23-1105 Aritwararika. Mbega Weho?

Ubutumwa: 63-0721 Aritwararika. Mbega Weho?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bana b’Ubutumwa bwiza,

Ntabantu bagendagenze kur’iy’isi bigeze guhezagirwa nkatwe. Mbere twoshobora kwiyumvira intumwa mumalayika w’indwi yatoranijwe n’Imana atubwira aya majambo:

Ndabakunda. Yooo, ndabakunda nk’aho mur’ abana banje bwite, kandi muri abana banje m’Ubutumwa Bwiza. Nabavyariye muri Kristo, biciye mu Butumwa Bwiza.

Imana Iratwitaho cane kugeza aho Yaturungikiye Umuhanuzi waYo Yemeje n’ikimenyetso c’Inkingi y’Umuriro kugira Atumenyesheko atari uyu muntu wenyene yagendana natwe, ariko Yari Imana neza na neza muri we. Ni We ariko Araturongora.

Kuko Atwitwararika, imbere y’uko urubanza ruhambaye rushika, Yaramaze gutegura uburyo, tuzohunga urubanza rugiye kuza. Iyo nzira y’ubuhungiro ni iyacu gusa, Abatoranijwe. Ni twebwe twakiriye uru rubuto rw’Ubugingo. Ni twebwe twatoranirijwe kububona. Ni twebwe dufise uku Guhishurirwa guhambaye kw’Ivugabutumwa rya bande.

Yapfiriye iri bango ry’ivugabutumwa. Yapfuye kugira ngo Mpwemu Yera Ashobore kuba hano mur’iki gihe kugira Yerekane ibi bintu. Yarabitwararitse.Yaritwararitse kubuzana hano. Yaritwararitse gutanga icemezo. Yagize umwitwarariko kubera Yabakunze. Yaritwararitse bikwiye mu kubikora, kurungika Mpwemu yera kuri ibi, kuzana iri bango ry’Ivugabutmwa uyu munsi.

Nimba waratoranirijwe Ubugingo Budashira, uzoryumviriza kandi uzorihimbarirwa. Ni indemeshanyo yawe. Ni ikintu wagiriye igishika cane ubuzima bwawe bwose. Ni ya maragarita y’agaciro kanini. Duheba ibintu vyose kubw’ubu Butumwa, iri Jwi. Ni Umwami Yesu Kristo Avugana natwe.

Nta muntu arinda kuduhendahenda, TURI ABIZERA, nta kintu na kimwe cobidukuramwo. Ntitwitwararika ivyo umuntu uwo ari we wese yovuga, twizera Ijambo ryose.

Aratwitwararika cane rwose; nimba dukeneye ugukira indwara, ni twizere gusa Ijambo ryiWe bivuye ibwina mu mutima wacu. Aho rero ntaco bitwaye icarico cose uwusuzuma indwara, uwukwitwararika wese, umuganga wese, ivuriro iryo ari ryo ryose, uwatoye indwara yovuga, twizera Ijambo ryiWe gusa. Turarizi gusa! Ntibikenewe kuvuga ibindi bintu kuriRYo, tuRarizi.

Yaratwitwararitse cane rwose gushika aho Yatumye umuhanuzi wiWe Aziganya imfungurwa kubw’Umugeni wiWe. Mbere yatumye abungere bose, abavugabutumwa n’imigwi y’abantu kw’isi yose gukurikira ibintu ngenderwako vyiWe no kuvuza amabande mw’IKORANIRO ryabo canke mu migwi.

Nimba mwebwe bantu muza gukora gusa ivyo mur’iki gitondo, biraza gusengerwa, kandi na mwebwe bantu mwumviriza iyi bande, kw’isi yose, iyi bande ihejeje kuvuzwa, maze umuvugabutumwa canke umuntu yariko arayivuza mw’ikoraniro, mu migwi hariya mu mashamba canke aho muri hose, muriko murayivuza, uze kubanza wihane bikwiye, kandi rero uze ata kindi kintu na gitoyi kiri mumutima wawe,kiretse ukwizera , maze uce usengerwa, aho rero, Umuti uzoca ukora.

