20-0705 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Ubutumwa: 63-0728 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

04/07/2020
Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Mwatoranijwe,

Uyu munsi Umugeni wa Kristo aranezerewe nk’uko bitigeze bibaho mu mateka y’isi, kuko twisunze Ijambo Ry’Imana, Yaduhishuriye ko dufise Ubugingo Budashira kandi ko tutazoshirwa mu rukinja, ariko twavuye mu rupfu twashitse mu bugingo, kuko yishizeko urubanza rwacu.

Hanyuma Yaduhishuriye ikindi kintu kiruta, gihambaye kuruta. Muvuga muti GIHAMBAYE KURUTA ? Ego, kuko hambavu y’uko dufise Ubugingo Budashira (kuko hazoba ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu bazoronka Ubugingo Budashira), Yaduhishuriye arongera Atubwira Ati : “Ndabafitiye ikintu kidasanzwe mwebwe gusa. Ikintu bo batazoronka, kubera iki, kuko MURI UMUGENI WANJE NAHISEMWO KANDI NATORANIJE, nico gituma nabateguriye ikibanza kidasanzwe RWOSE, CA MWE NA NJE GUSA.”

Musinzira, canke mudasinzira, mwakora ibi canke ntimubikore; aho mwohambwa hose, canke mbere ntimunahambwe na mba, uko biri kwose muzoza!
Nta na kimwe cobatangira. Muzoba muri hariya!

Tuzoba turi hariya kandi nta na kimwe coduhagarika, nta na kimwe! Kandi tumaze kuhashika, tuzubaka amazu, maze tuyabemwo. Tuzotera imizabibu, maze turye ivyamwa vyayo. Ntituzotera hanyuma hagire uwundi abiragwa, TUZOTERA imizabibu yacu bwite, twubake amazu yacu bwite, hanyuma tuyagumemwo. Tuzobana hamwe Ibihe Bidashira hamwe na We nk’Umugeni wiWe.

Turiko turitegura kuduga mumajuru kubw’inkomezi z’Imana. Turi ku gasongero ka piramide twitegurira Ukuzamurwa. None tumenya gute ko ibi bintu ari ukuri ? Mu guhishurirwa. Twaramenye umunsi wacu, twaramenye intumwa yacu, ubu naho twaramenye abo turi.

Ariko rero, ushobora kuzobayo mugihe uje uciye mu nzira yateguwe n’Imana gusa. Iyo nayo ni Ubutumwa bw’igihe bwavuzwe n’intumwa yatanzwe n’Imana. Ni yo nzira yonyene yateguwe n’Imana kuri uyu munsi.

Muri buri Butumwa, turaMwumva Atubwira ukuntu Yahisemwo Umugeni atazogwa, azoguma afashe kuri rirya Jambo ataraba ivyo isi yose yoRivugako. Bazofata iryo Jambo, kuko batoranirijwe kurihagararako kubera bo ni igice c’iryo Jambo. Ntibazoterwa isoni, ariko
bazishimira kuvuga bati : “ego, NDAFYONDA NKAVUZA.”

Murabitahura ? Mukaba mutabitahuye, muragaruka mwumvirize iyi bande ubugira kandi. Sinzi igihe nzomarana namwe uko kingana. Muribuka, uku ni Ukuri, ni UKU NI KWO UHORAHO AGIZE.
Ni Ukuri. Ni Ivyanditswe.

Twiteze n’igishika ivyo Azoduhishurira ubukurikira. Twarabonye ukuntu Yadukoranirije hamwe mu mazu yacu tuvuye mu mpande zose z’isi ngo twumvirize Imfungurwa ziWe Zabitswe. Turabona ukuntu Yariko Arahishura ibintu twari tumaze kwumva incuro nyinshi, nyinshi, imyaka
myinshi, ariko ubu akaba ariho biriko biragaragara.

None Ubutumwa bukurikira buzoduhishurira iki ?

Umwami Abishatse, Nipfuza kuvuga, mu guheraheza uru rukurikirane rw’ibikorane kuva ndi ngaha, mu gitondo ku munsi w’iyinga, ku kintu gihambaye cane. … ico ngomba ngerageze gukora, Mpwemu Yera niYamfasha, n’ugutahura Ubutumwa hamwe n’aho Bugeze ubu, hanyuma nubakire aho bwatanguriye, maze ndabutondeke kugeza muri iki
gihe ca none.

Azotubwira aho Ijambo Ryatanguriye hanyuma agende araritondeka kugeza kuri uyu munsi. Mbega umunsi ku Mugeni wiwe.

Imana mu Mubiri waYo, Kristo; na Kristo mu Mubiri wiWe, Umugeni. Yoo, yoo, yoo, Mana we! Imana Yagaragarijwe muri Kristo; Kristo Yagaragarijwe mu Mugeni! Kandi uko Imana Yakuye mu mubiri wa Adamu umugore maze akagwa; rero Imana Yakuye mu mubiri wa Kristo, mu mara yiWe, Umubiri wiWe, ariWo Jambo, none Iriko Ikuramwo Umugeni atazogwishwa n’amadini canke imigenzo. Oya, mugenzi. Ariko agira agarukane n’Ijambo Ry’Imana Ritunganye, Ritavanze, Ririko Riragaragazwa. Nizera ko umugabo wese azumviriza iyi bande, n’umugore wese, azobitahura.

Twiteganye igishika kwumva Imana Ituvugisha Iciye mu ntumwa yiWe maze Ikatubwira ko turi Ijambo Ry’Imana Ritunganye, Ritavanze, Ririko Riragaragazwa mu kwumviriza bande.

Muze dukoranire hamwe ku vyuma vyacu bifata amajwi ku mabande tuvuye mu mpande zose z’isi kuri uyu munsi w’iyinga, aho tuzokwicarana hamwe ahantu ho mw’ijuru isaha indwi zo kumuhingamo mu masaha y’i Jeffersonville, maze twumvirize Ijwi Ry’Imana Riduhishurira, 63- 0728 Kristo ni Ibanga ry’Imana Ryahishuwe.

MweneSo Joseph Branham