22-0102 Icishimikizo Ntanyiganyizwa

Ubutumwa: 62-1230m Icishimikizo Ntanyiganyizwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ubutumwa bw’Umuntu Umwe,
Mbega ukuntu umwaka w’intibagirana wabaye uw’Umugeni. Yatugize umwe kuva kw’isi yose kubw’ikintu kimwe gishobora gushira hamwe Umugeni waYo, Ubutumwa bw’igihe, Ijwi ry’Imana nyene Rihamagarira Umugeni waYo gusohoka.

Kandi ubu nizeye ko Yiteguriye gushikira karya gasongero ka nyuma hariya, kuzana Ukwizera kuzozamura Ishengero mu Bwiza. Kandi Aryamye muri ubwo Butumwa.

Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa ubu kumase ibwina mu mitima yacu. Ibikorwa vyacu biri kumwe neza na neza n’Ijambo. Turazi ko inyigisho yacu itunganye hamwe n’Ijambo, tutongeyeKo na kimwe canke tudakuyeKo na kimwe. Kuri twebwe, nta kindi na kimwe kiretse Ijambo kw’ibande.

Yaraduteguriye agasongero ka nyuma mu kuduha Ukwizera dukeneye kw’Izamurwa. Ukwo Kwizera kuri muri twebwe UBU. Ubuzima bwa Kristo bugaragarira hafi mu buryo bw’umubiri muri twebwe, nk’uko bwari muri Kristo.

Dushobora kubona ubuzima bwiWe. « Ibikorwa Nkora namwe muzobikora, uwizeye. » Si uwigira uwizeye, uwiyumvira ko yizeye, ariko « Uwizeye. » Unyizeye, ibikorwa Nkora nawe azobikora. « Kuki ? Ashinze inanga ku Gitandara kimwe. Igitandara cari iki ? Ijambo iminsi yose. Ushinze inanga hariya. Ni Inyenyeri yo mu buraruko igihe uzimiriye mu kiyaga.

Tumase cane kuri rurya Rutare. Turabizi tudakekeranya. Turavyemeza. Ntidufata Ijambo ry’uwundi muntu munaka, tugumana na Uko Niko Uhoraho Agize. Dutegerezwa kugera ku Cishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu.

Turahagijwe bikwiye kandi turanezerewe. Nta kundi kwibaza nk’uko vyari bimeze mu bihe vy’Abacamanza, na benshi muri iki gihe, aho umuntu wese yakora icari ciza mu maso yiwe, aho umuntu wese yari afise icishimikizo ntanyiganyizwa ciwe bwite kandi yakora gusa ico yashaka cose. Imana Ntihindura uburyo bwo gukora kwaYo, Ntiyobikora hama ngo Ibe Imana. Namba Imana Yarigeze kuvuga ico ari co cose canke kuvuga ico ari co cose, Itegerezwa gukora co kimwe igihe cose.

Imana Yama Irunguka umuhanuzi wo kurongora ihanga ryaYo. Yaturungikiye Umuhanuzi-mumarayika w’indwi; Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu, guhamagarira gusohoka no kurongora Umugani waYo. Amabande ni Ijwi ry’Imana ku Mugeni waYo. ICO NI ICISHIMIKIZO NTANYIGANYIZWA CACU.

Yaduze hariya. Yari abizi. Kandi ndabikunda, ukuntu yaje. Yaronse icishimikizo ntanyiganyizwa ciwe, inkingi yishimikiza.

Imana Iriko Ihamagarira Umugeni waYo hamwe. Ntizohindura umugambi waYo. Ntizorungika umugwi w’abantu gukoranya Umugeni waYo. Umugeni waYo Azogirwa umwe gusa n’Ijambo Ritagira agatosi, iryo ni Ijwi ry’Imana ku Mabande. Ni igikorwa c’Imana c’ukuri c’iki gihe.

Nta buryo burushirije kuba bwiza bwo gutangura Umwaka Mushasha nko gukoranira hamwe no kwumviriza inkingi yacu twishimikiza, Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu, kivugana natwe. Ndipfuza gutumira umwe wese kuza kwumviriza hamwe natwe kuw’iyinga isayine zo mu gitondo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi z’umugoroba hano mu Burundi), wumviriza Ubutumwa : Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 kigarama mu gitondo mu mwaka wa 1962.

Namba mudashobora kwifatanya natwe, ndabahimiriza guhitamwo Ubutumwa bwo kuvuza mu mazu yanyu, canke muhimirize umwungere wanyu gutora Ubutumwa namwe mwoshobora guhurirako hamwe, munsi y’ugusigwa guhambaye cane kubaho, maze mwumvurize Icishimikizo Ntanyiganyizwa cagaragajwe c’Umugeni.

MweneData Joseph Branham.