23-0730 Agashashara ka Kabiri

Ubutumwa: 63-0319 Agashashara ka Kabiri

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni,

Umugeni yamye yiyumvira kubijanye n’ubu Butumwa canke Intumwa yiwe uhereye mu mwaka 1933, igihe Inkingi y’umuriro yagaragara hariya hepfo ku Ruzi Ohio Urya munsi. Twaramenye ko William Marrion Branham ari Intumwa mumalayika y’indwi y’inkomezi y’Imana yarungitse kw’isi guhamagarira Umugeni waYo gusohoka.

Kuva ico gihe , Imana yagumye ikoraniriza hamwe Umugeni waYo kubwo ukuza kwayo. Turi muri ukwo kurindirana igishika guhambaye ; kuko tuzi yuko bizoba umusi munaka.

Yamye yubaka ukwizera kwacu kurusha mbere, Itubwira, Itwizeza, ko turi Umugeni waYo w’umwizigirwa. Turabizi mukugumana n’imfungurwa zayo zabitswe, ivyo dukeneye vyose birimwo, MU MABANDE.

Ivyo tubimenya gute vy’ukuri ? Ijambo rivuga ko Imana itazokora ikintu na kimwe Itabanje kwibira akabanga abasavyi bayo abahanuzi. Hanyuma turazi asangwa Imana Igiye guhishura ikintu kinaka canke gukora ikintu kinaka, Iduha ukwizera kw’izamurwa, Izovugira mu muhanuzi wacu, kandi umuhanuzi wayo wenyene.

Iminsi yukwiyumvira yararenganye. Umugeni yarafashe igihagararo. Nta kindi kintu ngirakamaro kiretse kwumviriza Imana Ivugana n’Umugeni wayo biciye kuri Bande. Niyo Majambo yemejwe n’Imana ubwayo kuba ari Niko Uhoraho Agize.

Igihe kigeze kure kandi turashobora kwumva uburemere bw’uguhinda bw’umwansi wacu budukikuje. Intambara zirarese kandi Satani ariko aratera ibibanza vy’imbere vyose, ariko Imana ishimwe twararonse imfungurwa za Mpwemu kandi twicaye ku meza y’umutware ijoro n’umutaga, Dufungura kuri iyo Manu yanyegejwe. Ibandanya Itwihishurira birushirize buri munsi, mu gihe Itubwira Iti, Ibintu vyose biratunganye mukunzi Wanje. Ndi kumwe nawe. Narakubwiye ko ntazigera ndaguheba canke ndakwigizayo. Bandanya ufyonda. Irukana Amadayimoni . Naraguhaye ikirwanisho rutura Bombe atomique, Ijambo ryanje, gikoreshe, naravyiyumviriyeko. Kandi hari handitswe, kandi ubu mu gihe canyu, narabivuze kugira mushobore kunyumva ndababwira, Ukwo Niko Uhoraho Agize, muri Umugeni wanje. Muri Ijambo ryihaye umubiri.

Imana yaravuze biciye mu munwa w’ikiremwamuntu kandi yaraduhaye Ijambo ryayo, nta bwoba dufise, Si Ijambo ryacu, ivyiyumviro vyacu, ivyiyumviro vyacu, ni Ijambo ry’Imana yaduhaye. Ukwizera kwacu kuri mw’Ijambo ryiwe kandi Ijambo ntirishobora kunanirwa !

Ubu, mu gihe twumviriza utu dushashara twuguruwe, Mpwemu aba asubiriye kuvugana natwe kandi turashobora kubona Amazina yacu yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama. Twokwizibira bigoranye. EGO, ni Izina ryanje ryanditswemwo. Ariko avuga ibinyerekeye.

Ingo mwifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, hanyuma mwumvirize Agashashara ka kabiri 63-0319, mu gihe Ijwi ry’Imana Rizoba ririko rirababwira ko amazina yanyu yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’intama.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Matayo 4 :8/11 :25-26/24 :6
Mariko 16 :16
Yohana 14 :12
2 Ab’itesalonike 2 :3
Abaheburayo 4 :12
Ivyahishuriwe Yohana 2 :6/6 :3-4/ Igice ca 17 cose/19:11-16
Yoweli 2: 25
Amosi 3:6-7