23-1217 Ikimenyetso

Ubutumwa: 63-0901m Ikimenyetso

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukundwa mukunzi wanje.

Umutima wanje urabiragira gusa igihe ndababonye mwese mukoraniye hamwe hirya no hino y’Ijwi ryanje, mwumviriza Ijambo ryanJe, mu gihe Mvugana na mwebwe biciye mu mumarayika wanJe.

Birampimbara cane kumenya yuko mufise uguhishurirwa kw’uwo nahisemwo kugira abe Ijwi ryanJe kuri mwebwe. Mu kwizera yuko Ijambo ryose yavuze ritari IJambo ryiwe, ariko ryari Ijambo kuri mwebwe.

Vyari ngirakamaro kuri Jewe, narabifashe amajwi kandi ndabibika kubwanyu, kugira ngo mushobore kuvyumviriza incuro n’incuro. Sinashatse ko mwibagira ko ivyo navuze vyari bivuye ku mutima wanJe. Nari nzi y’uko yari iyo nzira yonyene nari gushobora kubaheramwo kurya Kwizera gutunganye mwashaka, kugira ngo dushobore kugumana hamwe.

Namye nkoresha umuntu umwe mu kuvuga hamwe no mu guhishura Ijambo ryanJe k’Umugeni wanJe. Nk’uko nabikoze kuri Mose gusa. Ivyo yahamagiriWe, n’ivyo yaronse, kuko yavuga amajambo yanje gusa. Naranamubwiye nti nzokugira imana. Uzoba imana, kandi Aroni azoba umuhanuzi wawe. Nzofata ijwi ryawe hanyuma nzorema ndarikoresheje. Nzovuga kandi abantu ntibazoshobora kuvyanka. Ivyo ari vyo vyose WOVUGA, bizoshika.

Ubu mwaramaze kuronka ukwizera gutunganye mw’Ijambo ryanJe, ntimwatahuye gusa uwo narungitse kugira ngo abe Ijwi ryanJe, ariko ubu mwatahuye ko Ijambo ryanJe riba kandi rigerereye muri MWEBWE, hanyuma yarabahaye UKWIZERA GUTUNGANYE.

Murazi abo muri, muri muri jewe kandi Ijambo ryanJe riri muri mwebwe, musabe ico mushaka cose, muzogihabwa. Muzosenda amadayimoni mw’Izina ryaNJe; Atari, nzo, MUZO. Nimwabwira uwu musozi; Atari ninabwira, nimwabwira uwu musozi.

Uwansi wanyu ntabushobozi akibafiseko. Mwebwe n’Ijambo ryanJe ni KIMWE. Namba mufise abana canke abakunzi batari aho botegerejwe kuba, nimubabohoze . Namba vyarakoretse kuri mwebwe, rero shira mu ngiro UKWIZERA GUTUNGANYE kwanyu mw’IJAMBO RYANJE RITUNGANYE riba muri mwebwe, kandi muzoshobora kuronka ivyo mwasavye.

Yooo, nabarindiriye ikiringo kirekire kugira ngo mutahura abo muri. Mukubabona mwitegurira kwumviriza Ijambo ryanje. Ndanezerewe cane yuko igihe camaze gushika.

Rirya Jambo ritunganye navuze hanyuma nkaribika kubwanyu ni ikimenyetso canje c’uwizera wese uyu munsi. Ni Mpwemu Yera; si amaraso, si amaraso buraso, ariko ni Mpwemu Yera wanJe, Ijambo ryanJe, riba kandi rigerereye muri mwebwe.

Igihe c’ico kimenyetso c’uko gishirwa ahagaragara kiri hafi. Mutegerezwa gutwara ico kimenyetso umurango n’ijoro; Atari kuw’Imana gusa, mutegerezwa gufyonda mukavuza igihe cose.

Atahura gusa ico kimenyetso. Ico ni Ubutumwa bw’igihe! Ico ni Ubutumwa bw’iki gihe ! ico ni Ubutumwa bw’iki kiringo ! mw’Izina rya Yesu Kristo vyakire !

Hariho Ubutumwa bwinshi hariya hanze, ariko IJwi ryanJe ni Ubutumwa bw’Igihe. Mutegerezwa kwakira kandi mukizera iri Jambo. Bitegerezwa gushirwa mu ngiro mu gihe c’akagoroba.

Mwebwe mwese kw’isi yose mwumviriza ama Bande, igihe c’ikimenyetso kiri hano. Hari ikimenyetso gitegerezwa gushirwaho kandi nta kindi gihe gishobora kuza… muriko murabitahura ?

Ingo hanyuma mushireho ikimenyetso canJe mu buzima bwanyu hamwe n’Umugeni wanJe uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(Akaba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza Ubutumwa bwanJe k’Umugeni : Ikimenyetso 63-0901M.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Itanguriro 4 :10
Kuvayo 12
Yosuwa 12
Ivyakozwe n’Intumwa 16 :31/ 19 :1-7
Abaroma 8 :1
1 Ab’ I Korinto 12:13
Abanyefeso 2:12/4:30
Abaheburayo 6:4/9:11-14/10:26-29/ 11:37/12:24/13:8, 10-20
Yohana 14:12