Noba naribajije ko abanegura bavuga ko umuhanuzi ATIGEZE AVUGA NA RIMWE ko twovuza amabande mw’ishengero? Ntiyavuze gusa mu mashengero, ariko no mu mashamba canke AHO ARIHO HOSE muri… NIMUVUZE AMABANDE.

Ni wumvira kandi ugakora neza na neza ivyo Imana Yavuze biciye ku ntumwa mumarayika w’indwi waYo Yemeje, rero nawe, urashobora kuronka kwa KWIZERA guhambaye kuruta ukundi kwose woshoboye kuronka.

Jewe, jewe… ubwa mbere, kandi kugira mvuge kuri ibi, ikoraniro ritegerezwa kuba ryuzuye ukwizera. Wewe—wewe, nimba udafise ukwizera, rero nta—nta kamaro ko kuza gusengerwa, kuko haza gukenerwa ukwizera kwawe n’ukwanje vyose hamwe; ukwizera kwanje kwo kuMwizera, ukwizera kwawe kwo kuMwizera.

Ntituriko ducacisha canke twiyumvira, canke tuvyizigira. Izi bande ni Inzira Yatoranijwe n’Imana muri iki gihe. Ntabwo ari amajambo y’umuntu yitwa William Marrion Branham, ni Amajambo Yahishuwe y’Umwami Yesu Kristo. Ni atagukekeranya, “Amen!” Ni Icishimikizo ntanyiganyizwa cacu.Ni ukuri, kandi ni ukuri kutagabanije.

Kandi igihe uronse icishimikizo ntanyiganyizwa c’Imana, Ijambo ryaYo, isezerano ku bintu kanaka, utegerezwa kumenya mbere na mbere yuko ari Ijambo ry’Imana, yuko ikintu uriko urabona gikoreka ari Imana. Nta—nta – nta “nkeka, vyoshobora, bisa nk’aho vyoshobora kuba.” “ Ni Imana!” maze igihe ushitse kuri ico kibanza, rero iyo ni ya Maragarita y’agaciro kanini, utegerezwa kwitandukanya n’ikintu cose umuntu yokubwira gitandukanye naco. Ntutegerezwa kuraba ic’umuntu yakoze.

Tugiye kuzogira UMUSI MUKURU W’URUKUNDO UHAMBAYE CANE kur’uyu w’iyinga. Tuzokora neza na neza ivy’Intumwa mumalayika w’indwi w’Imana Yemejwe yatubwiye gukora: Fyonda uvuze maze wumvire.

IVYO ARI VYO VYOSE twokenera, tuzobironka. Tugiye kuzobironka kuko tugiye gushira ukwizera kwacu ku KWIZERA KWIWE kugira tuMwizere. Maze tuzoca twese tuvuga:

Kuva ubu no kubandanya, hari ikintu mu mutima wanje kimbwira ko ingorane zanje zaheze. Nda—ndakize, ngiye gukira” Muravyizeye? Duza ibiganza , “Ndavyizeye!” Imana Ibahezagire.

Kuko Imana Yitwararika, ndabatumiye kuza kwifatanya natwe canke gutera intege umwungere wawe, umurongozi wawe, akurikire ingingo ngenderwako z’umuhanuzi, maze mwumvirize umumarayika w’indwi w’Imana, avuga Ijambo ry’Imana maze mwakire ivyo mukeneye vyose, kuri uno w’iyinga, isaha zitandatu z’umuhingamo kw’ isaha ya Jeffersonville: Aritwararika. Mbega weho? 63-0721

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Yohana 5:24
Yohana15:26
1 Petero 5:1-7
Abaheburayo 4:1-4