23-1022 Kuki utaka? Vuga!

Ubutumwa: 63-0714m Kuki utaka? Vuga!

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi makoraniro y’Imana,
Ndi ishengero ryiwe, muri ishengero ryiwe, Turi urushengero Imana Yiberamwo, turi ishenegro ry’Imana nzima; Imana Nzima iba muri twebwe. Ibikorwa vyacu ni ibikorwa vy’Imana, Imana ishimwe!

Twese dukoraniye hamwe, mu bibanza bisanzwe kw’isi yose; bose bakoraniye hirya no hino y’Ijwi ry’Imana, Ijambo ryiWe kubw’iki gihe.

Ni vyiza cane. Nta na kimwe kidufatanije n’ico ari co cose, gusa kuri Yesu Kristo wenyene hamwe n’Ijambo ryiWe. Ni ivyo,Nta kirenga ivyo, twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru twejejwe n’Ijwi ry’Imana.

Tujanye inzira yose, twese tugiye mu gihugu c’isezerano. Umwe wese muri twebwe!
Waba uri umugore akora akazi ko mu nzu, umukozi wo mu nzu, umutamakazi, umusore ico ari co cose uri, twese turagiye. Nta n’umwe muri twebwe azosigara, umwe wese muri twebwe azogenda kandi nta kintu na kimwe muri iyi si kizoduhagarika.

Twizera yuko twese twotegerejwe gukoranira hamwe, umugwi uhambaye wunze ubumwe w’Umubiri wa Yesu Kristo, turindiriye kwa Kuza kw’Ubwiza, ntitwotegerejwe gutandukana, ariko umuntu yarikuye mu nzira y’inyigisho z’Ubutumwa bwiza.

Hategerezwa kubaho ahantu herekena inzira y’Ukuri n’iyikinyoma. Kandi inzira yonyene yo kubikora , ni ukutazana insobanuro kw’Ijambo ryaYo, Risome gusa uko Rimeze hanyuma Ryizere uko nyene Rimeze. Umuntu wese yishirirako insobanuro yiwe bwite kandi bigatuma hagigwa ibintu bitandukanye. Hariho IJWI RY’IMANA RIMWE gusa KU MUGENI, GUFYONDA MUKAVUZA!

Ndabivuze kuri iyi Bande, hamwe no kuri iri koraniro, mvuze ibi musi y’ugusirwa kwa Mpwemu Yera : Uwuri mu ruhande rw’Umwami, Mureke aze musi y’Iri Jambo!

Ijambo ry’igihe cacu Rifise ijwi. Umuhanuzi wacu niryo Jwi. Iryo ni Jambo Rizima kubwo gihe cacu. Twari twaratoranirijwe kwumviriza iryo Jwi hamwe no kubona iki gihe , kandi nta kintu kizoduhagarika kwumviriza iryo Jwi.

Ukwizera kwacu kurabibona, kandi kwahisemwo kuryumviriza hatitaweho ivyo uwari we wese avuga, ntiduta hasi imbono yacu y’aho dutanguranirwa ,ngo twitegereze iyindi nzira, twitegereza kw’ihuriro ry’Ijambo maze amatwi yacu agahindukirizwa kuri iryo Jwi.
Hamwe n’ukukwishikanira Mwami, kuva mu mitima yacu gushika ku matwi yacu, iri niryo sengesho ryacu rivuye ku mutima

Yuko ubuzima bwacu buzohinduka kuva ubu no kubandanya, yuko tuzoba abantu biyummvira neza mu vyiyumviro vyacu. Tuzogerageza kubaho mu bwiza no mu kwicisha bugufi, ko, mukwizera ivyo twasavye Imana, Imana Izobiha umwe umwe wese. Kandi ntituzobwirana ibibi hagati yacu, eka mbere nta n’uwundi muntu n’umwe. Tuzosengera abansi bacu kandi tubakunde, dukorere ineza abatugiriye inabi. Imana niYo mucamanza y’uwuri mu kuri n’uwuri mu kinyoma.

Ndabatumiye kuza kugira ngo musige ukwizera kwanyu mu kwumviriza ijwi ry’Imana hamwe natwe kuw’iyinga, isaha zitandata z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville( akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Kuki Utaka ? Vuga ! 63-0714M.

*MweneData Joseph Branham