Ubutumwa: 63-0317e Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
- 25-0309 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
- 23-0716 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
- 22-0123 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
- 21-0117 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
- 19-0324 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
- 17-0319 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE
16/01/2021
Bakunzi Bantu Bacunguwe,
Uru rugiye kuba urushana ruhambaye kuruta urundi rwose mu buzima bwacu. Hamwe n’umunsi wose mushasha, Azoduha Uguhishurirwa guhambaye kuruta kw’uwo Yari We, Uwo Ari We UBU, n’abo TWACITSE.
Azotubwira ukuntu Adukunda kandi ko Yari Arindiriye uru rushana ko rushika, ku buryo Ashobora kuduhishurira umugambi wiwe wuzuye w’ugucungurwa muri Ibi Bimatanishijwe Udushashara Ndwi. Uzoba umwe mu minsi y’ubwiza kandi y’ingira kamaro kuruta iyindi isi yigeze kumenya.
Mwumvirize ibizoshika muri runo rushana.
Ibi biradondoye muri iki Gitabu Kimatanishijwe Udushashara Ndwi turiko turavugako ubu. Ni vyiza. Igitabu co Gucungurwa, vyose bidondaguriwemwo ng’aha. Ibintu vyose Kristo Azokora kw’iherezo bizoduhishurirwa muri iyi ndwi, mu Bimatanijwe udushashara Ndwi, Imana Ibiturekuriye. Murabona? Ni vyiza. Bizohishurwa. Kandi bizohishurwa, ukwo udushashara twuguruka kandi tuzobimenyeshwa, rero turashobora kubona uyu mugambi wo gucungurwa uwo ari wo, n’igihe n’uburyo uzokorwa. Vyose bihishijwe muri iki Gitabu c’ibanga ng’aha.
Ukwizera kwacu kuzokwongerekana gushike no ku rugero ruhambaye mu gihe Adusigurira ico ugucungurwa kwacu kuvuga kuri twebwe. Azotubwira yuko dutunze icemezo c’inyegu ntabanduka c’Ubugingo Budashira, bisigura ko dutunze ikintu cose Adamu na Eva batakaje. Tuzogira ububasha bwuzuye, burenze nk’imana ntoya, kuko turi abahungu n’abakobwa biWe. Tuzoganza nk’abami n’abaherezi kw’isi mu Bihe Bidashira hamwe naWe.
Ukuntu tuzohezagirwa mu gihe umumarayika wiWe atubwira ukuntu Imana Yamurungitse mu misozi kare igitondo kimwe maze Agashira inkota y’Umwami, Ijambo ryiWe, mu kiganza ciwe, kandi ikwiranye n’ikiganza ciwe mu buryo butunganye. Azoduhishurira icabaye mw’ijuru igihe Umwagazi w’Intama Wegera imbere maze Ugafata Igitabu Ugikura i buryo bw’Uwari Yicaye ku Ntebe. Hanyuma ukuntu Yacuguruye, Yakuyeko Udushashara maze Akakirungika mw’isi, ku mumarayika ntumwa wiWe w’indwi, kugira ngo aKiduhishurire twebwe Umugeni wiWe.
Tuzomera nka Yohana urya munsi; ikintu cose mw’Ijuru, ikintu cose mw’isi, ikintu cose munsi y’isi, icaremwe cose, ikintu cose kindi kizotwumva tuvuga tuti, “Amina! Imihezagiro, n’ubwiza, n’ubwenge, n’inkomezi, n’ubushobozi n’ubutunzi, ni ivyiWe.”
Ubu nyene tuganzanya na Kristo, dufise ububasha ku caha, isi, umubiri, n’umurwanizi. Ni Kristo muri twebwe, Ashaka kandi Akora ibiMuhimbara. Ubu twicaye ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, tuMwumviriza Atubwira mu mumarayika ntumwa wiWe ahambaye.
Hariho umwanya w’imihezagiro nk’iyo iza muri uru rushana. Igihe nk’ico isi itigeze imenya. Ni igihe co Kwimbura, kandi vuba umwe wese ashobora kwicara munsi y’igiti c’umusukoni kandi atwenge kandi anezerwe kandi abeho Ibihe Bidashira mu Nyonga HiWe hamwe n’umunezero wuzuye.
Imana Iriko Irategura Umusozi WaYo Wera, Itongo Rishasha ryaYo rya Edeni kubw’Umugeni n’abakozi baYo, mu gihe c’Imyaka Igihumbi y’inkinga hano kw’isi. Mu gihe Adamu na Eva bari mw’itongo kandi bataheraheje imyaka igihumbi, ubu, Yesu, Adamu wacu wa nyuma, na Eva wiWe, TWEBWE, Umugeni wiWe, tuzoheraheza umugambi wose w’Imana.
Muze mwicare mu Nyonga ha Mpwemu Yera mu Gufyonda Tuvuza, kuw’iyinga isaha umunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, mugihe twumviriza umumarayika ntumwa wiWe w’indwi azana : Icanzo Hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanishijwe Udushashara Ndwi 63-0317E.
Tuzoba dusemerera kandi tunezerwa kandi tuvuga Haleluya.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:
Abalewi 25:47-55
Yeremiya 32:1-15
Zekariya 3:8-9/4:10
Abaroma 8:22-23
Abanyefeso 1:13-14/4:30
Ivyahishuriwe Yohana 1:12-18/Igice ca 5/1:1-7/11:18