23-1029 Imbohe

Ubutumwa: 63-0717 Imbohe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mbohe,

Ubuzima ubayeho ubu buzokwerekana ubuzima wari kubamwo namaba wari kuba mu minsi ya Nowa, canke ya Mose, kuko ufise ya mpwemu nyene. Ya mpwemu nyene iri muri wewe ubu yari muri abo bantu ico gihe.

Namba wobaye mu minsi ya Nowa, ni uruhe ruhande wari gukurikira? Wari kuba mu bwato na Nowa wizeye ko yari Imana yari yarahisemwo kuzokwubaka ubwato hanyuma akarongora abantu, canke wari kuvuga uti, “ Na jewe noshobora kwubaka ubwato. Ndashoboye nk’umucapitaine w’ubwato n’umwubatsi wabwo.”

Mbega ni gute naho namba wari kuba mu gihe ca Mose? Wari kugumana na Mose maze ukizera ko ari we Imana yari yarahisemwo kurongora abantu, canke wari kuja ku ruhande rwa Datani na Kora igihe bavuga bati, “ Natwe turi abera, turafise ikintu co kuvuga. Imana natwe yaraduhisemwo”

Umwe wese muri twese ategerezwa guhitamwo iki gihe, hagati y’urupfu n’ubugingo. Ntaco bimbwiye uruhande wovugako wegamiye. Ivyo ukora, buri munsi, vyerekana uwo uri. Turafyonda tukavuza BURI MUNSI.

Woba uri mw’Ijambo buri munsi? Woba usenga , urondera ubugombe butunganye bw’Umwami mu bintu vyose ukora? Woba ufyonda ukavuza hanyuma ukumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe buri munsi? Woba wizera vy’ukuri ko gufyonda ukavuza ari ikintu ngirakamaro? Urizera ko Ijwi ku mabande ari Ijwi ry’Imana kubwo uyu munsi ?

Kuri twebwe, Inyishu ni EGO. Turiko tubwira isi ko turi Imbohe kw’Ijambo ry’Imana, Ubutumwa bwayo, Ijwi ry’Imana ryagarajwe kubwo igihe cacu. Ego, turizera n’umutima wacu wose gufyonda tukavuza. Ego, turizera intumwa y’igihe c’indwi ko yahamagariwe kurongora Umugeni. Ego, Iryo kuri Bande niryo Jwi ngirakamaro ryo kwumviriza.

Urukundo rw’Imana, Ijwi ryayo, Ubu Butumwa , ni igitangaza, ni ihishurirwa kuri twebwe, yuko tudashobora kuRija kure. Twarahindutse Imbohe kuri ryo.
Twaritandukanije n’ikintu cose, ntaco bitwaye ico umuntu wese yovuga, tumase kuri vyo. Hariho ikintu kuri Ryo tudashobora kuja kure. Ni umunezero w’ubuzima bwacu. Ntidushobora kubaho tutawufise.

Turanezerewe cane, turashima cane, turishimye kuba Imbohe kubwo Umwami n’Ubutumwa bwiWe; kuko ni kimwe. Birengeye ubuzima kuri twebwe. Buri gihe bihinduka ivyiza kandi vy’ukuri ko turi Umugeni wiwe.

Turi mu bugombe bwiwe butunganye. Turashobora kuvuga Ijambo, kuko turi Ijambo ryihaye umubiri.

Nta kintu na kimwe twiyunze kiretse Kristo n’Ubutumwa bwiWe kubwo iki gihe; na Data, na mama, mwenewacu na mushikiwacu, umugabo wacu, umugore wacu, umuntu wese. Twiyunze gusa na Kristo, kandi We wenyene. Twiyunze kandi duhambiriwe kuri Ubu Butumwa, Iri jwi, kuko ni inzira y’Imana yateguye kubwo iki gihe. KANDI NTA YINDI NZIRA.

Ntitwokwigira imbohe twebwe ubwacu, kubwo ivyiyumviro vyacu. Twarihevye rwose kandi duhambiriwe kuri wewe . Ntaco bitwaye ivyo isi yotwiyumvirako, ivyo isi yokora, duhambiriwe kuri We n’imigozi y’Urukundo hamwe n’Ijwi ryiwe.

Turashimye kubwo kuba Imbohe. Mbwira, Data, ico gukora buri kanya ka buri munsi. Reka Ijwi ryaWe ritwubake mu vyo dukora vyose, tuvuge , maze dukore. Nta kindi dukeneye kumenya Atari Wewe.

Nimuze mufatanirizwe hamwe natwe kw’Ijambo ry’Imana n’Ijwi ryayo kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’ isaha ya Jeffersonville( akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza ukuntu twohinduka : Imbohe 63-0717.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Filemoni 1: 1

MweneData Branham, turakunda ukuntu uvuga ivyerekeye Filemoni, BIRATUNGANYE ku mugeni