20-0628 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Ubutumwa: 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Tubohanywe,
Imbohe ntiganza ubuzima bwayo bwa minsi yose. Ibwirwa igihe ivyukira, igihe ifungurira, igihe igira mu busaswa, buri munota, buri saha, buri munsi. Hari umuntu aganje rwose ubuzima bwayo.

Imana Ishimwe. Ese ukuntu dushima ko turi imbohe nk’iyo kuri Yesu Kristo, aho Aganza rwose buri munota wa buri munsi w’ubuzima bwacu. Ntidutegerezwa kwiganyira ku vyerekeye ivyo twokora buri munsi canke ico buri munsi wotuzanira, kuko Arongora intambuko zacu mu nzira.
Nta kibi coza kitugana kuko Atubwira buri gitondo Ati, “Ntutinye, Nza kubana nawe uno munsi. Nta ho Nzoguta canke ngo Ndaguhemukire. Nzobana nawe aho uzoshira ikirenge hose mu nzira.”

Ese ugutekana n’amahoro Umugeni wiwe afise buri munsi. Ata bwoba bw’ivyozanana n’umunsi, turaruhutse, kuko NTA NA KIMWE codushikira atari ubugombe bwa Data. Icipfuzo cacu conyene ni ukuMukorera, tuMushirako umutima umunsi wose n’ijoro ryose mu kuguma mw’Ijambo
ryiWe no mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe mu gihe tubwira Ati, “Muri Ijambo Ryanje Ryagaragajwe, Muri Ishengero ryaNje kuri uyu munsi.”


Iyo tuba twoshobora kubigumiza mu vyiyumviro vyacu, kandi twisunze Ijambo ry’Imana, yuko muri iyi minsi ya nyuma Agiye kuronka Ishengero, Agiye kuronka abantu, n’ibi bintu Yasezeranije, Agiye kuzobikora. Yavuze ko Azobikora, kandi turi muri ico gihe. Niho turi. Ubu ariko Aragerageza kutugira imbohe nyazo gusa, twugaranye hamwe naWe.

Umubiri wa Kristo utegerezwa kuba wugaranye naWe, mu kibanza cawo, bijanye neza, twunze ubumwe n’Ijambo RyiWe. Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe Ryavuzwe, nico kintu conyene kizobishitsa.

Buri munsi tubaho, tubona Ijambo Ririko Riragaragazwa muri twebwe no mw’isi. Twumva Rirya Jambo Rivugana natwe kandi Ritubwira yuko turi rirya Shami Rishasha, Icamwa co mubushorishori bw’Igiti, Adamu wiWe yashumbushijwe, rya Shengero Yavuze ko Azogira ritazogira imyumvikano kw’Ijambo na Rimwe.

Hanyuma tubona Ijambo Ririko Riragaragazwa muri iyi si tubamwo buri munsi. Ubuvugishwa buriko burashitswa. Urubanza ruri kw’isi. muhanuzi yaratuburiye aho yariko araba kure maze akabona hari ikintu citeguriye kuba. Hanyuma atubwira ico yariko araraba hamwe n’ico kintu
kizoba. Yarabivuze, kandi nta kintu kiri mw’isi cobihagarika.

Imana Yasezeranije ko Itazoca urubanza kw’ isi Itabanje kuburira abantu. Ntaco Yigera Ikora Itabanje ubwa mbere kukivuga biciye mu muhanuzi waYo, ico Yiteze gukora. Imburi yamye itangwa kenshi. Ibi bintu tubona biriko biraba mw’isi uyu munsi ntibiriko birapfa kuba. Ni ugucirwa urubanza kuriko kurashika impande zacu zose. Nizera yuko iyi ari imburi ya nyuma y’Imana kw’isi. Nizeye yuko iyi ari mburi ya nyuma y’Imana kw’Ishengero. Mbega muracamase ku bintu vy’isi ? Imana Ishaka ko twitandukanya n’isi yose, ntitugerageze kubana n’isi hamwe n’Imana. Yatuburiye ngo ntitugerageze kwifata nk’isi, ahubwo twifate nk’Imana. Yo muYishire hamwe n’Ijambo ryaYo imbere ya vyose.

Mbega muhagaze he kuri buno Butumwa bw’igihe. Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe ni ikihe ? Uhagaze he kuvyerekeye ukutihenda kw’Ijambo Ryavuzwe biciye mu muhanuzi waYo ? Urizera buri Jambo Ryose ? Mbega ukurikira inzira yaciwe n’Imana muri iki gihe canke uhanze amaso abandi bantu canke akagwi k’abantu ?

Ugucirwa urubanza kuri hejuru y’isi, uyu ni umuhamagaro wanyuma. Araje kubw’Umugeni wiWe. Ukuzamurwa kuregereje. Yateguye inzira yo guhunga mu gihe ca Nowa. Nowa yateguye abantu; yari umuhamagaro w’imbabazi imbere y’urubanza. Mu gihe ca Mose, Imana Yari Yaraciye inzira, wategerezwa kwizera Mose. Uburyo bwonyene bwo gushika mu gihugu c’isezerano bwari ukwizera buri Jambo ryose no gukurikira intumwa yiWe, canke ugahona.

Umuhanuzi yaratuburiye kuri iyi minsi, none ubu turabona iriko iragaragazwa. Urabe neza ko uri mu bwato bw’’Imana bw’iki gihe, Ijambo RyaYo, ubu Butumwa.

Aho tuzoba dukoraniye mu mpande zose z’isi ubugira kandi kuri uyu munsi w’iyinga, isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu mu rubanza Itabanje Kumuburira, muze tuzoshime Umwami ko
Yaduhishuriye Inzira yiWe yonyene yo guhunga urubanza rwiWe : jambo RyiWe.

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa
Yesaya 38 : 1-5
Amosi Igice ca 1