21-1226 Kuki Betelehemu Ntoya

Ubutumwa: 63-1214 Kuki Betelehemu Ntoya

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Banyeshure Bakunzi biWe ,

Nipfuza kubabwira ubutumwa no kubigisha uno munsi mu buryo bw’ikete ryanje. Ubwambere
dusubiremwo ivyo twize kuw’iyinga uheze.

Ucakira urubuto rw’Imana rwatoranijwe gute ? GUFYONDA UKAVUZA.

Mbega Yosuwa yabwiye abakozi b’Imana gukora iki ? Kwinjira muri Yeriko, kubwira ubutumwa abantu mu GUFYONDA BAKAVUZA, kandi wewe n’inzu yawe muzokizwa.

Intumwa ziwe zaragarutse, kandi zavuze ziti, « Numviye amategeko yawe. Kandi hariho umugore twabonye, igihe twavuza amabande.

Ntitugira isoni. Ntitwitayeho uwuBibona. Twashaka ko bose baYabona kandi baYumviriza. TwaYashize mu mazu yacu, mu mashengero yacu, ahantu hose tuja, ku buryo abantu bose bahaciye bazomenya ko turangwa n’Ikimenyetso cacu; Yesu Kristo, Ijambo ryiWe, Mpwemu Yera, Ubutumwa bw’igihe, Amabande, Ijwi ry’Imana.

Dushobora kubona ko uburake bwiteguriye guca mu gihugu, kandi ikintu cose kitari munsi ya kirya Kimenyetso, kizohona. Ariko igihe Abona kirya Kimenyetso, Azoturengana. Ni igisabwa n’Imana c’igihe. Ubutumwa bwo ku kagoroba, ni ugushirako Ikimenyetso.

Yatubwiye ko bizoba vyegeranye ukungana gute banyeshure ?

. Kuvuga gusa ko ndavyizeye… ntibihagije.
. Kugendera hirya no hino y’aho Biri… ntibihagije, bikugira mubi birushirije.
. Siniba.
. Nja kuri Branham Tabernacle
. NIZEYE UBUTUMWA
. NIZEYE IJAMBO RYOSE WAVUZE MWENEDATA BRANHAM… YOOO!!!

Ivyo ni vyiza, ivyo bisigura gusa ko ushobora gusoma.

Ntuze gusa gushika ng’aha, uvuga uti, “Nizeye Ubutumwa.” Wumvire intumwa. Injira muri Kristo! Fata Ubwo Butumwa. Bwinjize mu mutima wawe, ku buryo utegerezwa kugira Ikimenyetso, Ubuzima nyene bwari muri Kristo bube muri mwebwe. “Igihe mbona Ivyo, Nzobarengana.”

Ni iki Imana Yabwira Umugeni waYo Ubutumwa ku Butumwa? AMABANDE, AMABANDE, AMABANDE. Ni vyiza kuvuga Ubutumwa no kwigisha Ubutumwa, ariko mutegerezwa KUVUZA UBUTUMWA.

Ni gute umuntu uwo ari we wese avuga ko bari mu rukundo n’Ubutumwa kandi ntashake kuvuza Ubutumwa imbere y’abantu ? Ntibafise imigenderanire imwe y’urukundo mfitanye n’Ubutumwa, mu gihe nshaka ko bose baja hamwe maze bakumviriza ivyo bigaragajwe n’Ijwi ry’Inkingi y’Umuriro.

Dufise UKWIZERA kutanyiganyiga mw’Ijambo ryiWe. Ntituri Eva. Ntituri abakekeranya canke abagiriranira imyumvikano na Satani. Dushimikiye kw’Ijambo ry’Imana ryose ryo muri Bibiliya, n’Ijambo ryose kw’Ibande. Kuko amabande ari ivyiyumviro nyene vy’Imana, vyavuzwe kandi vyahishuriwe Umugeni waYo, kandi ntibikeneye insiguro. Ni ho hantu honyene tuzi ko dushobora kuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose.

Ubu Butumwa ni umutsima mushasha umanuka uvuye mw’Ijuru, w’urugendo rwacu. Ni Umutsima w’Ubugingo, kandi buri munsi turonka agafuto kavuye kuri Kristo, kavuye mw’Ijuru, Mpwemu Yera, Aza maze Akuzuza ubugingo bwacu.

Twicaye hamwe dufise intumbero imwe, Ijambo ry’Imana, kandi tugaburirwa kuri Iryo Jambo. Turi muri Betelehemu ya mpwemu y’Imana, turya Umutsima wa mpwemu w’Imana, kandi ubugingo bwacu bwemeza Ijambo Ryose Yavuze, hamwe na « Amen ! ». Turyoherwa n’Ibifungurwa vyo mw’Ijuru vy’umumarayika wiWe twabikiwe kugira ngo tubigirireko umunsi mukuru.

Muze tuje hamwe ku Meza yiWe maze tugire umunsi mukuru ku Bifungurwa vyo mw’Ijuru vy’umumarayika wiWe hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isayine mu gitondo, kw’isaha ya Jeffersonville.

Namba abantu b’amabande muri ng’aha, mwumviriza amabande, ndipfuza ko mwumviriza iriya : « Ni Kuki Yesu Yategerejwe kuza i Betelehemu. Ni Kuki Yategerejwe kubikora ?

Data Yavuganye natwe biciye ku muhanuzi waYo irindi rimwe kandi Yatumiye mwebwe mwese bantu b’amabande kuza kwumviriza Ubutumwa, Kuki Betelehemu Mutoya, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 kigarama umwaka wa 1963.

Ukuvuga ubutumwa kwanje n’ukwigisha kwanje ubu birarangiye, ubu DUFYONDE TUVUZE.
MweneData Joseph Branham.