23-1126 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Ubutumwa: 63-0818 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi kara ko mu mara yiWe, Jambo w’Ijambo ryiWe, Bugingo bw’Ubugingo bwiWe, Mpwemu wa Mpwemu wiWe,

BeneData na bashiki bacu b’igiciro, Soma gusa rirya tangazo ubugira kandi murisubiremwo. Soma ico Imana yaguhamagariye gukora. Ni gute umuntu yoshobora kwandika mu majambo y’umuntu ico ivyo bisigura kuri twebwe. Ntibishoboka kubitahura. Namba twoshobora kubitahura neza maze tukabishira mu ngiro, n’imitima yacu yose, ubwenge n’imishaha, Vy’ukuri ndizera y’uko Izamurwa Ryociye riba.

Mbega mwotinya iki ? Ni igiki mwoshirako umwikomo ? Satani araturwanya, akaduturubika, akadushiburirako indwara, atera ubwenge bwacu hamwe n’ivyiyumviro vy’ikibi, ariko nta kintu coshobora kutubabaza. Hoba hariho ikintu coshobora kubabaza Yesu ? Oya, ni nuko ata kintu coshobora kutubabaza. Yavuze gusa ati, « Turi akara kiwe, Ijambo ryiWe, Ubugingo bwiWe, Impwemu yiWe.

Mbega uguhazwa n’umunezero dufise mu mutima wacu mu gihe twiyumvira kuvyo yatubwiye . Uguhishurirwa Imana yamye iduhishurira. Agakemanyi ka bande, n’akandi gakemanyi ka bande hamwe n’akandi gakemanyi ka bande. Mpwemu Yera ariko aradudubiriza imbere muri twebwe nk’iriba rya Arutwaze.

Twaratoranirijwe kubibona no kuvyumviriza. Ntituzokwigera kandi ntituzoshobora kurwa canke ngo turongorwe nabi. Turi mu nzira yacu yo guhura n’uburongozi bwacu, Umucunguzi wacu, Umugabo wacu, Umwami wacu, Uwuhoraho, Umukunzi wacu, Umukiza wacu, mu kibanza co guhuriramwo categuwe !

Umviriza Ibi ubugira kandi, ukunengesera kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri kugerereye muri twebwe, mw’Ishengero ryiwe, ubukuru bwose. Ivyo Imana yari vyose, yabishize muri Kristo, Kandi ivyo Kristo yari vyose, vyashizwe mw’Ishengero ; twebwe, Umugeni wayo. Si ikintu kigiye kuzoshika umunsi umwe, YARABIVUZE KO KIRIKO KIRASHIKA MURI TWEBWE UBUNYENE.

Mwoshobora kwiyumvira, kuva ku ntango y’igihe, Imana ntiyigeze ibwira ibanga ryayo rihamabaye ryari mu vyiyumviro vyayo umuntu n’umwe, gushika uyu munsi. Kuki yakoze ivyo ? Kuko yari irindiriye kubitumenyesha muri iyi minsi yanyuma nkuko yabisezeranye. Yariturindiriye. Yarizi yuko ari twe twenyene twoshoboye kandi TWOBITAHUYE VY’UKURI…IMANA ISHIMWE !!!

Yaduhisemwo kugira tube Umugeni wayo kuko yarizi yuko tutorwa. Twogumye kuri iryo Jambo tutitayeho ivyo abandi boRivugako. Twogumye kuri iryo Jambo kandi iryoJAMBO GUSA ! Twatoranirijwe guhagarara hariya. Turi abararwa hamwe na Yesu Kristo.

Hariho benshi. Umviriza mwitonze… Iyegeranye ubwanyu. Uburongozi (Imana) hamwe n’Umubiri (twebwe) twacitse umwe. Ni Imana yigaragaje muri twebwe.

  • Imana n’Ishengero ni KIMWE, « Kristo muri MWEBWE.
  • TURI Uguhishurirwa kw’Imana guhambaye
  • Twitirirwa Izina ryiwe; Izina ryiwe ni Yesu, Uwasizwe.
  • Turi Umubiri wa Kristo wasizwe
  • Turiko tugaragaza Imana nk’uko wa Mubiri wabikoze

  • Turi Umugeni wayo, Yibungeze Mpwemu wayo. Ishengero, rivyara abana, bibungenze Mpwemu Yera bakitirirwa Izina ryiwe; bakavyara/bakerekana Ubuzima bwiwe. Dufise inyishu ya Satani. Uburongozi buri hano. Kristo, Umwami yazutse, ari hano muri bwa bushobozi nyene bw’ukuzuka kwiwe nk’uko yari Ari, yigaragaza ubwiwe muri twebwe, Umugeni wiWe Jambo ryavuzwe .

