22-0109 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo ?

Ubutumwa: 62-1230e Migenzi Mbega Iki Ni Ikimenyetso C Iherezo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa Rusengero rw’Imana,

Ubu Butumwa nta kagero bugira mu bushobozi. Buratunganye ubwaBwo. Niryo Jambo rya nyuma ku bintu vyose. Ku Mugeni nta kindi kintu uretse iryo Jwi ryafashwe kuri bande. Ni Ubutumwa bw’igihe bw’Imana Bwemejwe. Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu.

Turi mu rugendo tuja mu Gihugu c’Isezerano, turongowe na Mpwemu Yera, Inkingi y’Umuriro. Imfungurwa zacu za Mpwemu zaregeranijwe kugira ngo zidufashe mu rugendo rwacu. Ivyo dukeneye vyose vyaratanzwe.

Dawidi yarateguye cane, imbere y’urupfu rwiwe, ibintu vyose vyari bikenewe vyo kwubaka inzu y’Umwami. Yategetse ko yategerezwa kuba iteye igomwe vy,akaburarugero, ari rurangiranwa kandi y’ubwiza, mu bihugu vyose.

Hanyuma avugana na Salomo, maze amuha ivyo vyose yari yateguye vyo kwubaka Ingoro y’Umwami. Yamuhaye umuderi w’urubaraza, n’uwamazu. Uw’ubushinguro, ivyumba, ivyumba vy’imbere hamwe n’ikibanza c’umutemere wo guhongerako.

Yamuhaye umuderi w’ivyo yarafise vyose mu vyiyumviro, ivy’urugo rw’inzu y’Umwami. Ivyumba vyose hirya no hino, ubushinguro bw’inzu y’Imana, hamwe n’ubushinguro bw’ivyashikaniwe Imana.

Inyigisho z’abaherezi n’Abalewi, hamwe n’ivyerekeye igikorwa cose co mu nzu y’Umwami. Yaranamuhaye ibikoresho vyose vy’igikorwa co mu nzu y’Umwami. Izahabu n’ifeza kubw’ibikoresho vya buri gikorwa. Uburemere bw’izahabu n’ifeza kuri buri giterekwa ko amatara. Izahabu n’ifeza ya buri meza y’umutsima w’ibiterekerwa, ivyuma, uturende, amakarabo n’imibehe.

N’urugero rw’izahabu iramuye yo kuzokoramw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu; amuha n’icitegererezo c’umukogote w’izahabu, ari wo bishushanyo vy’abakerubi bashanje amababa bagatera igitutu isandugu y’isezerano ry’Uhoraho.

Vyose vyari vyarateguwe kandi vyaregeranijwe kubwo kwubaka. Ntacari kibuze. Yategerezwa gukurikiza umuderi neza kugira ngo yubake Inyubako y’Umwami.

Ariko mu gihe cacu, Imana Iriko Irubaka iyindi Nyubako, Umugeni waYo. Iyi Nyubako ntizosamburwa, ariko izobana naYo Ibihe Bidashira. Yarateguye kandi Yaregeranije vyinshi ku bintu vyose bikenewe mu kwubaka Iyi Nyubakwa yaYo nshasha.

Ubumana, Uruvyaro rw’Inzoka, Amayinga Mirongo Indwi za Daniyeli, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Udushashara Ndwi, Kumenya Umunsi Wawe, Kurongora no Kwahukana, Ugukurwako Umwitwikiro kw’Imana, Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Abasizwe, Imfungurwa za Mpwemu, Kristo ni Ikinyegezwa, n’izindi amajana n’amajana, zitegerezwa gukurikizwa neza na neza.

Yaregeranije ibintu vyose dukeneye, ariko dutegerezwa gukurikiza umuderi neza na neza, ata guhindura akadome kamwe canke umutwe w’igisomwa umwe.

Rero, ibi nivyo mvuga muri kino gitondo, ni ukwegeranya Imfungurwa.. Kwegeranya Imfungurwa, kugira ngo muzobe mufise ivyo mufungura, kugira ngo muzobe mufise ivyo mugirira ko umunsi mukuru. Birondere ku ma bande yanyu. Mwicare mu cumba ahapfutse. Nkumbure, ninamara igihe naragiye, muzoguma mwibuka ko ibi bintu ari ukuri. Icara mu cumba canyu mwumvirize, Murabona ? Kandi izi ni Imfungurwa, turiko turegeranya, mu kigega.

Yavuze yuko muri urwo rusengero yiyumva ari i muhira kuruta ahandi hantu hose. Niho hari ahantu Imfungurwa zategerezwa kwegeranirizwa.

Hanze mu bikorane aho nja, ntimwigera mwumva nigisha ubu Butumwa. Oya, narabemereye, kuza muri iyi nyubako. Aha nyene niho nigishiriza Ubutumwa bwanje. Ndafise ubundi butatu canke bune ng’aha, Umwami Yampaye, ndafise Ivyanditswe vyerekeye ivyo, ku buryo ntokwubahuka kuvyigishiriza ahandi atari hano. Aha niho Ijambo Ry’Imana Ryatanguriye kugenda. Rero, kugeza Imana Ibihinduye, nzoguma aha nyene kandi ndabisohorere aha nyene. Ni vyo.

Umuhanuzi w’Umwami yaravyatuye kandi avuga ko hariho umugwi w’abantu bamwizera, kandi bashonje kandi bakira buri jambo yavuze. Muri uwo mugwi w’abo bantu. Muri ikoraniro ryiwe. Muri ubusho buto bwiwe.

Namye mu masengesho kandi numva Umwami Ariko Aturongora gukurikiza Ubutumwa We n’umuhanuzi wiWe begeranije mu Kigega ciWe kugirango hubakwe Umugeni wiWe.

Tuzobandanya gukurikira umuhanuzi wiWe mu gihe twumviriza : Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo ? 62-1230E. Ndipfuza kubatumira kwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zine zo mu gitondo,mu masaha ya Jeffersonville⁽ari zo saha cumi n,imwe zo ku mugoroba mu Burundi₎ kugira ngo mwumvirize izi Mfungurwa zateguwe kandi zikegeranywa mu buryo budasanzwe, zizobubaka zikabagira Inyubako y’Umwami.

“Nta gihe gisigaye.” Asangwa ari uko, muze twitegurire, bagenzi, guhura n’Imana Yacu. Ubu hariho Imfungurwa nyinshi zashizwe aho. Muze tuZikoreshe. Muze tuZikoreshe ubu.

MweneData Joseph Branham