22-0508 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Ubutumwa: 63-0728 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukundwa uMushika ku Mutima wiWe,
Ndi n’iteka rihambaye rwose mw’isi. Umwami Yanyemereye kuMubereka ubwiWe, ku buryo Ashobora kuvugana namwe Adaciye ku ruhande kandi Akabahishurira Ijambo ryiWe Ryose.

Si umuntu w’Imana gusa, Ni Imana UbwaYo, Inkingi y’Umuriro, Mpwemu Yera Avugana namwe Adaciye ku ruhande, umunwa ku gutwi, kandi turi n’iteka n’ibakwe ryo kwita umuhanuzi waYo Yahisemwo, UMWUNGERE WACU.

Ntitwigera twibaza namba ivyo twumviriza ari umuntu, iciyumviro ciwe, ico yibaza, canke insiguro yiwe y’Ijambo. Ni Imana ubwaYo Ivugana natwe, ni UKO NIKO UHORANO AGIZE.

Ndazi ko abantu batsitara kuri ivyo vyoroshe, ariko niVyo tunyweramwo. Kuko nico kintu conyene kimara inyota yacu kandi gihaza ubugingo bwacu. Ni Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kuri twebwe, Ni Ijwi ry’Imana. Ni Ubutumwa bw’igihe. Kubw’ivyo, Ni Ijambo, Ijwi, Amabande, ATARI IVYO NTA NA KIMWE !

Turi mu bumwe twese hamwe munsi y’Umutware umwe nka Isirayeli ya kera. Imana Imwe, Yagaragajwe biciye mu Nkingi y’Umuriro, kandi Yihishura ubwaYo biciye mu muhanuzi waYo, ko We ari Ijambo. Imana Imwe, Inkingi y’Umuriro Imwe, inzira imwe uno munsi. Imana Ntiyigera Ihindura kamere yaYo. Umugambi waYo ntiwigera uhinduka na gato ku vyo Yatanguriyeko, kuko Ntigira umupaka kandi umugambi waYo n’ivyiyumviro vyaYo vyose biratunganye.

Niyo mpamvu turindiranye igishika cinshi co kwumva ico Igiye kuduhishurira kuw’iyinga. Yavuze ko Yakubise hirya no hino yaRyo, imbere n’inyuma yaRyo, kandi YanaRyerekanye mu Vyanditswe n’ukurikirane rwavyo, gushika aho tumenya ko ubu Butumwa ari Ukuri bidasubirwako. Nta kosa ririmwo.

Ariko kuw’iyinga, Mpwemu Yera Agiye gufata Ubu Butumwa maze Abushire aho Buri ubu. Azobwubakira neza aho Bwatanguriye, maze Abwubake neza gushika mu gihe ca none.

Ni muze tunywere gatoya mu vyo Imana Igiye kutubwira no kuduhishurira biciye mu mwungere wacu kuw’iyinga :

Muri abakunzi baNshika ku mutima wanje, abo navyariye Umwami, muri Mpwemu n’Ijambo ry’Ukuri. Ndasenga gusa kandi nsaba Umwami kubahezagira no kubagumiza mufatanirijwe hamwe n’imigozi y’urukundo rwa Kristo.

Imana Yansavye kubabikira Imfungurwa : imboga nziza, zinoboye, ng’aha muri iyi nyubako. Kandi iki gihe, tugiye kuronka umutekero wose kw’ibande. Izobahishurira Yesu Kristo mu gihe tubayemwo. Ubu Butumwa Buzobagaburira kandi Bubahe inkomezi. Buzobaha inkomezi za mpwemu kubw’igikorwa kibarindiriye.

Ni mureke ndababwire rindi rimwe mu gihe nzi ko mukunda kuyumviriza : muri kirya gitigiri yarobanuye, yatoranije, abo bonyene bazoyumviriza. Muri Umugeni Yatoranije Atazogwa ariko Azoguma kuri Rirya Jambo Ataravye ico abasigaye bose b’isi bategerezwa kuRivugako. Muri Umugeni Jambo!

Imana Yabahishuriye iri banga rihambaye, kandi ni Ukuvuka Gushasha. Ubu Ibahuriza hamwe aho uguhishura kuri mu mwumvikano ntangere. Imana Ibivuga biciye mw’Ijambo ryaYo mu bikorwa bimwe, ibintu bimwe Yakoze, Ituma Ijambo Rigaragarira muri mwebwe.

Ese mutokwigera mwibagira, ko Mpwemu Yera, Wenyene, ari Umuhishuzi w’uguhishura kuvuye ku Mana kwa Kristo, kandi Yabibaye mu bihe vyose. Mwibuke, ibihe vyose ! Ni nde Ijambo ry’Uhoraho Ryajeko ? Umuhanuzi, wenyene.

Ndatahura ko mbwira ibihumbi bikoraniye kw’ibande, dufise igikorwa c’ibango c’amabande kw’isi yose. Kandi bisa naho dushobora gukorera ibande ng’aha imeze neza incuro icumi gusumba aho ari ho hose handi. Ndizigiye gusa ko umugabo wese n’umugore wese bumviriza iyi bande, bazotahura.

Rero ni ahabo namba bashaka kwumviriza ibande iyo ari yo yose, ariko sinshaka ko muhusha ibi. Mwebwe abantu b’ibande ; mu mashamba n’aho ari ho hose muyumviririza, ubu mwumvirize.

Dufise amabande y’ivyo twizeye. Dufise amabande ku rutonde rw’ishengero, ukuntu twigenza ubwacu mw’ishengero ry’Imana, ukuntu dutegerezwa kuza ng’aha hamwe no kwicara hamwe ahantu ho mw’Ijuru.

Nizigiye ko bose kw’ibande batahura ivyo. Namba mutsinzwe, mugaruke kuri iyi bande ubugira kandi. Sinzi igihe nzoba ndi kumwe namwe uko kingana. Mwibuke, Uku ni Ukuri, kwa NIKO UHORAHO AGIZE. Ni Ukuri. Ni Ivyanditswe.

Umutware ni Umubiri vyacitse ikintu kimwe. Ni Imana Igaragarira muri mwebwe, ihanga ryaYo. Ni yo mpamvu umugabo n’umugore batakibaye amahasa ; bari umwe. Imana n’Ishengero ryaYo ni umwe. « Kristo muri mwebwe, » uguhishura guhambaye kw’Imana.

Si ico ndavyibazako ; ni Ubushobozi bwaYo, ni Ijambo ryaYo. Yarabisezeranye ; ng’ibi. Yavuze ko vyobaye ng’aha, none ng’ibi. Muri abana b’Imana. Si muzoba ; MURI BO UBU !

Uzuza igikombe cacu Mwami, turakidugije Mwami, Uze maze umare iyi nyota y’ubugingo bwacu. Mutsima wo mw’Ijuru, Utugaburire, gushika aho ata bindi dushaka. Uzuza igikombe cacu, Ucuzuze kandi utugire abuzuye.
Mbega igihe c’umuvyuro tugiye kuzogira kw’isi yose mu gihe tuzokorana kuw’iyinga kwumviriza : Kristo ni Ibanga ry’Imana Ryahishuwe, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya mukakaro umwaka wa 1963 isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri mu Burundi).
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Matayo 16:15-17
Luka igice ca 24
Yohana 5:24
Yohana 14:12
1 Ab’i Korinto igice ca 2
Abefeso igice ca 1
Ab’i Kolosayi igice ca 1
Ivyahishuriwe Yohana 7:9-10