23-1210 Ukwizera Gushitse

Ubutumwa: 63-0825E Ukwizera Gushitse

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Kwizera gutunganye,

Ukwizera kwacu kuza kubwo kwumva, Kwumva Ijambo ry’Imana. Ijambo rizanana ku Muhanuzi.

Umuhanuzi ni:

Ijambo ryambaye umubiri! Haleluya! Ijambo rikorera mu mubiri w’umuntu, kubwo ibimenyetso vy’umubiri, kubwo ibimenyetso biboneka, kubwo ibimenyetso vy’ivyanditswe, neza na neza, mukubazanira ukwizera gutunganye kubwo Ukuzamurwa gutunganye.

Turiko turakora neza na neza ivyo Ijambo ritubwira gukora mu kwumviriza Ijwi ry’Imana gusa ryemejwe Rivuga kandi rihishura Ijambo ryaYo biciye mu mubiri w’umuntu kugira ngo riduhe Ukwizera gutunganye.

Mutegerezwa… Amatwi yanyu ntiyumva ikintu na kimwe kiretse ico Mpwemu avuga. Murabona? Uwuri n’ugutwi (Niyumvirize) raba ivyo Mpwemu abwira amashengero” uwufise aho kwumviririza, uwacakiye ivyo Mpwemu abwira amashengero. Murabona?

Twebwe turi ahantu haYo ho kwumviririza aho baRironkera kandi bakizera buri Jambo. Igihe iduhaye amategeko, “ Vuga gusa ibiri kumabande. NDI Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Munyita umwungere wanyu, kandi mubivuga ko.”Kuko ari ko ndi. Turabikora. Ico ari co cose avuga, nta gukekeranya, turabandanya. Ico ari co cose Umwami avuze biciye mu Muhanuzi wayo, nta muntu kw’isi ashobora kukivuguruza, tubandanya co kimwe.

Rero muriko muraza mu Kwizera gutunganye, Ugutungana kutagira agatosi ntigushobora kunanirwa. Ukwo Kwizera ntigushobora kunanirwa.

Ubu dufise Ukwizera gutunganye mw’Ijambo ryiWe. Ntituriko twitegereza twebwe ubwacu . Ntaco dutinya, nka Yobu. Ntidutinya iyo twitegereje imikuba myinshi hamwe no gusoma nturi mu mazi nka Petero. Iyo minsi yararenganye.

RERO twitegereza iryo Jambo ritunganye riba kandi rigerereye muri twebwe. Turiko twinjira mu gikoresho c’Umugeni. Turiko twinjira mu gihe c’Izamurwa.

Igihe dusenga, tuba twizeye ko ivyo twasavye tubironka, kandi tuzobironka, tuzobihabwa. Caba Igihe, ikirere, nta kintu na kimwe kizobihindura. Turaziko vyakoretse. Vyararangiye. Tubimenya gute? Kuko si Ijambo ryacu, ariko ni IJAMBO RYIWE, ryavuzwe hanyuma turarihabwa. Turafise UBUSHOBOZI N’UKWIZERA GUTUNGANYE KWO KUBIVUGA.

Nkuko Yesu yabikoze ubwiWe, turiko turatahura igihagararo cacu; abo turi, ikintu co nyene dutegerezwa gukora, ni ukugira ukwizera kw’ico turi. Gira ukwizera kuco Ijambo rivuga ko turi! Hanyuma Ijambo ry’Imana rica riza muri twebwe maze Rikigaragaza ubwaRyo; Kuko turi uwizera, Kandi uwizera i. “ Ukwizera kw’Imana kugendagendera muri twebwe.”

Kandi rero, twahindutse abasizwe kubw’Iyo Mpwemu, bamesiya basizwe, bamesiya b’igihe ca nyuma, kwakaka kubwo ukuzuka kwa Yesu Kristo, Mu kwerekana yuko atapfuye, ariko mw’ishusho ya Mpwemu Yera, ko Ari mw’ihanga ryiWe, agendagendera hagati mu Mugeni wiWe, n’urukundo kuri We, amugaragarako ubwiwe. Bariko bahinduka umwe kubwo Amazimano y’ubukwe, na vyabimenyetso nyene, vyasezeranywe na ya Mana nyene, muri rya Jambo nyene, Ariko arerekana kwa kugaragara nyene.

Nta kindi gisigaye kuri twebwe Atari kuvyizera; hamwe n’ukwizera kwari We arema Ukwizera gutunganye. Umviriza ivyo ubugira kandi, MU KWIZERA KWARI WE AREMA UKWIZERA GUTUNGANYE.

Hoba hariho n’urugingo na rumwe mu mubiri rukekeranya Ijambo na Rimwe: Oya
Urizera Ijambo ryose: Ego
Yoba yaraguhaye Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa : Ego
Mbega ni Umugeni gusa azoronka ukwo guhishurirwa kw’ukuri? Ego.
Urazi ko uri Umugeni wiwe: Ego.
Yoba yaravuze ko mukwizera Ijambo ryose muzoronka ukwizera gutunganye: Ego.
RERO MURI JAMBO MUGENI KWIZERA GUTUNGANYE!!

Yoo Mwami nudutegure gusumba mbere mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe kuw’iyinga twumviriza Ijambo ryawe. Dufashe ntidusubire kwiraba ubwacu, Atari kwizera Ijambo ryawe watubwiye. Twarabonnye ugukwerwa kwa gatatu kuriko kurakoreka kandi turazi ko kugerereye muri twebwe. Dutegerezwa kuvuga kandi twizere Ijambo ryaWe.

Turazi ko ugiye kuza vuba kubwo Umugeni Jambo waWe atunganye. Ivyo dukeneye vyose , Data, IVYO DUKENEYE VYOSE, turaziko tuzobironka. Kuko ni Ijambo ryawe wamaze kutubwira. Nta kindi co gukora Atari KURYIZERA. Turabikora Data, turabikora. Rero reka dukorere kw’IJAMBO RYAWE.

Turihanye ukunanirwa kwacu kwose, ivyaha n’ibigabitanyo. Twitegereze biciye mu Maraso y’Umwana wawe aho dutsindanishirizwa n’Ubuntu bwaWe n’imbabazi zaWe.

Reka habeho amahinduka mu Mugeni wawe gusumvya uko bitegeze kuba mbere. Ese wodusukako Mpwemu Yera wawe hanyuma aduhe ivyo dukeneye vyose.

Abarwayi bazokizwa imibabaro yose. Abasubiye inyuma bazogaruka kw’Ijambo. Umugeni wawe kw’isi yose azobona inzira yawe wateguye kubwo iki gihe hanyuma yizere.

Asangwa udafise uwukurambikako ibiganza… Irambikeko ibiganza ubwawe… Uri uwizera. Warahindutse Ijambo. Wahindutse Ijambo; kuko wakiriye Ijambo.

Ingo Mwami Yesu, Umugeni wawe ariko aritegura ubwiwe mu kurambarara imbere y’Ijambo ryawe, kugira ngo abe uwutunganye rwose. Dushaka gusharizwa no kwambikwa kubwo Ijambo ryawe.

Ingo udusige gusumvya uko bitegeze biba mbere uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe igice c’Umugeni wawe azoba akoranye kugira akwumvirize uvuga hanyuma Uduhishurire uko tworonka: Ukwizera gutunganye 63-0825E.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’ukwumviriza Ubutumwa:

Mariko 11:22-26/16:15-18
Yohana 14:12/15:7
Abaheburayo 11:1/4:14
Yakobo 5 :14
1Yohana 3:21