22-0501 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Ubutumwa: 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Kuma Gatoya, Icuma Gikuru canke ico woba uri cose,

Twese turi Umubiri wa Kristo, mu gihagararo cacu, mu mwumvikano, tugerageza kuMukorera akazi dushobora. Nta bindi bibazo na bimwe kuri twebwe, atari Ijambo ryiWe, ubu Butumwa.

Turakunda gusa kwumva umuhanuzi w’Imana atubwira ati, « Hariho ikintu kinaka nyene kuri mwebwe abantu banaka. Muri abantu badasanzwe nyene mu buzima bwanje. Hariho ikintu kinaka kindi nyene gituma nkunda guhura namwe no kuvugana namwe gusa. »

« Ndaba hirya no hino mu gikorwa c’Imana canje bwite gitoya giciye bugufi ; Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira, kandi mbona ico Bikora ; uguhamagara no kwegeraniriza hamwe umugwi w’Umugeni. Ni ukurotsa Ipine mu yindi Pine ».

Turazi ko atari umuntu, Ni Ijambo ry’Imana Ririko Rirashira Umugeni hamwe. Ibintu tubona bikoreka nta wundi abikora kiretse Imana. Nti hakiriho za “nkumbure rero, vyoshoboka, bisa naho vyoshobora kuba”, NI IMANA !!

Twarashitse harya hantu, ahari Imaragarita y’igiciro kininiya kuri twebwe. Twagiye kure y’ikintu ico ari co cose c’uko uwo ari we wese wundi atubwira ikinyuranye na Ryo. Ntituraba ku co umuntu yashitseko canke avuga, turaba ku co Imana Yavuze n’ico Yasezeranye ko Yokora muri iki gihe cacu, kandi turaYibona Ibikora.

Ico ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu. Ikintu cose turi , ikintu cose twabaye, ikintu cose twipfuza kuba, kiri kuri ubu Butumwa. Kirengeye ubuzima kuri twebwe.
Nk’uko bitigeze mbere muri kahise k’isi, turabona Imana Itanga imburi, Itegura urubanza. Ibisasu kirimbuzi biri mu bubiko bwavyo, ikintu cose kirateguwe.

Iki gihe, si ku mugwi mutoya w’abantu gusa, nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Nowa, canke mu minsi ya Aburahamu ; ni Imana Iburira abantu kw’isi, Ivugira mu muhanuzi waYo, iyi ni imburi yanyu ya nyuma.

Itubwira Iti, « Imbere yuko Nshobora kureka ngo iki kintu kibe, Ndiko Ndagira ihamagara rya nyuma, neza nk’uko Nabikoreye Sodomu, ni muveyo. Ni mwitegure. Hariho ikintu kinaka kigiye kuba. »

Isi iharura ku vyo bashitseko vy’ubumenyi buhambaye ; ukuvanga imbuto vyazaniye urunganwe urupfu . Abanyabwenge n’abize baja mu ruhande rw’abantu bazi ubwenge. ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU (ONU), UBUMWE BW’IBIHUGU BIFATANIRIZA HAMWE KURWANYA UMWANSI(OTAN), Ishirahamwe ry’Ibihugu. Buri munsi tubona urubanza ruguma rwegereza. Ivyo umuhanuzi yabonye ari kure kandi yatubwiye ko vyoshika, biriko birashika : Uburusiya, Intambara, Igitoro, Vaticano, Abayuda, Ibisasu Ruhonyanganda.

Nta kundi kwibaza ikigiye kuba. Turavyitegereza bishika buri munsi, kandi ubwoba mw’isi ni ikintu kiriho kandi kigenda kiba kininiya birushirije buri munsi.

Ariko neza nk’uko Yakoze mu minsi ya Hezekiya, igihe Imana Yavugira mu muhanuzi waYo kandi Yaburiye abantu, Ivuga Iti, « Mwitegure, kuko imanza ziriteguye kuba ». Umuhanuzi waYo yariko arategurira abantu igihe cariko kiraza.

Nowa yateguye abantu kubw’igihe ciwe. Wari umuhamagaro w’imbabazi imbere y’urubanza. Imana Ifise inzira Yatanze, umuhanuzi wo kubarongora.

Kandi Yama Irungikana Ijambo RyaYo Iciye ku muhanuzi waYo, nk’uko yabigize mu gihe ca Nowa. Yakoze ikintu nk’ico mu minsi ya Nowa. Mu minsi ya Eli-… ya Mose, turabona yuko Yakoze co kimwe. Yabarungikiye uwuvugishwa naYo, maze bitandukanya n’ukutizera. Rero, abantu nk’abo nibo basohotse. Abantu nk’abo nibo baRyizeye.

Twaritandukanije ubwacu n’ukutizera kwose. Imana Ifise inzira Yahaye Umugeni iki gihe. Yadusezeraniye mw’Ijambo ryaYo Iti, “Imbere y’urubanza, Nzobarungikira umuhanuzi gukoranya Ubusho bwaNje butoya buciye bugufi, kandi Nzobicarika mu ruhande rumwe, kandi bazoba mu mahoro, barindiriye urubanza rwimirije n’uguhunga.”

Turi ubwo Busho butoya. Turi abo Data Akunda kandi turindiranye igishika Ukuza kwiWe kuri hafi. Isi iriko irasenyagurika iruhande yacu hose, ariko turi mu karuhuko no mu mahoro.

Turazi ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Ntaco bitwaye aho turi mw’isi, Imana Yateguye inzira dushobora twese guhuriramwo kw’Ijambo ryaYo, kw’Ijwi ryaYo. Ni Inzira Imana Yatanze.

Kandi uyu muhanuzi yabayoboreye ku nzira Imana Yatanze. Ubu, ni Uburyo bw’Imana bwo gukora ibintu. Murabona?

Ni Muze muhungire urubanza rwimirije hamwe na twe maze twumvirize : Imana Ntirengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 mukakaro umwaka wa 1963, kuri uyu w’iyinga isasita, kw’isaha ya Jeffersonville (isakumi na zibiri i Burundi). Ni Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Ritubwira riti : Iyi ni inzira yaNje yateguwe y’iki gihe.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Yesaya 38:1-5
Amosi Igice ca 1