21-1219 Ikimenyetso

Ubutumwa: 63-0901m Ikimenyetso

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’ Ikimenyetso.
Ntihari bwigere na rimwe haba igihe nk’iki mbere muri kahise k’isi. Isi nzima yategerezwa kubishingira intahe, mu gihe imibumbe itanu yo mu kirere yitondetse ubwayo hamwe. Ikintu kinaka cariko kirashika kw’igenekerezo rya 12 kigarama, 2021 mu majuru, mu gihe ikintu kinaka cariko kirashika kw’isi. Umugeni Yari Yishize hamwe kw’isi yose mu Gihe Imana Yavuga Iciye mu muhanuzi waYo, kandi Umugeni waYo Yagira Ingaburo Yera n’Ukwozanya ibirenge hamwe mu mazu yabo.

Mbega ibihe vyiza n’ukuba ng’aho k’Umwami vyari bihari mu mazu yacu. Abahungu bamwe bavuza amabande bari binyobeje mu mazu yacu kandi inzu yacu twayigize ishengero ry’Umwami. Twashize Ikimenyetso ku mazu yacu no ku miryango yacu. Mpwemu Yera Yuzuye inzu yacu, umutima wacu, n’ubugingo bwacu n’ukuba ng’aho kwiWe. Vyari bimeze nk’aho twari abana b’abisirayeli biteguriye urugendo rwo kuvayo.

Ijambo Ryavugana natwe biciye mu marayika wiWe kandi Ryashirwa mu mazu yacu. Urupfu rwari rwadukikuje, ariko twari tuzi ko twari mu mutekano kandi rworengana amazu yacu. Twari twiteguye kugenda mu Gihugu CACU c’Isezerano.

Nta na rimwe twigeze twumva ukwegerana nk’uko twagize rirya joro. Twaramenye ko ikintu kinaka cariko kirashika. Twaramenye ko Yariko Aradutegurira Ukuza kwiWe, ariko categerezwa kuba iki gihe, uyu munsi, uku kwezi, uyu mwaka. Ikintu cose cari gitunganye kandi kiri mu mwanya waco. Vyari bifise insiguro. Vyariko birashika kubw’ikimenyetso kw’isi.

Ikintu cose gishika ca mpwemu ni ikimenyetso kivuye ku Mana. Mube maso. Mubirabe, murabona. Mwitegereze ikintu cose gishika ca mpwemu, ikintu cose gishika, ni ikimenyetso. Ntituri ng’aha giturumbuka. Ibi bintu ntibishika gusa giturumbuka. Ni Ikimenyetso. Ni ikimenyetso, co kuja—co kuja mu mutekano, vuba. Nowa yari ikimenyetso ku runganwe rwiwe, Eliya yari ikimenyetso ku rwiwe ; Yohana yari ikimenyetso ku rwiwe. Murabona ? Ikintu cose, Ubutumwa bw’igihe, ni ikimenyetso. MuBwitegerezen murabe ico Buriko Burakora. Murabona ? Ni ikimenyetso. Ikintu cose gifise insiguro.

Igihe Mose yatangura ikikorwa caYo muri Isirayei, Isirayeli yose muri Egiputa yakoraniye i Gosheni. Bariko baragaruka imuhira kuko bamenye ko ikintu kinaka cari kigiye gushika.

Mbega ikigereranyo gitunganye c’iki gihe, mu gihe Umugeni Akoranira kw’Ijambo ry’igihe ritagira agatosi ritavanze ; kuko natwe turazi, ko ikintu kinaka kigiye gushika.

Baza bava mu buseruko no mu burengero, baza bava mu bihugu vya kure, gukora umunsi mukuru hamwe n’Umwami, gufungura nk’umutumire wiWe bakikuje Ibifungurwa vyiWe Vyabitswe ku MEZA YIWE.

Yarungikanye umumarayika muhanuzi wiWe Ubutumwa bwo guhamagarira gusohoka no kurongorera Umugeni WiWe mu Gihugu c’Isezerano. Yimenyekanishije ubwiWe muri twebwe n’Inkingi y’Umuriro. Rero, Yarungitse Ikimenyetso ciWe kugira ngo Umugeni WiWe Akije munsi, kuko Amenya gusa ico Kimenyetso.

Mbega Ikimenyetso c’iki gihe ni ikihe ?

Amenya gusa I—Ikimenyetso. Ubwo ni Ubutumwa bw’igihe ! Ubwo ni Ubutumwa bw’iki gihe ! Ubwo ni Ubutumwa bw’uyu mwanya ! Mw’Izina rya Yesu Kristo, muBwakire.

