bwo guhuriza hamwe Umugeni kubw’ukwizera kw’izamurwa.

Ni ivyo nyene biri mw’Ijambo. Imituragaro Ndwi Izohishurwa mu gihe cacu kugira ngo bihurize hamwe Umugeni kubw’ukwizera kw’izamurwa.

Hanyuma ikibazo gikurikira dukeneye kumenya ni iki : Imituragaro ni iki ?

Igihe, « yaturagara. » Mwibuke, urwamo rw’ukwasirana kw’Umuturagaro ni Ijwi ry’Imana. Ni co Bibiliya Ivuga, murabona, « ukwasirana kw’Umuturagaro. » Biyumviriye ko wari umuturagaro, ariko yari Imana. Yarabitahuye, kuko Yarabihishuriwe. Murabona ? Wari Umuturagaro.

Rero Imituragaro ni Ijwi Ry’Imana Rigiye guhuriza hamwe Umugeni no kubaha (TWEBWE) ukwizera kw’izamurwa. Ng’iyo inyishu yacu.

Ni nde Ijwi Ry’Imana ku Mugeni ? William Marrion Branham.

Rero, ndi mweneSo gusa, kubw’ubuntu bw’Imana, ariko igihe Umumarayika w’Uhoraho Amanutse, bicika, rero, Ijwi Ry’Imana kuri mwebwe. Sinshobora kuvuga na kimwe kubwanje, ariko ico Anyereka, ndakivuga. Muvyizere maze mwitegereze ibishika.

Muvyizere maze mwitegereze ibishika n’ibizoba kuri uyu w’iyinga, mu gihe dukoraniye hamwe, twakira ukwizera kw’izamurwa, tuMwumviriza Aturagara ku Mugeni WiWe.

Tuvuga ivy’ « ukwicara ubu ahantu ho mw’Ijuru » ? Mbega ibizoba ! Namba dushobora kwiyumva uku kuntu, twicaye ng’aha kw’isi, imbere yuko Izamurwa Riza, muri ubu buryo turimwo ubu ; kandi dushobora kuryoherwa, no guhagarara ku mpome, no guhagarara mu mvura, kugira ngo twumve gusa Ibi, bizocura iki igihe tuzoMubona yicaye hariya ! Yooo, Mana We ! Yooo, kizoba igihe c’ubwiza.

Ntubure muri iki gihe c’ubwiza. Uratumiwe gukorana natwe mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara Ka Mbere, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ntwarante 1963, isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi).

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza :
Uwera Matayo 10:1
Uwera Matayo 11:1-14
Uwera Matayo 24:6
Uwera Matayo 28:19
Uwera Yohana 12:23-28
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
2 Abatesalonike 2:3-12
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 6:1-2
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9
Ivyahishuriwe Yohana 13:16
Ivyahishuriwe Yohana 19:11-16
Malaki 3
Malaki 4
Daniyeli 8:23-25
Daniyeli 11:21
Daniyeli 9:25-27