23-1119 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Ubutumwa: 63-0728 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Wakunzwe n’umutima w’Umuhanuzi,

Nibo – nibo bavyawe na Wewe, kubwa Mpwemu, n’Ijambo ry’Ukuri. Ndasenga ngo ubahezagire, Mwami, kandi ubagumize hamwe bungishijwe ubumwe n’imigozi y’urukundo rwa Kristo.

Nimwitegure, tugiye kuronka imihezagiro, ugusirwa hamwe n’uguhishurirwa tutigeze turonka mbere. Turashobora kuvyumva mu mishaha yacu, ikintu citeguriye gushika. Igihe kirashitse. Turahimbawe cane kandi ivyo twiteze birahambaye cane. Umugeni akoraniye kw’isi yose yumviriza Ubutumwa buvuye ku ntebe y’Imana bugiye kuzodutwara mu birere bishasha kandi twuzure, twuzure, twongere twuzure Mpwemu Yera.

Ivyanditswe bigiye gushitswa, ukugabishwa kwaramaze gushika. Urubanza ruri hafi. Umwami agiye guhamagarira Umugeni wiwe ku mazimano y’Ubukwe. Umuhamagaro wanyuma warangiye. Ukuza kw’Imana kwashitse. IJE KUBWACU.

Turi urubuto rwiwe rwabibonye kandi rwavyakiriye. Ivyaha vyacu vyarasenyaguwe , vyaragiye, vyatawe muri wino y’Amaraso ya Yesu Kristo, kandi ntibizokwibukwa ukundi. Imana yaravyibagiye VYOSE. Duhagaze nk’umuhungu n’umukobwa w’Imana, mu nyonga h’Imana. UBU turi… si tuzoba, ubu turi abahungu n’abakobwa b’Imana.

Turatahura ikintu kimwe, IJAMBO, AMABANDE, UBU BUTUMWA. ni bimwe.

Kandi igihe kimwe, igihe giheze, igihe werekana iyerekwa, ikoraniro ritoyi hano, kuvyerekeye kuziganya ibifungurwa, aho hazogera igihe aho ibi vyose bizokenerwa… Ziganya ibi bifungurwa kubwo igihe kinaka.

Kandi iki nico gihe. Ibi nivyo bifungurwa. Turi abo bantu. Dufise uguhishurirwa.

Abandi bashobora kubura akamaro k’ivugabutumwa rya Bande. Ntidushobora, ni ubuzima bwacu, ni ibintu vyose kuri twebwe. Birengeye ubuzima kuri twebwe. Igihe dufise ikibazo ku kintu kinaka, ntitugenda kubaza umuntu ngo akidusigurire, canke akituronkere. Dukora neza na neza uko umumalayika w’Imana yatwigishije gukora asangwa tunaniwe gutahura canke tukagira ikibazo.

Murabitahura? Asangwa munaniwe , nimugaruke kuri iyi bande ubugira kandi. Sinzi igihe tuzomarana namwe. Nimwibuke, uku ni ukuri, NIKO UHORAHO AGIZE. Ni ukuri. Ni ivyanditswe.

Asangwa munaniwe, garuka kuri bande.

Ntimudushavurire, ivyo nivyo YAVUZE… IKIGERETSEKO, uku ni UKURI KWA NIKO UHORAHO AGIZE. Ntiyavuze igice cavyo, bimwe, canke igihe umuntu asiguye ivyarivyo kandi atari Ijambo ryasizwe. AMABANDE NI NIKO UHORAHO AGIZE.

Murashobora kutavyumva canke ngo mubitahure canke ngo mubihishurirwe. Ariko kuri twebwe, ibi nivyo Iriko iratubwira biciye mu muhanuzi wayo.

Murazi ukuntu mubwira abagore banyu ibintu, urazi, umukobwa mutoyi ugiye kuzorongora. Uramukunda cane, uranamubwira amabanga, ukamushira hafi yawe kandi akagukunda n’ibindi. Urazi uko bimeze.

*Ivyo nivyo Imana, Kristo, ariko arakorera Ishengero. Murabona? Amumenyesha amabanga, amabanga gusa, Atari ya migani, nshatse kuvuga umugore wiwe.

Kandi vyose tubifashe nkama. Yoo ese ukuntu Umugeni anezerewe kandi ahimbawe no kuba imbere y’ubukwe bwiwe. Vyotugora kuguma duhagaze. Turiko duharura iminota… Imisegonda. Abandanya atubwira ukungene adukunda.

Satani abandanya adutera birushirije mbere, ariko ivyo atazi, nuko ubu tuzi abo turi. Ntagukekeranya, TURI IJAMBO RYAVUZWE, turashobora, kandi dushobora, kuvuga Ijambo. Dufise inyishu ya Satani. Imana yarigaragaje ubwayo. Imana yariyemeje ubwayo. Turi Ijambo rizima ryiwe kandi tuvugana ububasha bwose yaduhaye.

Kandi ari hano uyu musi, mw’Ijambo ryiwe, agaragaza ca kintu nyene yakorera hariya. Ntashobora gutahura ubundi burongozi. Oya, mugenzi. Nta Bishop, nta na kimwe. Atahura uburongozi bumwe, nabwo ni Krsto, kandi Kristo ni Ijambo. Yoo, Mana! Whew! Ndakunda ivyo. Uh! Ego, mugenzi.

Dukomoka mu Bwami, kandi ubwo Bwami ni Ijambo ry’Imana ryigize Mpwemu hamwe n’Ubugingo mu buzima bwacu bwite. Kubw’ivyo, turi Ijambo rizima ryiWe.

Ibi vy’ukuri birabivuga vyose bagenzi, NAMBA MUFISE UGUHISHURIRWA KW’UKURI RERO NIMUKWIZERE.

Itegereze ubu, Nimwiyunge mu burongozi bumwe, muri ubwo buryo, ikigereranyo ca Isirayeli ya Kera. Ubu murabitahura? Nka Isilayeli ya kera; Imana imwe, igaragajwe n’inkingi y’umuriro, maze ikihishura ubwayo mu muhanuzi, kuba Ijambo. Ya Mana Nyene, ya nkingi y’umuriro, bwa buryo nyene, Ntishobora guhindura uburyo bwayo . Nuko … Gusa biratunganye uko bishoboka.

Umuhanuzi… Reka ivyo vyinjire ibwina. Imana imwe, yagaragajwe n’inkingi y’umuriro, biciye mu Muhanuzi, mu kuba Ijambo kubwo ico gihe , kandi ntishobora guhinduka.

Nari gushobora kubandanya kandi nkabandanya, kandi twari gushobora guhimbarwa no gukoranira hamwe kw’Ijambo ku rindi, kandi tuzokoranira hamwe , kw’isi yose uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha imwe y’ ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Kristo ni Ibanga ry’Imana ryahishuwe 63-0728.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Matayo 16-15-17
Luka 24
Yohana 5:24/14:12
1 Abikorinto 2
Abanyefeso 1
Abikolosayi 1
Ivyahishuriwe Yohana 7:9-10