Umugeni na Kristo bariko baraba Umwe. Igikorwa c’ibango c’Umugeni, n’igikorwa c’ibango rya Kristo, ni co kimwe. Imana UbwaYo Imenya Ubutumwa bw’intumwa yaYo. Yamenye Umugeni waYo. Icijiji kiriko kiraba ikintu kiboneka. Isezerano ryose mw’Ijambo ryaYo ni IRYACU. Ritegerezwa kutwumvira.

Turiko turaba Urya Mugeni Jambo Atunganye mu nzira Imana Yatanze y’iki gihe : Ijwi ryaYo, Ijambo ryaYo, kw’Ibande. Imana ntiYigera Ihindura umugambi waYo. Yamye Irungika umuhanuzi wo kurongora ihanga ryaYo. Yari Ifise abandi bahamagarwa kandi basizwe, ariko bashobora kuvuga GUSA ico umuhanuzi yavuze, kuko Amajambo yaYo Yari UKO NIKO UHORAHO AGIZE kw’ihanga.

Mbega ushobora kumenya UDAKEKERANYA 100 kw’ijana ko uriko urumviriza Ijambo RITUNGANYE ry’Imana? Hari uburyo bumwe bwonyene kuri jewe : Gufyonda ukavuza?

Ata nkeka hariho abandi bahamagariwe kuvuga Ijambo, kuko biri mw’Ijambo kandi ntivyohakanwa, ariko bashobora gusa kwigisha Ijambo bumvise kw’Ibande Rivuye ku ntumwa y’Imana. Ntibashobora kuvuga, kwigisha, gusobanura, kuvanaho canke KWONGERAKO IKINTU NA KIMWE mu gihe Ari IJAMBO RY’IMANA RITUNGANYE. Ivyo ni vyo Ijambo Rivuga.

Si bibi kwumviriza umuvugabutumwa, nk’uko bamwe bavuga, nta n’ubwo ari bibi kuja kw’ishengero. Mwotegerejwe kuja kw’ishengero, ariko Umugeni Ashaka kwumviriza imfungurwa z’intama, kandi benshi bizera ko uburyo bwonyene bwo kwumviriza Ijambo Ritagira agatosi ari Ugufyonda Bakavuza.

Imana Ibahezagire n’igikorwa c’ibango Imana Yabahamagariye. Kuko sindabarwanya kandi ndabakunda kandi nizeye ko nzobana n’Umugeni WaYo wese Yatoranijwe mu Bihe Bidashira. Nshigikiye gusa igikorwa c’ibango c’amabande.

Benshi bavuga ko utegerezwa kugira igikorwa c’Imana kugira ngo ube Umugeni. Ndavyemera, ni vyo, William Marrion Branham, kuko ni we mukozi w’Imana ahambaye kuruta abandi afise igikorwa c’Imana gihambaye kuruta ibindi kw’isi. Kuko si ijambo ryiwe, ubutumwa bwiwe, ivyiyumviro vyiwe, nta n’ubwo ari insiguro yiwe. Ni Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe Ryonyene ry’igihe cacu. Kandi ego, ni IGIKORWA C’IMANA KIRIKO KIRABA gihambaye gusumba ibindi kibaho.

Ikibazo canje ni iki : Murashobora kwumviriza Amabande no kuba Umugeni wa Kristo, canke ntegerezwa kugira ikintu kinaka gisumba Ijwi ry’Imana kw’ibande?

Nka jewe n’inzu yanje, turi INZU Y’IBANDE, kandi twizeye ko turi Umugeni waYo kandi ico DUKENEYE CONYENE ni Ijwi ry’Imana kw’ibande.

Namba wokwipfuza gufatanya natwe mu nzu yawe, ishengero, imodoka canke aho ari ho hose Umwami Yaguhaye, kugira ngo wumvirize Uko Niko Uhoraho Agize, wifatanye natwe kuw’iyinga isatatu mu gitondo, isaha ya Jeffersonville,(isaha icumi z’umugoroba mu Burundi) kwumviriza Ijambo ry’Imana Ritunganya Umugeni waYo kandi Rituzanira Ubutumwa : Ikimenyetso, bwo kw’igenekerezo rya 1 nyakanga mu gitondo umwaka wa 1963.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Itanguriro 4:10
*Kuvayo igice ca 12 cose
Yosuwa igice ca 12 cose
Ivyakozwe n’Intumwa 16:31
Ivyakozwe n’Intumwa 19:1-7
Abaroma 8:1
Icete ca mbere c’Ab’I Korinto 12:13
Abanyefeso 2:12
Abanyefeso 4:30
Abaheburayo 6:4
Abaheburayo 9:11-14
Abaheburayo 10:26-29
Abaheburayo 11:37
Abaheburayo 12:24
Abaheburayo 13:8
Abaheburayo 13 :10-20
Uwera Yohana 14:12