23-1112 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Ubutumwa: 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Rasoro ntoya, Rasoro niniya, Murimyi nawe muzezwanzu.

Ikintu cose Imana yaguhaye gukora, utegerezwa kukibandanya. Utegerezwa kuvyishura ku Mana. Ntaco bitwaye ivyo ari vyo vyose umwansi yokubwira ko uri, Uri umuntu ngirakamaro ku Mana kuburyo isaha yayo ihambaye itoshobora gukora atariho uri.

Yaraguhamagaye, yaraguhisemwo, Iragutoranya, hanyuma yaguhaye Ihishurirwa ry’Ubutumwa bwaYo buhambaye bw’igihe c’iherezo. Ibafitiye icizere ijana kw’ijana. Muri Umugeni wa Yesu Kristo, Umukunzi wiWe kandi Arabakunda cane.

Yaraburiye kenshi abantu bo mu mahanga yose Iti, “ Nimwihane , canke murimbuke », « Garuka kw’Ijambo » , «  Nimwitegure , hari ikintu kigiye gushika. » Ca gihe camaze gushika. Imana Iraje kubwo Umugeni waYo, nk’uko yadusezeraniye ko Yobikoze. Yahamagariye gusohoka Ikurudumu yaYo ivuye muyindi kurudumu.

Benshi barigiye kure y’Ubutumwa bw’igihe c’iherezo buhambaye bw’Imana uyu munsi, bavuga bati, « Ivyo yavuze ko vyari bigiye gushika, ntibirashika. Ibintu ni bimwe. » Rwari urunganwe rwarenganye imbere yuko ubuvugishwa bw’Abahanuzi b’Imana bushikiye. Ariko yamara vyarashitse,  neza na neza nk’uko bari babivuze, Ijambo kw’Ijambo.

Bibiliya yaYo itubwira iti, « Nk’uko vyari mu gihe ca Nowa, niko bizomera mu gihe c’ukuza kw’Umwana w’Umuntu. » Imbere yuko Imana irungika urubanza mu guhonya isi muri ca gihe c’imbere y’umwuzure gihambaye, Imana yarungitse Umuhanuzi mw’Isi. Mbega uwo muhanuzi yakoze iki ? 

Yateguye abantu kubwo ico gihe. Nowa yateguye abantu, kandi wabaye umuhamagaro w’imbabazi imbere y’urubanza.

Nowa yateguye abantu imbere yuko urubanza rushika, yabagabishije kubirwerekeye. Yari inzira yateguwe n’Imana kubwo ico gihe.

Umuhanuzi w’Imana yatubwiye ko Imana Itigera ihindura umugambi waYo. Ivyo yakoze ico gihe, Abikora co kimwe uyu munsi. Tuzogumana N’UMUGAMBI WATEGUWE N’IMANA KUBWO IKI GIHE HAMWE NO GUFYONDA TUKAVUZA.

Nk’uko abantu bavuga ko dushira imbere cane umuhanuzi w’Imana; Ni Mpwemu Yera , ntabwo ari William Branham. Tuvuga, AMEN, ntitwumviriza umuntu, twumviriza gusa ivyo YAVUZE.

Mpwemu Yera niwe Muhanuzi w’iki gihe; Agaragaza Ijambo ryayo, akaryemeza. Mpwemu Yera yari umuhanuzi w’igihe ca Mose. Mpwemu Yera yari Umuhanuzi w’igihe ca Mikaya. Mpwemu Yera , uwanditse Ijambo , Araza maze akemeza Iryo Jambo.

Ariko mweneData Branham yavuganye namwe  gusa mu ndwi iheze;

Rero, murabona, nama nababwiye kuba maso kuvyo mwumviriza. Murabona? Harimwo muri vyo  ivyo uruhande rw’umuntu.

Simvuzeko Umwami yabimbwiye. “Jewe” ndizera, ndabona. Kandi nizerako bitotegerejwe gukorwa uko.

Kubwanje n’umuryango wanje, nzofata ivyo Intumwa Mumalayika w’indwi w’Imana YIZERA, YIYUMVIRA CANKE YIYUMVAMWO gusumba ivyo uwundi muvugabumwa , umuBishop canke umuntu munaka.

Ninde muntu Imana Yarungitse gucira urubanza ivyo Umuhanuzi wayo Yizeye, yiyumvamwo canke yiyumvira ko biri canke bitahumetswe? Reka ndababwire uwo niyumvira.

Itegereze Kora, mu gihe Imana yarungika Mose afise Ubutumwa, kandi Kora na Datani biyumviriye kuza kuri Mose  maze bavuga bati, “ Ubu, akanya gatoyi, ibintu vyose uvyishirako! Wiyumvira ko ari wewe wenyene ,  wenyene, nagira ndakumenyeshe ko hariho n’abandi bantu bera nabo!”

Ukugabisha, Urubanza ruri hafi. Ni mugaruke kw’IJAMBO RY’INKOMOKO. Garuka kw’Ijwi ry’Imana ryagaragajwe kubwo igihe cacu. Garuka ku muhanuzi w’Imana. Ubu Butumwa, Ijwi ryiWe. Ritegerezwa kuba irya mbere kandi ikintu ngirakamaro cane kuri wewe.

Ntagukekeranya ko abandi bafise ijwi, n’umuhamagaro,kuvuga ubutumwa no kwigisha  Ubu Butumwa. Ariko amabande, iryo Jwi, Ritegerezwa kuba Ijwi rya mbere ngirakamaro mwoshobora kwumviriza mu mazu yanyu, mu miduga yanyu, kandi ngirakamaro cane, mw’ishengero ryanyu, asangwa mushaka kuba Umugeni w’Imana.

Nimuze kwumvirizanya natwe Iryo Jwi kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe Umuhanuzi w’Imana azoba ariko aragabisha isi yuko ukuza kw’Umwami kuri hafi. Iki gishobora kuba ari igihe ca nyuma.

MweneData Joseph Branham

Imana ntishobora guhamagarira umuntu mu Rubanza Itabanje kumuburira ubwa mbere 63-0724

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

*Yesaya 38:1-5*

*Amosi igice ca 1 cose*