23-1203 Noshobora Kunesha Gute

Ubutumwa: 63-0825M Noshobora Kunesha Gute

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Kirungu co mu kidengeri,

Imitima yacu yasimbasimbanye umunezero kuw’iyinga igihe twumviriza Umwami wacu avuga yongera atubwira ibiriko birashika ubu. Turiko twiyunga n’Ijambo kandi turiko ducika UMWE hamwe naWe. Vuba cane tuzoba dukoraniye hamwe n’abera batwitangiye imbere kugira tubane nabo. Rero twese tuzoba twiyunze na Kristo turi umwe kubw’ Amazimano y’Ubukwe bw’Umwagazi w’Intama.

Mbega umunezero wuzuye mu mitima yacu igihe yatubwira kuvyiyumvirako akanya gatoyi , mu kanya nkako gukubita urugohe, isi ntizonamenya ibiriko biraba; ariko twese ubwo nyene, tuzobona n’amaso yacu abakunzi bacu bagiye, hanyuma tuzosubira gukoranira hamwe nabo.

Mbega ivyo twiteze ukuntu vyuzuye mu mitima yacu. Mu kanya gatoyi, tuzobona duhagaze imbere ya Badata, ba Mama, Benewacu, bashikibacu, abagabo bacu, abagore bacu, abana bacu mbere n’umuhanuzi wacu. TUZOBABONA, MU MUBIRI!!

Tuzomenya ico gihe, kwari Ibi; igihe cashitse, twarabikoze, vyarangiye. Vuga ibijanye n’ugukaburwa kubwo uguhishurirwa!! Iyumvire gusa hanyuma muvuge ibivyerekeye ubu, ndashobora kubumva muvuza induru, IMANA ISHIMWE, HALELUYA, IZINA RY’UMWAMI RISHIMWE.

Mbega igihe tubayemwo, tugirira umusi mukuru aya makete y’urukundo twasigiwe. Amakete y’urukundo dushobora gusokorora igihe cose dushakiye hanyuma tukayasoma bihagije. Sivyo gusa, ARIKO NIBIRENGEYE IVYO, turashobora KWUMVIRIZA Umwami wacu ubwiwe avuga biciye mu kanwa k’ikiremwa muntu hanyuma atubwira, “ Nabitse aya makete y’urukundo kubwawe, mukunzi wanje. Narinziko hazoza igihe aho uzokenera kunyumviriza ndakubwira ukuntu nkukunda kandi uri uwanje.”

“ Nashatse kukubwira buri gihe umwansi aguteye, igihe uciye mu bipimo n’ibigeragezo vyose, URI UWANJE. Naramaze kuriha ikiguzi. Naramaze kunesha ico ari co cose… Waranyumvise mukunzi wanje? ICO ARI CO COSE ukeneye, narakuneshereje, kuko ndagukunda.”

“ Nakumenye imbere yuko n’isi ishirwaho. Wari igice canje ico gihe.. Ntuvyibuka ubu, ariko jewe ndavyibuka, Ntiwibagire ivyo nakubwiye, uri akara ko mu mara yanje, Impwemu yo mu mpwemu yanje, igufa ryo mu magufa yanje.”

“ Igihe namye ndababwira ubu carashitse. Ntihazongera kubaho imibabaro, ibipimo hamwe n’ibigeragezo, iyo minsi izoba yararenganye. Rero twese tuzoba turi kumwe mu bihe bidashira. »

« Gira Umwete. Bandanya mufyonda. Ugutamanzura k’urya munsi kuri hafi. Uruhagarara rwose mucamwo buri munsi ni urubatuma munyegera. »

« Igihe ikintu kinaka, kibajeko, hanyuma mukiyumva nkaho mudendebukiwe, murushe kandi munaniwe cane, maze bikagaragara nk’uko umenga ntimwoshobora kubandanya, ntimwibagire, ko mba ndi kumwe namwe hariya. Ijambo ryanje riba muri mwebwe. Muri Ijambo ryanje. »

« Narababwiye, vuga Ijambo. Ibintu vyose mukenera, igihe musenga, mwizere ko muzobironka hanyuma muzobihabwa. Muzobironswa, narabibaneshereje. »

Mbega ivy’ aya majambo asigura kuri twebwe. Aradufasha buri munsi. Ashira hejuru impwemu yacu hanyuma akadushira ahantu ho mw’Ijuru hamwe naWe. Tubayeho gusa kubw’ Imana n’Ijambo ryayo. Dufise intumbero imwe, ni Yesu Kristo, iruhande yivyo, nta kindi kintu ngirakamaro.

Twaracakiye imbono. Igihuzu carakuweho kandi turaMubona, Ijambo ryiwe ryihaye umubiri, rivugana natwe biciye mu kanwa k’umuntu. Dufitaniye urukundo n’Iri Jambo, Ubu Butumwa, Iryo Jwi.

Ingo mwiyunge hamwe natwe kuw’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville,(Hakazoba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi), hanyuma mugire imigenderanire ihambaye y’ubuzima bwanyu. Mwumvirize ukuntu mwonesha buri ntambara Satani ateza mu nzira yanyu. Umutima wanyu wuzure umunezero n’uguhimbarwa muzi yuko muri Umugeni wa Yesu Kristo.

MweneData Joseph Branham

Noshobora kunesha gute 63-0825M

Ivyahishuriwe Yohana 3:21-22