Imana ubu iriko irashira hamwe Umugeni wayo. Iriko irabakoranirizahamwe kw’isi yose kubwo Ijambo ryaYo, nico kintu gusa gishobora gushira hamwe Umugeni wayo. Mpwemu Yera ariko ararongora kandi yegeranya Umugeni wayo. Muri buri gihe, Umuhanuzi yari Mpwemu Yera kubwo igihe cabo.

Nimuvyiyumvireko. Igihe abantu bavuga ko dushimikira cane ku Ntumwa mu malayika w’indwi, nimwibuke, Imana ubwayo yugururiye amabanga yayo yose yarifise mu vyiyumviro vyayo imbere yuko isi inabaho, ku ntumwa mu malayika wayo w’indwi. Imana ubwayo yagiriye icizere ijana kw’ijana uwo muntu, yari yashize mu biganza vyiwe umugambi wayo uhambaye w’igihe c’iherezo. Yamuhaye… NIMWUMVIRIZE, YAHAYE Ihishurirwa ry’amabanga yose uwo muntu. Yahaye uwo muntu Ihishurirwa ry’ibintu bitari binanditse.

Yavuze ko ikintu cose yavuze kw’isi cari ingirakamaro, caca cumvikanwa mw’Ijuru.

Nta nkeka Imana yarungitse abantu buzuye Mpwemu Yera Muri iyi si. Ariko umwe wese muri aba bantu, naho boba buzuye Mpwemu Yera boshobora gukosha. Imana ntiyemeje ko ivyo bavuga ko vyoba ari Niko Uhoraho agize, Kandi nababwiye kwizera Ijambo ryose. Hariho umuntu umwe gusa yari afise ububasha buvuye ku Mana, intumwa mu malayika w’indwi wayo.

Murashobora, kandi mwoba mufise umwungere. Ariko namba uwo mwungere atariko arababwira yuko iRyo JWI RY’IMANA ku ma Bande ari IJWI NGIRA KAMARO CANE RYO KWUMVIRIZA, hanyuma akarishira imbere yanyu UBWAMBERE mu kwumviriza ama Bande hamwe namwe, siwe yobabwira ivyo Umuhanuzi Yavuze, mwoba mufise umwungere Atari we.

Uwo ari we wese abarongora naho mwovuga yuko ari Mpwemu Yera, nivyiza ko yobahuriza kuri ubu butumwa. Iryo jwi, nkuko ari ryo jwi ryonyene rishobora kuvuga riti, “ NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE”.

Asangwa mwaratoranirijwe kubibona, muzobibona. Namba muto, ntimuzigera mubibona; ntimwatoranijwe kubibona.

Turabona amahanga ariko ariyunga, turabona isi iriko iriyunga turabona amashengero ariko ariyunga. Turabona umugeni ariko ariyunga yiyunga n’Ijambo. Kuki ? Ijambo ni Imana. Kandi nkuko Ijambo… nkuko umukwe (ari Ijambo), kandi umugeni( ari uwumviriza Ijambo), bishira hamwe mu bumwe. Biyunga nk’ubukwe. Murabona, biteguriye ubukwe, kandi ba-bazoba umwe. Ijambo rihinduka mwebwe, namwe muhinduka Ijambo. Yesu yavuze ati, “ Kuri uwo munsi muzobimenya. Ico Data arico cose nico ndi, kandi icondi cose nico muri; kandi mwese ico muri nico ndi. Kuri uwo munsi muzomenya ko ndi muri Data, Data ari muri jewe nanje ndi muri mwebwe, kandi namwe muri muri jewe.”

Ndabatumiye kuza kwifatanya kw’ijwi ry’Imana uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonvike (akaba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza, Igihe c’Ukwegerana N’Ikimenyetso Caco 63-0818

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa:

Zaburi 86:1-11
Uwera Matayo 16:1-3