22-0515 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Ubutumwa: 63-0818 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni NyenIcubahiro gihambaye,

Mu gihe twari twicaranye ahantu ho mw’Ijuru kw’isi yose kuw’iyinga, twumviriza Ijwi Ryonyene ry’Imana Ryagaragajwe Rivugana na twe. Nk’uko vyama, twari turindiranye igishika cinshi kwumviriza ico Yari Agiye kutubwira. Ni igiki Mpwemu Yera Yari Agiye kuduhishurira uno munsi ?

Dushobora kuba twarumvise Amajambo yiWe kenshi mbere, ariko twamenye ko urya munsi wari ugiye kuba utandukanye. Twari tugiye kwumva ikintu kinaka tutari bwigere twumva mbere. Twari tugiye kwakira n’Uguhishurirwa kwinshi gusumba uko twoshobora kwibaza. Yari Agiye kwugurura imitima yacu, ubwenge bwacu n’ubugingo bwacu, no guhishura ikintu kinaka categerezwa guhishurwa UBU, mu gihe caco gikwiriye.

Rero vyarashitse. Amajambo ahambaye kuruta ayandi Umukwe Yoshobora kuvuga no guhishurira Umugeni, « Uri ukunengesera kwuzuye kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri, NyenIcubahiro gihambaye. Ico nari ndi cose, Nagisutse muri Kristo ; ico Kristo Yari cose, Nagisutse muri WEWE. URI Umugeni Jambo Wanje Atunganye Yatoranijwe. »

Ibitugize vyacu vyose vyasimbasimbishijwe n’umunezero. Data Yatubwiye gusa, ko turi Umugeni WiWe. Turi abo Akunda. Twanyengeterewe n’Ijambo ryiWe, kandi Ijambo ryiWe RYONYENE. Inda zacu zugawe ku kindi kintu ico ari co cose. Yararindiriye, kandi Yaradukunze… KUBWACU!!

Kandi ndabapfinde ? Ntiyigeze Arungika uwundi muntu munaka kutubwira aya Majambo, Yaraje maze Agerera mu mubiri w’umuntu ubugira kandi, ku buryo Yashobora kuvuga Adaciye ku ruhande, umunwa ku gutwi kandi ATUBWIRA Ati, “Ndagukunda, mukundwa Mugeni Wanje.”

Turakunda kuririmba, turakunda gufatanya, turakunda gukorana n’abizera, ariko ico dukunda kuruta ibindi vyose ni ukwumviriza Ijwi ry’Imana; Uko Niko Uhoraho Agize, Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Ubutumwa bwose ni ikete ry’urukundo ry’umwihariko KURI TWEBWE. Yashize Ijambo Ryose Yashaka kutubwira kw’ibande ku buryo twoshobora kuyumviriza twebwe ubwacu.

Agiye kuzotubwira no kuduhishurira iki kuri uyu w’iyinga mu gihe tuzoba dukoranye? Ni ikihe gihe ?

Yesaya yaratuye maze avuga ati, “Inkumi izosama kandi izotwara inda y’umuhungu”, ariko hari imyaka 700 imbere yuko ico gihe gishika. Umwami Dawidi yavuze ati, “Batoboye ibiganza n’ibirenge vyanje.” Yavuze nk’aho vyari ibiganza n’ibirenge vyiwe, ariko nticari igihe c’uko bishika,hari hasigaye imyaka 1000.

Imana Yavugiye mu muhanuzi wacu mu gihe cacu kandi Yavuze ko ibintu vyinshi bitashobora gushika imbere y’uno munsi. Turabona ibihugu n’isi vyunga ubumwe nk’uko bitigeze biba mbere. Twiyumvira ko igikomunista cari ikintu co muri kahise kandi casambuwe, ariko ubu tubona ko ari kizima rwose cane kandi ari igikoresho mu biganza vy’Imana, nk’uko yavugishijwe kandi yatubwiye ko ariko vyari bimeze.

Isi yiyumviriye ko iterabwoba ryari ryaheze, kandi ko ata gusugerezwa kw’intambara y’ibisasu ruhonyanganda ikihari. Ariko uno munsi, ugusugerezwa kw’intambara y’ibisasu ruhonyanganda kwabaye ikintu kiriho. Ikintu cose kiri mu mwanya waco neza nk’uko yatubwiye ko vyobaye. Igihe kiri hano.

Kuw’iyinga, ubugira kandi AZOVUGANA NATWE ADACIYE KU RUHANDE, umunwa ku gutwi, kandi tuzokwumviriza irindi kete ry’urukundo ryavuzwe kandi ryabikiwe twebwe gusa kugira ngo twumvirize. Mbega Azotubwira kandi Azoduhishurira iki? Ni ikihe gihe? Ni igiki kiriko kirashika?

Imana Iriko Yegeranya Umugeni WaYo. Ariko aja hamwe, Avuye mu Buseruko no mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko.Hari igihe co kwegerana, kandi kiriko kiraba ubu. Yegeranirizwa iki? Izamurwa.

None ni iki Ubu Butumwa Bukora mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana kw’isi yose? Bwunga ubumwe bw’Umugeni hamwe n’Ijambo. Ijambo Ni Imana. Umukwe Ni Ijambo. Umugeni ni uwumviriza rirya Jambo, kandi turiko turaja hamwe mu Bumwe. Turiteguriye Ubukwe aho ducika Umwe hamwe n’Ijambo.

Ukwo Data Ari, naNje niko Ndi; kandi ukwo Ndi, niko namwe mumeze; kandi ukwo mumeze, niko Ndi. Kuri urya munsi muzomenya ko Ndi muri Data, Data akaba muri jeWe, jeWe muri mwebwe, na mwebwe muri Jewe.” Murabona? Kuri “urya munsi.” Umunsi uyuhe? Uyu munsi! Turabona amabanga yari yaranyegejwe y’Imana ahishurwa. Yooo, ese ukuntu ivyo ndabikunda!

Ubu niwo mwanya. Ubu nico gihe. Umugeni Yariteguriye Umukwe ubwiWe. Turiko turumviriza mu gihe twumva akamo ko mu gicugu “Ehe, Umukwe Araje!” Turi neza na neza mu gihe c’iherezo.

Ni muze mwungane ubumwe natwe mu gihe twunga ubumwe kw’Ijambo, kuw’iyinga isasita, kw’isaha ya Jeffersonville, (isakumi na zibiri i Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Ritubwira ko ari “Igihe co kwunga ubumwe n’Ikimenyetso, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 myandagaro mu mwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma
Zaburi 86 :1-11
Matayo 16:1-3