23-0625 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?

Ubutumwa: 62-1230e Migenzi Mbega Iki Ni Ikimenyetso C Iherezo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo ku Rindi.

Nta muhanuzi, nta ntumwa, nta na rimwe , mu gihe na kimwe, higeze habaho igihe nk’iki tubayemwo ubu. Iri ni iherezo. Inkingi y’umuriro yaragarutse. Ya nkingi y’umuriro yarongora abana b’isilayeli ; Ya yindi nyene yahushura Sauli ikamugwisha hasi mu nzira ija I Damasiko. Iyo nyene yazananye bwa bushobozi nyene, Ikora vya bintu nyene, kandi Ihishura rya Jambo nyene, Igumana n’Ijambo kw’Ijambo hamwe na Bibiliya !

Yahishuriwe amabanga yose . Mwari mubizi ? Amabanga YOSE. Nta kintu gishasha, nta kintu gisigaye, nta kizohishurirwa uwundi muntu ; Vyose vyahishuriwe intumwa mumalayika wiWe w’indwi kandi twarabihawe , Umugeni wiWe, kuri Bande.

Ni ivyo vyose Umugeni yarakeneye, Menya neza kandi, ivyo vyose Umugeni yarakeneye. Abandi bakenere ibindi bintu, kandi barabihabwa. Ariko ivyo dukeneye vyarafashwe amajwi kandi twabihawe kuri Bande hanyuma kandi Biriko Biduha UKWIZERA kw’Izamurwa.

Turi Ishengero Umwami Mana yamuhaye. Iki nico cicaro gikuru ciwe. Aho niho yatubwiye kuguma. Si mu nyubako, AMABANDE. Turi urya mugwi w’abantu wizera, kandi unyotewe no kuguma kuri buri Jambo. Yatubwiye kuguma hano hanyuma tukitegereza Ibuye ryera,Ibuye Rikomeye Cane, IJAMBO KURI BANDE.

Ijwi rivuye mw’Ijuru ryavuganye nawe maze rivuga riti, “ Zana imfungurwa. Zibike. Ubwo nibwo buryo bwonyene bwo kubagumiza hano, ni Kubaha imfungurwa.” Ntiyigeze avuga kuraba ikindi kintu, canke ko hobaye uguhishurirwa gushasha kuvuye ku wundi muntu; Hanga amaso IZI MFUNGURWA ZIBITSE KURI BANDE, GUMA NG’AHO.

Ariko nk’uko babikoze mu ndoto zose yahishuye, bamwe bavuye muri iyo nzira , bamwe bafashe inzira imwe abandi bafata iyindi. Bamwe nibo bagumye aho hanyuma bumira kuvyo yari yarababwiye.

Rero gereranya ivyo na ziriya zindi, Inzozi. Iri ryari iyerekwa. Imfungurwa, ng’izi. Iki nico kibanza.

Nta kintu gitomoye kurushiriza ico cari kuba ku Mugeni wayo. Iri ryari iyerekwa. Si indoto, IYEREKWA. Imfungurwa ziri hano : Bande. Iki nico kibanza : AMABANDE. Turiko turakora neza na neza ivyo yatubwiye gukora : Umviriza AMABANDE !

Bisaba uguhishurirwa kwa Mpwemu mu gutahura ibi bintu. Bizosaba uguhishurirwa kwa Mpwemu kwizera no gutahura ivyo Izotubwira vyose uyu w’iyinga. Kizoba ari igihe c’ubwiza ku Mugeni.

Hariho ibintu vyinshi Imana Iriko itubwira kandi Iduhishurira kuri Ubu Butumwa. Nshaka gutora ivyanditswe ku bindi hanyuma ndabibahe, ariko ndaziko Izohishura Akavunji kose kuri mwebwe kuko ibi nivyo yavuze mwari :

Iri niryo shengero Umwami Mana yampaye. Aha niho cicaro canje gikuru. Aha niho nguma… Hariho n umugwi w’abantu hano bizera, bashonje kandi babandanya.

Turi urya mugwi ushonje kandi ubandanya. Benshi badutahura nabi kandi bakadukekeza, ariko ivyo ni vyiza, turabakunda kandi turabasengera; yamara dukeneye gusa IJWI RIMWE ryo kuturongora.

Mbabarira, ariko ntegerezwa kubaha iki canditswe.

Igihe azotangura kuvuza inzamba, niho Ibanga rizoba riherahejwe.” Rero, Itegereze, kandi ni igihe c’amajwi y’agashashara k’indwi, k’ivyahishuriwe Yohana 10, ko bihishurwa. Muratahura? Igihe amabanga yose y’Igitabu azoba aherehejwe! Kandi Bibiliya ivuga hano yuko Amabanga azoba aherahejwe.

Ni nde azohishura arya mabanga? Umwungere wawe ? Umurwi ? Jewe ? Intumwa Mumalayika w’indwi : William Marrion Branham. Nta wundi muntu imbere yiwe, mu mwanya wiwe canke inyuma yiwe. Azoheraheza amabanga.

Hashobora kuba ari umunywamazi uzokubura mu kirere hanyuma hazoboneka itangazo rivuye mw’Ijuru, rivuga riti,” Ntibigitevye.” Asangwa ari, reka twitegure ubwacu, bagenzi, guhura n’Imana yacu.

Ego Mwami, Dushaka kwitegurira guhura nawe. Dushaka gukora ivyo dushoboye vyose. Dushaka kuba mu bugombe bwawe butunganye. Tubwire Data , twokora iki kugira twitegure?

Hariho imfungurwa nyinshi zashizweho ubu. Reka tuzikoreshe. Reka tuzikoreshe ubu.

Urakoze Data kubwo ibifungurwa washizeho kubwo Umugeni n’ukubihishurirwa . Turiko turabikoresha buri munsi.

Ndasabira ukubabarirwa kw’iri Shengero ryanje ritoya hano wandungitse kuyobora no kurongora. Bahezagire, Mwami. Nakoze bijanye n’indoto n’iyerekwa n’ibintu Yavuze, rero, aho ngeza kumenya, nabashiriyeho imfungurwa zose uko nshoboye, Mwami. Uko biri kwose, Mwami, Turi abawe.

Urakoze Mwami, Waratubwiye ubugira kandi, Washizeho imfungurwa zose dukeneye mu rugendo.

Ndindiranye igishika co kwumviriza, Mugenzi, iki ni Ikimenyetso c’iherezo? 62-1230E, hamwe namwe kuw’iyinga isaha zitandatu, Isaha ya Jeffersovnille(isaha 12 z’umugoroba mu Burundi). Ndazi ko tuzohishurirwa ibintu bushasha kuruta uko vyari mbere. Iki gishoboka kuba ari igihe ca nyuma tuvyumvirije.

Mbega vyocura iki ari ikintu kiturongorera kwinjira mu Kwizera kw’Izamurwa? Sivyo? Twokwiruka? Tugasimba ibihome? Hoba hariho ikintu citeguriye gushika, hanyuma iyi mibiri yononekaye, mibi ikazoca ihindurwa? Noshobora kubaho kugira ndabibone? Ewe Mwami? Vyoba vyegereye kuburyo nobibona? Uru rwoba ari rwo runganwe? Bagenzi, BeneData, ni igihe ki? Turi hehe?

MweneData joseph Branham