23-1224 Kubera Iki Betelehemu Ntoya?

Ubutumwa: 58-1228 Kubera Iki Betelehemu Ntoya?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni washizweko Ikimenyetso,

Nipfuza y’uko twokwitegura ubwacu kubwo Igikorwa c’Isangira ryera ryo mu miryango ryiharije ku munsi buca ari umwaka mushasha, kuw’iyinga, itariki 31 za Kigarama. Tuzokwumviriza Ubutumwa, Uguhererwa 63- 0901E, aho MweneData Branham Akora Isangira ryera hamwe no kwozanya ibirenge ku mpera ya Bande.

Ubutumwa buzovuzwa kuri Voice Radio (mu congereza gusa) , hanyuma dukurikize urutonde rw’igikorwa nk’uko twabikoze mu bikorane vy’Isangira ryera mu miryango biheruka, dushizemwo umuziki wa Piano mu gice c’igikorwa c’isangira ryera, n’indirimbo z’uguhimbaza Imana mu gihe c’ukwozanya ibirenge. Tuzotangura igikorane isaha cumi n’imwe z’umugoroba , kw’isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha zitandatu z’ijoro mu Burundi). Kuri mwebwe abo hakurya y’amazi, ndabasavye mwiyumve amahoro mu kuvuza Bande no kugira Isangira ryera mwisunze isaha yo mu karere k’iwanyu kugira mugire Isangira ryera imbere y’isaha zitandatu z’ijoro z’umwaka wa 2023.

Sinoshobora kwiyumvira ukuntu twashoboye kurangiza neza uyu mwaka wa 2023 hanyuma tugatangure umwaka mushasha w’igikorwa mu Mwami, umwaka wa 2024, mu gutekerereza imbere yiWe, guhererwa kubwiWe, Gusangira naWe Amazimano yiWe, gusenga no guharirana, kwoza ibirenge vy’Abera biWe, no kwumviriza Ijambo ryiWe. Mbega ingene uzoba ari umugoroba w’igitangaza.

Ibiraro biri munsi ni ivyo, ukuntu mutegura Umukate n’umuvinyu w’Isangira ryera.

Ndashimye ko Umwami yaduteguriye inzira kugira dukoranire hamwe kubwo aka karyo kubashwe. Ndindiranye igishika vy’ukuri guhura namwe mwese ku Meza yiWe.

Uyu w’iyinga, tuzokwumviriza ubutumwa bwa Noheli: Kuki Betelehemu ntoya? 58-1228 isaha zitandatu ku muhingamo isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi).

Imana Ibahezagire.

MweneData Joseph Branham

Uw’iyinga, italiki 24 Kigarama, 2023
Kuki Betelehemu ntoya? 58-1228
Isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro mu Burundi)

Uw’iyinga, italike 31 Kigarama,2023
Uguhererwa 63- 0901E /Isangira ryera mu miryango no kwozanya ibirenge
Isaha cumi n’imwe z’umugoroba, Isaha ya Jeffersonville(isaha zitandatu z’ijoro mu Burundi).

Instructions for Baking Bread / Making Wine

Instructions to obtain Communion Wine / Feet Washing Bins